Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni nde uhanze amaso?

Ni nde uhanze amaso?

“Ni wewe ndaramuriye amaso yanje, ewe wewe uba mu majuru.”​—ZAB. 123:1.

INDIRIMBO: 143, 124

1, 2. Guhanga amaso Yehova bisobanura iki?

TUBAYE mu “bihe bitoroshe” kandi “bigoye kwihanganira.” Vyongeye, ubuzima buzorushiriza kugora imbere y’uko isi nshasha irangwamwo amahoro nyakuri ishika. (2 Tim. 3:1) Turakwiye rero kwibaza duti: ‘Ni nde mpanze amaso kugira amfashe kandi ampe ubuyobozi?’ Twoshobora guca twishura ngo “Yehova,” kandi iyo nyishu ni nziza cane.

2 None guhanga amaso Yehova bisobanura iki? Vyongeye, twokora iki kugira tugume tumuhanze amaso igihe turi mu ngorane? Umwanditsi w’amazaburi yarerekanye ko dukeneye kuraramurira amaso Yehova kugira adufashe igihe turi mu ngorane. (Soma Zaburi 123:1-4.) Guhanga amaso Yehova yabigereranije n’ukuntu umusuku ahanga amaso shebuja. None ng’aho yashatse kuvuga iki? Mu bisanzwe, umusuku ntahanga amaso shebuja kugira gusa shebuja amugaburire yongere amukingire, ariko kandi yama amwitegereza kugira amenye ivyo yipfuza, agaca abikora. Muri ubwo buryo nyene, turakwiye gusuzuma buri musi Ijambo ry’Imana kugira tumenye neza ivyo Yehova adusaba, maze tugaca tuvyisunga. Aho ni ho gusa twokwitega ko Yehova azodufasha mu gihe c’ingorane.​—Ef. 5:17.

3. Ni ibiki bishobora kutubuza kuguma duhanze amaso Yehova?

3 Naho tuzi yuko kuguma duhanze amaso Yehova bihambaye, vyoshika tugasamara. Ivyo ni vyo vyashikiye Marita, wa mugenzi somambike wa Yezu. Marita “ya[ra]samajwe no gukora udukorwa twinshi.” (Luka 10:40-42) Nimba rero ivyo vyarashikiye uwo mwizigirwa yari kumwe na Yezu imbonankubone, ntitwotangara na twebwe bidushikiye. None ni ibiki bishobora kudusamaza, bikatubuza kuguma duhanze amaso Yehova? Muri iki kiganiro, turarimbura ingene ivyo abandi bakora bishobora kudusamaza. Turaza kubona kandi ivyodufasha kuguma duhanze amaso Yehova.

UMUGABO W’UMWIZIGIRWA YATAKAJE AGATEKA

4. Kubera iki twoshobora gutangara twumvise ko Musa atinjiye muri ca Gihugu c’isezerano?

4 Nta gukeka ko Musa yahanga amaso Yehova kugira amuyobore. Nkako, “yagumye ashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka.” (Soma Abaheburayo 11:24-27.) Bibiliya itubwira iti: “Ntiharigera hongera guhaguruka muri Isirayeli umuhanuzi ameze nka Musa, uwo Yehova yari azi amaso mu yandi.” (Gus. 34:10) Ariko naho Musa yari afitaniye na Yehova ubucuti somambike nk’ubwo, yaratakaje agateka ko kwinjira muri ca Gihugu c’isezerano. (Guh. 20:12) Uti ivyo vyavuye ku ki?

5-7. Ni ikibazo ikihe cadutse gatoyi inyuma y’aho Abisirayeli baviriye mu Misiri, kandi Musa yavyifashemwo gute?

5 Inyuma y’amezi adashika abiri Abisirayeli bavuye mu Misiri, bakaba mbere batari bwashike ku Musozi Sinayi, haradutse ikibazo gikomeye. Abantu baratanguye kwidoga kubera amazi yari yabuze. Baridogeye Musa, mu nyuma birakomera ku buryo yaririye Yehova ati: “Aba bantu ndabagire nte? Hasigaye gato bakantera amabuye!” (Kuv. 17:4) Yehova yaciye amuha ubuyobozi butomoye. Yamusavye gufata inkoni yiwe, akayikubita ku gitandara i Horebu, amazi agaca ava muri co. Dusoma duti: “Musa agira kuno mu maso y’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli.” Abisirayeli baciye banywa barashira inyota, ingorane iba iratunganye.​—Kuv. 17:5, 6.

6 Bibiliya itubwira ko Musa yaciye “ahita Masa na Meriba, kubera bene Isirayeli bamutonganije no kubera bagejeje Yehova, bavuga ngo: ‘Yehova ari hagati muri twebwe canke nta wuhari?’” (Kuv. 17:7) Ayo mazina yahise yari abereye kuko asobanura ngo “Kugeza” no “Gutongana.”

7 None Yehova yakiriye gute ivyabereye i Meriba? Aho kubona ko Abisirayeli bagararije Musa gusa, yobonye ko ari we bagararije be n’ubukuru bwiwe. (Soma Zaburi 95:8, 9.) Vy’ukuri, Abisirayeli barakosheje. Ico gihe, Musa yavyifashemwo neza mu guhanga amaso Yehova, maze arisunga ubuyobozi amuhaye adaca ku ruhande.

8. Ni ingorane iyihe yadutse Abisirayeli bari mu kurangiza urugendo rw’imyaka 40 mu gahinga?

8 Ariko none vyagenze gute igihe ikintu nk’ico nyene cashika inyuma y’imyaka nka 40, bari mu kurangiza urugendo bagize mu gahinga? Abisirayeli barongeye gushika ahantu hahavuye hitwa Meriba. Ariko hoho hari hafi ya Kadeshi, hafi y’urubibe rwa ca Gihugu c’isezerano. * Abisirayeli barasubiriye kwidoga kubera babuze amazi. (Guh. 20:1-5) Mugabo ico gihe, Musa yavyifashemwo ukundi.

9. Musa yahawe ubuyobozi ubuhe, ariko yakoze iki? (Raba ishusho itangura.)

9 None Musa yavyifashemwo gute? No ng’aho yarituye Yehova amusaba ubuyobozi. Ariko ico gihe, Yehova ntiyamubwiye ngo akubite igitandara. Yamubwiye gufata inkoni yiwe, agakoranya abantu imbere y’urutare maze akabwira nya rutare mu maso yabo. (Guh. 20:6-8) Aho kubwira ico gitandara, ari rwo rutare, Musa yaratwawe n’ishavu aca akankamira abari ng’aho ati: “Umve rero, mwa bagarariji mwe! Mbega muri uru rutare ni ho tubakurira amazi?” Yaciye rero akubita nya rutare incuro zibiri zose.​—Guh. 20:10, 11.

10. Yehova yakiriye gute ivyo Musa yakoze?

10 Yehova yararakiye Musa. (Gus. 1:37; 3:26) Kubera iki? Hari ibintu vyinshi bishobora kuba vyarabitumye. Nk’uko twabibonye, Yehova ashobora kuba yababajwe n’uko Musa atakurikije ubuyobozi bushasha yari yahawe.

11. Kuba Musa yarakubise kirya gitandara ni gute bishobora kuba vyatumye abantu batabona ko ari Yehova yabakoreye igitangaro?

11 Hariho ikindi gishobora kuba carabitumye. Ibitandara vy’i Meriba ha mbere ni ibibuye bikomeye cane. Naho umuntu yobikubita gute, ntawokwitega ko bivamwo amazi yisesa. Ariko ibitandara vy’i Meriba ha kabiri biratandukanye n’ivyo, kuko vyovyo vyoroshe. Kubera ko mwene ivyo bitandara bishobora kureka amazi akarengana, uturere birimwo usanga kenshi dutekeye amazi mu kuzimu abantu bashobora kwikorako. Vyoba none bishoboka ko igihe Musa yakubita ico gitandara kabiri, yatumye abantu babona ko amazi yizanye, aho kubona ko ari igitangaro Yehova abakoreye? * Ntawovyemeza.

INGENE MUSA YAGARARIJE

12. Ni iyindi mvo iyihe ishobora kuba yaratumye Yehova ashavurira Musa na Aroni?

12 Hariho iyindi mvo ishobora kuba yaratumye Yehova ashavurira Musa na Aroni. Musa yabwiye abantu ati: “Mbega muri uru rutare ni ho tubakurira amazi?” Mu kuvuga ngo “tubakurira,” Musa ashobora kuba yariko yerekeza kuri we na Aroni. Ayo majambo yarerekanye ko atateye iteka namba uwari yakoze ico gitangaro, ari we Yehova. Ivyo bisa n’ivyemezwa n’amajambo dusoma muri Zaburi 106:32, 33. Hagira hati: “Batera ishavu kuri ya mazi ya Meriba, ku buryo bigendera nabi Musa bivuye kuri bo. Kuko bababaje impwemu yiwe, atangura guhuruduka n’iminwa yiwe.” * (Guh. 27:14) Uko vyoba vyaragenze kwose, ivyo Musa yakoze vyatumye adatera Yehova iteka abereye. Yehova yabwiye Musa na Aroni ati: “Mwagararije itegeko ryanje.” (Guh. 20:24) Emwe, ico gicumuro cari gikomeye!

13. Kubera iki igihano Yehova yahaye Musa cari kibereye?

13 Kubera ko Musa na Aroni bari indongozi z’ihanga rya Yehova, bari bafise vyinshi babazwa. (Luka 12:48) Imbere y’aho, Yehova yarigeze kwankira iyaruka rizima ry’Abisirayeli kwinjira mu gihugu ca Kanani kubera ubugarariji bwabo. (Guh. 14:26-30, 34) Vyari bibereye rero ko Yehova ahana Musa muri ubwo buryo nyene, kubera ikintu c’ubugarariji yari yakoze. Cokimwe n’abo bagarariji bandi, ntiyemerewe kwinjira muri ca Gihugu c’isezerano.

ICO VYAVUYEKO

14, 15. Ni igiki catumye Musa agarariza?

14 Ni igiki catumye Musa agira ako gatima k’ubugarariji? Subira urabe ivyo Zaburi 106:32, 33 ivuga. Hagira hati: “Vyongeye, batera ishavu kuri ya mazi ya Meriba, ku buryo bigendera nabi Musa bivuye kuri bo. Kuko bababaje impwemu yiwe, atangura guhuruduka n’iminwa yiwe.” Naho Abisirayeli bateye ishavu Yehova, Musa ni we yababaye. Yarabuze ukwigumya, aca avuga atazirikanye ingaruka vyokweze.

15 Musa yararetse ivyo abandi bakoze biramubuza guhanga amaso Yehova. Ubwa mbere, Musa yaravyifashemwo neza. (Kuv. 7:6) Ariko inyuma y’imyaka mirongo ariko ayobora Abisirayeli b’abagarariji, birashoboka ko yarushe akongera agata umutwe. Musa ashobora kuba yariko yiyumvira cane izo ngorane ziwe aho kwiyumvira ingene yoninahaza Yehova.

16. Kubera iki dukwiye kuzirikana ku vyo Musa yakoze?

16 Nimba umuhanuzi w’umwizigirwa nka Musa yarasamaye agatsitara, na twebwe vyoshobora kudushikira bitagoranye. Cokimwe na Musa, twimirije kwinjira mu gihugu c’ikigereranyo, ni ukuvuga isi nshasha Yehova yadusezeraniye. (2 Pet. 3:13) Nta n’umwe muri twebwe yipfuza ko ako gateka kadasanzwe kamucika. Ariko kugira tubishikeko, dukwiye kuguma duhanga amaso Yehova, tukama turondera gukora ivyo agomba. (1 Yoh. 2:17) None ni ivyigwa ibihe dukura kw’ikosa Musa yakoze?

NIWIRINDE GUTA UMURONGO KUBERA IVYO ABANDI BAKORA

17. Ni igiki kizodufasha kwihanganira ibidutesha umutwe?

17 Niwihanganire ibigutesha umutwe. N’igihe nyene twohura n’ingorane kanaka incuro n’izindi, “ntiduhebe . . . gukora ivyiza, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutadebukirwa.” (Gal. 6:9; 2 Tes. 3:13) Dushikiwe n’ibidutesha umutwe canke ntiduhuze kamere n’abandi, twoba twirinda guta umunwa canke gutwarwa n’ishavu? (Imig. 10:19; 17:27; Mat. 5:22) Igihe abandi badusomborokeje, turakwiye kwiga “[guha] akaryo uburake.” Uburake bwa nde? Uburake bwa Yehova. (Soma Abaroma 12:17-21.) Nitwaguma duhanga amaso Yehova, tuzogaragaza ko tumwubaha mu guha akaryo uburake bwiwe, ni ukuvuga tukarindira twihanganye ko agira ico akoze igihe abona ko bikenewe. Ducishije ahacu maze tukihora mu buryo kanaka, vyoba vyerekanye ko tutubaha Yehova.

18. Dukwiye kwibuka iki igihe twisunga ubuyobozi?

18 Niwisunge ubuyobozi bwa vuba. Twoba twisunga ata guca ku ruhande ubuyobozi bwa vuba Yehova aduha? Nimba tubwisunga, ntituzorondera ko ibintu vyama bikorwa nk’uko twabikora kera. Ahubwo nyabuna, tuzokwihutira kwisunga ubuyobozi bwose bushasha Yehova aduha biciye kw’ishirahamwe ryiwe. (Heb. 13:17) Ariko kandi, tuzokwiyubara “nti[t]urenge ku bintu vyanditswe.” (1 Kor. 4:6) Gutyo, tuzoba tugumije amaso yacu kuri Yehova.

Ivyo Musa yakoze kubera amakosa y’abandi bitwigisha iki? (Raba ingingo ya 19)

19. Twokwirinda gute kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova, naho abo turi kumwe bokora amakosa?

19 Ntureke ngo amakosa y’abandi yonone ubucuti ufitaniye na Yehova. Nimba tugumiza amaso yacu y’ikigereranyo kuri Yehova, ntituzoreka amakosa y’abandi ngo aduhungabanye canke ngo yonone ubucuti dufitaniye na we. Ivyo birahambaye na canecane igihe tujejwe ibanga kanaka mw’ishirahamwe ry’Imana, nka kumwe kwa Musa. Naho twese dukwiye ‘kuguma dushitsa ubukiriro bwacu dutinya kandi tujugumira,’ twokwibuka ko Yehova ataducira urubanza yisunze ingingo imwe rudende idahinduka. (Flp. 2:12) Ahubwo riho, uko turushiriza kugira amabanga ni ko turushiriza kubazwa vyinshi. (Luka 12:48) Ariko nimba dukunda Yehova vy’ukuri, ntituzoreka ngo hagire ikintu na kimwe kidutsitaza canke kidutandukanya n’urukundo rwiwe.​—Zab. 119:165; Rom. 8:37-39.

20. Dukwiye kwiyemeza iki?

20 Muri ibi bihe bigoye turimwo, ese twobandanya kuraramurira amaso Umwe “aba mu majuru” kugira tumenye ivyo agomba. Ese tutokwigera tureka ngo ubucuti dufitaniye na Yehova bwononwe n’amakosa abandi bakora. Ivyashikiye Musa biratwereka neza ingene ico kintu gihambaye. Aho guta umurongo kubera udusembwa tw’abandi, nimuze twiyemeze yuko “amaso yacu yama ahanze Yehova Imana yacu gushika atugiriye ubutoni.”​—Zab. 123:1, 2.

^ ing. 8 Aho i Meriba haratandukanye na ya Meriba yo hafi ya Refidimu. Hoho ni hafi ya Kadeshi, aho kuba hafi ya Masa. Ariko rero, hompi hiswe Meriba kubera hompi habereye ugutongana.​—Raba Agatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana, ikarata ya 7.

^ ing. 11 Umuhinga John Beck avuga ati: “Inkuru mpererekanwa y’Abayuda ivuga ko nya bagarariji baciye bavuga bati: ‘Erega Musa arazi ingene ibitandara vy’aha bimeze! Nimba ashaka kwerekana ko ashoboye gukora igitangaro, nadukurire amazi muri kiriya kindi.’” Ariko ntiwumve, iyo ni inkuru gusa yagiye irahanahanwa.

^ ing. 12 Raba ikiganiro “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Gitugutu 1987.