Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni ibiki Imana izokora?

Ni ibiki Imana izokora?

Igihe uri mu ngorane, nta gukeka yuko wokwitega ko umugenzi agufasha. Hari ababona ko Imana atari umugenzi kubera biyumvira ko ata co ibafasha. Mu vy’ukuri uretse ko Imana imaze kudukorera ibintu vyinshi, izokuraho n’ingorane be n’imibabaro dufise muri iki gihe. None ni ibiki izokora?

IZOKURAHO UBUBI BWOSE

Imana izokuraho ububi bwose mu kurandura umuzi wabwo. Bibiliya irerekana uwo muzi iti: “Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yohani 5:19) Uwo “mubisha” si uwundi atari umwe Yezu yise “umutware w’iyi si,” ari we Shetani. (Yohani 12:31) Akosho Shetani agira ku bantu ni wo muzi w’ingorane ziri kw’isi. None Imana izokora iki?

Yehova Imana agiye kugira ico akoze biciye ku Mwana wiwe Yezu Kristu, maze “ahindure ubusa umwe afise uburyo bwo guteza urupfu, ari we Shetani.” (Abaheburayo 2:14; 1 Yohani 3:8) Nkako, Bibiliya yerekana ko Shetani ubwiwe azi yuko “afise igihe gito” imbere y’uko akurwaho. (Ivyahishuwe 12:12) Vyongeye, Imana izokura kw’isi inkozi z’ibibi.​—Zaburi 37:9; Imigani 2:22.

IZOHINDURA ISI IBE IPARADIZO

Umuremyi wacu niyamara gukura ububi bwose kw’isi, azoca ashitsa umugambi yamye afitiye isi n’abantu. None ni ibiki dushobora kwitegana umushasharo?

Amahoro n’umutekano birama. “Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:11.

Ibifungurwa vyinshi kandi vyiza. “Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.”​—Zaburi 72:16.

Amazu meza n’akazi gateye umunezero. “Emwe, bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. . . . Abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo.”​—Yesaya 65:21, 22.

Woba ushashaye ivyo bintu? Emwe, vuba ni vyo abantu bose bazokwinovora buri musi.

IZOKURAHO INDWARA N’URUPFU

Muri kino gihe, twese turarwara kandi tugapfa, ariko ivyo bigiye guhinduka. Vuba Imana izotuma twungukira ku ncungu Yezu yatanze kugira “umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) None ivyo bizovamwo iki?

Indwara zizoranduranwa n’imizi. “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’ Abantu baba mu gihugu bazoba bahariwe ikosa ryabo.”​—Yesaya 33:24.

Abantu ntibazoba bagipfa. “Emwe, urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose.”​—Yesaya 25:8.

Abantu bazobaho ibihe bidahera. “Ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.”​—Abaroma 6:23.

Abapfuye bazozuka. “Hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Ivyakozwe 24:15) Bazokwungukira ku ncungu Imana yadutangiye.

None ivyo vyose Imana izobikora gute?

IZOSHIRAHO INTWARO ITUNGANYE

Imana izorangura umugambi ifitiye abantu n’isi biciye ku ntwaro yo mw’ijuru iganzwa n’uwo yagenye ari we Kristu Yezu. (Zaburi 110:1, 2) Ni ya ntwaro canke ubwami Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga basaba bati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, . . . Ubwami bwawe nibuze.”​—Matayo 6:9, 10.

Ubwami bw’Imana buzotegeka isi maze bukureho ingorane n’imibabaro yose. Ubwo Bwami ni yo ntwaro nziza kuruta izindi zose abantu boronka! Ni co gituma Yezu yitanze cane mu gihe c’ubusuku yaranguriye kw’isi kugira yamamaze “inkuru nziza y’ubwami” yongera asaba abigishwa biwe kubigenza gutyo.​—Matayo 4:23; 24:14.

Yehova yasezeranye gukora ivyo bintu vyose kubera ko akunda cane abantu yaremye. None ivyo ntibituma wipfuza kumumenya no kumwiyegereza? Niwabigira bizokumarira iki? Ikiganiro gikurikira kiratanga inyishu.

NI IBIKI IMANA IZOKORA? Imana izokuraho indwara n’urupfu, itume abantu bunga ubumwe batwarwa n’Ubwami bwayo, yongere ihindure isi Iparadizo