Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 9

Urukundo n’ubutungane muri Isirayeli ya kera

Urukundo n’ubutungane muri Isirayeli ya kera

“Akunda ubugororotsi n’ubutungane. Isi yuzuye ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova.”​—ZAB. 33:5.

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

INCAMAKE *

1-2. (a) Ni igiki twese twipfuza? (b) Ni igiki twokwemera tudakeka?

TWESE turipfuza gukundwa no kutarenganywa. Igihe abandi bama batwirengagiza kandi bakaturenganya, vyoshobora gutuma twumva ata co tumaze, tugatakaza n’icizigiro.

2 Yehova arazi ko twipfuza gukundwa no kutarenganywa. (Zab. 33:5) Twokwemera tudakeka ko Imana yacu idukunda cane be n’uko yipfuza ko tutarenganywa. Ivyo biragaragara igihe twihweje twitonze Itegeko Yehova yahaye ihanga rya Isirayeli biciye kuri Musa. Nimba waracitse intege kubera abandi batagukunda canke kubera bakurenganya, nurabe ukuntu Itegeko rya Musa * ryerekana ingene Yehova yitwararika abasavyi biwe.

3. (a) Nk’uko vyerekanwa mu Baroma 13:8-10, tubona iki iyo twihweje Itegeko rya Musa? (b) Ni ibibazo ibihe vyishurwa muri kino kiganiro?

3 Iyo twihweje Itegeko rya Musa, turabona urukundo rugera kure rw’Imana yacu Yehova. (Soma Abaroma 13:8-10.) Muri iki kiganiro turarimbura make mu mategeko Imana yahaye Isirayeli maze twishure ibi bibazo: Kubera iki twovuga ko iryo Tegeko ryari rishingiye ku rukundo? Kubera iki twovuga ko ryaremesha ubutungane? Abari bafise ubukuru basabwa kurishira mu ngiro gute? Ni bande canecane ryakingira? Inyishu z’ivyo bibazo zirashobora kuturemesha, zigatuma tugira icizigiro kandi zigatuma turushiriza kwiyegereza Umuvyeyi wacu munyarukundo.​—Ivyak. 17:27; Rom. 15:4.

ITEGEKO RYARI RISHINGIYE KU RUKUNDO

4. (a) Kubera iki twovuga ko Itegeko rya Musa ryari rishingiye ku rukundo? (b) Twisunze Matayo 22:36-40, ni amabwirizwa ayahe Yezu yashimitseko?

4 Turashobora kuvuga ko Itegeko rya Musa ryari rishingiye ku rukundo kuko ivyo Yehova akora vyose abitumwa n’urukundo. (1 Yoh. 4:8) Iryo Tegeko ryose Yehova yarishingiye ku mabwirizwa abiri nyamukuru: gukunda Imana no gukunda mugenzawe. (Lew. 19:18; Gus. 6:5; soma Matayo 22:36-40.) Twokwitega rero ko rimwe ryose mu mabwirizwa arenga 600 agize iryo Tegeko rigira ico ritwigishije ku rukundo rwa Yehova. Reka turimbure uburorero bukeyi.

5-6. Yehova yipfuza ko abubakanye bakora iki, kandi ni igiki yitaho? Tanga akarorero.

5 Nube intahemuka ku wo mwubakanye kandi witwararike abana bawe. Yehova yipfuza ko abubakanye bakundana cane ubuzima bwabo bwose. (Ita. 2:24; Mat. 19:3-6) Kurenga ibigo ni ikibi kibishe cerekana ko umuntu adakunda mugenziwe. Ni co gituma ibwirizwa rigira indwi ribuza kurenga ibigo. (Gus. 5:18) Ni ‘ugucumura ku Mana’ kandi ni nko gucumita uwo mwubakanye. (Ita. 39:7-9) Uwahemukiwe arashobora kumara imyaka myinshi atuntujwe n’ico kibi.

6 Yehova aritaho ingene umwe wese mu bubakanye afata mugenziwe. Yaripfuza canecane ko abakenyezi b’Abisirayelikazi bafatwa neza. Umugabo w’Umwisirayeli yubahiriza Itegeko yabwirizwa gukunda umugore wiwe, kandi akirinda kwahukana na we bivuye ku mvo zidafashe. (Gus. 24:1-4; Mat. 19:3, 8) Ariko bishitse hakaduka ingorane ikomeye ku buryo biba ngombwa ko bahukana, yaramuha icete c’ukwahukana. Ico cete caratuma uwo mugore atagirizwa ko yarenze ibigo mu gihe asubiye kwubaka. Vyongeye, biboneka ko imbere y’uko umugabo aha ico cete umugore wiwe, yabanza kugisha inama abagabo b’inararibonye b’igisagara. Gutyo rero, abo bagabo baba baronse akaryo ko kugerageza kubumvikanisha. Yehova ntiyama agira ico akoze igihe cose umugabo w’Umwisirayeli yaba yahukanye n’umugore wiwe ku mvo z’ubwikunzi. Ariko yarabona amarira y’uwo mugore agatahura n’umubabaro yaba afise.​—Mal. 2:13-16.

Yehova yashaka ko abana babaho batekaniwe, abavyeyi babo bakabarera kandi bakabigisha mu buryo buranga urukundo (Raba ingingo ya 7-8) *

7-8. (a) Ni igiki Yehova yategeka abavyeyi? (Raba ishusho iri ku gipfukisho.) (b) Ni ivyigwa ibihe tuhakura?

7 Itegeko kandi rirerekana ko Yehova yitwararika ineza y’abana. Yehova yategeka abavyeyi kuronsa abana babo ivyo bakeneye no kubafasha kugiranira ubucuti bwiza na we. Yabasaba kutagisha akaryo na kamwe ko kubafasha gutahura Itegeko ryiwe no kuriha agaciro, kandi bakabigisha kumukunda. (Gus. 6:6-9; 7:13) Imwe mu mvo zatumye Yehova ahana Abisirayeli ni uko abavyeyi bafata bunyamaswa bamwe mu bana babo. (Yer. 7:31, 33) Babwirizwa guha agaciro abana babo nk’intoranwa iva kuri Yehova, aho kubabona nk’ikintu gisanzwe bokwirengagiza canke bocura bufuni na buhoro.​—Zab. 127:3.

8 Ivyigwa: Yehova arabona uko umwe wese mu bubakanye afata mugenziwe. Yipfuza ko abavyeyi bakunda abana babo kandi azogira ico ababaza ku kuntu babafata.

9-11. Kubera iki Yehova yatanze itegeko ribuza kugira umwina?

9 Ntukagire umwina. Ibwirizwa rya nyuma muri ya Mabwirizwa cumi ryarabuza kugira umwina, ni kuvuga kwipfuza ikintu ca mugenzawe. (Gus. 5:21; Rom. 7:7) Yehova yatanze iryo tegeko kugira yigishe abasavyi biwe ikintu gihambaye: bategerezwa kurinda imitima yabo, ni ukuvuga ivyiyumviro vyabo n’inyiyumvo zabo. Arazi ko ibikorwa bibi bihera mu mutima. (Imig. 4:23) Mu gihe Umwisirayeli yari kureka ivyipfuzo bibi bigatsimbatara mu mutima wiwe, vyari gutuma afata abandi nabi. Nk’akarorero, Umwami Dawidi yaraguye muri uwo mutego. Mu bisanzwe yari umuntu ameze neza. Ariko igihe kimwe yaripfuje umugore wa mugenziwe. Ico cipfuzo camushikanye ku gicumuro. (Yak. 1:14, 15) Yararenze ibigo, aragerageza guhenda umugabo w’uwo mugore, amaherezo aramwicisha.​—2 Sam. 11:2-4; 12:7-11.

10 Igihe Umwisirayeli yaba arenze iryo tegeko ryo kutagira umwina, Yehova yarabibona. Kanatsinda arabona ibiri mu mutima. (1 Ngo. 28:9) Iryo tegeko ryarereka abasavyi biwe ko bakwiye kwirinda ivyiyumviro vyobashikana ku gukora igicumuro. Ese ukuntu Yehova ari Umuvyeyi w’ubukerebutsi n’urukundo!

11 Ivyigwa: Yehova ntabona gusa ibiboneka inyuma. Arabona ico vy’ukuri turi mu mutima. (1 Sam. 16:7) Nta na kimwe dushobora kumuhisha, vyaba ivyo twiyumvira, uko twiyumva canke ivyo dukora. Aturonderamwo iciza kandi ashaka ko tugitsimbataza. Ariko yipfuza ko tumenya ivyiyumviro bibi twoba dufise maze tukabirwanya imbere y’uko bidukwegera akarambaraye.​—2 Ngo. 16:9; Mat. 5:27-30.

ITEGEKO RYAREMESHA UBUTUNGANE

12. Itegeko rya Musa ritwigisha iki?

12 Itegeko rya Musa riratwigisha kandi ko Yehova akunda ubutungane. (Zab. 37:28; Yes. 61:8) Aratubera akarorero mu bijanye no kutarenganya abandi. Igihe Abisirayeli baba bagamburutse amategeko ya Yehova, yarabahezagira. Igihe na ho baba birengagije ingingo ngenderwako ziwe zigororotse, baribonerako. Raba ayandi mategeko abiri yo muri ya Mabwirizwa cumi.

13-14. Amabwirizwa abiri ya mbere yasaba iki, kandi kuyubahiriza vyafashije gute Abisirayeli?

13 Gusenga Yehova wenyene. Amabwirizwa abiri ya mbere yasaba Abisirayeli kwihebera Yehova wenyene no kwirinda gusenga ibigirwamana. (Kuv. 20:3-6) Ayo mabwirizwa si Yehova yagirira akamaro. Yariho ku bw’ineza y’abasavyi biwe. Bagumye ari intahemuka kuri we barasagamba, basenze imana z’ayandi mahanga na ho bakibonerako.

14 Nk’akarorero, Abanyakanani basenga ibimana bitagira ubuzima aho gusenga Imana nzima kandi y’ukuri. Ivyo vyatumye bononekara. (Zab. 115:4-8) Mu gusenga kwabo barakora ubusambanyi bw’agahomerabunwa, bakongera bagatanga abana babo kw’ibimazi mu buryo buteye ikinya. N’igihe Abisirayeli batera akagere Yehova bagahitamwo gusenga ibigirwamana, barononekaye n’imiryango yabo irahabonera. (2 Ngo. 28:1-4) Abari bafise ubukuru barahevye ingingo ngenderwako za Yehova zigenga ubutungane. Barakoresheje nabi ububasha bwabo bongera barahahaza abantu batobato n’abigorewe. (Ezk. 34:1-4) Yehova yaragabishije Abisirayeli ko yociriye urubanza abahohotera abakenyezi n’abana batagira gitabara. (Gus. 10:17, 18; 27:19) Ku rundi ruhande, Yehova yarahezagiye abasavyi biwe igihe bari bagumye ari intahemuka kandi ntibarenganye abandi.​—1 Abm. 10:4-9.

Yehova aradukunda kandi iyo turenganijwe arabibona (Raba ingingo ya 15)

15. Ni ibiki dutahuye ku bijanye na Yehova?

15 Ivyigwa: Yehova si we dukwiye gutako ikosa igihe abitwa ko bamukorera birengagije amategeko yiwe bakagirira nabi abasavyi biwe. Yamara rero, Yehova aradukunda kandi arabimenya igihe turenganijwe. Aratahura umubabaro tugira kuruta uko inabibondo atahura umubabaro w’uruyoya rwiwe. (Yes. 49:15) Naho atoca agira ico akoze, igihe kigeze azogira ico abajije abacumuzi batigaya ku vyo bagiriye abandi.

ITEGEKO RYASHIRWA MU NGIRO GUTE?

16-18. Itegeko rya Musa ryakora ku mice iyihe y’ubuzima, kandi ni ivyigwa ibihe tuhigira?

16 Itegeko rya Musa ryarakora ku mice myinshi y’ubuzima bw’Umwisirayeli. Vyari bihambaye rero ko abagabo b’inararibonye bacira imanza abasavyi ba Yehova mu bugororotsi. Ntibitwararika gusa ibijanye n’ivy’impwemu, ariko baritwararika n’imanza z’amatati be n’iz’ubukozi bw’ikibi. Rimbura uburorero bukurikira.

17 Igihe Umwisirayeli yaba yishe umuntu, ntiyaca yicwa aho nyene. Imbere yo kuvuga ko akwiye gupfa, abagabo b’inararibonye bo mu gisagara iwabo babanza gutohoza. (Gus. 19:2-7, 11-13) Vyongeye baraca imanza zijanye n’ibintu bitandukanye vyo mu buzima bwa misi yose, uhereye ku matati ajanye n’amatungo ugashika ku ngorane zo mu ngo. (Kuv. 21:35; Gus. 22:13-19) Igihe baba bakoresheje ubutungane Abisirayeli na bo bakagamburuka Itegeko, abantu bose baravyungukirako maze ihanga ryose rikaninahaza Yehova.​—Lew. 20:7, 8; Yes. 48:17, 18.

18 Ivyigwa: Yehova aritwararika imice yose y’ubuzima bwacu. Ashaka ko tugaragaza urukundo n’ubutungane mu vyo dukorana n’abandi. Vyongeye aritwararika ivyo tuvuga n’ivyo dukora, mbere no mu ngo zacu aho abandi batatubona.​—Heb. 4:13.

19-21. (a) Abagabo b’inararibonye n’abacamanza basabwa gufata gute abasavyi b’Imana? (b) Ni amategeko ayahe Yehova yashizeho, kandi tuhigira ivyigwa ibihe?

19 Yehova yashaka gukingira abasavyi biwe utwosho tubi tw’amahanga yari abakikuje. Yasaba rero ko abagabo b’inararibonye n’abacamanza bakurikiza Itegeko ata kugira nkunzi. Ariko rero, basabwa kudakandamiza abantu biwe no kutaba baruburakigongwe, ahubwo bagakunda ubutungane.​—Gus. 1:13-17; 16:18-20.

20 Yehova arumvira impuhwe abasavyi biwe. Ni yo mpamvu ashiraho amategeko atuma batarenganywa. Nk’akarorero, rya Tegeko ryaratuma kwagiriza umuntu ibinyoma bishika gake. Uti kubera iki? Uwagirizwa yari afise uburenganzira bwo kumenya uwuriko aramwagiriza. (Gus. 19:16-19; 25:1) Bisubiye, imbere yo kumukubita intahe mu gahanga, hategerezwa kuboneka n’imiburiburi ivyabona bibiri bimwagiriza. (Gus. 17:6; 19:15) Bite ho Umwisirayeli akoze icaha bikabonwa n’umuntu umwe gusa? Ntiyaca ashira agati mu ryinyo ngo ntazogihanirwa. Yehova yaba yabonye ivyo yakoze. Mu miryango, ba serugo bari bafise ubukuru, ariko bwari n’akarimbi. Abagabo b’inararibonye b’igisagara bari bafise uburenganzira bwo gutunganya amatati amwamwe yo mu ngo, bagafata n’ingingo ya nyuma.​—Gus. 21:18-21.

21 Ivyigwa: Yehova ni we karorero ntangere. Ntiyigera arenganya. (Zab. 89:14) Araha impera abashigikira ingingo ngenderwako ziwe, ariko agahana abakoresha nabi ububasha bafise. (2 Sam. 22:21-23; Ezk. 9:9, 10) Hari abakora ibibi ukamengo ni akamizwe n’ingoma. Mugabo igihe Yehova abonye ko hageze, arabashitsako ubutungane. (Imig. 28:13) Igihe na ho batigaye, ntibateba kumenya ko “[biteye] ubwoba gukorokera mu maboko ya ya Mana nzima.”​—Heb. 10:30, 31.

NI BANDE CANECANE ITEGEKO RYAKINGIRA?

Mu gutunganya amatati, abagabo b’inararibonye bategerezwa kwigana urukundo n’ubutungane vya Yehova (Raba ingingo ya 22) *

22-24. (a) Ni bande canecane Itegeko ryakingira, kandi twiga iki ku bijanye na Yehova? (b) Ni ingabisho iyihe dusanga muri Kuvayo 22:22-24?

22 Itegeko ryarakingira canecane abatashobora kwikingira ubwabo, nk’impfuvyi, abapfakazi na ba kavamahanga. Abacamanza bo muri Isirayeli babwiwe bati: “Ntuze ugoreke urubanza rwa kavamahanga canke rw’impfuvyi, kandi ntuze ufate bwa ngwati impuzu y’umupfakazi.” (Gus. 24:17) Yehova yaritwararikana impuhwe abantu basa n’abatagira gitabara. Vyongeye, yaragira ico abaza ababafata nabi.​—Soma Kuvayo 22:22-24.

23 Itegeko kandi ryarakingira abagize umuryango amabi afatiye ku gitsina, mu kwiyamiriza ubwoko bwose bw’ukugoka. (Lew. 18:6-30) Abasavyi ba Yehova bari batandukanye n’amahanga yari abakikuje. Wasanga arenza uruho rw’amazi kuri izo ngeso, ariko bo bategerezwa kubona ko ari ikintu giteye ishishi, nk’uko na Yehova yabibona.

24 Ivyigwa: Yehova yipfuza ko abo yahaye ubukuru bitwararikana urukundo abo bajejwe. Aranka amabi afatiye ku gitsina. Yipfuza ko bose bakingirwa kandi ntibarenganywe, na canecane abatagira gitabara.

ITEGEKO RYARI “IGITUTU C’IBINTU VYIZA BIZOZA”

25-26. (a) Kubera iki twovuga ko urukundo n’ubutungane ari nk’impemu n’ubuzima? (b) Mu kiganiro kizokurikira co muri uru rukurikirane, tuzokwihweza iki?

25 Urukundo n’ubutungane ni nk’impemu n’ubuzima: kimwe ntigishobora kubaho ikindi kitariho. Iyo dutahuye neza ko Yehova atigera aturenganya, urwo tumukunda rurakomera. Igihe na ho dukunda Imana n’ingingo ngenderwako zayo zigororotse, bica bituvyurira umutima wo gukunda abandi no kutabarenganya.

26 Rya Tegeko rya Musa ryaratuma Abisirayeli bagiranira na Yehova ubucuti somambike. Yamara inyuma y’aho Yezu atangiye incungu, abasavyi b’Imana ntibakigengwa n’Itegeko. Ryaciye risubirirwa n’ikintu ciza kuruta. (Rom. 10:4) Intumwa Paulo yavuze ko Itegeko ryari “igitutu c’ibintu vyiza bizoza.” (Heb. 10:1) Mu kiganiro kizokurikira co muri uru rukurikirane, tuzokwihweza bimwebimwe muri ivyo bintu vyiza be n’ingene urukundo n’ubutungane bihambaye mw’ishengero rya gikirisu.

URURIRIMBO RWA 109 Dukundane cane bivuye ku mutima

^ ing. 5 Iki ni ikiganiro ca mbere mu rukurikirane rw’ibiganiro bine bizotwereka igituma twokwemera tudakeka ko Yehova atwitwararika. Ibindi biganiro bitatu bisigaye bizosohoka mu Munara w’Inderetsi wo muri Rusama 2019. Kimwe kizoba kivuga ibijanye n’urukundo be n’ubutungane mw’ishengero rya gikirisu, ikindi kivuge ivyerekeye urukundo n’ubutungane mu bijanye no gukinga amabi, ica nyuma na co ibijanye no guhumuriza abakorewe amabi.

^ ing. 2 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Ya mategeko arenga 600 Yehova yaha Abisirayeli biciye kuri Musa akunze kwitwa “Itegeko,” “Itegeko rya Musa” canke “amabwirizwa.” Vyongeye, ibitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya (Itanguriro gushika Gusubira mu vyagezwe) bikunze kwitwa Itegeko. Rimwe na rimwe, ijambo Itegeko rirakoreshwa igihe bashaka kuvuga Ivyanditswe vy’igiheburayo vyose.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Inabibondo w’Umwisirayelikazi ariko araganira n’udukobwa twiwe mu gihe bariko barategura ibifungurwa. Hirya yabo sebibondo ariko arigisha agahungu kiwe kwitwararika intama.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Kw’irembo ry’igisagara, abagabo b’inararibonye bariko barafasha umupfakazi n’akana kiwe barenganijwe n’umudandaza.