Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igituma kubaho biri n’ico bimaze

Igituma kubaho biri n’ico bimaze

Faizal yarabuze umukenyezi wiwe. Haciye umwaka umwe gusa, yabwirijwe kubagwa umutima. Avuga ati: “Igihe nsomye igitabu ca Yobu, ndabona ko Yehova yacandikishije afise intumbero. Iyo turonse akarorero ko muri Bibiliya gahuye n’ivyo turiko turacamwo, biraduhumuriza.” Yongerako ati: “Mbona ko kubaho biri n’ico bimaze.”

Tarsha yabuze nyina akiri muto. Avuga ati: “Kumenya Umuremyi wacu bituma tugira intumbero, icizigiro n’umunezero mu buzima naho twoba turiko duca mu ngorane nyinshi. Yehova arashoboye kudushigikira no kudufasha kwihangana buri musi.”

IBIGANIRO vy’imbere y’iki birerekana ukuntu ibintu bibabaje bidushikira bishobora gutuma turambirwa no kubaho. Igihe wugarijwe n’ingorane, woshobora kwibaza nimba kubaho hari ico bimaze canke ko hoba hari uwukubabaye. Numenye ko Imana yitwararika ingorane urimwo kuko uri uw’agaciro kuri yo.

Umwanditsi wa Zaburi ya 86 yarerekanye ko yizigira Imana. Yavuze ati: “Ku musi w’amarushwa yanje ni wewe nzokwambaza, kuko uzonyishura.” (Zaburi 86:7) Ariko rero woshobora kwibaza uti: ‘Imana izonyishura gute “ku musi w’amarushwa yanje”?’

Naho Imana itoca igukurako ubwo nyene ingorane ufise, Ijambo ryayo Bibiliya riragukura amazinda ko ishobora kuguha amahoro yo mu mutima kugira wihangane. Rivuga riti: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’[ivyiyumviro vyanyu].” (Abafilipi 4:6, 7) Raba ingene ivyanditswe bikurikira bidukura amazinda ko Imana itwitwararika ibigiranye impuhwe.

Imana irakwitwararika

“Nta na kamwe [mu tujuri] kibagirwa imbere y’Imana. . . . Mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi.”​Luka 12:6, 7.

RIMBURA IBI: Imana ntiyirengagiza utunyoni umengo nta co tuvuze. Mbere n’akajuri gato cane Imana irakabona kuko akari ko kose kari n’agaciro kuri yo. Abantu bari n’agaciro cane kuruta utujuri. Abantu ni ibiremwa bidasanzwe vyo kw’isi kuko baremwe “mw’ishusho” y’Imana, bakaba bashobora gutsimbataza no kugaragaza kamere nziza zayo.​—Itanguriro 1:26, 27.

“Ewe Yehova, waranseranguye, kandi uranzi. . . . [Wararimbūye] iciyumviro canje . . . Nunsuzume umenye ivyiyumviro vyanje bidurumbanya.”​Zaburi 139:1, 2, 23.

RIMBURA IBI: Imana irakuzi neza. Irazi uko wiyumva be n’ibikuraje ishinga. Naho vyoshika abandi ntibatahure ingorane uriko uracamwo, Imana yoyo irakwitwararika kandi iripfuza kugufasha. Ivyo none ntivyerekana ko kubaho biri n’ico bimaze?

Ubuzima bwawe burafise intumbero

“Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje; kandi ugutabaza kwanje nikugushikire. . . . Ntega ugutwi; ku musi mpamagaye, nunyaruke, unyishure. . . . Ntazobura guhindukira ngo yumve isengesho ry’abakobwe ibintu vyose.”​Zaburi 102:1, 2, 17.

RIMBURA IBI: Ni nk’aho kuva abantu bagitangura kugira imibabaro, Yehova yagiye arandika buri ryosozi abantu bakoroye. (Zaburi 56:8) Aho harimwo n’amosozi yawe. Imana iribuka ingorane zose zigushikira n’amosozi yawe yose, kuko uri n’agaciro kuri yo.

“Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri . . . Jewe, Yehova Imana yawe [ndakubwiye] nti: ‘Ntutinye. Jewe nzogufasha.’”​Yesaya 41:10, 13.

RIMBURA IBI: Imana iriteguriye kugufasha. Niwatemba izokuvyura.

Urashobora kwizigira kazoza keza

“Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”​Yohani 3:16.

RIMBURA IBI: Imana iragukunda cane ku buryo yatanze Umwana wayo Yezu kugira agupfire. Iyo ncungu iratuma wizigira kugira ubuzima budahera, buhimbaye kandi bufise intumbero. *

Naho woba uriko uraca mu ngorane nyinshi bigatuma urambirwa no kubaho, niwige witonze Ijambo ry’Imana kandi urushirize kwizigira ivyo yadusezeraniye. Bizotuma uhimbarwa kandi ubone ko kubaho biri n’ico bimaze.

^ Nimba wipfuza kurushiriza gutahura ingene wokwungukira ku ncungu ya Yezu, nurabe ividewo ivuga ngo Niwibuke urupfu rwa Yezu kuri www.pr418.com. Ja ahavuga ngo IBITWEREKEYE > ICIBUTSO.