Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Igihe abantu babiri batubakanye bamaranye ijoro ryose mu nzu ata mvo yumvikana ibitumye, coba ari igicumuro gikwiye kwicarirwa na komite ncarubanza?

Egome. Igihe bamaranye mu nzu ijoro ryose ata mvo yumvikana ibitumye, harakwiye gushingwa komite ncarubanza kubera ko haba hariho ikimenyamenya gikomeye c’uko hashobora kuba habaye ubusambanyi.​—1 Kor. 6:18.

Inama y’abakurambere irihweza yitonze uko ibintu vyagenze kugira imenye nimba hakwiye gushingwa komite ncarubanza. Nk’akarorero: Abo bantu boba bari basanzwe bafitaniye imigenderanire? Boba bari bamaze guhanurwa ku bijanye n’iyo migenderanire? Ni ibiki vyatumye bamarana iryo joro ryose? Coba ari ikintu bari bateguye? Boba ari bo babishatse, canke vyatumwe n’ikintu cumvikana, kumbure ikintu cashitse batari bavyiteze canke cashitse bukwi na bukwi kigatuma ata kundi bari bugire? (Umus. 9:11) None umwe wese yaraye he? Kubera ko ibintu bitama bimeze kumwe, hoshobora kuba n’ayandi makuru ahambaye abakurambere borimbura.

Inama y’abakurambere imaze kurimbura amakuru yose, ikwiye kuraba nimba ikibazo c’abo bantu cokwicarirwa na komite ncarubanza.