Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 10

Ni igiki kimbuza kubatizwa?

Ni igiki kimbuza kubatizwa?

“Bamanuka mu mazi, Filipo be na nya nkone; araheza arayibatiza.”​—IVYAK. 8:38.

URURIRIMBO RWA 52 Ukwiyegura kw’umukirisu

INCAMAKE *

1. Ni igiki Adamu na Eva batakaje, kandi vyavuyemwo iki?

WIBAZA ko ari nde akwiye kudushingira ingingo ngenderwako zijanye n’iciza n’ikibi? Igihe Adamu na Eva barya ku giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi, bari berekanye icese ko batizigira Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe. Bahisemwo kwishingira iciza n’ikibi. (Ita. 3:22) Mugabo zirikana ico batakaje. Baratakaje ubucuti bari bafitaniye na Yehova. Ivyo vyatumye bataronka akaryo ko kubaho ibihe bidahera bongera baraga abana babo igicumuro n’urupfu. (Rom. 5:12) Ingingo Adamu na Eva bafashe yakweze akarambaraye.

Ya nkone y’Umunyetiyopiya imaze kwizera Yezu, yaciye yipfuza kubatizwa ubwo nyene (Raba ingingo ya 2-3)

2-3. (a) Ya nkone y’Umunyetiyopiya yakoze iki igihe Filipo yamubwira inkuru nziza? (b) Ni imihezagiro iyihe twironkera igihe tubatijwe, kandi ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

2 Raba itandukaniro hagati y’ivyo Adamu na Eva bakoze be n’ivyo ya nkone y’Umunyetiyopiya yakoze igihe Filipo yamubwira inkuru nziza. Yarakengurutse cane ivyo Yehova na Yezu bamukoreye ku buryo yaciye abatizwa ubwo nyene. (Ivyak. 8:34-38) Cokimwe n’iyo nkone, igihe twiyeguriye Yehova tukabatizwa, hari ikintu tuba twerekanye icese. Tuba twerekanye ko dukenguruka ivyo Yehova na Yezu badukoreye. Tuba kandi twerekanye yuko twizigira Yehova be n’uko twemera ko ari we gusa akwiye kudushingira ingingo ngenderwako zijanye n’iciza n’ikibi.

3 Zirikana imihezagiro twironkera igihe dukorera Yehova. Kimwe coco, turizigira yuko tuzoronka ivyo Adamu na Eva batakaje vyose, ushizemwo no kubaho ibihe bidahera. Kubera ko twizera Yezu Kristu, Yehova aratubabarira ibicumuro vyacu maze akaduha ijwi ryo mu mutima ryiza. (Mat. 20:28; Ivyak. 10:43) Turinjira no mu muryango wa Yehova ugizwe n’abasavyi biwe ashima, tukitega kazoza keza igitangaza. (Yoh. 10:14-16; Rom. 8:20, 21) Ariko naho twifitiye ivyo vyiza vyose, hari abamenya Yehova mugabo ugasanga baragonanwa kwigana iyo nkone y’Umunyetiyopiya. None ni ibiki vyoshobora kubabuza kubatizwa? Vyongeye, boshobora gute gutsinda izo ntambamyi?

INTAMBAMYI ZIBUZA BAMWEBAMWE KUBATIZWA

Intambamyi bamwebamwe bahangana na zo imbere yo gufata ingingo yo kubatizwa

Kwikengera (Raba ingingo ya 4-5) *

4-5. Umusore yitwa Avery n’umwigeme yitwa Hannah bari bafise ingorane izihe?

4 Kwikengera. Uwitwa Avery afise abavyeyi b’Ivyabona vya Yehova. Se wiwe arazwi cane ko ari umuvyeyi yitwararikana akaba n’umukurambere abishoboye. Ariko Avery yahoze atinya kubatizwa. Uti kubera iki? Avuga ati: “Nabona ko ntoshobora kumera nka papa.” Avery yabona kandi ko atoshoboye kwitwararika amabanga yohawe muri kazoza. Avuga ati: “Naratinya ko bazonsaba guserukira abandi mw’isengesho, gutanga insiguro canke guhagarikira ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro.”

5 Uwitwa Hannah w’imyaka 18 yarikengera birenze urugero. Naho yari yarezwe n’abavyeyi basenga Yehova, yabona ko atoshoboye kubaho yisunga ingingo ngenderwako za Yehova. Uti kubera iki? Hannah yarisuzugura cane rwose. Vyarashika akumva yiyanse cane ku buryo yaca yigirira nabi ku mubiri, ariko ivyo nta co vyamufasha uretse kwunyura ibintu. Avuga ati: “Nta n’umwe nabwira ivyo nakora, mbere n’abavyeyi banje, kandi nabona ko Yehova atokwigeze ankunda kubera nigirira nabi.”

Abagenzi babi (Raba ingingo ya 6) *

6. Ni igiki cabuza Vanessa kubatizwa?

6 Abagenzi babi. Vanessa w’imyaka 22 avuga ati: “Nari mfise umugenzi pfampfe twari tumaze imyaka nka cumi tuzinanye.” Yamara rero, uwo mugenzi ntiyerekwa ivyo Vanessa yemera kandi ntiyashigikira umugambi yari afise wo kubatizwa. Ivyo vyarababaza cane Vanessa. Avuga ati: “Birangora cane kuronka abagenzi, nkaba rero naratinya ko ndamuhevye ntokwigeze ndonka uwundi mugenzi somambike.”

Gutinya ko wohava ukora amakosa (Raba ingingo ya 7) *

7. Umwigeme yitwa Makayla yatinya iki, kandi kubera iki?

7 Gutinya ko wohava ukora amakosa. Makayla yari afise imyaka itanu igihe musazawe yacibwa. Amaze gukura, yarabonye ingene ivyo musazawe yakoze vyababaje cane abavyeyi biwe. Avuga ati: “Naratinya ko mbatijwe nohava nkora ikosa, ngacibwa, noneho nkaba ntumye abavyeyi banje barushiriza kugira umubabaro.”

Gutinya ko bokurwanya (Raba ingingo ya 9-11) *

8. Ni igiki umusore yitwa Miles yatinya?

8 Gutinya ko bokurwanya. Se wa Miles na mukase ni abasavyi ba Yehova, ariko nyina wiwe si Icabona. Miles avuga ati: “Nari maze imyaka 18 mbana na mawe, nkaba rero naratinya kumubwira ko nipfuza kubatizwa. Nari narabonye ukuntu yavyakiriye igihe dawe yaba Icabona. Naratinya ko nanje azoca andwanya.”

INGENE WOTSINDA IZO NTAMBAMYI

9. Bizogenda gute umenye ingene Yehova yihangana be n’ingene akundana?

9 Adamu na Eva bahisemwo kudakorera Yehova kubera ata rukundo rukomeye bari bamufitiye. Naho ari ukwo, Yehova yararetse barabandanya kubaho kugira bavyare abana kandi bihitiremwo ingene bazobarera. Kuba Adamu na Eva bahisemwo gutera akagere Yehova, ntivyatevye kugaragara ko bitaranga ubukerebutsi. Umuhungu wabo w’imfura yaragandaguye mutoyi wiwe amuhoye ubusa, mu nyuma na ho ubukozi bw’ikibi n’ubwikunzi bisigara vyiraye mu muryango w’abantu. (Ita. 4:8; 6:11-13) Ariko rero, Yehova yarashizeho uburyo bwo gukiza abakomoka kuri Adamu na Eva bipfuza kumukorera. (Yoh. 6:38-40, 57, 58) Niwarushiriza kumenya ingene Yehova yihangana be n’ingene akundana, uzokwumva urushirije kumukunda. Bizotuma wirinda ingendo Adamu na Eva bahisemwo maze wiyegurire Yehova.

Ingene wotsinda izo ntambamyi

(Raba ingingo ya 9-10) *

10. Kuzirikana kuri Zaburi 19:7 bishobora gute kugufasha gukorera Yehova?

10 Nubandanye kwiga ivyerekeye Yehova. Uko wiga vyinshi ku vyerekeye Yehova, ni ko urushiriza kwiyumvamwo ko ushobora kumukorera. Umwe Avery twavuga agira ati: “Kugira ubushakashatsi kuri Zaburi 19:7 (soma) no kuzirikana ku muhango uvugwamwo vyaratumye ndeka kwikengera.” Avery amaze kubona ingene Yehova yashikije uwo muhango, yaciye arushiriza kumukunda. Gukunda Yehova biratuma tureka kwikengera ariko kandi bikadufasha kwirinda ivyo yanka maze tugakora ibimuhimbara. Umwe Hannah twavuga na we agira ati: “Biciye ku gusoma Bibiliya no ku kwiyigisha, naratahuye ko iyo nibabaje ku mubiri mba ndiko ndababaza na Yehova.” (1 Pet. 5:7) Hannah yahavuye atangura ‘gushira mu ngiro ijambo ry’Imana.’ (Yak. 1:22) None vyavuyemwo iki? Avuga ati: “Maze kubona ingene kugamburukira Yehova bingirira akamaro, numvise ndushirije kumukunda. Ubu ndazi neza ko Yehova azonyobora igihe cose nzoba nkeneye gufashwa.” Hannah yarahevye ivyo kwigirira nabi ku mubiri. Yariyeguriye Yehova arabatizwa.

(Raba ingingo ya 11) *

11. Vanessa yakoze iki kugira aronke abagenzi beza, kandi ivyo bitwigisha iki?

11 Nuhitemwo neza abagenzi. Umwe Vanessa twavuga yahavuye abona ko wa mugenzi wiwe yariko aramubuza gukorera Yehova, aca aramuheba. Ariko yarakoze n’ibindi. Yarihatiye kurondera abandi bagenzi mw’ishengero. Avuga ko yafashijwe cane n’akarorero ka Nowa n’umuryango wiwe. Agira ati: “Naho bari bakikujwe n’abantu badakunda Yehova, bari bafitaniye ubucuti bwiza hagati yabo.” Vanessa amaze kubatizwa yarabaye umutsimvyi. Ubu avuga ati: “Ivyo vyaramfashije kuronka abagenzi mw’ishengero iwacu mbere no mu yandi mashengero.” Na wewe urashobora kwironkera abagenzi beza mu kurangura vyinshi bishoboka mu gikorwa Yehova yadushinze.​—Mat. 24:14.

(Raba ingingo ya 12-15) *

12. Ni ugutinya ukuhe Adamu na Eva batari bafise, kandi vyavuyemwo iki?

12 Nutsimbataze ugutinya kubereye. Ugutinya kwose ntikwama ari kubi. Nk’akarorero, turakwiye gutinya kubabaza Yehova. (Zab. 111:10) Iyo Adamu na Eva batinya kubabaza Yehova, ntibari kumugarariza. Ariko baramugararije, bica bituma amaso yabo yuguruka, bikaba bisobanura ko batahuye yuko bacitse abacumuzi. Ico gusa bari bashoboye kuraga abana babo cari igicumuro n’urupfu. Kubera ko batahuye ingene basigaye bameze, baramaramaye kubera bari gusa, baca baripfuka.​—Ita. 3:7, 21.

13-14. (a) Twisunze 1 Petero 3:21, ni kubera iki tudakwiye gutinya cane urupfu? (b) Ni imvo izihe zituma dukunda Yehova?

13 Naho dukwiye gutinya kubabaza Yehova, ntidukwiye gutinya cane urupfu. Yehova yaradutunganirije uburyo bwo kuronka ubuzima budahera. Igihe dukoze igicumuro mugabo tukigaya vy’ukuri, Yehova aratubabarira. Atubabarira kubera twizera incungu y’Umwana wiwe. Uburyo nyamukuru tugaragaza ko dufise ukwizera ni mu kwiyegurira Imana tukabatizwa.​—Soma 1 Petero 3:21.

14 Turi n’imvo nyinshi zotuma dukunda Yehova. Uretse ko aturonsa ivyiza twinovora buri musi, aranatwigisha ukuri ku bimwerekeye no ku vyerekeye imigambi yiwe. (Yoh. 8:31, 32) Yaraduhaye ishengero rya gikirisu rituyobora kandi rikadushigikira. Aradufasha kwikorera imitwaro yacu muri iki gihe, akaduha n’icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera tumerewe neza cane. (Zab. 68:19; Ivyah. 21:3, 4) Iyo tuzirikanye ibintu vyose Yehova amaze kudukorera kugira atwereke ko adukunda, duca twumva tumukunze cane. Igihe na ho dukunda Yehova, turagira ugutinya kubereye, ni ukuvuga gutinya kubabaza iyo Mana tuba dusigaye dukunda cane.

15. Makayla yatsinze gute ubwoba bw’uko azohava akora amakosa?

15 Umwe Makayla twavuga yatsinze ubwoba bw’uko azohava akora amakosa igihe yatahura ingene Yehova ababarira cane. Avuga ati: “Naratahuye ko ata n’umwe muri twebwe atunganye be n’uko twese dukora amakosa. Ariko kandi naratahuye ko Yehova adukunda be n’uko atubabarira yisunze incungu.” Urukundo akunda Yehova rwaratumye amwiyegurira maze arabatizwa.

(Raba ingingo ya 16) *

16. Ni igiki catumye Miles atsinda ubwoba yari afise?

16 Umwe Miles yatinya ko nyina wiwe yomurwanije aramutse afashe ingingo yo kubatizwa, yarituye umucungezi w’umuzunguruko. Miles avuga ati: “Na we nyene, umuvyeyi wiwe umwe ni we yari Icabona. Yaramfashije kwiyumvira ivyo novuga kugira njijure mawe yuko ari jewe nifatiye ingingo yo kubatizwa be n’uko dawe atariko arampata.” Nyina wa Miles ntiyahimbawe n’ingingo yafashe. Naho Miles yabwirijwe kuva kwa nyina, yarumiyeko. Avuga ati: “Kumenya ivyiza vyose Yehova yankoreye vyarankoze ku mutima. Maze kuzirikana ku bijanye n’incungu ya Yezu, naratahuye ingene Yehova ankunda cane. Ivyo vyatumye ndamwiyegurira maze ndabatizwa.”

NIWUMIRE KU NGINGO WAFASHE

Turashobora kwerekana ko dukenguruka ivyo Imana yadukoreye mu kubatizwa (Raba ingingo ya 17)

17. Ni akaryo akahe dufise?

17 Igihe Eva yarya kuri ca giti muri Edeni, yari ateye akagere Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru. Igihe Adamu yamushigikira, yari yerekanye ko asuzuguye bimwe vy’akamaramaza ivyiza vyose Yehova yari yaramukoreye. Twese turafise akaryo ko kwerekana yuko tudashigikiye iyo ngingo bafashe. Iyo tubatijwe, tuba tweretse Yehova yuko twemera ko ari we afise uburenganzira bwo kudushingira ingingo ngenderwako zigenga iciza n’ikibi. Tuba twerekanye ko dukunda uwo Muvyeyi wacu be n’uko tumwizigira.

18. Ushobora gute kuroranirwa mu gukorera Yehova?

18 Tumaze kubatizwa, urugamba turwana ni ukubaho buri musi twisunga ingingo ngenderwako za Yehova, aho kwisunga izacu. Abantu amamiliyoni baratsinda urwo rugamba buri mwaka. Na wewe wobishobora ugumye urushiriza gutahura Ijambo ry’Imana Bibiliya, ukifatanya n’Ivyabona bagenzawe udahorereza, kandi ukabwira abandi ivyo wize ku bijanye n’Umuvyeyi wawe akundana ubigiranye umwete. (Heb. 10:24, 25) Igihe ufata ingingo, niwumvirize impanuro Yehova atanga biciye kw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe. (Yes. 30:21) Gutyo, ivyo ukora vyose bizororanirwa.​—Imig. 16:3, 20.

19. Ni igiki ukwiye kubandanya uzirikana, kandi kubera iki?

19 Niwabandanya kuzirikana ingene ubuyobozi Yehova atanga bukugirira akamaro, urukundo umukunda be n’urwo ukunda ingingo ngenderwako ziwe ruzokomera. Gutyo, nta kintu na kimwe Shetani atanga kizotuma ureka gukorera Yehova. Niwihe ishusho nk’inyuma y’imyaka igihumbi guhera ubu. Usubije amaso inyuma, uzobona ko kubatizwa ari yo ingingo nziza kuruta izindi zose wafashe.

URURIRIMBO RWA 28 Ni nde aba umugenzi wa Yehova?

^ ing. 5 Kubatizwa canke kutabatizwa ni yo ngingo ihambaye kuruta izindi zose ushobora gufata. Kubera iki none iyo ngingo ihambaye cane? Iki kiganiro kirishura ico kibazo. Kiraza kandi kwereka abariko biyumvira kubatizwa ingene botsinda intambamyi zotuma bagonanwa gutera iyo ntambwe.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Kwikengera: Umusore aciye yikengera igihe yumvise se ariko arishura kw’ikoraniro.

^ ing. 58 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abagenzi: Mushikiwacu akiri muto ari kumwe n’umugenzi mubi, aciye agira isoni abonye Ivyabona bariko baramamaza ku mugaragaro.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Amakosa: Umwigeme atinya ko nawe nyene yohava akora ikosa rikomeye kuko abonye musazawe yaciwe avuye muhira.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Kurwanywa: Umuhungu atinya gusenga kuko nyina atari Icabona amubona.

^ ing. 65 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Kwikengera: Umusore ariko arushiriza kwiyigisha Bibiliya.

^ ing. 67 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abagenzi: Mushikiwacu akiri muto arahimbawe no kwamamaza.

^ ing. 69 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Amakosa: Umwigeme yanyuzwe n’ukuri, akaba agiye kubatizwa.

^ ing. 71 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Kurwanywa: Umuhungu ariko arasigurira nyina atari Icabona ivyo yemera, abigiranye umutima rugabo.