Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ni nde ari ku ruhande rwa Yehova?”

“Ni nde ari ku ruhande rwa Yehova?”

“Yehova Imana yawe ni we ukwiye gutinya. Ni we ukwiye gukorera, kandi ni we ukwiye kwumirako.”​—GUS. 10:20.

INDIRIMBO: 28, 32

1, 2. (a) Kubera iki biranga ubukerebutsi kuja ku ruhande rwa Yehova? (b) Turimbura iki muri iki kiganiro?

KWUMIRA kuri Yehova ni ikintu kiranga ubukerebutsi. Nta wurusha Imana yacu ubushobozi, ubukerebutsi canke urukundo! Ni nde none muri twebwe atokwipfuza kuja ku ruhande rwayo? (Zab. 96:4-6) Yamara rero, hari abasavyi b’Imana batashoboye gukora ico kintu.

2 Muri iki kiganiro, turaza kurimbura uburorero bw’abantu bavuga ko bari ku ruhande rwa Yehova mugabo ugasanga bakora ibintu bitamuhimbara. Izo nkuru zirimwo ivyigwa bihambaye bishobora kudufasha kuguma turi intahemuka kuri Yehova.

YEHOVA ARASUZUMA UMUTIMA

3. Kubera iki Yehova yagabishije Kayini, kandi yamubwiye iki?

3 Rimbura ivyashikiye Kayini. Naho atasenga imana z’ikinyoma, Yehova ntiyemera ugusenga kwiwe. Mu mutima wiwe ububisha bwariko burashinga imizi. (1 Yoh. 3:12) Yehova yamugabishije ati: “Niwahindukira ugakora iciza, ntuzoshirwa hejuru? Mugabo nutahindukira ngo ukore iciza, hari igicumuro kibunze ku bwinjiriro, kandi ni wewe gihahamiye; mbega wewe uzokirusha inguvu?” (Ita. 4:6, 7) Ni nk’aho Yehova yari amubwiye ati: “Niwigaya ukaja ku ruhande rwanje, nanje nzoja ku ruhande rwawe.”

4. Kayini yakoze iki igihe yari afise akaryo ko kuja ku ruhande rwa Yehova?

4 Iyo Kayini ahindura ivyiyumviro, Yehova yari gusubira kumutonesha. Ariko Kayini ntiyumviye iyo mpanuro. Ivyiyumviro n’ivyipfuzo vyiwe bibi vyatumye akora ibintu bibi. (Yak. 1:14, 15) Kayini akiri muto ashobora kuba atigeze yiyumvira ko yoteye akagere Yehova. Ariko mu nyuma yarakoze ikintu kibi cane, aragarariza Imana yongera yica mwenewabo!

5. Ni igiki gishobora gutuma tudashimwa na Yehova?

5 Nk’ukwo kwa na Kayini, muri iki gihe umukirisu yoshobora gukora ibintu bibi kandi avuga ko asenga Yehova. (Yuda 11) Nk’akarorero, yoshobora gutsimbataza ivyipfuzo vy’ubuhumbu, umwina canke akagirira urwanko umukirisu mugenziwe. (1 Yoh. 2:15-17; 3:15) Ivyo vyoshobora gutuma akora igicumuro. Mbere uwo muntu yoshobora kuba afise umwete mu busuku kandi yitaba amakoraniro adahorereza. Hari igihe abandi boba batazi ivyiyumviro vyacu n’ingeso zacu, mugabo Yehova arabona vyose kandi aramenya ko tutari ku ruhande rwiwe n’umutima wacu wose.​—Soma Yeremiya 17:9, 10.

6. Igihe tugumye ku ruhande rwa Yehova, adufasha gute ‘kurusha inguvu’ ivyipfuzo vyacu bibi?

6 Naho ari ukwo, Yehova ntaca adukurako amaboko. Igihe dutirimutse tukamuvako, aduhimiriza ati: “Nimungarukeko, nanje nzobagarukako.” (Mal. 3:7) Igihe canecane turiko turanyinyana n’ubugoyagoye kanaka, Yehova yipfuza ko twiyamiriza ikibi. (Yes. 55:7) Nitwabigenza gutyo, azokwerekana ko ari ku ruhande rwacu mu kudukomeza mu vy’impwemu no ku mubiri kugira ngo ‘turushe inguvu’ ivyipfuzo vyacu bibi.​—Ita. 4:7.

“NTIMUZIMIRE”

7. Salomo yatakaje gute ubucuti yari afitaniye na Yehova?

7 Akarorero k’Umwami Salomo karashobora kutwigisha vyinshi. Akiri muto, yariheka kuri Yehova kugira amuyobore. Imana yaramuhaye ubukerebutsi budasanzwe yongera imushinga kwubaka rwa rusengero rw’akataraboneka rwari i Yeruzalemu. Mugabo Salomo yaratakaje ubucuti yari afitaniye na Yehova. (1 Abm. 3:12; 11:1, 2) Itegeko ry’Imana ryaratomora ko umwami w’Umuheburayo adakwiye “kwigwiriza abagore, kugira umutima wiwe ntuhave ukevya.” (Gus. 17:17) Salomo yararenze iryo tegeko, amaherezo yabira abagore 700. Yarazanye n’incoreke 300. (1 Abm. 11:3) Benshi mu bagore biwe bari abanyamahangakazi basenga imana z’ikinyoma. Salomo rero yaragambaraye itegeko ry’Imana mu kwabira n’abagore b’abanyamahangakazi.​—Gus. 7:3, 4.

8. Salomo yahemukiye Yehova ku rugero rungana iki?

8 Salomo yahavuye akora amakosa akomeye kubera ko yagiye arirengagiza amategeko ya Yehova. Yarubakiye igicaniro ikimanakazi Ashitoreti n’imana y’ikinyoma Kemoshi. Yarifatanije n’abagore biwe mu gusenga kw’ikinyoma. Ivyo bicaniro vyose yavyubatse ku musozi urabana na Yeruzalemu, aho yari yarubatse rwa rusengero rwa Yehova! (1 Abm. 11:5-8; 2 Abm. 23:13) Birashoboka ko Salomo yiyumvira ko Yehova yokwirengagije ayo makosa yakoze kubera yari akibandanya gutanga ibimazi ku rusengero.

9. Kuba Salomo yarirengagije ivyo Imana yamutegetse vyavuyemwo iki?

9 Mugabo rero, Yehova ntiyigera yirengagiza amakosa. Bibiliya ivuga iti: “Yehova arurumbira ishavu Salomo, kuko umutima wiwe wari warahengamiye kure ya Yehova . . . , uwari yaramubonekeye incuro zibiri kandi ku bijanye n’ico kintu, yari yamutegetse kudakurikira izindi mana; mugabo ntiyari yaragumije ico Yehova yari yarategetse.” Imana yaciye rero ireka kumushigikira. Abamukomotseko ntibabaye bakiganza ihanga rya Isirayeli ryose kandi baramaze imyaka myinshi bashikirwa n’ingorane.​—1 Abm. 11:9-13.

10. Ni igiki gishobora kubangamira ubucuti dufitaniye n’Imana?

10 Nk’uko vyagendeye Salomo, kimwe mu bintu bibangamira cane ubucuti dufitaniye na Yehova ni ukugiranira ubugenzi n’abantu badatahura canke batubaha ingingo ngenderwako za Yehova. Bamwe boshobora kuba bifatanya n’ishengero mugabo bakaba bagoyagoya mu vy’impwemu. Abandi boshobora kuba ari incuti, ababanyi, abo dukorana canke abo twigana badasenga Yehova. Uko biri kwose, nimba abo tugira abagenzi ari abantu badaha agaciro ingingo ngenderwako za Yehova, uko haca igihe boshobora kwonona ubucuti dufitaniye n’Imana.

Abagenzi bawe bagira ingaruka izihe ku bucuti ufitaniye na Yehova? (Raba ingingo ya 11)

11. Ni ibiki vyodufasha guhitamwo neza abagenzi?

11 Soma 1 Abakorinto 15:33. Abantu batari bake barafise kamere nziza. Vyongeye, n’abadasenga Yehova boshobora kuba batama bakora ibintu bibi. None nimba abagenzi bawe ari ko bameze, woca uvuga ko ari abagenzi beza? Kwifatanya na bo bishobora kugira ingaruka izihe ku bucuti ufitaniye na Yehova? Boba bazogufasha kurushiriza kumwiyegereza? Ni ibiki biri mu mitima yabo? Nk’akarorero, mu biyago vyabo boba baguma bavuga ivyerekeye imideri, amahera, utwuma tugezweho, ivyo kwisamaza canke ibindi bintu vy’umubiri? Boba bakunda kuvuga nabi abandi canke ibijajuro biteye isoni? Yezu yavuze ko “ibibogaboga mu mutima ari vyo akanwa kavuga.” (Mat. 12:34) Nimba ubonye ko abagenzi bawe bashobora kubangamira ubucuti ufitaniye na Yehova, nugire ico ukoze ugabanye imigenderanire mufitaniye, canke bikenewe uyihagarike.​—Imig. 13:20.

YEHOVA ASABA KO TUMWIHEBERA WENYENE

12. (a) Yehova yabwiye iki Abisirayeli haciye igihe gito bavuye mu Misiri? (b) Abisirayeli bishuye iki igihe Imana yabasaba ko bakwiye kuyihebera yonyene?

12 Turashobora gukura ibindi vyigwa ku vyashitse haciye igihe gito Abisirayeli bakuwe mu Misiri. Barakoraniye imbere y’Umusozi Sinayi. Ng’aho, Yehova yarabiyeretse mu buryo butangaje. Harabonetse ku gitangaro igicu cijimye. Yehova yaratumye haba imituragaro, imiravyo, umwotsi n’ijwi ryumvikana cane nk’iry’inzamba. (Kuv. 19:16-19) Yehova yaciye abwira Abisirayeli yuko ari “Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa.” Yarabakuye amazinda ko atazohemukira abamukunda kandi bubaha amategeko yiwe. (Soma Kuvayo 20:1-6.) Ni nk’aho Yehova yari ababwiye ati: “Nimwaja ku ruhande rwanje, nanje nzoja ku ruhande rwanyu.” Wari kwakira gute iryo sezerano Yehova Imana yari abahaye ryo kudahemuka? Nta gukeka ko wari kuvuga nk’uko Abisirayeli bavuze. “Bac[iye] bishura n’ijwi rimwe, bati: ‘Amajambo yose Yehova avuze turiteguriye kuyakora.’” (Kuv. 24:3) Ariko rero bidatevye, harabaye ikintu cagejeje ukudahemuka kwabo.

13. Ni igiki cagerageje ukudahemuka kw’Abisirayeli?

13 Abisirayeli baragize ubwoba kubera ca gicu, ya miravyo be n’ibindi bimenyetso biteye ubwoba bivuye ku Mana. Baciye basaba Musa ngo abe ari we aja kuvugana na Yehova ku Musozi Sinayi. (Kuv. 20:18-21) Musa yaratevye kuri uwo musozi. Abisirayeli boba baciye babona ko babaye ingabo zitagira umutware? Biboneka ko ukwizera kwabo kwari guhagaze cane kuri Musa, uwo babona imbere yabo. Baciye bahagarika umutima maze babwira Aroni bati: “Uduhingurire imana izotuja imbere, kuko uyo Musa, wa mugabo yatudugana adukuye mu gihugu ca Misiri, tutazi vy’ukuri ivyamushikiye.”​—Kuv. 32:1, 2.

14. Abisirayeli biyumviriye gute bihenda, kandi Yehova yavyakiriye gute?

14 Abo bantu bari bazi ko gusenga ibigirwamana ari ugucumura cane kuri Yehova. (Kuv. 20:3-5) Ariko bidatevye, bariko barasenga inyana bakoze mu nzahabu! Naho bagambaraye gutyo, hari ukuntu biyumvira ko bakiri ku ruhande rwa Yehova. Mbere Aroni yavuze ko ukwo gusenga iyo nyana ari “umusi mukuru wa Yehova”! None Yehova yavyakiriye gute? Yabona ko bamuhemukiye. Yabwiye Musa ko abo bantu bari “bikwegeye guhona” be n’uko “bakebeje ningoga bata inzira [y]abategetse kugenderamwo.” ‘Ishavu ryiwe ryararurumvye,’ mbere ashaka no guherengeteza iryo hanga rya Isirayeli ryari riherutse kuvuka.​—Kuv. 32:5-10.

15, 16. Musa na Aroni berekanye gute ko bari ku ruhande rwa Yehova? (Raba ishusho itangura.)

15 Yehova yahisemwo kudaherengeteza Abisirayeli. Imbabazi ziwe zarahaye abasavyi biwe b’intahemuka akaryo ko kwerekana ko bari ku ruhande rwiwe. (Kuv. 32:14) Musa amaze kubona ingene abantu bariko baravuza induru, baririmba bongera batamba imbere ya ca kigirwamana, yaciye asavya iyo nyana y’inzahabu gushika inoze. Yaciye avuga ati: “Ni nde ari ku ruhande rwa Yehova? Naze aha ndi!” “Bene Lewi bose [baciye] bakoranira aho ari.”​—Kuv. 32:17-20, 26.

16 Naho Aroni yari yagize uruhara mu gukora ico kigirwamana, yarigaye maze aja ku ruhande rwa Yehova hamwe n’abandi Balewi. Abo bantu b’intahemuka ntibagiye gusa ku ruhande rwa Yehova, ariko kandi baritandukanije n’abo bacumuzi. Bakoze ikintu kiranga ubukerebutsi, kuko kuri uwo musi hapfuye abantu ibihumbi kubera basenze ikigirwamana. Ariko abagiye ku ruhande rwa Yehova yabasezeraniye kubahezagira.​—Kuv. 32:27-29.

17. Ivyo Paulo yavuze ku bijanye na ya nyana y’inzahabu bitwigisha iki?

17 Intumwa Paulo yaravuze ibijanye n’iyo nyana y’inzahabu aca agabisha ati: “Ivyo bintu rero vyatubereye uburorero, kugira ngo . . . ntimucike abasenga ibigirwamana, nk’uko bamwe muri bo babaye. . . . Vyanditswe ngo bitubere imburi twebwe abashitsweko n’amaherezo y’ibihe. Nuko rero, uwiyumvira ko ahagaze yiyubare ntagwe.” (1 Kor. 10:6, 7, 11, 12) Nk’uko Paulo yavyerekanye, n’abasavyi b’Imana b’ukuri boshobora gukora ibicumuro bikomeye. Abagwa mu nyosha mbi boshobora kwiyumvira ko Yehova akibashima. Yamara kwipfuza gusa kuba umugenzi wa Yehova canke kwibwira ko uri intahemuka kuri we, ntivyama bisobanura ko agushima.​—1 Kor. 10:1-5.

18. Ni igiki gishobora gutuma tuva kuri Yehova, kandi vyodushikana ku ki?

18 Nk’uko nyene Abisirayeli bahagaritse umutima kubera Musa yatevye kumanuka avuye ku Musozi Sinayi, abakirisu muri iki gihe boshobora guhagarika umutima kubera biyumvira ko umusi w’urubanza rwa Yehova be n’isi nshasha bitevye. Twoshobora gutangura kwiyumvira ko ibintu vyiza Yehova yadusezeraniye bikiri kure nk’ukwezi canke ko bitazoranguka. Tutabaye maso, ivyo vyiyumviro vyoshobora gutuma dukurikirana ibintu vy’umubiri aho gushira imbere ivyo Yehova agomba. Mu nyuma, twoshobora kuva kuri Yehova, amaherezo tugakora ibintu tutokwigeze twiyumvira ko twokora.

19. Ni ikintu gihambaye ikihe tudakwiye kwibagira, kandi kubera iki?

19 Ntidukwiye kwibagira ko Yehova adusaba kumugamburukira no kumwihebera n’umutima wacu wose. (Kuv. 20:5) Mu bisanzwe igihe umuntu yikuye kuri Yehova, aba akoze ivyo Shetani agomba, kandi ivyo nta kindi vyovamwo atari akaga. Ni co gituma Paulo atwibutsa ati: “Ntimushobora kunywa igikombe ca Yehova n’igikombe c’amadayimoni; ntimushobora gufungura ku ‘meza ya Yehova’ no ku meza y’amadayimoni.”​—1 Kor. 10:21.

NIWUMIRE KURI YEHOVA!

20. Yehova adufasha gute n’igihe tuba twatirimutse?

20 Inkuru ya Kayini, iya Salomo n’iy’Abisirayeli ku Musozi Sinayi zirafise ikintu gihambaye zihuriyeko. Abo bantu bari bafise akaryo ko ‘kwigaya no guhindukira.’ (Ivyak. 3:19) Biragaragara ko Yehova atihutira gutana n’akabando abatirimuka. Yehova yarababariye Aroni. Muri iki gihe, Yehova arashobora kutugabisha abicishije ku nkuru yo muri Bibiliya, ku bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya canke ku mpanuro duhawe n’uwo dusangiye ukwemera. Igihe dukurikije izo ngabisho, nta gukeka ko Yehova atubabarira.

21. Dukwiye gukora iki igihe hari ikintu kigejeje ukudahemuka kwacu?

21 Ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova burafise intumbero. (2 Kor. 6:1) Buraduha akaryo ko “kwikunkumura ukutibanga Imana n’ivyipfuzo vy’isi.” (Soma Tito 2:11-14.) Ko tukiri muri iyi si mbi, tuzoshikirwa n’ibintu bigeza ukwihebera Yehova kwacu. Ese twokwama twiteguriye kuja ku ruhande rwiwe, kubera ko ‘Yehova Imana yacu ari we dukwiye gutinya. Ni we dukwiye gukorera, kandi ni we dukwiye kwumirako’!​—Gus. 10:20.