Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwirinde guca urubanza ufatiye ku biboneka inyuma

Niwirinde guca urubanza ufatiye ku biboneka inyuma

“Reka guca urubanza mufatiye ku biboneka inyuma, ahubwo ba muca urubanza rugororotse.”​—YOH. 7:24.

INDIRIMBO: 142, 123

1. Ni ibiki Yesaya yavuze ku bijanye na Yezu, kandi ni kubera iki biremesha?

UBUHANUZI bwa Yesaya bwerekeye Umukama wacu Yezu Kristu buratweza umutima kandi bukaturemesha. Yesaya yaravuze ko Yezu “[a]tazoca urubanza afatiye ku bipfa kubonekera amaso yiwe, canke ngo akangire yisunze gusa ivyo amatwi yiwe yumvise.” Yavuze kandi ko “azocira urubanza koko abantu batobato mu bugororotsi.” (Yes. 11:3, 4) Kubera iki ivyo biremesha? Kubera ko tubaye mw’isi yuzuye ukwinubana n’umwikeko. Twese turipfuza uwo Mucamanza agororotse, atazokwigera aducira urubanza afatiye ku biboneka inyuma gusa!

2. Yezu yadutegetse iki, kandi twihweza iki muri iki kiganiro?

2 Buri musi turiyumvira abandi uku canke kuriya. Ariko rero kubera ko tudatunganye, ntidushobora guca urubanza ata kwihenda nk’uko Yezu abigira. Dufise impengamiro yo gufatira ku vyo tubona gusa. Yamara rero, igihe Yezu yari kw’isi yategetse ati: “Reka guca urubanza mufatiye ku biboneka inyuma, ahubwo ba muca urubanza rugororotse.” (Yoh. 7:24) Biratomoye ko Yezu ashaka ko tumwigana, ntiduce urubanza dufatiye ku biboneka inyuma. Muri iki kiganiro, turaza kwihweza ibintu bitatu abantu bakunze gufatirako mu guca urubanza: ubwoko canke ibara ry’urukoba, ubutunzi be n’imyaka. Turaza kuraba ukuntu twogamburuka itegeko rya Yezu muri iyo mice yose.

NTUCE URUBANZA UFATIYE KW’IBARA RY’URUKOBA CANKE UBWOKO

3, 4. (a) Ni ibiki vyatumye intumwa Petero ahindura ukuntu yabona Abanyamahanga? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni igiki Yehova yafashije Petero gutahura?

3 Nuse n’uwubona mu bwenge ivyiyumviro bishobora kuba vyari mu muzirikanyi w’intumwa Petero igihe yasabwa kuja kwa wa Munyamahanga Koruneliyo. (Ivyak. 10:17-29) Petero yakuze yemera ko Abanyamahanga bari bahumanye, nk’uko n’abandi Bayuda bo muri ico gihe bavyemera. Ariko rero Petero yarashikiwe n’ibintu vyatumye asubira kurimbura uko yabona ibintu. Nk’akarorero, yareretswe ibintu ku gitangaro. (Ivyak. 10:9-16) None ni ibiki yabonye? Igitebo kimeze nk’uruhuzu cuzuyemwo ibikoko bihumanye caramanutse imbere yiwe, aca yumva ijwi rivuye mw’ijuru rimutegeka riti: “Haguruka Petero, ubage, urye!” Petero yaravyanse ashimitse. Iryo jwi rivuye mw’ijuru ryaciye rimubwira riti: “Reka gufata ivyo Imana yahumanuye ngo uvyite ibihumanye.” Igihe Petero yikangura, yaguma yibaza ico iryo jwi ryashaka kumubwira. Muri ako kanya nyene, intumwa zivuye kwa Koruneliyo zarashitse. Petero amaze kuronswa ubuyobozi n’impwemu nyeranda, yaciye yihuta arajana n’izo ntumwa kwa Koruneliyo.

4 Iyo Petero aca urubanza afatiye ku biboneka inyuma gusa, ntiyari kwinjira kwa Koruneliyo. Abayuda ntibigera binjira mu ngo z’Abanyamahanga. Ni kubera iki Petero yarengeye ukwo kwinubana kwari kwarashinze imizi? Ivyo Petero yari yeretswe be n’ubuyobozi yari yahawe n’impwemu nyeranda vyaratumye ahindura uko yabona ibintu. Amaze kwumviriza ivyo Koruneliyo amwiganiye, yaciye avuga ati: “Ni ukuri ndatahuye yuko Imana itagira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.” (Ivyak. 10:34, 35) Mbega ikintu gishimishije kandi gifise insobanuro igera kure Petero yari atahuye! None ico kintu cerekeye gute abakirisu bose?

5. (a) Yehova yipfuza ko abakirisu bose batahura iki? (b) Naho twoba twaramenye ukuri, ni agatima akahe koshobora kuguma muri twebwe?

5 Yehova yarakoresheje Petero kugira afashe abakirisu bose gutahura ko atagira nkunzi. Kuri Yehova, ibara ry’urukoba, ubwoko, igihugu, umuryango canke ururimi, nta co bivuze. Umuntu wese atinya Imana kandi akora ibigororotse iramwemera. (Gal. 3:26-28; Ivyah. 7:9, 10) Ivyo ushobora kuba ubizi. Ariko tuvuge iki nka hamwe woba wakuriye canke wavukiye mu gihugu canke mu muryango vyuzuyemwo ukwinubana? Naho woba wiyumvira ko utinuba abandi, vyoshoboka ko muri wewe hakirimwo ivy’ukwinubana. Naho Petero yari yaratewe agateka ko kumenyesha abandi ko Yehova atagira nkunzi, mu nyuma yaragaragaje agatima ko kwinubana. (Gal. 2:11-14) None twogamburukira Yezu gute maze tukareka gucira abandi urubanza dufatiye ku biboneka inyuma?

6. (a) Ni ibiki vyodufasha kurandurana n’imizi ukwinuba abandi? (b) Ikete umukurambere umwe yanditse rihishura iki?

6 Turakeneye kwisuzuma twitonze dukoresheje Ijambo ry’Imana kugira tumenye nimba tugifise agatima ko kwinuba abandi. (Zab. 119:105) Vyongeye, hari aho twokenera kubaza umugenzi twizigiye, akatubwira nimba atubonamwo agatima ko kwinubana, kuko twebwe ubwacu tudashobora kubibona. (Gal. 2:11, 14) Birashoboka ko ako gatima kadushinzemwo imizi ku buryo tutamenya ko tugafise. Nk’akarorero, rimbura ivyashikiye umukurambere umwe. Yararungitse ikete ku biro vy’ishami avuga neza umugabo umwe n’umukenyezi wiwe bari mu murimo w’igihe cose. Uwo mugabo yava mu bwoko bw’inkehwa abandi babona ko bukengeretse. Biboneka ko uwo mukurambere atabona ko ubwiwe agifise agatima ko kwinuba abo muri ubwo bwoko bw’inkehwa. Muri iryo kete, yaravuze ibintu vyinshi bihayagiza uwo umugabo. Ariko mu gusozera yavuze ati: “Naho ari uwo muri ubwo bwoko, inyifato yiwe be n’uburyo abayeho birafasha abandi gutahura ko kuba uva muri ubwo bwoko bidasobanura ko uca uba umunyamwanda canke ubaho nabinabi nk’uko benshi bo muri ubwo bwoko bameze.” Ni icigwa ikihe dukura muri ivyo? Naho twoba dufise amabanga ayahe, dutegerezwa kwisuzuma twitonze kandi tukemera gufashwa kugira ngo tubone nimba hari agatima ko kwinuba abandi kakiri muri twebwe. Ni ikindi kintu ikihe twokora?

7. Twogaragaza gute ko twagutse mu mutima?

7 Nitwaguka mu mutima, tuzokunda abandi aho kubinuba. (2 Kor. 6:11-13) Woba ufise akamenyero ko kwifatanya gusa n’abo musangiye ibara ry’urukoba, ubwoko, igihugu, umuryango canke ururimi? Nimba ari ukwo vyifashe, niwaguke. Ubona gute usavye abo mudahuje imico kama ngo mukorane mu ndimiro, canke ukabatumira i muhira kugira musangire akajumpu canke mwifatanye mu kwisamaza? (Ivyak. 16:14, 15) Niwabigenza gutyo, uzorushiriza kugira urukundo ku buryo ukwinuba abandi ata kibanza bizoba bigifise muri wewe. Ariko rero hari ibindi bintu dukunda gufatirako mu gucira abandi urubanza. Reka ubu na ho turimbure ivy’ubutunzi.

NTUCE URUBANZA UFATIYE KU BUTUNZI CANKE UBUKENE

8. Mu Balewi 19:15 havuga iki ku bijanye n’ukuntu ubutunzi canke ubukene bishobora kugira ico bikoze ku kuntu tubona abandi?

8 Turashobora kubona abandi ukunaka dufatiye ku kuntu bifashe mu vy’ubutunzi. Mu Balewi 19:15 hagira hati: “Ntukagire nkunzi mu kuntu ufata umuntu mutoyi, kandi ntugahengamire ku wuhambaye. Mugenzawe ukwiye kumucira urubanza mu butungane.” Ariko none, kuba umuntu ari umutunzi canke umukene, bishobora gute kugira ico bikoze ku kuntu tumufata?

9. Ni ikintu c’ukuri ikihe mugabo kibabaje Salomo yanditse, kandi kitwigisha iki?

9 Impwemu nyeranda yaratumye Salomo yandika ikintu c’ukuri mugabo kibabaje gikunda gushikira abantu b’abanyagasembwa. Mu Migani 14:20 yavuze ati: “Umuntu ntahonikora arankwa mbere no kuri mugenziwe, mugabo abagenzi b’umutunzi ni benshi.” None uwo mugani utwigisha iki? Tutabaye maso, twoshobora gutangura kwipfuza gucudika n’abavukanyi batunze tukaraba irarirari abakenye. Kubera iki birimwo akaga guha agaciro abandi dufatiye ku kuntu ivyabo vyifashe mu vy’ubutunzi?

10. Yakobo yatugabishije ku ngorane iyihe yoshobora gushika?

10 Hamwe twoza turacira urubanza abandi dufatiye ku kuntu ibintu vyifashe mu vy’ubutunzi, twoshobora gutuma ishengero ryicamwo imice. Yakobo yavuze ko iyo ngorane yatumye mu mashengero amwamwe yo mu kinjana ca mbere habamwo ukwicamwo imice. (Soma Yakobo 2:1-4.) Turakeneye kuba maso kugira ngo ivyo ntibishike mu mashengero yacu. None twokwirinda gute gucira abandi urubanza dufatiye ku biboneka inyuma?

11. Ubucuti tugiranira na Yehova bwoba buvana n’uko dutunze canke dukenye? Sigura.

11 Turakwiye kubona abavukanyi bacu nk’uko Yehova ababona. Yehova ntabona ko umuntu afise agaciro kubera atunze canke akenye. Ubucuti dufitaniye na Yehova ntibuhagaze ku bintu vyinshi dutunze canke ku vyo duhajije. Naho Yezu yavuze ko “kizoba ikigoye ku mutunzi kwinjira mu bwami bwo mw’ijuru,” ntiyavuze ko bidashoboka. (Mat. 19:23) Ariko kandi yavuze ati: “Murahiriwe mwebwe aboro, kuko ubwami bw’Imana ari ubwanyu.” (Luka 6:20) Yamara ivyo ntibisobanura ko abakene bose bociye bumviriza inyigisho za Yezu maze bagahezagirwa bimwe bidasanzwe. Abakene benshi ntibakiriye ubutumwa bwiwe. Icigwa tuhakura ni uko tudakwiye kuvuga ko naka afitaniye ubucuti bwiza na Yehova kubera ivyo atunze.

12. Bibiliya ihanura iki abatunzi n’abakene?

12 Mw’ishirahamwe rya Yehova harimwo abavukanyi na bashiki bacu batunze be n’abakene. Yamara bose barakunda Yehova kandi baramukorera n’umutima ukwiye. Bibiliya itegeka abatunzi “kudashingira icizigiro cabo ku butunzi butari ubwo kwizigirwa, mugabo bagishingire ku Mana.” (Soma 1 Timoteyo 6:17-19.) Muri ubwo buryo nyene Ijambo ry’Imana rigabisha abasavyi b’Imana, baba abatunzi canke abakene, kwirinda kuba inkunzi z’amahera. (1 Tim. 6:9, 10) Nitwabona abavukanyi nk’uko Yehova ababona, ntituzobacira urubanza dufatiye ku vyo batunze canke ku vyo bahajije. Ariko tuvuge iki ku bijanye n’imyaka umuntu afise? Twoba twoyifatirako kugira ducire abandi urubanza? Reka tubirabe.

NTUCE URUBANZA UFATIYE KU MYAKA

13. Twisunze Bibiliya, dukwiye gufata gute abahumuye?

13 Bibiliya yama iduhanura guha icubahiro kibereye abitereye mu myaka. Mu Balewi 19:32 hagira hati: “Imbere y’umuntu w’imvi uze uhaguruke, kandi uze wubahirize umuntu w’umutama, kandi utegerezwa gutinya Imana yawe.” Mu Migani 16:31 na ho hatubwira yuko “imvi ku mutwe [ari] urugori rw’ubwiza iyo ruboneka mu nzira y’ubugororotsi.” Paulo na we nyene yahanuye Timoteyo kudakarira umugabo ahumuye, mugabo ko akwiye kumwinginga nka se. (1 Tim. 5:1, 2) Naho Timoteyo yari afise ubukuru ku rugero runaka kuri abo bagabo bahumuye, yategerezwa kubafatana ikibabarwe kandi akabubaha.

14. Ni ryari vyokenerwa ko duha umuntu impanuro ibereye canke tukamukangira, naho yoba yitereye mu myaka?

14 Ariko rero, ntidukwiye kurenza urugero igihe dushira mu ngiro iyo ngingo ngenderwako. Nk’akarorero, igihe uwitereye mu myaka akoze igicumuro nkana canke aremesheje ikintu kidahimbara Yehova, twoba twovyirengagiza? Yehova ntaca urubanza afatiye ku biboneka inyuma gusa kandi ntareka guhana uwucumuye nkana ngo n’uko yitereye mu myaka. Raba ingingo ngenderwako dusanga muri Yesaya 65:20. Hagira hati: “Umucumuzi, naho azoba afise imyaka ijana azohamagarirwako akabi.” Iyo ngingo nyene iraboneka mu vyo Ezekiyeli yeretswe. (Ezk. 9:5-7) Ku bw’ivyo, igihambaye kuruta ni ugutera iteka Umwe wa kera mu misi ari we Yehova Imana. (Dan. 7:9, 10, 13, 14) Nitwabigenza gutyo, ntituzotinya gukosora uwukeneye impanuro naho yoba angana gute.​—Gal. 6:1.

Woba ugaragariza icubahiro abavukanyi bakiri bato? (Raba ingingo ya 15)

15. Twigira iki ku ntumwa Paulo ku bijanye n’ukuntu twofata abavukanyi bakiri bato?

15 Tuvuge iki ku bavukanyi bakiri bato bo mw’ishengero? Wewe ubabona gute? Intumwa Paulo yandikiye Timoteyo ati: “Ntihagire umuntu n’umwe yigera agaya ubuto bwawe. Ahubwo, nubere akarorero abizigirwa mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura.” (1 Tim. 4:12) Igihe Paulo yandika ayo majambo, Timoteyo ashobora kuba yari arengeje gato imyaka 30. Yamara Paulo yari yaramujeje amabanga ahambaye. Naho tutazi imvo yatumye amuha iyo mpanuro, icigwa kirimwo kiratomoye. Ntidukwiye kwigera tugaya abavukanyi bakiri bato dufatiye gusa ku myaka bafise. Turakwiye kwibuka ko n’Umukama Yezu yaranguye neza ubusuku bwiwe ng’aha kw’isi igihe yari afise imyaka 30.

16, 17. (a) Abakurambere bamenya gute nimba umuvukanyi akwije ibisabwa kugira aratwe ngo abe umukozi w’ishengero canke umukurambere? (b) Abantu boshobora gute kurenga ku Vyanditswe bitumwe n’imico kama canke uko babona ibintu?

16 Mu mico kama imwimwe usanga abantu basuzugura abakiri bato. Ivyo vyoshobora gutuma abakurambere bagonanwa kurata abavukanyi bakiri bato, naho boba bakwije ibisabwa ngo babe abakozi b’ishengero canke abakurambere. Abakurambere bose barakwiye kwibuka ko Ivyanditswe bidashinga imyaka umuntu ategerezwa kuba afise kugira abe umukozi w’ishengero canke umukurambere. (1 Tim. 3:1-10, 12, 13; Tito 1:5-9) Hamwe umukurambere yokwishingira itegeko rishingiye ku mico, yoba ariko araca kubiri n’Ivyanditswe. Abakurambere bakwiye gusuzuma abakiri bato bisunze uko Ijambo ry’Imana rivuga aho gufatira ku mico canke ku kuntu ubwabo babona ibintu.​—2 Tim. 3:16, 17.

17 Raba ingene ukutisunga Ivyanditswe bishobora gutuma abavukanyi bakwije ibisabwa badatera imbere. Mu gihugu kimwe, hari umukozi w’ishengero akwije ibisabwa, yarangura neza ibikorwa yashingwa. Naho abakurambere bo mw’ishengero yarimwo bemeje ko akwije ibisabwa ngo abe umukurambere, ntiyaraswe. Uti kubera iki? Kubera ko abakurambere nka bangahe bitereye mu myaka, basavye bashimitse ko uwo muvukanyi atoratwa kubera yaboneka ko akiri muto cane. Birababaje kuba uwo muvukanyi atagenywe bivuye ku kuntu yaboneka. Biboneka ko mu bihugu bitari bike hari ababona ibintu muri ubwo buryo. Ese ingene bihambaye ko twisunga Ivyanditswe aho kwisunga imico kama canke uko twebwe ubwacu tubona ibintu! Ubwo ni bwo buryo bumwe rudende tugamburukira Yezu, tukirinda gucira abandi urubanza dufatiye ku biboneka inyuma.

NUCE URUBANZA RUGOROROTSE

18, 19. Bidusaba iki kugira tubone abandi nk’uko Yehova ababona?

18 Naho turi abanyagasembwa, turakwiye kwiga kubona abandi nk’uko Yehova ababona. (Ivyak. 10:34, 35) Ariko ivyo bisaba ko tuguma tugira akigoro kandi tukama twisunga ivyibutsa vyo mw’Ijambo ry’Imana. Nitwashira mu ngiro ivyo vyibutsa, tuzorushiriza kugamburuka rya tegeko rya Yezu ritubuza gucira abandi urubanza dufatiye ku biboneka inyuma.​—Yoh. 7:24.

19 Vuba, Umwami wacu Yezu Kristu azocira urubanza abantu bose. Ntazorubacira afatiye ku bipfa kubonekera amaso yiwe, canke ngo akangire yisunze gusa ivyo amatwi yiwe yumvise, mugabo azobacira urugororotse. (Yes. 11:3, 4) Ese ingene bizoba bihimbaye!