Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Kera ingenzi yabigenza gute mu gufata urugendo rwo mu mazi?

MU GIHE ca Paulo, amato ahariwe ingenzi gusa muri rusangi ntiyabaho. Kugira ingenzi zifate urugendo, zabanza kubaza abandi nimba bazi ubwato bw’ibidandazwa buzoja iyo zitegekanya kuja be n’uko bwokwemera gutwara abantu. (Ivyak. 21:2, 3) N’igihe nyene ubwo bwato butaba bugiye neza na neza iyo ingenzi yaba ishaka kuja, bugeze ku bivuko bimwebimwe yarashobora kuronka ubundi bwato bugiye hafi y’aho iriko iraja.​—Ivyak. 27:1-6.

Ingendo zo mu mazi zagirwa mu bihe bimwebimwe vy’umwaka, kandi amato wasanga ahindagura imisi y’ingendo. Uretse ko urugendo rwashobora gusiba kubera ikirere kimeze nabi, abasozabwato bemera ibintazi barasivya ingendo babonye ibimenyetso bibi, nk’igihe igikona gitanguye kwanagira ku bwato, canke babonye ibisigarira vy’ubwato bwasavye ku nkengera. Abasozabwato babonye ikirere ari ciza na ho ntibagisha ako karyo, baca bafata urugendo. Ingenzi ironse ubwato bwemera kuyitwara, yaca igenda ku kivuko n’imizigo yayo ikarindira ko bayimenyesha ko nya bwato bugira buhaguruke.

Umuhinga mu vya kahise yitwa Lionel Casson avuga ati: “Igisagara ca Roma carorohereza abantu kuronka ubwato batiriwe barahangayika. Ikivuko caho cari ku Ruzi Tibure. Mu gisagara ca Ositiya cari hafi yaho, hariho ikibuga kinini gikikujwe n’amabiro. Menshi muri yo yari ay’abafise amato ku bivuko bitandukanye: ab’i Narbonne [ubu ni mu Bufaransa] bari bafise ibiro vyabo, ab’i Carthage [ubu ni muri Tiniziya] bakagira rwabo, . . . gutyo gutyo. Uwo wese yashaka gufata urugendo yapfa gusa kuja kubaza muri ivyo biro ubwato buja mu gisagara ico ari co cose yipfuza kujamwo.”

Ingendo zo mu mazi zaracungura umwanya, ariko kandi zarimwo ingeramizi. Akatari gake, Paulo ubwato bwaramusabiyeko ari mu ngendo z’ubumisiyonari.​—2 Kor. 11:25.