Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Ni igiki cafashije umwigishwa Sitefano kuguma atekanye igihe yariko arahamwa?

SITEFANO yari imbere y’umugwi w’abagabo bamurwanya. Abo bacamanza 71, abari bagize Inama Nkuru ari yo sentare nkuru ya Isirayeli, bari bamwe mu bagabo bakomeye cane muri iryo hanga. Bari bakoranijwe n’Umuherezi mukuru Kayifa, uwari ahagarikiye iyo sentare igihe Yezu yacirwa urwo gupfa mu mezi makeyi imbere y’aho. (Mat. 26:57, 59; Ivyak. 6:8-12) Igihe baza barazana ivyabona vy’ibinyoma, barabonye ikintu gitangaje cane kuri Sitefano: Mu maso hiwe hari hameze “nko mu maso h’umumarayika.”​—Ivyak. 6:13-15.

Ni igiki none cafashije Sitefano kuguma atekanye muri ico gihe c’iterabwoba? Atararengutswa imbere y’iyo Nama Nkuru, yarakora n’umutima wiwe wose igikorwa co kwamamaza abifashijwemwo n’impwemu y’Imana. (Ivyak. 6:3-7) Mu gihe co gusambishwa na ho, iyo mpwemu nyene yaramufashije mu kumuremesha no mu kumwibutsa. (Yoh. 14:16) Igihe yariko ariburanira n’umutima rugabo nk’uko bivugwa mu Vyakozwe ikigabane ca 7, impwemu nyeranda yaramwibukije ivyanditswe nka 20 canke birenga vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo. (Yoh. 14:26) Ariko rero ukwizera kwiwe kwararushirije gukomera igihe yabona Yezu ari iburyo bw’Imana.​—Ivyak. 7:54-56, 59, 60.

Na twebwe vyoshobora gushika tugahura n’abadutera ubwoba canke abaduhama. (Yoh. 15:20) Igihe twama dusoma Ijambo ry’Imana kandi tukagira umwete mu busuku, tuba twemeye ko impwemu ya Yehova ikorera muri twebwe. Vyongeye, turaronka inguvu zo guhangana n’abaturwanya, ariko kandi tukagumana amahoro yo mu mutima.​—1 Pet. 4:12-14.