Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abatanga cane baragira agahimbare

Abatanga cane baragira agahimbare

“Gutanga birimwo agahimbare.”​—IVYAK. 20:35.

INDIRIMBO: 76, 110

1. Ivyo Yehova yaremye bigaragaza gute ko akunda gutanga?

NAHO Yehova yari wenyene imbere yuko atangura kurema, ntiyiyumvira ivyiwe gusa. Ahubwo riho yarahaye ingabire y’ubuzima ibiremwa vy’impwemu be n’abantu. Yehova ya “Mana ihimbawe,” arakunda gutanga ibintu vyiza. (1 Tim. 1:11; Yak. 1:17) Kandi kubera ko yipfuza ko duhimbarwa, aratwigisha gutanga.​—Rom. 1:20.

2, 3. (a) Kubera iki gutanga bituma tugira agahimbare? (b) Ni ibiki tuza kurimbura?

2 Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo. (Ita. 1:27) Ivyo bisobanura ko twaremanywe ubushobozi bwo kugaragaza kamere nk’iz’Imana. Kugira rero duhimbarwe, dutegerezwa kwigana akarorero ka Yehova tukitwararika abandi kandi tugatanga cane. (Flp. 2:3, 4; Yak. 1:5) Uti kubera iki? Muri make, ni kubera ko Yehova ari ko yaturemye. Naho tudatunganye, turashobora kwigana Yehova tugatanga cane.

3 Bibiliya iratwereka ukuntu twotanga cane. Nimuze turimbure ingene Ivyanditswe bitwigisha ico kintu. Turaza kubona ingene gutanga cane bituma dushimwa n’Imana n’ingene bidufasha kurangura igikorwa Imana yadushinze. Turaza kandi kuraba ukuntu gutanga cane bituma duhimbarwa be n’igituma dukeneye kuguma dutsimbataza iyo kamere.

ICOTUMA DUSHIMWA N’IMANA

4, 5. Yehova na Yezu badusigiye gute akarorero mu bijanye no gutanga cane?

4 Kubera ko Yehova yipfuza ko abantu yaremye bamwigana, biramuhimbara igihe dutanga cane. (Ef. 5:1) Ukuntu twaremwe be n’ubwiza hamwe n’ubutunzi biri mu bidukikije birerekana neza ko Imana yipfuza ko abantu bahimbarwa. (Zab. 104:24; 139:13-16) Ku bw’ivyo, iyo twihatiye gutuma abandi bahimbarwa, tuba duteye iteka Imana.

5 Abakirisu b’ukuri barigana Kristu, uwadusigiye akarorero katagira agahaze k’ingene umuntu ashobora gutanga cane. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Umwana w’umuntu yaje, atari kugira akorerwe, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Mat. 20:28) Ni co gituma intumwa Paulo yahimirije abakirisu ati: “Mugumane uyu mutima muri mwebwe ari na wo wari muri Kristu Yezu . . . Yarahevye vyose amera nk’umushumba.” (Flp. 2:5, 7) Twese rero turakwiye kwibaza duti: ‘Noba nshobora kurushiriza kwigana Yezu?’​—Soma 1 Petero 2:21.

6. Ni icigwa ikihe Yezu yaduhaye muri wa mugani w’Umusamariya w’imbabazi? (Raba ishusho itangura.)

6 Twiganye Yehova na Kristu, tukitwararika ineza y’abandi kandi tukarondera uturyo two kubafasha mu vyo bakeneye, Yehova aradushima. Muri wa mugani w’Umusamariya w’imbabazi, Yezu yarerekanye neza ko yiteze yuko abayoboke biwe bagira akigoro ko gufasha abandi, bataravye abo ari bo. (Soma Luka 10:29-37.) Woba wibuka ikibazo catumye Yezu avuga uwo mugani? Hari Umuyuda yamubajije ati: “None mugenzanje ni nde?” Inyishu Yezu yatanze irerekana ko kugira dushimwe n’Imana, dutegerezwa gutanga cane nk’uwo Musamariya.

7. Kugira ubwikunzi canke kutagira ubwikunzi bifitaniye isano gute na ca kibazo c’uwukwiye kuba Segaba?

7 Abakirisu barafise imvo nyinshi zo gutanga cane. Nk’akarorero, iyo kamere irafitaniye isano n’ibihari Shetani yavyuye mu murima wa Edeni. Uti gute? Shetani yavuze ko Adamu na Eva, mbere ivyo bikaba biraba abantu bose, bomerewe neza bashize imbere ivyabo aho kugamburukira Imana. Eva yaciye atwarwa n’ubwikunzi ashaka kumera nk’Imana. Adamu na we yaciye ashaka guhimbara Eva abigiranye ubwikunzi. (Ita. 3:4-6) Turibonera ingaruka zavuyemwo. Ubwikunzi ntibutuma na gato umuntu ahimbarwa. Dutanze cane tuba twerekanye ko twemera yuko ivyo Imana idusaba ari vyo vyiza.

TURANGURE IGIKORWA IMANA YASHINZE ABASAVYI BAYO

8. Kubera iki umugabo n’umugore ba mbere bari bakwiye kwitwararika ineza y’abandi?

8 Imana yarahaye umugabo n’umugore ba mbere ubuyobozi bwari gutuma bitwararika ineza y’abandi, naho bari bakiri bonyene mu murima wa Edeni. Yehova yarahezagiye Adamu na Eva maze abasaba kurondoka bakuzura isi kandi bakayiganza. (Ita. 1:28) Kurya nyene uwo Muremyi yitwararika ineza y’ibiremwa vyiwe, abo bavyeyi bacu ba mbere bari bakwiye kwitaho agahimbare k’abana bovyaye. Iparadizo yari gukwira kw’isi yose kugira uruvyaro rwa Adamu ruyungukireko. Ivyo vyosavye ko uwo muryango wose usenyera ku mugozi umwe.

9. Kubera iki guhindura isi yose Iparadizo vyotumye abantu bagira agahimbare?

9 Abantu batunganye bokoranye n’Imana kugira batume isi yose iba Iparadizo, gutyo bagashitsa umugambi wayo. Muri ubwo buryo, bobaye binjiye mu karuhuko k’Imana. (Heb. 4:11) Ibaze ukuntu ico gikorwa cobaye giteye umunezero! Kwitangira abandi vyotumye baronka imihezagiro myinshi n’umunezero ntangere.

10, 11. Tworangura gute igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa?

10 Muri kino gihe, Yehova yarashinze abasavyi biwe igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Kugira turangure ico gikorwa, turakeneye kwitaho ineza y’abandi tubikuye ku mutima. Ico gikorwa ntitwokirangura tutabitumwe n’imvo nziza, ni ukuvuga urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu.

11 Mu kinjana ca mbere, Paulo yavuze ko we hamwe na bagenziwe bari “abakozi bakorana n’Imana” kubera ko batera kandi bakavomera imbuto z’Ubwami. (1 Kor. 3:6, 9) Na twebwe tuba tubaye “abakozi bakorana n’Imana” igihe dukoresheje umwanya wacu, ivyo dutunze be n’inguvu zacu mu gikorwa Imana yadushinze co kwamamaza. Ese ukuntu ari agateka kadasanzwe!

Nta kintu giteye umunezero nko gufasha abantu b’umutima ushima bagatahura ukuri (Raba ingingo ya 12)

12, 13. Wovuga ko guhindura abantu abigishwa bivamwo ivyiza ibihe?

12 Gutanga umwanya wacu n’inguvu zacu mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa biratuma duhimbarwa cane. Abantu benshi baronse agateka ko kuyobora inyigisho za Bibiliya zitera imbere baremeza ko ata kindi kintu giteye umunezero nk’ico. Turahimbarwa cane iyo tubonye abantu bakenguruka bakeye mu maso kubera batahuye ukuri kwo muri Bibiliya, bagakomera mu kwizera, bakagira amahinduka maze bagatangura kubwira abandi ukuri. Na Yezu yarahimbawe cane igihe ba bamamaji 70 yari yarungitse “bagarukana akanyamuneza” kubera bari berewe.​—Luka 10:17-21.

13 Abamamaji bo hirya no hino kw’isi barahimbarwa no kubona ingene ubutumwa bwiza buriko burafasha abantu. Rimbura ivyerekeye mushiki wacu akiri muto yitwa Anna, yaguye ubusuku mu kwimukira ahakenewe abamamaji kuruta, mu buseruko bwa Buraya. * Avuga ati: “Turaronka inyigisho za Bibiliya nyinshi kandi birampimbara cane. Ubusuku burandyohera rwose. Iyo ntashe, sindonka umwanya wo kuguma niyumvira ivyanje. Nguma niyumvira ivyerekeye abo nigisha, ni ukuvuga ingorane bafise be n’ibibahagaritse umutima. Ndazirikana ingene nobaremesha kandi nkabafasha mu buryo ngirakamaro. Vyongeye, nariboneye ko ‘gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.’”​—Ivyak. 20:35.

Igihe tugendeye buri muhana mu cibare cacu, tuba duhaye abantu akaryo ko kwumva ubutumwa bw’Ubwami (Raba ingingo ya 14)

14. N’igihe nyene abantu benshi batakiriye inkuru nziza, kubera iki wohimbarwa n’ubusuku urangura?

14 Turashobora guhimbarwa duhaye abantu akaryo ko kwumva ubutumwa bwiza, n’igihe nyene batabwakiriye. Nakare, igikorwa cacu kimeze nka kimwe c’umuhanuzi Ezekiyeli, uwo Yehova yabwiye ati: “Uze ubabwire amajambo yanje, bumva canke batumva.” (Ezk. 2:7; Yes. 43:10) Naho hari abadaha agaciro ubutumwa dushikiriza, Yehova wewe araha agaciro utwigoro twacu. (Soma Abaheburayo 6:10.) Hari umwamamaji yagaragaje agatima keza muri ivyo. Yavuze ku bijanye n’ubusuku bwiwe ati: “Twarateye, turavomera twongera turasenga twizigiye ko Yehova azokuza.”​—1 Kor. 3:6.

INGENE TWOGIRA AGAHIMBARE

15. Twoba dukwiye gufasha abandi igihe gusa bavyakira neza? Sigura.

15 Yezu yipfuza ko duhimbarwa mu gutanga cane. Abantu benshi barabishima igihe tugize ico tubaha. Yezu yaduhimirije ati: “Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha. Bazobasukira mu bikondorero vyanyu ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Kuko ingero mugeresha ari yo namwe bazobagererako.” (Luka 6:38) Naho atari bose bavyakira neza igihe tubafashije, iyo babigize bica bituma na bo nyene batwigana. Nugire rero akamenyero ko gufasha abandi, naho bobishima canke ntibabishime. Hari igihe iciza kimwe gusa ukoze covamwo ivyiza vyinshi.

16. Ni igiki gikwiye gutuma dutanga cane?

16 Abantu batanga cane ata buryarya ntibabigira barondera ko abandi babasubiriza mu nkoko. Ivyo Yezu yari abizi igihe yavuga ati: “Iyo uteretse inzimano, nutumire aboro, abacitse ibihimba vy’umubiri, abacumbagira, impumyi; uzoba uhiriwe, kuko batagira ikintu na kimwe co kukwishura.” (Luka 14:13, 14) Bibiliya ivuga iti: “Uw’ijisho ryiza azohezagirwa.” Ivuga kandi iti: “Hahiriwe uwitwararika umuntu mutoyi.” (Imig. 22:9; Zab. 41:1) Ego cane, turakwiye gutanga kuko gufasha abandi bituma tuba abahirwe.

17. Ni ibiki twotanga bigatuma tugira agahimbare?

17 Igihe Paulo yasubiramwo aya majambo ya Yezu ngo “gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa,” ntiyariko avuga ivy’umubiri gusa. Yariko avuga no gutanga indemesho n’ubuyobozi. (Ivyak. 20:31-35) Mu mvugo no mu ngiro, Paulo yaratweretse ingene twokwitanga mu guhebera abandi umwanya wacu n’inguvu zacu no mu kubereka ko tubitwararika kandi tubakunda.

18. Abahinga benshi bavuga iki ku bijanye no gutanga cane?

18 Abahinga mu bijanye n’inyifato z’abantu na bo nyene basanze gutanga bizana agahimbare. Ikiganiro kimwe kivuga ko “abantu barushiriza kugira agahimbare iyo bakorera abandi ivyiza.” Abo bahinga bavuga ko gufasha abandi bituma umuntu ahimbarwa mu buzima kandi akumva ko hari ico amaze. Ni co gituma bakunze kuremesha abantu ngo bitange mu bikorwa vyo gufasha abandi, gutyo bagire amagara meza n’agahimbare. Ivyo ntibitangaza namba abemera ko Bibiliya ari Ijambo rya Yehova, ya Mana yarema abantu ibigiranye urukundo.​—2 Tim. 3:16, 17.

TUBANDANYE GUTANGA CANE

19, 20. Ni imvo izihe zotuma dutanga cane?

19 Ntivyoroshe kuguma utanga cane igihe ukikujwe n’abantu bashira imbere inyungu zabo. Yamara rero, Yezu yavuze ko amabwirizwa abiri asumba ayandi yose ari ugukunda Yehova n’umutima wacu wose n’ubuzima bwacu bwose n’umuzirikanyi wacu wose n’inkomezi zacu zose, be no gukunda mugenzi wacu nk’uko twikunda. (Mrk. 12:28-31) Nk’uko twabibonye muri iki kiganiro, abakunda Yehova baramwigana. Yehova aratanga, na Yezu ni ukwo. Badusaba kubigana kuko bituma turonka agahimbare nyakuri. Nitwagaragariza Yehova na bagenzi bacu agatima ko gutanga cane, tuzoba tumuteye iteka kandi tuzovyungukirako ubwacu be n’abandi.

20 Nta gukeka ko usanzwe wihatira gufasha abandi, canecane abo musangiye ukwemera. (Gal. 6:10) Niwabandanya ubigira, nta mazinda ko abandi bazogukunda bongere bagushimire, kandi bizotuma uhimbarwa. Mu Migani 11:25 hagira hati: “Uwutanga cane azodoheshwa, kandi uwuvomēra abandi ku bwinshi na we ubwiwe azovomērwa ku bwinshi.” Mu buzima bwacu no mu busuku turangura, turaronka uturyo twinshi two gutanga ata bwikunzi, bigatuma twironkera ivyiza vyinshi. Mu kiganiro gikurikira, tuzobona tumwetumwe muri utwo turyo two gutanga.

^ ing. 13 Si ko asanzwe yitwa.