Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova arahimbarwa igihe uvuze “amen”

Yehova arahimbarwa igihe uvuze “amen”

YEHOVA araha agaciro ugusenga kwacu. “Aguma ateze ugutwi, yumviriza” abasavyi biwe, kandi arabona ikintu cose dukora mu kumushemeza naho coba ari gitoyi. (Mal. 3:16) Nk’akarorero, rimbura ijambo “amen” dukunze gukoresha akatari gake. Yehova yoba aha agaciro n’iryo jambo risanzwe? Cane nyene! Kugira tumenye igituma ariha agaciro, reka turimbure ico risobanura n’ingene rikoreshwa muri Bibiliya.

“ABANTU BOSE BAZE BAVUGE BATI: ‘AMEN!’”

Ijambo “amen” risobanura ngo “ni bibe ukwo nyene” canke ngo “nta nkeka.” Rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo “ube umwizigirwa.” Rimwe na rimwe ryarakoreshwa mu bijanye n’amategeko. Umuntu ahejeje kurahira, yarashobora kuvuga ngo “amen” kugira yemeze ko ivyo yavuze ari ukuri be n’uko yemanze inkurikizi zizovamwo. (Guh. 5:22) Igihe yaba avuze ngo “amen,” vyaratuma arushiriza kubona ko ategerezwa gushitsa ivyo yasezeranye.​—Neh. 5:13.

Akarorero kadasanzwe k’ingene iryo jambo “amen” rikoreshwa karaboneka mu Gusubira mu vyagezwe ikigabane ca 27. Abisirayeli bamaze kwinjira mu Gihugu c’isezerano, barakoraniye hagati y’Umusozi Ebali n’Umusozi Gerizimu kugira basomerwe Itegeko. Ntibagiyeyo kugira bumvirize gusa ariko kandi bategerezwa kwerekana ko bemeye iryo Tegeko. Ivyo babigize mu kuza baravuga ngo “amen” igihe baba babasomeye ingaruka zo kugambarara. (Gus. 27:15-26) Niwihe ishusho abantu ibihumbi bagizwe n’abagabo, abagore n’abana bariko barishurira rimwe n’ijwi rirenga. (Yos. 8:30-35) Nta gukeka ko batigeze bibagira ivyo bavuze uwo musi. Kandi abo Bisirayeli barashikije ivyo basezeranye, kuko Bibiliya ivuga iti: “Isirayeli ibandanya gukorera Yehova imisi yose ya Yosuwa n’imisi yose y’abagabo b’inararibonye babandanije kubaho inyuma ya Yosuwa kandi bari baramenye igikorwa cose ca Yehova, ico yakoreye Isirayeli.”​—Yos. 24:31.

Na Yezu yarakoresheje ijambo “amen” mu kwerekana ko ivyo avuze ari ukuri, ariko we yabigize mu buryo butandukanye n’ubwo. Ntiyishura ngo “amen” igihe hari uwuvuze ikintu, ahubwo yakoresha iryo jambo (irihindurwa mu kirundi ngo “ni ukuri”) kugira yerekane ko agira avuge ikintu c’ukuri. Rimwe na rimwe yarasubiramwo iryo jambo kabiri, akaba nk’aho avuze ngo “amen amen.” (Mat. 5:18; Yoh. 1:51) Gutyo yaba yeretse abariko baramwumviriza ko avuze ukuri kudahinduka. Yezu yarashobora gukora ico kintu kubera ko yahawe ububasha bwo gutuma ivyo Imana yasezeranye vyose biranguka.​—2 Kor. 1:20; Ivyah. 3:14.

“ABANTU BOSE BAVUGA BATI: ‘AMEN!’ BONGERA BASHEMEZA YEHOVA”

Abisirayeli barakoresha kandi ijambo “amen” mu gushemeza Yehova no mu kumusenga. (Neh. 8:6; Zab. 41:13) Igihe ababa baserukiwe mw’isengesho bavuze iryo jambo, baba berekanye ko bemeye ivyavuzwe muri iryo sengesho. Ababa bariko barasenga bose rero barashobora kwifatanya n’abandi bigatuma ico kiringo kirushiriza kuba igihimbaye. Ukwo ni ko vyagenze igihe Umwami Dawidi yazana Isandugu ya Yehova i Yeruzalemu. Mu birori vyabaye, yaratuye isengesho rikora ku mutima ritunganijwe nk’ururirimbo riboneka mu 1 Ngoma 16:8-36. Abari ng’aho barakozwe ku mutima n’ayo majambo ku buryo “abantu bose bavuga bati: ‘Amen!’ bongera bashemeza Yehova.” Iyo nyishu batangiye rimwe yaratumye uwo musi urushiriza kuba uwuhimbaye.

Abakirisu bo mu kinjana ca mbere na bo nyene barakoresha ijambo “amen” mu gushemeza Yehova. Abanditsi ba Bibiliya bararikoresheje kenshi mu vyo banditse. (Rom. 1:25; 16:27; 1 Pet. 4:11) Mbere igitabu c’Ivyahishuwe kivuga ko ibiremwa vy’impwemu vyo mw’ijuru bininahaza Yehova mu kuvuga biti: “Amen! Shemeze Ya!” (Ivyah. 19:1, 4) Ku makoraniro, abakirisu bo mu ntango wasanga basozera isengesho mu kuvuga ngo “amen.” (1 Kor. 14:16) Ariko iryo jambo ntibarivuga ku bwo guheza umwuga.

IGITUMA BIHAMBAYE KO TUVUGA “AMEN”

Ko duhejeje kubona ingene ijambo “amen” ryagiye rirakoreshwa, duca dutahura igituma bihambaye ko turivuga inyuma y’isengesho. Igihe tubigize tuba twerekanye ko twavuze ibivuye ku mutima. Vyongeye iyo tuvuze ngo “amen” igihe baduserukiye mw’isengesho, mbere naho twobivugira mu mutima, tuba twerekanye ko dushigikiye ibihejeje kuvugwa. Rimbura ibindi bitwereka igituma bihambaye ko tuvuga “amen.”

Biratuma dutega yompi igihe turiko turasenga. Igihe dusenga, igihambaye si ivyo tuvuga gusa mu gusozera, ariko n’inyifato yacu mu gihe c’isengesho irahambaye. Kubera ko twipfuza kuvuga “amen” tubikuye ku mutima, biradufasha kugumana inyifato nziza no gutega yompi.

Biratuma twunga ubumwe. Igihe hari uwuserukiye ishengero mw’isengesho, avuga mw’izina ry’abahari bose. (Ivyak. 1:14; 12:5) Igihe dufadikanije n’abavukanyi na bashiki bacu mu kwishura, turarushiriza kwunga ubumwe. Tuvuze “amen” n’ijwi ryumvikana canke tukabivugira mu mutima, biraha Yehova imvo ziyongereye zo kwishura iryo sengesho.

Igihe tuvuze ngo “amen” biratuma Yehova ashemezwa

Birashemeza Yehova. Yehova arabona utuntu twose dukora tujanye no kumusenga. (Luka 21:2, 3) Arabona imvo dukorana ibintu n’ibiri mu mutima wacu. N’igihe twoba dukurikiranira amakoraniro kuri telefone, turashobora kwemera tudakeka ko Yehova yumva “amen” tuvuga. Tuba twifadikanije n’abandi bariko baramushemeza.

Twoshobora kubona umenga “amen” yacu nta kintu kinini ivuze, mugabo si ko biri namba. Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kivuga ko “biciye ku gukoresha iryo jambo rimwe gusa,” abasavyi b’Imana baserura ko “ata mazinda bafise, ko bashigikiye cane [ibivuzwe] be n’uko bafise icizigiro gikomeye mu mutima wabo.” Ese igihe cose tuvuze ngo “amen” vyohimbara Yehova!​—Zab. 19:14.