Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukwiyumanganya ni ukwihangana ufise intumbero

Ukwiyumanganya ni ukwihangana ufise intumbero

KUBERA ingorane zo mu “misi ya nyuma” ziguma ziyongera, abasavyi ba Yehova barakeneye kwiyumanganya kuruta ikindi gihe cose. (2 Tim. 3:1-5) Dukikujwe n’abantu usanga kenshi bikunda, badashaka kwumvikana na gato kandi batiyumanganya. Abantu bameze gutyo ni gake biyumanganya. Ni co gituma umukirisu wese yokwibaza ati: ‘Ukwo kutiyumanganya kuranga isi kwoba kumaze kunyandukira? Kwiyumanganya bisobanura iki vy’ukuri? Nokora iki kugira ngo ukwiyumanganya kube mu bindanga?’

ICO KWIYUMANGANYA BISOBANURA

Muri Bibiliya, kwiyumanganya birasobanura n’ibindi uretse kwihanganira gusa ikigeragezo. Umuntu yiyumanganya yihangana afise intumbero. Ntiyiyumvira ivyiwe gusa, ariko kandi aritwararika ineza y’uwuriko aramuteza ingorane. Ni co gituma igihe uwufise ukwiyumanganya bamukoshereje canke bamusomborokeje, aguma yizigiye yuko ibintu bishobora kuja mu buryo. Ntibitangaje rero kubona muri Bibiliya kamere y’‘ukwiyumanganya’ iza ubwa mbere mu zindi nyinshi ziva ku rukundo. * (1 Kor. 13:4) Vyongeye, Bibiliya yerekana ko “ukwiyumanganya” kuri mu bigize “icamwa c’impwemu.” (Gal. 5:22, 23) Ariko none, twokora iki kugira dutsimbataze ico kintu Imana idusaba kugaragaza?

INGENE TWOTSIMBATAZA UKWIYUMANGANYA

Kugira dutsimbataze ukwiyumanganya, dutegerezwa gusaba Yehova ngo adufashe biciye ku mpwemu yiwe, iyo aha abamwizigira bakamwihekako. (Luka 11:13) Ariko naho impwemu ya Yehova ari iy’ububasha, dutegerezwa kurangura uruhara rutwega, mu gukora duhuza n’amasengesho yacu. (Zab. 86:10, 11) Ivyo bisobanura ko dutegerezwa kwihata tukiyumanganya buri musi kugira ngo iyo kamere ishinge imizi mu mutima wacu. Yamara n’ico gihe nyene, vyoshobora kuba ngombwa ko dukora n’ibindi kugira twame turangwa n’ukwihangana. None ibindi vyodufasha ni ibiki?

Turashobora gutsimbataza ukwiyumanganya mu kurimbura akarorero ntangere ka Yezu maze tukamwigana. Igihe intumwa Paulo yavuga ibigize “wa muntu mushasha” harimwo n’“ukwiyumanganya,” yaciye aduhimiriza ati: “Amahoro ya Kristu naganze mu mitima yanyu.” (Kol. 3:10, 12, 15) Turashobora kureka ayo mahoro ‘akaganza’ mu mitima yacu mu kwigana ukwizera kutanyiganyiga kwa Yezu, tukizigira ko Imana izotunganya ingorane zacu ku gihe ibona ko kibereye. Nitwigana Yezu, ntituzoreka kwiyumanganya, naho hoba iki.​—Yoh. 14:27; 16:33.

Naho dushashaye isi nshasha Imana yadusezeraniye, turarushiriza kwiyumanganya iyo tuzirikanye ingene Yehova atwihanganira. Bibiliya idukura amazinda iti: “Yehova ntatevye ku bijanye n’umuhango wiwe, nk’uko bamwe babona uguteba, ahubwo yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya.” (2 Pet. 3:9) None iyo tuzirikanye ukuntu Yehova atwihanganira, ntiduca twumva ko natwe tworushiriza kwihanganira abandi? (Rom. 2:4) Dufise ivyo ku muzirikanyi, reka turabe ibintu bimwebimwe bidusaba ko twiyumanganya.

IBINTU BISABA KO TWIYUMANGANYA

Hari ibintu vyinshi bishika buri musi vyoshobora kugeza ukwiyumanganya kwacu. Nk’akarorero, urashobora kuba wipfuza kuvuga ikintu gihambaye, bikaba ngombwa ko wiyumanganya kugira ntuciremwo abandi. (Yak. 1:19) Woshobora kandi gukenera kwiyumanganya igihe abo musangiye ukwemera bakora ibintu bikubabaza. Aho guca uhuruduka mu bihe nk’ivyo, biraba vyiza urimbuye ukuntu Yehova na Yezu bihanganira ubugoyagoye bwacu. Ntibaguma batureretse kugira badutore amahinyu ku tunenge twacu. Ahubwo riho, barabona kamere nziza dufise kandi bakihweza bihanganye ukuntu twihatira kugira ivyo turyohoye.​—1 Tim. 1:16; 1 Pet. 3:12.

Ikindi kintu gishobora kugeza ukwiyumanganya kwacu ni igihe hari uwuvuze ko twakoze canke twavuze ibitabereye. Akenshi twoshobora guca twihutira gushavura no kwisigura. Ijambo ry’Imana ryoryo rituremesha kuvyifatamwo ukundi. Rigira riti: “Uwihangana araruta uw’umutima wibona. Ntiwihute kubabara mu mutima wawe, kuko ukubabara ari kwo gucumbitse mu gikiriza c’ibijuju.” (Umus. 7:8, 9) Ku bw’ivyo, n’igihe nyene batwagirije ikinyoma ceruye, ni vyiza ko twiyubara mu kuntu tuvyifatamwo. Ukwo nyene ni kwo Yezu yabigenjeje igihe abandi bamwambika ibara.​—Mat. 11:19.

Abavyeyi barakeneye canecane kwiyumanganya igihe bakosora abana babo iyo batanguye kugaragaza inyifato n’ivyipfuzo bitabereye. Rimbura akarorero k’uwitwa Mattias, akaba ari mu bagize umuryango wa Beteli muri Skandinaviya. Akiri umuyabaga, kw’ishure baguma bamucokora kubera ivyo yemera. Mu ntango, abavyeyi biwe ntibigeze babimenya. Ariko rero, bahavuye bibonera ingaruka z’uruhamo rwashikiye umwana wabo, kuko yaciye atangura kuvyura amakenga ku bijanye n’ukuri. Se wa Mattias ari we Gillis yigana ati: “Vyaradusavye kwiyumanganya cane. Waza wumva abajije ngo ‘Imana ni nde? Bite nka hamwe Bibiliya atoba ari Ijambo ry’Imana? Tuzi gute ko vy’ukuri Imana ari yo idusaba gukora ibi na biriya?’” Vyongeye, Mattias yarabaza se ati: “Kubera iki nohorwa ko ntiyumvira cokimwe nawe canke ngo nemere ivyo wemera?”

Gillis asigura ati: “Rimwe na rimwe umuhungu wacu yabaza ivyo bibazo ashavuye cane, adashavuriye nyina canke jewe, mugabo ashavuriye ukuri, akavuga yuko ari kwo kwatuma atoroherwa mu buzima.” None Gillis yavyifashemwo gute? Avuga ati: “Jewe n’umuhungu wanje twaramara amasaha n’ayandi turiko turaganira. Ahanini naramwumviriza, nkaza ndacishamwo ndamubaza ibibazo kugira menye neza uko yiyumva be n’ingene abona ibintu. Hari aho namusigira iciyumviro azirikanako umusi umwe canke ingahe, imbere yuko dusubira kuganira. Ikindi gihe naramubwira ko nkeneye imisi mikeyi kugira nzirikane ku ciyumviro yaba yatanze. Biciye kuri ivyo biganiro twaguma tugiranira, bukebuke Mattias yararushirije gutahura no kwemera inyigisho zimwezimwe nk’iyijanye n’incungu, ubusegaba bw’Imana be n’urukundo rwa Yehova. Naho vyafashe igihe kandi kenshi bikaba bitoroha, bukebuke urwo akunda Yehova rwagiye rurakomera. Jewe n’umukenyezi wanje turahimbawe cane kubona twariyumanganije tugafasha umuhungu wacu mu myaka yiwe y’ubuyabaga, maze turashikira umutima wiwe.”

Gillis n’umukenyezi wiwe barihetse kuri Yehova igihe bariko barafasha umuhungu wabo bihanganye. Gillis asubije amaso inyuma, avuga ati: “Narakunda kubwira Mattias ko urukundo rwinshi jewe na nyina twamukunda rwatuma turushiriza gusaba Yehova ngo amufashe gutahura.” Ese ukuntu abo bavyeyi bahimbawe no kubona baragaragaje iyo kamere ihambaye y’ukwiyumanganya!

Abakirisu b’ukuri bategerezwa kandi kwiyumanganya babigiranye urukundo igihe bitwararika incuti canke abagenzi barwaye indwara idakira. Rimbura akarorero k’uwitwa Ellen, * na we nyene akaba aba muri Skandinaviya.

Umugabo wa Ellen aramaze imyaka nk’umunani afashwe n’indwara yonona ubwonko. Ivyo vyatumye uwo mugabo ataba acumva impuhwe, agahimbare canke umubabaro, bikaba bitorohera na gato Ellen. Avuga ati: “Binsaba ukwiyumanganya cane no gusenga kenshi.” Yongerako ati: “Icanditswe nkunda cane kandi kindemesha ni Abafilipi 4:13, ahagira hati: ‘Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.’” Ubwo bubasha buratuma Ellen yihangana cane, akiheka kuri Yehova aherejeko.​—Zab. 62:5, 6.

NIWIGANE UKWIYUMANGANYA KWA YEHOVA

Mu bisanzwe, Yehova ni we karorero ntangere twokwigana ko kwiyumanganya. (2 Pet. 3:15) Mw’Ijambo ryiwe, hari inkuru nyinshi zigana ingene Yehova yagiye aragaragaza ukwiyumanganya kudasanzwe. (Neh. 9:30; Yes. 30:18) Nk’akarorero, Yehova yavyifashemwo gute igihe Aburahamu yavyura ibibazo ku bijanye n’ingingo yari yafashe yo gutikiza Sodomu? Kimwe coco, Yehova yararetse Aburahamu aravuga atamuciramwo. Yehova yarumviriza yihanganye ikibazo cose n’umwitwarariko wose Aburahamu yaba aseruye. Mu nyuma Yehova yarerekanye ko yamuteze yompi mu kuza arasubiramwo umwitwarariko Aburahamu yaba aseruye maze akamuhumuriza ko atotikije Sodomu, n’igihe nyene muri ico gisagara hobaye hari abagororotsi cumi gusa. (Ita. 18:22-33) Mbega ukuntu atubera akarorero keza ko kwumviriza twihanganye aho gutwarwa n’ishavu!

Vy’ukuri, ukwiyumanganya ni kimwe mu bintu nyamukuru bigize wa muntu mushasha abakirisu bose babwirizwa kwambara. Nitwihatira gutsimbataza iyo kamere nziza cane, tuzotera iteka Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda kandi yiyumanganya maze tube mu “batorana ya mihango biciye ku kwizera n’ukwihangana.”​—Heb. 6:10-12.

^ ing. 4 Urukundo rwaravuzwe mu kiganiro ca mbere co muri uru rukurikirane rw’ibiganiro bica irya n’ino ibigize icamwa c’impwemu nyeranda y’Imana.

^ ing. 15 Si ko asanzwe yitwa.