Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 7

Nurondere ubutekereji maze uhimbare Yehova

Nurondere ubutekereji maze uhimbare Yehova

“Nimurondere Yehova, yemwe abatekereza bo kw’isi . . . Nimurondere ubutekereji.”​—ZEF. 2:3.

URURIRIMBO RWA 80 “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe”

INCAMAKE *

1-2. (a) Musa yari umuntu ameze gute, kandi ni ibiki yakoze? (b) Ni imvo iyihe ituma tugaragaza ubutekereji?

BIBILIYA ivuga ko Musa yari “uwutekereza kuruta kure n’iyo abantu bose bari ku buringanire bw’ubutaka.” (Guh. 12:3) None vyoba bisobanura ko yari umuntu agoyagoya, adafata ingingo kandi atinya guhangana n’abamurwanya? Hari abovuga yuko uwutekereza ari ukwo ameze, ariko si ko biri. Musa yari umusavyi w’Imana w’ijunja n’ijambo kandi w’umutima rugabo. Abifashijwemwo na Yehova, yarahanganye n’umutegetsi akomeye wa Misiri, arayobora abantu nk’imiliyoni zitatu abacishije mu bugaragwa yongera arafasha ihanga rya Isirayeli gutsinda abansi.

2 Naho tudahura n’ingorane nk’izo za Musa, buri musi turahura n’abantu canke ibintu bituma tutoroherwa no kuba abatekereza. Yamara rero, turafise imvo ikomeye ituma tugaragaza iyo kamere. Yehova asezerana ko “abatekereza bazokwigabira isi.” (Zab. 37:11) Woba none wovuga ko utekereza? Abandi boba ari ko babibona? Imbere yo kwishura ivyo bibazo, reka twihweze ico gutekereza bisobanura.

UBUTEKEREJI NI IKI?

3-4. (a) Ubutekereji twobugereranya n’iki? (b) Ni kamere zine izihe dukenera kugira tube abatekereza, kandi kubera iki?

3 Ubutekereji * twobugereranya n’igicapo giteye igomwe. Uti gute? Nk’uko nyene umuhinga akoresha amabara atandukanye kugira acape ikintu kanaka, na twebwe dutegerezwa kugaragaza kamere nziza zitandukanye kugira tube abatekereza. Zimwe muri izo ni ukwicisha bugufi, ukuyoboka, ubwitonzi be n’umutima rugabo. Kubera iki none izo kamere ari ntahara kugira duhimbare Yehova?

4 Abicisha bugufi ni bo bonyene bayobokera Imana. Kimwe mu vyo Imana igomba ni uko twoba abitonda. (Mat. 5:5; Gal. 5:23) Iyo dukoze ivyo Imana igomba, Shetani riraniga. Ku bw’ivyo, naho twicisha bugufi kandi tukiyorosha, abantu benshi bo mw’isi ya Shetani ntibatwerekwa. (Yoh. 15:18, 19) Duca rero dukenera umutima rugabo kugira tunanire Shetani.

5-6. (a) Ni kubera iki Shetani yanka abatekereza? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kwishura?

5 Igihushane c’umuntu atekereza ni umuntu yishira hejuru, adacungera ishavu ryiwe kandi atagamburukira Yehova. Ivyo nyene ni vyo biranga Shetani. Ntibitangaje rero kuba yanka abatekereza kubera ko bamumaramaza mu gukora ivyamunaniye. N’ikirushirije, baragaragaza ko ari umubeshi. Uti kubera iki? Kubera ko adashobora gutuma bareka gukorera Yehova naho yokora iki canke akavuga iki.​—Yobu 2:3-5.

6 Ni ryari none bishobora kutugora kuba abatekereza? Kandi ni kubera iki twobandanya gutsimbataza ubutekereji? Mu kwishura ivyo bibazo turaza kwihweza akarorero ka Musa, aka ba Baheburayo batatu bari mu bunyagano i Babiloni be n’aka Yezu.

NI RYARI BITUGORA KUBA ABATEKEREZA?

7-8. Musa yavyifashemwo gute igihe batamugaragariza icubahiro?

7 Igihe duhawe ubukuru: Kugumana ubutekereji birashobora kuba urugamba ku bafise ubukuru, na canecane igihe abo bahagarikiye batabagaragarije icubahiro canke batoye amahinyu ingingo bafata. Ivyo vyoba biragushikira? Bite ho hamwe wobigirirwa n’uwo mu muryango? Wovyifatamwo gute? Rimbura ingene Musa yavyifashemwo.

8 Yehova yaragenye Musa ngo abe indongozi y’Abisirayeli, aramusaba no kwandika amategeko iryo hanga ryari kwisunga. Nta nkeka ko Yehova yashigikira Musa. Naho ari ukwo, mushikiwe Miriyamu na mukuruwe Aroni baramutoye amahinyu kubera umugore yari yarahisemwo. Abagabo bamwebamwe iyo baza kuba mu kibanza ca Musa, bari gutwarwa n’ishavu mbere bakihora. Ariko Musa si vyo yagize. Yararengeye ishavu, mbere aratakambira Yehova ngo akize Miriyamu imibembe yari yamuteje. (Guh. 12:1-13) Kubera iki none Musa yavyifashemwo gutyo?

Musa yaratakambiye Yehova kugira akize Miriyamu (Raba ingingo ya 8)

9-10. (a) Ni igiki Yehova yafashije Musa gutahura? (b) Abahagarikiye imiryango be n’abakurambere bokwigira iki kuri Musa?

9 Musa yari yaremeye kumenyerezwa na Yehova. Imyaka nka 40 imbere y’aho, igihe yaba ku kirimba mu Misiri, ntiyatekereza namba. Nkako, yaratwawe n’ishavu ku buryo yica umugabo yabona ko ariko ararenganya uwundi. Musa yibwiye yuko Yehova yomushigikiye. Yehova yaramaze imyaka 40 amufasha gutahura ko kugira ayobore Abisirayeli, yari akeneye n’ibindi uretse umutima rugabo. Yari akeneye ubutekereji, bikaba rero vyasaba ko yicisha bugufi, akayoboka kandi akitonda. Ico cigwa yaragishize ku muzirikanyi maze aracika indongozi y’akarorero.​—Kuv. 2:11, 12; Ivyak. 7:21-30, 36.

10 Yemwe abahagarikiye imiryango namwe bakurambere, murakwiye kwigana Musa. Igihe abandi batabagaragarije icubahiro, ntimwihutire gushavura. Nimwemere mwicishije bugufi amakosa mukora. (Umus. 7:9, 20) Nimwisunge ata guca ku ruhande ubuyobozi Yehova atanga mu gutorera umuti ingorane. Vyongeye, mwame mwishurana ubwitonzi. (Imig. 15:1) Nimwabigenza gutyo muzohimbara Yehova, muremeshe amahoro mwongere mubere abandi akarorero mu bijanye n’ubutekereji.

11-13. Ba Baheburayo batatu badusigiye akarorero akahe?

11 Igihe turi mu ruhamo: Kuva kera abategetsi bamye bahama abasavyi ba Yehova. Baraturementaniriza ivyaha bitandukanye, ariko ico vy’ukuri baduhora ni uko duhitamwo “kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.” (Ivyak. 5:29) Boshobora kudutyekeza, kudupfunga canke mbere bakadukubagura. Ariko tubifashijwemwo na Yehova, tuguma dutekanye aho kubihora.

12 Rimbura akarorero ba Baheburayo batatu badusigiye igihe bari mu bunyagano, na bo akaba ari Hananiya, Mishayeli na Azariya. * Umwami wa Babiloni yabategetse kwunamira igishusho amahero c’inzahabu. Barasiguriye uwo mwami biyoroheje igituma batari gushobora gusenga ico gishushanyo. Naho nya mwami yabateye ubwoba ko abaterera mw’itanure ry’umuriro, bagumye bayobokera Imana. Yehova yaciye abarokora, naho bo batari biteze ko abagirira ikintu nk’ico. Bari biteguriye kwemera ikintu cose Yehova yoretse kikaba. (Dan. 3:1, 8-28) Baragaragaje ko abantu batekereza baba vy’ukuri bafise umutima rugabo. Nta na kimwe cotuma tureka ‘kwihebera Yehova wenyene gusa’ naho yoba umwami, iterabwoba canke igihano.

13 None twokwigana gute abo Baheburayo batatu igihe ukudahemuka kwacu kugeragejwe? Turizigira twicishije bugufi yuko Yehova azotwitwararika. (Zab. 118:6, 7) Turishurana ubwitonzi n’icubahiro abadukorera inkono ishushe. (1 Pet. 3:15) Vyongeye, ntitwemera gukora ikintu na kimwe cokwonona ubucuti dufitaniye n’Umuvyeyi wacu adukunda.

Igihe abandi baturwanije, twishurana icubahiro (Raba ingingo ya 13)

14-15. (a) Bitugendera gute igihe duhagaritse umutima? (b) Twisunze Yesaya 53:7, 10, kubera iki Yezu ari we karorero ruheta k’uwatekereje mu gihe c’imyitwarariko?

14 Igihe duhagaritse umutima: Twese turahagarika umutima kubera imvo zitandukanye. Birashobora kudushikira nk’igihe tugira dukore ikibazo kw’ishure, igikorwa kidasanzwe ku kazi canke igihe twiyumviriye uburyo kanaka tubwirizwa kuvurwa. Igihe duhagaritse umutima usanga bitoroha ko tugaragaza ubutekereji. Hari aho ibintu twahora tubona ko ari ibisanzwe bisigara bidushavuza, tugatangura gukara no gukankama. Nimba bimaze kugushikira, nurimbure akarorero ka Yezu.

15 Mu mezi ya nyuma y’ubuzima bwiwe kw’isi, Yezu yaragize imyitwarariko idasanzwe. Yari azi ko yokwishwe abanje kubabazwa bimwe bibi. (Yoh. 3:14, 15; Gal. 3:13) Hasigaye nk’amezi angahe ngo apfe, yavuze ko yariko aracumukuzwa. (Luka 12:50) Imisi mikeyi imbere y’uko apfa na ho, yavuze ati: “Umutima wanje urahagaze.” Amajambo yavuze mw’isengesho aratwereka ukuntu yicisha bugufi kandi akayobokera Se. Yagize ati: “Data, nkiza iyi saha. Yamara rero, iki ni co catumye nshika kuri iyi saha. Data, ninahaza izina ryawe.” (Yoh. 12:27, 28) Igihe kigeze, yaragize umutima rugabo aritanga mu maboko y’abansi b’Imana, na bo baramwica bunyamaswa kandi babanje kumutetereza cane. Naho Yezu yari ahagaritse umutima akongera akababazwa ukuraho, yarakoze ivyo Imana igomba abigiranye ubutekereji. Ntitwoba twihenze tuvuze ko Yezu ari we karorero ruheta k’uwatekereje mu gihe c’imyitwarariko.​—Soma Yesaya 53:7, 10.

Yezu ni we karorero ruheta k’ubutekereji (Raba ingingo ya 16-17) *

16-17. (a) Abagenzi ba Yezu babereye gute ikigeragezo ubutekereji bwiwe? (b) Twokwigana gute Yezu?

16 Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze kw’isi, abagenzi biwe somambike barabereye ikigeragezo ubutekereji bwiwe. Niwiyumvire nawe umwitwarariko yari afise iryo joro. Yoba yari kuguma ari intahemuka ijana kw’ijana gushika ku rupfu? Ubuzima bw’abantu amamiliyoni bwari ku cobo. (Rom. 5:18, 19) N’igihambaye kuruta, izina rya Se ryociye ryezwa canke rikagumako iceyi. (Yobu 2:4) Ku mfungurwa za nyuma yasangiye n’izo ntumwa ziwe noneho, ikiyago barimwo carahindutse gicika “ibihari bikomeye” ku bijanye no “kumenya uwoba yasa na mukuru muri bo.” Yezu yari amaze kubakosora kuri ico kintu kenshi, ushizemwo n’imbere yaho gato kuri uri uwo mugoroba nyene. Igitangaje, Yezu aho kubakarira yagumye atekanye. Abigiranye umutima mwiza mugabo ashikamye, yarasubiye kubasigurira agatima bakwiye kugaragaza. Yaciye mbere abakeza ku kuba baramwumiyeko badahemuka.​—Luka 22:24-28; Yoh. 13:1-5, 12-15.

17 Iyaba yari wewe wari kuvyifatamwo gute? Turashobora kwigana Yezu mu kuguma dutekanye no mu gihe nyene duhagaritse umutima. Turakwiye kugamburuka twicishije bugufi itegeko rya Yehova rigira riti: “Mubandanye kwihanganirana.” (Kol. 3:13) Nitwibuka ko twese bishika tukavuga canke tugakora ibibabaza abandi, tugamburuka iryo tegeko. (Imig. 12:18; Yak. 3:2, 5) Ikindi na co, turakwiye gukeza abandi ku vyiza tubabonako.​—Ef. 4:29.

KUBERA IKI TWOBANDANYA KURONDERA UBUTEKEREJI?

18. Yehova afasha gute abatekereza gufata ingingo nziza, kandi dusabwa iki?

18 Biratuma dufata ingingo nziza. Igihe duhanganye no gufata ingingo zitoroshe mu buzima, Yehova aradufasha guhitamwo neza. Ariko ivyo abigira gusa igihe dutekereza. Asezerana ko atazobura kwumva “icipfuzo c’abatekereza.” (Zab. 10:17) Si ivyo gusa. Bibiliya ivuga iti: “Azotuma abatekereza bagendera mu ngingo yiwe y’ubutungane, kandi abatekereza azobigisha inzira yiwe.” (Zab. 25:9) Yehova araturonsa ubuyobozi abicishije kuri Bibiliya, ku bitabu * no ku maporogarama atunganywa na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45-47) Ico dusabwa ni ukwemera twicishije bugufi ko dukeneye gufashwa, maze tukiga ivyo Yehova aturonsa kandi tugashira mu ngiro ivyo twiga tubigiranye ukuyoboka.

19-21. Musa yakoze ikosa irihe i Kadeshi, kandi tuhigira iki?

19 Biraturinda gukora amakosa kenshi. Nusubire uzirikane akarorero ka Musa. Yaramaze imyaka mirongo atekereza kandi ahimbara Yehova. Yamara mu mpera za ya myaka 40 igoye bamaze baca mu bugaragwa, yarananiwe kugaragaza ubutekereji. Umwe mushikiwe, bikaba bishoboka cane ko ari wa wundi yamufasha kurokoka akiri akayoya, yaheruka gupfa maze ahambwa i Kadeshi. Abisirayeli barasubiriye kwidoga bavuga ko batitwararitswe neza. Ico gihe bariko “batonganya Musa” kubera babuze amazi. Baridoze naho Yehova abicishije kuri Musa yari yarabakoreye ibitangaro vyinshi, Musa na we akaba yari amaze igihe kirekire abayobora ata bwikunzi. Ntibidoze kubera gusa bari babuze amazi, mugabo baridogeye na Musa nk’aho umenga ni we yari abateje iyo nyota.​—Guh. 20:1-5, 9-11.

20 Musa yararunguye n’ishavu maze aratakaza bwa butekereji bwiwe. Aho kubwira urutare abigiranye ukwizera nk’uko Yehova yari yamutegetse, yabwiye abantu n’uburake bwinshi yongera yiyerekezako ubuninahazwa. Yaciye akubita urwo rutare kabiri, amazi menshi aca arisesa. Ubwibone n’ishavu vyaratumye akora ikosa rikomeye. (Zab. 106:32, 33) Kuba yaratakaje ubutekereji muri ako kanya gusa, vyatumye atemererwa kwinjira mu ca Gihugu c’isezerano.​—Guh. 20:12

21 Turakura ivyigwa bihambaye kuri ico kintu. Ubwa mbere dutegerezwa kwama twihatira kugumana ubutekereji. Tuvyirengagije na gato, twocika abanyabwibone, bigatuma tuvuga canke dukora ivy’ubupfu. Ubwa kabiri, imyitwarariko irashobora gutuma tugoyagoya. Dutegerezwa rero kwihatira kugumana ubutekereji, naho twoba turi mu bintu bitesha umutwe.

22-23. (a) Kubera iki twobandanya kurondera ubutekereji? (b) Ibivugwa muri Zefaniya 2:3 bisobanura iki?

22 Bizotuma dukingirwa. Yehova agiye gukuraho ababisha bose kw’isi, hasigare gusa abatekereza. Isi izoca irangwamwo amahoro vy’ukuri. (Zab. 37:10, 11) Woba none uzoba uri muri abo batekereza? Birashoboka mu gihe wokwitaba akamo Yehova agutera biciye ku muhanuzi Zefaniya.​—Soma Zefaniya 2:3.

23 Ni kubera iki none muri Zefaniya 2:3 havuga ngo “hari aho mwohishwa”? Ivyo ntibisobanura ko Yehova adashoboye gukingira abo akunda bipfuza kumuhimbara. Ahubwo bisobanura ko hari ico dutegerezwa gukora kugira tuzokingirwe. Birashoboka ko turokoka “wa musi w’ishavu rya Yehova” maze tukabaho ibihe bidahera, nimba muri iki gihe twihatira kurondera ubutekereji no guhimbara Yehova.

URURIRIMBO RWA 120 Twigane ubwitonzi bwa Kristu

^ ing. 5 Nta n’umwe muri twebwe avukana ubutekereji. Dutegerezwa rero kubutsimbataza. Gutekereza vyoshobora kutworohera igihe turi kumwe n’abanyamahoro, ariko bikatugora igihe duhuye n’abanyabwibone. Iki kiganiro kiraca irya n’ino ingorane zimwezimwe tubwirizwa gutsinda kugira turonke iyo kamere nziza y’ubutekereji.

^ ing. 3 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Ubutekereji. Abatekereza baragaragaza umutima mwiza mu vyo bagiranira n’abandi kandi bakaguma batekanye n’igihe basomborokejwe. Ukwicisha bugufi. Abicisha bugufi ntibagira ubwibone canke amanyama; babona ko abandi babaruta. Igihe tuvuze ko Yehova yicisha bugufi, bisobanura ko yitwararika abo asumba abigiranye urukundo n’imbabazi.

^ ing. 12 Amazina Abanyababiloni bahaye abo Baheburayo batatu ni Shaduraki, Meshaki na Abedinego.​—Dan. 1:7.

^ ing. 18 Nk’akarorero, raba ikiganiro kivuga ngo “Nufate ingingo zitera iteka Imana” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2011.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Yezu aguma atekanye maze agakosora abigishwa biwe abigiranye ubwitonzi igihe baharira ku bijanye n’uwuri mukuru.