Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 8

Kubera iki twogaragaza ko dukenguruka?

Kubera iki twogaragaza ko dukenguruka?

“Mwerekane ko mushima.”​—KOL. 3:15.

URURIRIMBO RWA 46 Turagushimiye, Yehova

INCAMAKE *

1. Umusamariya umwe Yezu yakijije yagaragaje gute ugukenguruka?

ABO bagabo cumi bari bageze habi. Bari barwaye imibembe kandi ntibari biteze ko bazokira. Umusi umwe, bagiye babona nka hariya wa Mwigisha Ahambaye Yezu. Bari barumvise ko akiza indwara z’ubwoko bwose, bakaba bari bizigiye ko na bo ashobora kubakiza. Baciye basemerera bati: “Yezu, Mwigisha, tugirire imbabazi!” Yezu yaciye abafasha barakira neza. Nta gukeka ko bose bumvise bakengurutse * ukumera neza kwa Yezu. Ariko umwe muri bo ntiyagarukiye gusa ku kuvyiyumvamwo, ahubwo yaranabiseruye arabibwira Yezu. Uwo Musamariya yarumvise agoberewe kuninahaza Imana “n’ijwi rirenga.”​—Luka 17:12-19.

2-3. (a) Ni kubera iki bishika tukibagira kugaragaza ko dukenguruka? (b) Turimbura iki muri iki kiganiro?

2 Cokimwe n’uwo Musamariya, turipfuza guserurira abatugiriye neza yuko dukenguruka. Ariko hari igihe twibagira kubigira mu majambo canke mu bikorwa.

3 Muri iki kiganiro, turarimbura igituma bihambaye ko duserura ugukenguruka mu mvugo no mu ngiro. Turihweza kandi uburorero bwo muri Bibiliya bw’abakengurutse n’abatakengurutse. Turihweza n’uburyo buboneka dushobora kugaragaza ko dukenguruka.

KUBERA IKI TWOGARAGAZA KO DUKENGURUKA?

4-5. Ni kubera iki dukwiye guserura ko dukenguruka?

4 Yehova aratubera akarorero mu bijanye no guserura ugukenguruka. Uburyo bumwe abigira ni mu guha impera abamuhimbara. (2 Sam. 22:21; Zab. 13:6; Mat. 10:40, 41) Vyongeye, Bibiliya iduhimiriza iti: “Nimwigane Imana . . . nk’abana ikunda.” (Ef. 5:1) Imvo nyamukuru rero ituma duserura ugukenguruka ni uko twipfuza kwigana Yehova.

5 Rimbura iyindi mvo ituma twipfuza guserura ko dukengurukira abandi. Mu bisanzwe, ugukenguruka twokugereranya n’imfungurwa. Zirarushiriza kuryoha igihe tuzisangiye n’abandi. Muri ubwo buryo nyene, ubwacu turanezerwa igihe badukengurukiye. Igihe na ho duseruye ko dukenguruka, abandi baranezerwa. Uwo dukengurukiye aratahura ko atataye umwanya mu kudufasha canke mu kuduha ico twari dukeneye. Ivyo biraheza bigatuma ubucuti dufitaniye na we bukomera.

6. Amajambo aserura ugukenguruka be n’amapome y’inzahabu bihuriye ku ki?

6 Kugaragaza ko dukenguruka birahambaye. Bibiliya ivuga iti: “Kurya kw’ivyamwa vy’amapome y’inzahabu mu duhingurano tw’ifeza, ni ko ijambo rivuzwe ku gihe caryo rimera.” (Imig. 25:11) Ibaze nawe ubwiza bw’ipome ikozwe mu nzahabu ikaba iteretse mw’ifeza. Iyumvire kandi agaciro ica igira ingene kangana. Wokwiyumva gute hamwe woronka ingabire nk’iyo? Amajambo yo gukenguruka na yo nyene ni ay’agaciro ku bo tuyabwira. Zirikana kandi iki kintu: Ipome ikozwe mu nzahabu iraramba cane. Muri ubwo buryo nyene, amajambo yo gukenguruka tuvuga, abandi boshobora kuyibuka no kuyaha agaciro ubuzima bwabo bwose.

BARAGARAGAJE KO BAKENGURUKA

7. Nk’uko bivugwa muri Zaburi 27:4, Dawidi n’abandi banditsi b’amazaburi bagaragaje gute ko bakenguruka?

7 Benshi mu basavyi b’Imana ba kera baragaragaje ko bakenguruka. Umwe muri bo ni Dawidi. (Soma Zaburi 27:4.) Yaraha agaciro cane ugusenga kw’ukuri, maze akabiserura mu buryo buboneka. Yaraterereye ibintu vyinshi kugira rwa rusengero rwubakwe. Abakomoka kuri Asafu na bo nyene baraseruye ugukenguruka kwabo mu kwandika amazaburi, ari zo ndirimbo z’amashemezo. Muri rumwe muri izo ndirimbo, barakengurukiye Imana bongera baravuga ko batangarira ‘ibikorwa vy’akajoreza’ vya Yehova. (Zab. 75:1) Biragaragara ko Dawidi n’abakomoka kuri Asafu bashaka kwereka Yehova ko bakenguruka cane imihezagiro yose yari yarabahaye. Woba nawe ubona uburyo wokwigana abo banditsi b’amazaburi?

Ikete Paulo yandikiye Abaroma ritwigisha iki ku bijanye no kugaragaza ko dukenguruka? (Raba ingingo ya 8-9) *

8-9. Intumwa Paulo yagaragaje gute ko aha agaciro abavukanyi biwe, kandi ivyo bitegerezwa kuba vyavuyemwo iki?

8 Intumwa Paulo yaraha agaciro abavukanyi kandi akabigaragaza mu kuntu yabavuga. Yama akengurukira Imana ku bwabo mu masengesho yatura ari wenyene. Vyongeye, yarabiserura mu makete yabandikira. Mu Baroma 16:1-15, Paulo aravuga mu mazina abakirisu bagenziwe 27. Yaravuze adomako Pirisika na Akwila, “abemeye guhakwa gucibwa amazosi yabo bwite” kubera we, aravuga na Foyibe, uwerekanye ko “arwanira benshi” na Paulo arimwo. Yarakeje abo bavukanyi na bashiki bacu yikundira kandi bakora cane.​—Rom. 16:1-15.

9 Paulo yari azi ko abavukanyi biwe batari batunganye. Yamara mu gusozera ikete yandikiye Abaroma, yahisemwo kwibanda kuri kamere zabo nziza. Ibaze ukuntu abo bavukanyi baremeshejwe bumvise amajambo ya Paulo ariko asomerwa ishengero n’ijwi rirenga. Ivyo bitegerezwa kuba vyaratumye barushiriza kwiyumvamwo Paulo. Woba nawe wama ugaragaza ko ukenguruka ibintu vyiza abo muri kumwe mw’ishengero bavuga canke bakora?

10. Twigira iki ku kuntu Yezu yagaragaje ko akengurukira abayoboke biwe?

10 Mu butumwa Yezu yarungikiye amashengero amwamwe yo muri Aziya Ntoyi, yaragaragaje ko akenguruka ivyo abayoboke biwe bariko barakora. Nk’akarorero, mu vyo yabwiye ishengero ry’i Tiyatira, yatanguye ati: “Ndazi ibikorwa vyawe, n’urukundo rwawe, n’ukwizera kwawe, n’ubusuku bwawe, n’ukwihangana kwawe, be n’uko ibikorwa vyawe vyo hanyuma biruta ivyo hambere.” (Ivyah. 2:19) Yezu ntiyavuze gusa ko bongereje ibikorwa vyabo, mugabo kandi yarabakeje kuri kamere zatumye babishikako. Naho hari abo yari akeneye guhanura i Tiyatira, ubutumwa bwiwe yabutanguje n’indemesho, abusozera n’indemesho. (Ivyah. 2:25-28) Tuzirikanye ubukuru Yezu afise bwo kuba umutwe w’amashengero yose, ntivyari ngombwa ngo adukengurukire ku gikorwa tumurangurira. Naho ari ukwo, aritwararika kutubwira ko akenguruka. Ese ukuntu ari akarorero kadasanzwe ku bakurambere!

BARAGARAGAJE KO BADAKENGURUKA

11. Mu Baheburayo 12:16 herekana ko Esawu yafata gute ibintu vyeranda?

11 Birababaje kubona hari abavugwa muri Bibiliya bagaragaje ko badakenguruka. Nk’akarorero, naho Esawu yarezwe n’abavyeyi bakunda Yehova kandi bakamwubaha, ntiyaha agaciro ibintu vyeranda. (Soma Abaheburayo 12:16.) None ivyo yabigaragaje gute? Ata n’ukwiyumvira, yaragurishije kuri murumunawe Yakobo uburenganzira bwiwe bwo kuba imfura, abukaba isahani y’inkore. (Ita. 25:30-34) Mu nyuma, Esawu yaricujije n’umubabaro mwinshi kubera ihitamwo yari yaragize. Ariko ntiyari akwiye kubabazwa no kuba ataronse umuhezagiro uva ku kuba yari imfura, narirya yari yarafashe minenegwe ako gateka.

12-13. Abisirayeli berekanye gute ko ari intashima, kandi ivyo vyabaviriyemwo iki?

12 Abisirayeli na bo nyene bari bafise imvo nyinshi zari gutuma bagaragaza ugukenguruka. Barakuwe mu buja inyuma y’aho Yehova ateje Misiri vya Vyago cumi. Mu nyuma, Imana yarabakingiye igihe yahonereza igisoda cose ca Misiri mu Kiyaga Gitukura. Barakengurutse cane ku buryo baririmbiye Yehova ururirimbo rw’intsinzi. Ariko none boba baragumanye ukwo gukenguruka?

13 Igihe Abisirayeli bashikirwa n’izindi ngorane, ntibatevye kwibagira ivyiza vyose Yehova yari yarabakoreye, baba rero berekanye ko ari intashima. (Zab. 106:7) Uti gute? Dusoma duti: “Ikoraniro ryose rya bene Isirayeli ritangura kwidodombera Musa na Aroni.” Mu bisanzwe, bariko bidodombera Yehova. (Kuv. 16:2, 8) Yarababajwe cane n’agatima bagaragaje ko kudashima. Yahavuye avuga ko iryo yaruka ryose ryopfiriye mu bugaragwa, kiretse Yosuwa na Kalebu. (Guh. 14:22-24; 26:65) Reka twihweze ukuntu twokwirinda kwigana ubwo burorero bubi maze twigane uburorero bwiza.

NUGARAGAZE KO UKENGURUKA

14-15. (a) Abubakanye bogaragaza gute ko bahana agaciro? (b) Abavyeyi bashobora gute kwigisha abana babo guserura ko bakenguruka?

14 Mu muryango. Umuryango wose urahungukira cane igihe umwe wese mu bawugize agaragaza ko akenguruka. Igihe umwe wese mu bubakanye yeretse mugenziwe ko akenguruka, bararushiriza kwiyumvanamwo. Biranatuma boroherwa no kubabarirana. Umugabo aha agaciro umugore wiwe, uretse ko abona ivyiza avuga n’ivyo akora, “arahaguruka, akamushemeza.” (Imig. 31:10, 28) Umugore w’inkerebutsi na we arabwira umugabo wiwe ibintu ashima kuri we adomako.

15 Bavyeyi, mushobora gute kwigisha abana banyu kugaragaza ko bakenguruka? Nimwibuke ko abana banyu bazokwigana ivyo muvuga n’ivyo mukora. Nimubahe rero akarorero keza mu kuza murabashimira igihe hari ico babakoreye. Vyongeye, nimubigishe gushima igihe hari ico abandi babakoreye. Nimufashe abana banyu batahure ko guserura ugukenguruka bikwiye kuva ku mutima be n’uko ivyo bavuga bishobora kuvamwo ivyiza. Nk’akarorero, umugore umwe yitwa Clary avuga ati: “Igihe mawe yari afise imyaka 32, yasigaye yireranye abana batatu. Igihe nanje nashikana imyaka 32, narazirikanye ukuntu bishobora kuba bitamworoheye. Naramubwiye rero ko nkenguruka cane utwigoro twose yagize mu kuturera na basaza banje. Aheruka kumbwira ko ayo majambo yamukoze ku mutima cane, ko akunda kuyazirikana be n’uko yama atuma ahimbarwa cane.”

Niwigishe abana bawe kugaragaza ko bakenguruka (Raba ingingo ya 15) *

16. Tanga akarorero k’ingene kubwira abandi ko tubakengurukira bibaremesha.

16 Mw’ishengero. Igihe tubwira abavukanyi na bashiki bacu ko tubakengurukira, birabaremesha. Nk’akarorero, Jorge ni umukurambere abumazemwo imyaka 28. Yarigeze kurwara cane ku buryo amara ukwezi adashobora kwitaba amakoraniro. N’igihe yasubira kuyitaba, ntiyari ashoboye gushikiriza ibiganiro. Yiyemerera ati: “Narumva ata co maze kubera ko ntari ngishobora kwitwararika amabanga nari njejwe mw’ishengero. Ariko umusi umwe inyuma y’ikoraniro, hari umuvukanyi yambwiye ati: ‘Nipfuza kugushimira ukuntu wabereye akarorero umuryango wanje. Ntiworaba ingene insiguro watanze muri iyi myaka iheze zaduhimbaye cane. Zaradufashije gutera imbere mu vy’impwemu.’ Ico kintu carankoze ku mutima cane ku buryo nakoroye amosozi. Ivyo yambwiye ni vyo neza na neza nari nkeneye.”

17. Twisunze Abakolosayi 3:15, twokwereka gute Yehova ko tumukengurukira ku vyiza vyose yaduhaye?

17 Imana yacu itanga cane. Yehova araduha imfungurwa nyinshi zo mu buryo bw’impwemu. Nk’akarorero, turaronka ubuyobozi ngirakamaro biciye ku makoraniro, ku binyamakuru no ku rubuga rwacu. Woba urigera wumva insiguro, ugasoma ikiganiro canke ukaraba ya televiziyo ya JW, ugaca uvuga uti: ‘Emwe, ibi nyene ni vyo nari nkeneye’? None twokwereka gute Yehova ko tumukengurukira? (Soma Abakolosayi 3:15.) Uburyo bumwe ni mu kwama tumushimira ku bw’ivyo vyiza vyose mu masengesho dutura.​—Yak. 1:17.

Gufasha mu gusukura Ingoro y’Ubwami ni uburyo bwiza bwo kugaragaza ko dukenguruka (Raba ingingo ya 18)

18. Twokwerekana gute ko duha agaciro Ingoro y’Ubwami yacu?

18 Turagaragaza kandi yuko dukengurukira Yehova igihe twitwararika ko ikibanza dusengeramwo kiguma gisukuye. Turakwiye kwama tugira uruhara mu gusukura no mu kubungabunga Ingoro z’Ubwami zacu, abajejwe amajwi n’amasanamu na bo bagakoresha neza ivyuma vy’ishengero. Igihe tubungabunga Ingoro z’Ubwami zacu, ziraramba kandi zigakenera gusanurwa gake. Ivyo biratuma haboneka amahera yo kwubaka canke gusanura izindi Ngoro z’Ubwami hirya no hino kw’isi.

19. Ni ibiki wigiye ku vyashikiye umucungezi umwe n’umukenyezi wiwe?

19 Abakora cane ku bwacu. Igihe tubwiye umuntu ko tumukengurukira, birashobora guhindura ingene abona ingorane ariko aracamwo. Rimbura ivyashikiye umucungezi w’umuzunguruko umwe n’umugore wiwe. Igihe kimwe bari biriwe mu ndimiro mu mbeho nyinshi, maze basubira aho bari bashikiye barushe cane. Hari hakanye cane ku buryo uwo mukenyezi yaryamanye ikoti y’imbeho. Bukeye, yabwiye umugabo ko yumva atagishoboye kubandanya ico gikorwa. Muri ico gitondo nyene, bararonse ikete rivuye ku biro vy’ishami ryandikiwe uwo mukenyezi nyene. Ryari iryo kumukeza kubera igikorwa ciwe n’ukwihangana kwiwe, riravuga n’ukuntu bitoroshe kuguma uhindura uburaro buri ndwi. Umugabo wiwe avuga ati: “Yarakozwe ku mutima cane n’ukuntu bamukeje ku buryo atigeze asubira gucisha mu kanwa ivyo kuva mu gikorwa co kugendera amashengero. Nkako, akenshi yarandemesheje kwumira kw’ibanga igihe naba niyumviriye guhagarika ico gikorwa.” Bagumye rero muri ico gikorwa imyaka yababa 40.

20. Ni igiki dukwiye kwihatira gukora buri musi, kandi kubera iki?

20 Nimuze buri musi twihatire kugaragaza ko dukenguruka mu mvugo no mu ngiro. Ivyo tuvuga n’ivyo dukora tubikuye ku mutima birashobora kuba ari vyo abandi bakeneye kugira bihanganire ingorane zibashikira muri iyi si idashima. Vyongeye, gukenguruka biratuma tugiranira n’abandi ubucuti bukomeye, bushobora no kuzokwamaho. N’igihambaye kuruta, tuba twiganye Umuvyeyi wacu Yehova atanga cane kandi akenguruka.

URURIRIMBO RWA 20 Watanze ca kinege cawe

^ ing. 5 Ku bijanye n’ugukenguruka, ni ibiki twigira kuri Yehova, Yezu be na wa munyamibembe w’Umusamariya? Muri iki kiganiro turarimbura uburorero bwabo be n’ubw’abandi. Turihweza kandi igituma bihambaye ko duserura ugukenguruka, turabe n’ingene twobigaragaza mu buryo buboneka.

^ ing. 1 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Gukenguruka bisobanura kwerekana ko twemera agaciro k’umuntu canke k’ikintu. Birashobora no kwerekeza ku guserura ugushima tubikuye ku mutima.

^ ing. 55 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Ikete rya Paulo ririko risomerwa ishengero ry’i Roma; Akwila, Pirisila, Foyibe n’abandi barahimbawe no kwumva bavuzwe mu mazina.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvyeyi ariko arafasha agakobwa kiwe kugaragariza umudada yitereye mu myaka ko gakenguruka akarorero keza atanga.