Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugumane amahoro yo mu mutima igihe ivyawe bihindutse

Nugumane amahoro yo mu mutima igihe ivyawe bihindutse

“Nahorosheje umutima wanje, ndawutururuza.”​—ZAB. 131:2.

INDIRIMBO: 128, 129

1, 2. (a) Umukirisu ashobora kwumva amerewe gute igihe ivyiwe bihindutse atari avyiteze? (Raba ishusho itangura.) (b) Twisunze Zaburi ya 131, ni igiki codufasha kugumana amahoro yo mu mutima?

IGIHE Lloyd na Alexandra bari bamaze imyaka irenga 25 muri Beteli, baramenyeshejwe ko bagiye kubandaniriza igikorwa mu ndimiro. Bakivyumva barababaye cane. Lloyd avuga ati: “Nari nsigaye mbona Beteli nko muhira kandi nabona ata handi nokorera. Naho natahura imvo zatumye haba iryo hinduka, mu ndwi no mu mezi vyakurikiye, kenshi narumva umenga ndi akahebwe.” Mu mwanya umwe Lloyd yabona ibintu mu buryo bwiza, mu wundi mwanya na ho bikamubabaza cane.

2 Iyo ivyacu bihindutse tutari tuvyiteze, birashobora kudutera ubwoba kandi bikadutesha umutwe. (Imig. 12:25) Birashobora no kutubera urugamba kwemera ayo mahinduka. None mu bihe nk’ivyo, twoshobora gute ‘gutururuza’ umutima wacu? (Soma Zaburi 131:1-3.) Reka turimbure ingene abantu bamwebamwe bavugwa muri Bibiliya hamwe n’abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none bashoboye kugumana amahoro yo mu mutima mu bihe vy’amahinduka.

INGENE “AMAHORO Y’IMANA” ADUFASHA

3. Ni ibiki vyashikiye Yozefu?

3 Yozefu yari afise imyaka nka 17 igihe benewabo bamugurisha ngo abe umushumba babitumwe n’ishari, kubera se yamukunda cane. (Ita. 37:2-4, 23-28) Yozefu yaramaze imyaka nka 13 ari umushumba mu Misiri yongera arapfungwa, akaba yari kure cane y’umuvyeyi wiwe yikundira ari we Yakobo. None ni ibiki vyamufashije kutihebura no kutagira umujinya?

4. (a) Igihe Yozefu yari mw’ibohero, yagumije umutima ku ki? (b) Yehova yishuye gute amasengesho ya Yozefu?

4 Igihe Yozefu yari mw’ibohero, ategerezwa kuba yagumije umutima ku bimenyamenya vy’uko Yehova yamuhezagira. (Ita. 39:21; Zab. 105:17-19) Indoto Yozefu yari yararose akiri muto na zo nyene zaratumye ajijuka ko Yehova yamutonesha. (Ita. 37:5-11) Nta gukeka ko kenshi yasukira Yehova mw’isengesho ibimuraje ishinga. (Zab. 145:18) Mu kwishura ayo masengesho avuye ku mutima, Yehova yaramukuye amazinda ko yari “kumwe na we” mu bigeragezo vyiwe vyose.​—Ivyak. 7:9, 10. *

5. “Amahoro y’Imana” ashobora gute kudufasha gushika ku migambi yacu yo mu vy’impwemu?

5 Naho twoca mu ngorane, muri iki gihe turashobora kwibonera ukuntu “amahoro y’Imana” arinda ububasha bwacu bwo kwiyumvira. (Soma Abafilipi 4:6, 7.) Igihe rero twituye Yehova twarengewe n’amaganya, amahoro y’Imana arashobora gukomeza umwiyemezo dufise wo gushika ku migambi yo mu vy’impwemu kandi akaturinda gutana n’akabando. Nimuze twihweze uburorero bumwebumwe bwo mu gihe ca none buvyerekena.

NUSABE YEHOVA AGUHE AMAHORO YO MU MUTIMA

6, 7. Amasengesho adomako ashobora gute kudufasha kuronka amahoro yo mu mutima? Tanga akarorero.

6 Igihe Ryan n’umukenyezi wiwe Juliette bamenyeshwa ko umurimo wabo wo kuba abatsimvyi badasanzwe b’igihe gito urangiye, barababaye cane. Ryan avuga ati: “Twaciye twitura Yehova mw’isengesho. Twaratahuye ko turonse akaryo ko kwerekana yuko twizigira Yehova. Mw’ishengero twarimwo benshi bari bashasha mu kuri. Twaciye rero dusaba Yehova ngo adufashe gutanga akarorero keza mu bijanye n’ukwizera.”

7 None Yehova yishuye gute isengesho ryabo? Ryan yigana ati: “Tugiheza gusenga, umubabaro be n’ubwoba twari twabanje kugira vyarakamanganye. Amahoro y’Imana yaciye arinda imitima yacu n’ububasha bwacu bwo kwiyumvira. Twaciye dutahura ko dushobora kubandanya dukoreshwa na Yehova mu gihe tugumye tubona ibintu mu buryo bwiza.”

8-10. (a) Impwemu y’Imana ishobora gute kudufasha kwihanganira amaganya? (b) Yehova ashobora gute kudufasha igihe twihatira kuguma dushira imbere ivy’impwemu?

8 Uretse ko impwemu ya Yehova ituma dutekana, irashobora gutuma twibuka ivyanditswe bidufasha kuguma dushira imbere ivy’impwemu. (Soma Yohani 14:26, 27.) Rimbura ivyashikiye Philip n’umukenyezi wiwe Mary, bakaba bari bamaze imyaka hafi 25 bakorera kuri Beteli. Mu mezi ane gusa, bompi barabuze ba nyina be n’iyindi ncuti, bongera batangura kwitwararika se wa Mary yari yafashwe n’indwara yo mu mutwe.

9 Philip yigana ati: “Nabona umenga ndiko ndavyifatamwo neza, ariko hari ico nari mpajije. Mu kiganiro kimwe c’ukwiga co mu Munara w’Inderetsi, narasomye ibivugwa mu Bakolosayi 1:11. Naho nariko ndihangana, sinariko ndabigira mu buryo bwuzuye. Nari nkeneye ‘kwihangana bimwe bishitse nkongera nkiyumanganya nezerewe.’ Uwo murongo waranyibukije ko kugira nezerwe mu buzima bitavana n’uko ivyanje vyifashe, ariko ko bivana n’ingene impwemu y’Imana ikorera mu buzima bwanje.”

10 Kubera ko Philip na Mary bihatiye kuguma bashira imbere ivy’impwemu, Yehova yarabahezagiye mu buryo bwinshi. Bakimara kuva muri Beteli, bararonse abatohoji ba Bibiliya batera imbere kandi bipfuza kwiga kenshi mu ndwi. Mary asubije amaso inyuma, avuga ati: “Biciye kuri bo, twaragize umunezero kandi ni nk’aho Yehova yariko atubwira ko vyose bizogenda neza.”

NIDUHE YEHOVA AKARYO KO KUDUHEZAGIRA

Twokwigana gute Yozefu, uko ivyacu vyoba vyifashe kwose? (Raba ingingo ya 11-13)

11, 12. (a) Yozefu yakoze iki kugira Yehova amuhezagire? (b) Ukwihangana kwa Yozefu kwatumye aronka impera iyihe?

11 Igihe ivyacu bihindutse bukwi na bukwi, twoshobora bitagoranye kurengerwa n’amaganya yerekeye kazoza kacu. Ivyo vyari gushobora gushikira Yozefu. Ariko rero biboneka ko yahisemwo gukora ivyo yari ashoboye vyose muri ico gihe, aba ahaye Yehova akaryo ko kumuhezagira. Naho yari mw’ibohero, yarihatiye gukora ikintu cose yasabwa n’umukuru w’ibohero, nk’uko nyene yari yarabigize agikorera Potifari.​—Ita. 39:21-23.

12 Igihe kimwe, Yozefu yarajejwe abagabo babiri bahoze bafise amabanga akomeye ku kirimba kwa Farawo. Kubera ko nya bagabo bahumurijwe n’umutima mwiza wa Yozefu, bompi baramwugurukiye bamwiganira ingorane zabo be n’indoto zitesha umutwe bari baraye barose. (Ita. 40:5-8) Naho Yozefu atari abizi, ico kiganiro ni co cotumye ivyiwe bihinduka bikamera neza. Vyarabaye ngombwa ko amara iyindi myaka ibiri mw’ibohero, ariko yahavuye arekurwa, uwo musi nyene aca agenwa kuba umutegetsi agira kabiri havuye Farawo.​—Ita. 41:1, 14-16, 39-41.

13. Naho ivyacu vyoba vyifashe gute, twokora iki kugira Yehova aduhezagire?

13 Nk’ukwo kwa Yozefu, twoshobora gushikirwa n’ibintu biturengeye. Yamara, igihe tugumye twihanganye tugakora ivyo dushoboye vyose, tuba duhaye Yehova akaryo ko kuduhezagira. (Zab. 37:5) Ego ni ko vyoshika ‘tukazazanirwa,’ mugabo ntitwigera ‘tubura icanzo.’ (2 Kor. 4:8) Tuzokwibonera ko ivyo Paulo yavuze ari ukuri, canecane nitwaguma dushira imbere umurimo turangura.

NUGUME USHIRA IMBERE UMURIMO URANGURA

14-16. Ni gute wa mwamamazanjili Filipo yagumye ashira imbere umurimo yarangura naho ivyiwe vyagumye bihinduka?

14 Wa mwamamazanjili Filipo yaratanze akarorero keza mu bijanye no gushira imbere umurimo naho ivyiwe vyagumye bihinduka. Haradutse uruhamo rukomeye i Yeruzalemu inyuma y’aho Sitefano yiciwe rumaratiri. * Ico gihe, Filipo yari afise agateka gashasha k’umurimo. (Ivyak. 6:1-6) Ariko igihe abayoboke ba Yezu bari basabagiye, Filipo ntiyaciye arera amaboko. Yaragiye kwamamaza i Samariya, kikaba cari igisagara muri rusangi inkuru nziza itari bwashikemwo.​—Mat. 10:5; Ivyak. 8:1, 5.

15 Kubera ko Filipo yari yiteguriye kuja ahantu hose impwemu yomuyoboye, Yehova yaramukoresheje arashikana inkuru nziza mu turere dushasha. Ukutagira nkunzi kwiwe gushobora kuba kwararuhuriye Abasamariya, narirya Abayuda babasuzugura. Ntibitangaje kubona amasinzi yaramwumvirije “ahuje inama.”​—Ivyak. 8:6-8.

16 Impwemu y’Imana rero yarayoboye Filipo araja i Ashidodi n’i Sezariya, ibisagara bibiri vyari bigizwe ahanini n’Abanyamahanga. (Ivyak. 8:39, 40) Haciye nk’imyaka 20 Filipo yamamaje i Samariya, biboneka ko ivyiwe vyari vyasubiye guhinduka. Yari asigaye afise umuryango, kandi yaba mu cibare yamamazamwo. Naho ari ukwo, yagumye ashira imbere umurimo wiwe. Ivyo vyatumye we n’umuryango wiwe bahezagirwa cane na Yehova.​—Ivyak. 21:8, 9.

17, 18. Gushira imbere umurimo bishobora gute kudufasha kugumana uburimbane igihe ivyacu bihindutse?

17 Abasuku benshi b’igihe cose barashobora kwemeza ko gushira imbere umurimo vyabafashije kugumana uburimbane igihe ivyabo vyaba bihindutse. Nk’akarorero, igihe Osborne n’umukenyezi wiwe Polite bo muri Afrika y’Epfo bava muri Beteli, bibaza ko batotevye kuronka akazi be n’inzu yo kubamwo. Osborne yigana ati: “Ikibabaje, ntitwaciye turonka akazi n’ingoga nk’uko twavyiyumvira.” Umukenyezi wiwe Polite na we avuga ati: “Twaramaze amezi tutararonka akazi, kandi nta mahera twari twaraziganije. Ntivyari vyoroshe namba.”

18 None ni igiki cabafashije kuvyifatamwo neza? Osborne abivuga muri make ati: “Kwamamaza twifatanije n’ishengero vyaradufashije cane kudata umutwe no kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza. Twahisemwo kwitunira ku gikorwa co kwamamaza aho kuguma twiganyira, kandi vyaratumye tugira umunezero mwinshi. Twararondeye akazi hirya no hino, turateba turakaronka.”

NURINDIRE YEHOVA WIHANGANYE

19-21. (a) Ni igiki kidufasha kugumana amahoro yo mu mutima? (b) Gukora duhuza n’amahinduka bishobora gute kudufasha?

19 Nk’uko ubwo burorero buvyerekana, igihe dukoze ivyo dushoboye vyose kandi tukarindira Yehova tumwizigiye, turagumana amahoro yo mu mutima. (Soma Mika 7:7.) Twoshobora mbere kubona ko gukora duhuje n’ayo mahinduka vyadufashije cane mu buryo bw’impwemu. Umwe Polite twavuga, yihweje ivyabashikiye, avuga ati: “Guhindurirwa igikorwa vyaranyigishije ico bisobanura vy’ukuri kwiheka kuri Yehova, n’igihe nyene noba ntorohewe na gato. Ubucuti mfitaniye na we bwararushirije gukomera.”

20 Umwe Mary twavuga mu ntango, n’ubu aracitwararika se wiwe ageze mu zabukuru, akabandanya n’ubutsimvyi. Avuga ati: “Naratahuye ko igihe mba mfise amaganya, nkwiye gufata akanya nkazirikana, ngasenga maze nkiha amahoro. Kurekera ibintu mu maboko ya Yehova ni co cigwa kumbure gihambaye cane nahakuye, kandi bizorushiriza kuba nkenerwa muri kazoza.”

21 Bamwe Lloyd na Alexandra twavuga mu ntangamarara, bariyemerera ko amahinduka yabashikiye yagejeje ukwizera kwabo mu buryo batari bwiyumvire. Yamara bavuga bati: “Ibigeza ukwizera kwacu birahishura nimba ukwizera dufise ari nyakuri be n’uko gushoboye kudukomeza no kuduhumuriza mu bihe vy’ingorane. Biratuma tuba abantu beza kuruta.”

Amahinduka tutari twiteze arashobora gutuma twironkera imihezagiro tutari twiteze! (Raba ingingo ya 19-21)

22. Nitwakora ivyo dushoboye vyose igihe dushikiwe n’amahinduka, ni igiki twokwemera tudakeka?

22 Igihe ivyawe bihindutse utari uvyiteze, vyaba bivuye ku guhindurirwa igikorwa mu murimo wa Yehova, ingorane z’amagara canke amabanga mashasha mu muryango, niwemere udakeka ko Yehova akwitwararika be n’uko azogufasha ku gihe kibereye. (Heb. 4:16; 1 Pet. 5:6, 7) Mu kurindira, nugerageze gukora ivyo ushoboye vyose. Niwiyegereze Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru mw’isengesho, wongere wige kwishira mu maboko yiwe. Niwabigenza gutyo, na wewe uzogumana amahoro yo mu mutima naho ivyawe vyohinduka.

^ ing. 4 Inyuma y’aho Yozefu arekuriwe akava mw’ibohero, yaravuze ko Yehova yamuhojeje mu kumuronsa umwana w’umuhungu. Iyo mfura yiwe yayise Manase (bisobanura ngo Uwibagiza), maze avuga ati: “Imana yanyibagije ivyago vyanje vyose.”​—Ita. 41:51.

^ ing. 14 Raba muri uwu Munara ikiganiro kivuga ngo “Wari ubizi?