Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 2

Nushemeze Yehova mw’ishengero

Nushemeze Yehova mw’ishengero

“Hagati mw’ishengero nzogushemeza.”​—ZAB. 22:22.

URURIRIMBO RWA 59 Shemeza Yehova hamwe nanje!

INCAMAKE *

1. Dawidi yiyumva gute ku bijanye na Yehova, kandi ivyo vyatuma akora iki?

UMWAMI DAWIDI yanditse ati: “Yehova arahambaye kandi ni uwo gushemezwa rwose.” (Zab. 145:3) Yarakunda Yehova, kandi ivyo vyatuma amushemeza “hagati mw’ishengero.” (Zab. 22:22; 40:5) Nta gukeka ko na wewe ukunda Yehova, kandi ukaba wemera amajambo Dawidi yavuze ati: “Uragahezagirwa, ewe Yehova Mana ya Isirayeli data, kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero.”​—1 Ngo. 29:10-13.

2. (a) Twoshemeza gute Yehova? (b) Ni ingorane iyihe bamwebamwe usanga bafise, kandi ni ibiki tugiye kwihweza?

2 Muri iki gihe, uburyo bumwe dushemeza Yehova ni mu gutanga inyishu ku makoraniro yacu. Ariko rero, abavukanyi na bashiki bacu batari bake ntibiborohera. Baripfuza kugira uruhara mu makoraniro ariko bagatinya. None ni igiki cobafasha gutsinda ubwo bwoba? Vyongeye, ni impanuro ngirakamaro izihe zodufasha twese gutanga inyishu ziremesha? Imbere yo kwishura ivyo bibazo, reka tubanze twihweze imvo nyamukuru zine zituma tugira uruhara mu makoraniro.

IGITUMA DUTANGA INYISHU KU MAKORANIRO

3-5. (a) Nk’uko bisigurwa mu Baheburayo 13:15, ni kubera iki dutanga inyishu ku makoraniro? (b) Twoba dutegerezwa gutanga inyishu zimeze kumwe twese? Sigura.

3 Yehova yaraduteye twese agateka ko kumushemeza. (Zab. 119:108) Inyishu dutanga ku makoraniro ziri mu bigize “ikimazi c’ishemezo” cacu, kandi nta n’umwe ashobora gutanga ico kimazi mu kibanza cacu. (Soma Abaheburayo 13:15.) None Yehova yoba yiteze ko twese dutanga ikimazi kimeze kumwe? Habe namba!

4 Yehova arazi ko dufise ububangukirwe butandukanye be n’uko ivyacu bitifashe kumwe, kandi arakenguruka cane ibimazi tumuha. Rimbura ubwoko bw’ibimazi Abisirayeli bamuha akavyemera. Bamwebamwe baramushikanira intama canke impene. Ariko Umwisirayeli akenye yarashobora gutanga “intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto.” Igihe na ho ataba ashobora kuronka izo nyoni zibiri, Yehova yaremera ko atanga “ic’icumi c’ingero ya efa c’ifu inoze.” (Lew. 5:7, 11) Naho ifu yari izimbutse, Yehova yarakenguruka ico kimazi mu gihe yaba ari “ifu inoze.”

5 Imana yacu y’inyabuntu ni ko ibona ibintu n’ubu. Igihe dutanga inyishu, ntiyitega ko tumenya kuvuga nka kumwe kwa Apolo, canke ko tuba abantu bajijura nka kumwe kwa Paulo. (Ivyak. 18:24; 26:28) Yehova yipfuza gusa ko dutanga inyishu nziza uko tuba dushoboye kwose. Niwibuke wa mupfakazi yatanga uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi. Yehova yaramushimye cane kubera ko yatanze ivyo ashoboye vyose.​—Luka 21:1-4.

Gutanga inyishu biradufasha, bigafasha n’abumviriza (Raba ingingo ya 6-7) *

6. (a) Twisunze Abaheburayo 10:24, 25, inyishu zitangwa ku makoraniro zishobora gute kudufasha? (b) Wokwerekana gute ko ushima inyishu zakuremesheje?

6 Dutanga inyishu kugira turemeshanye. (Soma Abaheburayo 10:24, 25.) Twese turahimbarwa no kwumva inyishu zitandukanye zitangwa ku makoraniro yacu. Turaryoherwa n’amajambo asanzwe kandi avuye ku mutima y’umwana akiri muto. Turaremeshwa cane n’ijwi ririmwo igishika ry’umuntu ariko aravuga ibijanye n’ukuri aheruka gutahura. Vyongeye, turakorwa ku mutima n’abantu ‘bagira ubutinyutsi’ bakishura, naho baba ari abanyamasoni canke bakaba ari ho bagitangura kwiga ururimi rwacu. (1 Tes. 2:2) None twokwerekana gute ko dushima utwigoro bagira? Ikoraniro riheze, turashobora kubashimira ku nyishu ziremesha batanze. Ikindi twokora, ni uko twobaremesha mu gutanga inyishu ubwacu. Tubigenjeje gutyo, ntituzoba turiko turaronka gusa indemesho ku makoraniro, ariko tuzoba natwe turiko turazitanga.​—Rom. 1:11, 12.

7. Tuhungukira gute iyo twishuye ku makoraniro?

7 Twebwe ubwacu turahungukira iyo dutanze inyishu. (Yes. 48:17) Uti gute? Ubwa mbere, igihe dutegekanya gutanga inyishu, biraturemesha cane gutegura amakoraniro. Iyo rero tuyateguye neza, turarushiriza gutahura Ijambo ry’Imana bigaca bitworohera gushira mu ngiro ivyo twiga. Ubwa kabiri, amakoraniro ararushiriza kuturyohera iyo tuyagizemwo uruhara. Ubwa gatatu, kubera ko gutanga inyishu bisaba akigoro, akenshi turamara igihe kirekire twibuka ivyo twavuze mu makoraniro.

8-9. (a) Nk’uko bivugwa muri Malaki 3:16, wibaza ko Yehova amererwa gute yumvise inyishu dutanga ku makoraniro? (b) Ni ingorane iyihe bamwebamwe usanga bafise?

8 Birahimbara Yehova igihe duseruye ukwizera kwacu. Turemera tudakeka ko Yehova adutega yompi be n’uko akenguruka cane utwigoro tugira ngo twishure ku makoraniro. (Soma Malaki 3:16.) Igihe twihase ngo tumuhimbare, na we aca duhezagira.​—Mal. 3:10.

9 Biratomoye ko dufise impamvu zumvikana zo gutanga inyishu ku makoraniro. Yamara rero, hariho abatinya kuduza ukuboko. Nimba na wewe ari ukwo, ntucike intege. Reka turimbure ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, uburorero bukeya be n’impanuro ngirakamaro vyodufasha twese kurushiriza gutanga inyishu ku makoraniro.

NUTSINDE UBWOBA

10. (a) Ni ibiki bituma benshi muri twebwe batinya kwishura? (b) Kubera iki gutinya gutanga inyishu bishobora kuba ikintu ciza?

10 Igihe ugerageje kuduza ukuboko ngo wishure ku makoraniro, woba uca utekerwa n’ubwoba? Nimba ari ko biri, nturi wenyene. Erega twese turagira ubwoba ku rugero kanaka igihe turiko turishura. Kugira utsinde ubwo bwoba, urakeneye kubanza kumenya ico buvako. Woba utinya ko wohava wibagira ivyo washaka kuvuga canke ko wohava uvuga ibitari vyo? Woba wibaza ko utaza gutanga inyishu itomoye nk’iz’abandi? Mu bisanzwe, kugira ubwoba nk’ubwo birashobora kuba ikintu ciza. Birerekana ko wicisha bugufi be n’uko ubona ko abandi bakuruta. Yehova arashima cane iyo kamere. (Zab. 138:6; Flp. 2:3) Ariko kandi Yehova yipfuza ko umushemeza ukongera ukaremesha abavukanyi na bashiki bacu ku makoraniro. (1 Tes. 5:11) Aragukunda kandi azokuronsa umutima rugabo ukeneye.

11. Ni ibintu bimwebimwe ibihe Bibiliya itwibutsa vyodufasha?

11 Rimbura ibintu bimwebimwe Bibiliya itwibutsa. Ivuga ko twese dukora amakosa mu vyo tuvuga. (Yak. 3:2) Ikindi na co, yaba Yehova canke abavukanyi na bashiki bacu, ntibiteze ko tuba abantu batunganye. (Zab. 103:12-14) Vyongeye, abavukanyi bacu baradukunda kuko tugize umuryango umwe. (Mrk. 10:29, 30; Yoh. 13:35) Baratahura ko bishika ntidutange inyishu nziza nk’uko twabishaka.

12-13. Twigira iki ku karorero ka Nehemiya n’aka Yona?

12 Rimbura uburorero bumwebumwe bwo muri Bibiliya bwogufasha gutsinda ubwoba. Kamwe ni aka Nehemiya. Yakorera ku kirimba c’umwami ahambaye. Nehemiya yari yijiriwe kubera yari yumvise ko impome n’amarembo vya Yeruzalemu vyari vyarasenyutse. (Neh. 1:1-4) Ibaze ingene yatekewe n’ubwoba igihe umwami yamubaza igituma yari yijiriwe ukuraho! Nehemiya yaciye ubwo nyene asenga maze arasaba ico yipfuza, kandi uwo mwami yarafashije cane abasavyi b’Imana. (Neh. 2:1-8) Akandi karorero ni aka Yona. Igihe Yehova yamusaba kuja gushikiriza ubutumwa abantu b’i Ninewe, Yona yaratinye cane aca arahunga. (Yona 1:1-3) Ariko Yehova yaramufashije maze ararangura ico gikorwa, kandi ubutumwa yashikirije bwarafashije cane abantu b’i Ninewe. (Yona 3:5-10) Akarorero ka Nehemiya karatwereka ko bihambaye gusenga imbere yo gutanga inyishu. Akarorero ka Yona na ko karatwereka ko Yehova ashobora kudufasha kumukorera naho twoba dufise ubwoba bwinshi cane. Ubwo ga yemwe twovuga ko hari ishengero riteye ubwoba nka ba Banyaninewe?

13 None ni impanuro ngirakamaro izihe zogufasha gutanga inyishu ziremesha ku makoraniro? Reka turimbure nkeya.

14. Kubera iki dukwiye gutegura neza amakoraniro, kandi twobigira ryari?

14 Nutegure amakoraniro yose. Niwategekanya ibintu hakiri kare kandi ugategura neza, uzokworoherwa no gutanga inyishu. (Imig. 21:5) Ariko ntiwumve, twese ntidufise porogarama zimwe. Umupfakazi ageze mu myaka 80 yitwa Eloise atangura gutegura Umunara w’Inderetsi mu ntango z’indwi. Avuga ati: “Igihe nateguye hakiri kare, amakoraniro aca andyohera kuruta.” Uwitwa Joy na we akaba akora akazi k’imisi yose, ategura Umunara w’Inderetsi ku wa gatandatu. Avuga ati: “Biramfasha kwibuka neza ivyo mba nateguye.” Uwitwa Junior ni umukurambere afise vyinshi akora akaba n’umutsimvyi. Avuga ati: “Nasanze bimfasha kuza ndategura umwanya mutomuto mu ndwi yose, aho kubigira umwanya munini mu kiringo kimwe.”

15. Ni ibiki vyodufasha gutegura neza amakoraniro?

15 None ni ibiki vyodufasha gutegura neza amakoraniro? Igihe cose nubanze usabe Yehova impwemu nyeranda. (Luka 11:13; 1 Yoh. 5:14) Nuce ufata iminota mike usuzume umutwe w’icigwa, udutwe, amashusho be n’inzitiro zitandukanye. Igihe utegura ingingo imwimwe, nusome ivyanditswe vyinshi bishoboka mu vyatanzwe. Nuzirikane ku mayagwa, na canecane ku vyiyumviro utegekanya kuzokoresha mu nyishu zawe. Uko urushiriza gutegura neza ni ko uzorushiriza kwunguka vyongere bikworohere gutanga inyishu.​—2 Kor. 9:6.

16. Ni ibikoresho ibihe ufise, kandi ubikoresha gute?

16 Nimba ubishoboye, niwikore ku bikoresho vyo mu buhinga bwa none biboneka mu rurimi utahura. Yehova abicishije kw’ishirahamwe ryiwe, yaraturonkeje ibikoresho bidufasha gutegura amakoraniro. Ka gaporogarama JW Library karatuma dushobora kuvoma ibitabu vyo kwiga tukabishira mu twuma ngendanwa. Duca rero dushobora kubitegura, canke n’imiburiburi tukabisoma canke tukavyumviriza, umwanya uwo ari wo wose n’ahantu aho ari ho hose. Hari abikora kuri ico gikoresho kugira bategure mu gihe c’akaruhuko ku kazi no kw’ishure canke igihe bari ku rugendo. Ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu (Watchtower Library) na ca CEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET biratuma tworoherwa no kugira ubushakashatsi ku bijanye n’icigwa twipfuza gusuzuma tuvyitondeye.

Wewe utegura amakoraniro ryari? (Raba ingingo ya 14-16) *

17. (a) Kubera iki ari vyiza gutegura inyishu nka zingahe? (b) Wigiye iki ku kavidewo Nube umugenzi wa Yehova​—Nutegure inyishu uzotanga ku makoraniro?

17 Nimba ubishoboye, nutegure inyishu nka zingahe kuri buri cigwa. Uti kubera iki? Kubera ko hari aho batoca bakubaza igihe cose ukirije. Hari igihe muba mwakirije muri benshi, bigatuma uwuhagarikiye ahitamwo uwundi atari wewe. Kugira ngo ikoraniro rirangire ku gihe, hari aho uwuhagarikiye atoshobora kubaza abantu bose badugije ukuboko ku ciyumviro kanaka. Ntubabare rero canke ngo ucike intege igihe ataguhaye ijambo mu ntango z’icigwa. Niwategura inyishu nka zingahe, uzoronka uturyo twiyongereye two kugira uruhara muri ico kiganiro. Woshobora kwitegurira gusoma icanditswe. Ariko nimba ubishoboye, niwitegurire no gutanga ivyiyumviro mu majambo yawe bwite. *

18. Kubera iki wotanga inyishu ngufingufi?

18 Nutange inyishu ngufi. Akenshi inyishu ngufi kandi zisanzwe usanga ari zo ziremesha cane. Niwihatire rero gutanga inyishu ngufi. Nugerageze gukoresha nk’amasegonda 30. (Imig. 10:19; 15:23) Nimba umaze imyaka myinshi utanga inyishu ku makoraniro, urafise ibanga rihambaye ryo guha abandi akarorero keza mu gutanga inyishu ngufi. Hamwe wotanga inyishu zihanitse zimara iminota itari mike, abandi boshobora guca bagira ubwoba bibaza ko batoshobora kwishura nk’uko ubigira. Ikindi na co, inyishu ngufingufi ziratuma benshi baronka akaryo ko kwishura. Nutange inyishu isanzwe kandi idomako, canecane igihe ari wewe babajije ubwa mbere. Ntugerageze kuvuga ibintu vyose biri mu ngingo. Ivyiyumviro nyamukuru vyo mu ngingo bimaze guserurwa, woshobora kugira ico uvuze ku vyiyumviro vy’inyongera biri muri iyo ngingo.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Novuga iki?

19. Uwuhagarikiye icigwa ashobora gute kugufasha, ariko ni igiki ukeneye kugira?

19 Numenyeshe uwuza guhagarikira icigwa yuko wipfuza kwishura ku ngingo kanaka. Igihe uhisemwo kubigira, vyoba vyiza ubimubwiye imbere y’uko ikoraniro ritangura. Mushikiriye iyo ngingo rero, nuce ukiriza udatebaganye kandi cane, ku buryo uwuhagarikiye akubona.

20. Ni mu buryo ubuhe amakoraniro y’ishengero ameze nko gusangira n’abagenzi ibifungurwa?

20 Nubone amakoraniro y’ishengero nko gusangira n’abagenzi ibifungurwa. Dufate ko hari bamwe mw’ishengero bagutumiye mu mutororokano batunganije, ukaba usabwa kuza wibangikanije utuntu wateguye. None wovyifatamwo gute? Hari aho wokwumva uhagaritse umutima gatoyi, ariko wokora uko ushoboye kwose kugira uzane utuntu tworyohera abazoba bari ng’aho bose. Yehova ni we adutumira ku makoraniro, kandi aratuzimana ibintu vyiza vyinshi. (Zab. 23:5; Mat. 24:45) Arahimbarwa igihe tuje twibangikanije akantu gasanzwe, ariko kakaba ari keza gashoboka. Nutegure neza rero kandi ntiwitinye kwishura uko ushoboye kwose. Niwabigira uzoba uriko urafungura ku meza ya Yehova, ariko kandi ni nk’aho uzoba uzanye akantu musangira n’abagize ishengero.

URURIRIMBO RWA 2 Wewe witwa Yehova

^ ing. 5 Cokimwe n’umwanditsi w’amazaburi Dawidi, twese turakunda Yehova kandi turahimbarwa no kumushemeza. Igihe turi ku makoraniro y’ishengero, turaronka akaryo kadasanzwe ko guserura urwo dukunda Imana. Ariko rero, bamwebamwe muri twebwe birabagora gutanga inyishu ku makoraniro. Nimba na wewe bikugora, iki kiganiro kirashobora kugufasha kumenya igituma ugira ubwoba be n’ingene wobutsinda.

^ ing. 17 Nurabe kuri jw.org akavidewo Nube umugenzi wa Yehova​—Nutegure inyishu uzotanga ku makoraniro. Ja ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > ABANA.

^ ing. 63 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abagize ishengero bariko baragira uruhara banezerewe mu cigwa c’Umunara w’Inderetsi.

^ ing. 65 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Bamwe mu bagize ishengero duhejeje kubona bariko bagira uruhara mu cigwa c’Umunara w’Inderetsi. Naho ivyabo bitifashe kumwe, bose barafata umwanya wo gutegura.