Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ufise amakuru yose?

Woba ufise amakuru yose?

“Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva, ivyo bimubera ubupfu n’agateterwe.”​—IMIG. 18:13.

INDIRIMBO: 126, 95

1, 2. (a) Ni ubushobozi ubuhe dukeneye gutsimbataza, kandi kubera iki? (b) Turimbura iki muri iki kiganiro?

TWEBWE abakirisu b’ukuri, turakeneye gutsimbataza ububasha bwo gusuzuma amakuru kugira tumenye ay’ukuri ayo ari yo. (Imig. 3:21-23; 8:4, 5) Hamwe tutotsimbataza ubwo bushobozi, Shetani be n’isi yiwe boshobora kwonona ivyiyumviro vyacu. (Ef. 5:6; Kol. 2:8) Birumvikana ko tudashobora kumenya ukuri tudafise amakuru yose. Mu Migani 18:13 hagira hati: “Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva, ivyo bimubera ubupfu n’agateterwe.”

2 Muri iki kiganiro, turaza kwihweza ibintu bishobora gutuma bitugora kuronka amakuru yose kugira dutahure uko ibintu vyifashe. Vyongeye, turaza kurimbura ingingo ngenderwako be n’uburorero bwo muri Bibiliya bitwigisha ukuntu twosuzuma neza amakuru turonka.

NTIWIZERE “IJAMBO RYOSE”

3. Kubera iki dukwiye gushira mu ngiro impanuro dusanga mu Migani 14:15? (Raba ishusho itangura.)

3 Muri iki gihe abantu baracucagirwa amakuru menshi. Imbuga zo kuri internet, televiziyo be n’ubundi buhinga bwo gutanga amakuru, birashikiriza ivyiyumviro vy’urutavanako. Vyongeye, abantu benshi usanga bandikirwa canke babwirwa ubutumwa bwinshi n’abagenzi kuri internet canke kuri telefone. Kubera ko abantu bakunda gukwiragiza amakuru atari yo n’ibigirankana, turakwiye kwiyubara no gusuzuma twitonze ivyo tubwirwa. None ni impanuro iyihe yo muri Bibiliya yodufasha? Mu Migani 14:15 hagira hati: “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.”

4. Mu Bafilipi 4:8, 9 hadufasha gute guhitamwo ivyo dusoma, kandi ni kubera iki bihambaye ko turonka amakuru y’ukuri? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyodufasha kumenya amakuru y’imvaho.”)

4 Kugira dufate ingingo nziza, turakeneye kuronka amakuru yo kwizigirwa. Turakwiye rero guhitamwo neza amakuru dusoma. (Soma Abafilipi 4:8, 9.) Ntidukwiye gutakaza umwanya wacu dusoma amakuru yo ku mbuga ziteye amakenga canke dusoma ubutumwa budafise ishingiro bukwiragizwa. Birahambaye canecane ko twirinda imbuga z’abahuni. Nta kindi bashaka atari uguca intege abasavyi b’Imana no kugoreka ukuri. Dusomye amakuru mabi duca dufata ingingo mbi. Ntiwigere ufatira mu rwara ububasha amakuru y’ikinyoma ashobora kugira ku muzirikanyi n’umutima wacu.​—1 Tim. 6:20, 21.

5. Ni amakuru atari yo ayahe Abisirayeli babwiwe, kandi bavyakiriye gute?

5 Kwemera amakuru y’ikinyoma vyoshobora gukwega akarambaraye. Nk’akarorero, rimbura ivyabaye mu gihe ca Musa, igihe 10 muri ba batasi 12 bari barungitswe gutata ca Gihugu c’isezerano bazana amakuru aca ivutu. (Guh. 13:25-33) Bararengeje urugero bongera baraca ivutu abasavyi ba Yehova. (Guh. 14:1-4) Kubera iki abo bantu bacitse ivutu? Bashobora kuba biyumviriye ko ivyo abo batasi benshi bavuze ari vyo vy’ukuri. Baranse kwemera ivyo ba bagabo b’abizigirwa Yosuwa na Kalebu bavuze. (Guh. 14:6-10) Aho kwumviriza amakuru yose no kwizigira Yehova, bahisemwo kwemera amakuru atari yo. Mbega ubujuju!

6. Kubera iki tudakwiye gutangara twumvise ibintu bibi bivugwa ku basavyi ba Yehova?

6 Turakwiye kwiyubara cane igihe twumvise amakuru yerekeye abasavyi ba Yehova. Ntiwigere wibagira ko Shetani aguma yagiriza abasavyi b’Imana b’abizigirwa. (Ivyah. 12:10) Ni co gituma Yezu yavuze ko abaturwanya “ba[zotu]beshera ibintu bibi vy’ubwoko bwose.” (Mat. 5:11) Nitwaguma twibuka ico kintu, ntituzotangara nitwumva ibintu bibi bivugwa ku basavyi ba Yehova.

7. Ni ibiki dukwiye kurimbura imbere yo kurungikira abandi ubutumwa?

7 Woba ukunda kurungikira abagenzi ubutumwa kuri internet canke kuri telefone? Nimba ari ukwo, igihe ubonye canke wumvise amakuru mashasha, hari aho woca ushaka kuba uwa mbere mu kuyarungikira abandi. Ariko rero, imbere yo kuyarungika niwibaze uti: ‘Noba nzi neza ko aya makuru ngira ndungike ari ay’ukuri? Noba mfise ibimenyamenya?’ Nimba utabizi neza, hari aho wosanga uriko urakwiragiza mu bavukanyi amakuru atari yo. Nimba ufise amakenga nuyafute aho kuyarungikira abandi.

8. Ni ibiki abaturwanya bo mu bihugu bimwebimwe bakoze, kandi ni gute wosanga twabashigikiye tutabizi?

8 Hariho iyindi ngorane ishobora kuva ku kwihutira kurungikira abandi ubutumwa kuri internet canke kuri telefone. Mu bihugu bimwebimwe, igikorwa cacu kiraburabuzwa canke ugasanga kirabujijwe. Abaturwanya muri ivyo bihugu, boshobora gukwiragiza n’ibigirankana amakuru kugira badutere ubwoba canke batume tutizigirana. Rimbura ivyashitse mu bihugu vyahoze bigize Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Igipolisi c’iperereza ari co KGB, carakwiragije amakuru avuga ko abavukanyi batari bake baja imbere abandi bahemukiye abasavyi ba Yehova. * Benshi baremeye ayo makuru bituma bitandukanya n’ishirahamwe rya Yehova. Ivyo vyari bibabaje! Igishimishije benshi baragarutse, ariko hari abatagarutse. Ukwizera kwabo kwarasavye nk’imeri. (1 Tim. 1:19) None twokwirinda gute ikintu nk’ico? Niwirinde gukwiragiza amakuru mabi canke adafise ishingiro. Ntupfe ivyo wemeye. Nurabe neza ko ufise amakuru yose.

AMAKURU ADAKWIYE

9. Ni ikindi kintu ikihe gituma bitugora kumenya aho ukuri kuri?

9 Amakuru atarimwo ukuri ijana kw’ijana na yo nyene aratuma bitugora kumenya aho ukuri kuri. Inkuru irimwo ikinyoma kimwe gusa irashobora guhuvya cane umuntu. None twokora iki kugira inkuru z’ikinyoma zishobora kuba zirimwo amakuru amwamwe y’ukuri ntiziduhuvye?​—Ef. 4:14.

10. Ni gute Abisirayeli bahatswe gutera benewabo, kandi ni igiki catumye batabigira?

10 Rimbura ivyashikiye Abisirayeli baba hakurya y’Uruzi Yorodani mu gihe ca Yosuwa. (Yos. 22:9-34) Barumvise ko Abisirayeli baba hakuno y’urwo ruzi (ni ukuvuga umuryango wa Rubeni n’uwa Gadi be n’igice c’umuryango wa Manase) bari bubatse igicaniro kinini hafi y’Uruzi Yorodani. Ivyo vyari vyo. Bafatiye kuri ayo makuru adakwiye, baciye bashika ku ciyumviro c’uko bene wabo bagararije Yehova, baca baja hamwe kugira ngo babatere. (Soma Yosuwa 22:9-12.) Igishimishije, imbere yo kubatera, bararungitse abagabo b’abizigirwa kugira baje kubaza neza uko ibintu biri. None basanze vyifashe gute? Basanze abo mu muryango wa Rubeni n’uwa Gadi be n’igice c’umuryango wa Manase batubatse ico gicaniro kugira bagitangireko ibimazi, ariko kugira kibe icibutso. Cubatswe kugira ngo muri kazoza bose bazomenye ko na bo nyene ari abasavyi ba Yehova b’abizigirwa. Ese ukuntu abo Bisirayeli bategerezwa kuba bariruhukije kubona batasasitse benewabo bafatiye ku makuru adakwiye! Aho kubigenza gutyo, barafashe umwanya wo kubaza uko ibintu biri koko.

11. (a) Mefibosheti yarenganijwe gute? (b) Dawidi yari gukora iki kugira ntamurenganye?

11 Na twebwe, twoshobora gushikirwa n’ingaruka kubera amakuru atarimwo ukuri kwose yavuzwe ku bitwerekeye. Raba ivyashikiye Umwami Dawidi na Mefibosheti. Dawidi yaragaragarije umutima mwiza Mefibosheti aramusubiza itongo ryose rya sekuru Sauli. (2 Sam. 9:6, 7) Ariko rero mu nyuma, Dawidi yarabwiwe amakuru atari yo yerekeye Mefibosheti. Atiriwe aranayasuzuma, yaciye afata ingingo yo kwaka Mefibosheti itongo ryiwe ryose. (2 Sam. 16:1-4) Igihe amaherezo Dawidi yavugana na Mefibosheti, yaremeye ko yihenze aca aramusubiza igice c’iryo tongo. (2 Sam. 19:24-29) Ariko Dawidi yari kwirinda ako karenganyo iyo afata umwanya wo kubaza amakuru yose aho kwihutira gukorera kuri ayo makuru adakwiye.

12, 13. (a) Yezu yavyifashemwo gute igihe bamuvugako ibinyoma? (b) Twokora iki igihe hari uwutubesheye?

12 Tuvuge iki ho nimba bakuvuzeko ibinyoma vyeruye? Yezu na Yohani Umubatizi barashikiwe n’ikintu nk’ico. (Soma Matayo 11:18, 19.) None Yezu yavyifashemwo gute? Ntiyaciye agerageza kubeshuza ivyo binyoma yivuye inyuma. Ahubwo yaremesheje abantu kwirabira ibimenyamenya, ni ukuvuga ivyo yakoze n’ivyo yigishije. Nk’uko yabivuze, “ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo.”​—Mat. 11:19.

13 Aho turahigira icigwa gihambaye. Birashika abantu bakatuvuga nabi. Twoshobora kwipfuza cane ko baturenganura canke tukumva twogira ico dukoze kugira ngo twikureko iceyi twasizwe. Yamara rero, hari ikintu dushobora gukora. Igihe hari uwutubesheye, turashobora kugumana inyifato nziza ku buryo ata n’umwe azokwemera ivyo uwo muntu yavuze. Nk’uko akarorero ka Yezu kavyerekana, inyifato yacu nziza irashobora guhinyuza amakuru atarimwo ukuri kwose canke ibinyoma vyeruye batuvuzeko.

WOBA WIYIZIGIRA BIRENZE?

14, 15. Kwiheka ku bwenge bwacu bishobora gute kutubera umutego?

14 Kutaronka amakuru yo kwizigirwa ni kimwe gusa mu bituma bitugora gufata ingingo nziza. Agasembwa kacu na ko nyene karatuma bitugora cane. Tuvuge iki nimba tumaze imyaka mirongo dukorera Yehova tudahemuka? Dushobora kuba twaratsimbataje ububasha bwo kwiyumvira be n’ugutahura kwimbitse. Hari aho abandi boba batwubaha kubera tubona ibintu mu buryo bwiza. None n’ivyo vyoshobora kutubera umutego?

15 Ego cane, vyoshobora kutubera umutego hamwe twotangura kwiheka ku gutahura kwacu. Uko twiyumva be n’ubwenge bwacu bwite vyoshobora kwosha ivyiyumviro vyacu. Twoshobora gutangura kubona ko dushobora kwihweza ikintu tugaca tugitahura naho tutoba dufise amakuru yose. Mbega ukuntu vyoba biteye akaga! Bibiliya iratugabisha itomora ko tudakwiye kwiheka ku bwenge bwacu.​—Imig. 3:5, 6; 28:26.

16. Muri ako karorero, ni ibiki biba muri resitora, kandi ni ivyiyumviro ibihe Toma aca ashikako?

16 Rimbura ikintu gishobora gushika. Umusi umwe ku mugoroba, umukurambere umwe azi utuntu n’utundi yitwa Toma ari muri resitora. Aratangaye abonye umukurambere mugenziwe yitwa Yohani, ariko asangira n’umugore atari uwiwe. Toma arihweza ukuntu baguma batwenga, bahimbawe cane no kuba bari kumwe hanyuma bakagwana mu nda. Ivyo bintu biramubuza amahoro cane. Aguma yibaza ati: ‘Yohani yoba agiye kwahukana n’umugore wiwe? Mbega yemwe umugore wiwe bizomugendera gute? Abana babo bo bite?’ Toma aramaze kubona ibintu nk’ivyo bishika. Hamwe yoba ari wewe wokwumva umerewe gute ubonye ikintu nk’ico?

17. Muri ako karorero, ni ibiki Toma yahavuye amenya, kandi ivyo bitwigisha iki?

17 Ariko none, naho Toma aciye yihutira kwiyumvira ko Yohani yahemukiye umugore wiwe, yoba afise amakuru yose? Mu nyuma kuri uwo mugoroba nyene, Toma araterefona Yohani. Ibaze ukuntu Toma yiruhutsa amenye ko wa mugore yabona ari mushiki wa Yohani, akaba yaje kubaramutsa avuye kure. Yohani na mushikiwe baherukana kera. Kubera ko ahaciye arengana, bahuriye muri ya resitora kugira basangire. Umugore wa Yohani ntiyashoboye kuza. Igishimishije, Toma ntiyakwiragije ivyiyumviro bitari vyo yari yashitseko. None icigwa ni ikihe? Naho twoba tumaze imyaka ingana gute dukorera Yehova, tuguma dukeneye kuronka amakuru yose imbere yo kugira iciyumviro dushitseko.

18. Ni gute kudahuza kamere n’umuvukanyi bishobora kugoreka ivyiyumviro vyacu?

18 Ikindi kintu gishobora gutuma bitugora kubona ibintu neza, ni ukudahuza kamere n’umuvukanyi. Tugumye twibanda ku vyo tudahurizako, twoshobora gutangura kwikeka uwo muvukanyi. Igihe rero twumvise amakuru mabi ku bimwerekeye, twoshobora guca tuyemera bitagoranye. None icigwa ni ikihe? Kwishiramwo nabi abavukanyi bacu birashobora gutuma tubabona nabi kandi ata mvo zumvikana dufise. (1 Tim. 6:4, 5) Turashobora kwirinda ico kintu mu kutareka ngo ishari rishinge imizi mu mitima yacu. Aho kwishiramwo nabi abavukanyi bacu, turakwiye nyabuna gutahura ko dutegerezwa kubakunda no kubababarira tubikuye ku mutima.​—Soma Abakolosayi 3:12-14.

INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA ZIRATUZIGAMA

19, 20. (a) Ni ingingo ngenderwako izihe zodufasha gusuzuma neza amakuru? (b) Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

19 Muri kino gihe, ntivyoroshe kuronka amakuru yo kwizigirwa no kuyasuzuma neza kubera ko tuguma turonka amakuru ateye amakenga kandi atarimwo ukuri kwuzuye. Uretse n’ivyo, turi abanyagasembwa. None ni ibiki vyodufasha? Dutegerezwa kumenya ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya no kuzisunga. Imwe muri zo ivuga ko ari ubupfu n’agateterwe kwishura ku kintu utaracumva. (Imig. 18:13) Iyindi na yo iratwibutsa ko tudakwiye gupfa kwemera ijambo ryose. (Imig. 14:15) Ubwa nyuma, naho twoba tumaze imyaka ingana gute dukorera Yehova, dukwiye kuba maso ntitwiheke ku bwenge bwacu bwite. (Imig. 3:5, 6) Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zizotuzigama nitwisunga amakuru yo kwizigirwa kugira dutahure neza ibintu kandi dufate ingingo nziza.

20 Ariko hariho iyindi ntambamyi, iyo na yo ikaba ari ugufatira ku biboneka inyuma gusa. Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ingene twoshobora kugwa muri uwo mutego mu mice imwimwe be n’ingene twovyirinda.

^ ing. 8 Raba Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 2006 (mu gifaransa), rup. 111-112, be n’ico mu 2008 rup 133-135.