Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 20

Ingene twohumuriza abakorewe amabi

Ingene twohumuriza abakorewe amabi

“Imana y’uruhoza rwose, i[ra]duhoza mu makuba yacu yose.”​—2 KOR. 1:3, 4.

URURIRIMBO RWA 134 Abana ni ingabire iva ku Mana

INCAMAKE *

1-2. (a) Ni akarorero akahe kerekana ko tuvuka dukeneye guhumurizwa be n’uko dufise ububasha bwo guhumuriza abandi? (b) Abana bamwebamwe bahura n’ingorane iyihe?

TWESE tuvuka dukeneye guhumurizwa kandi turafise ububasha budasanzwe bwo guhumuriza abandi. Nk’akarorero, igihe umwana mutoyi atemvye ariko arakina agakomereka kw’ivi, yoshobora guca yiruka arira kwa nyina canke se. Naho abo bavyeyi batoshobora guca bamukiza ico gikomere, barashoboye kumuhoza. Baramushishitira, bakamuhanagura amosozi, bakamubwira utujambo two kumuhoza, kumbure bakamushirako umuti canke bakahatubika. Bidatevye, wa mwana arahora mbere agasubira gukina. Bukebuke, ca gikomere kirateba kigakira.

2 Ariko rero, birashika abana bagakomereka mu bundi buryo bubabaje kuruta. Bamwebamwe barakorerwa amabi mu vy’igitsina. Barashobora kuyakorerwa rimwe canke bakamara imyaka myinshi bayakorerwa. Uko biba vyagenze kwose, ayo mabi arashobora gusiga inkovu zikomeye mu mutima. Rimwe na rimwe, uwayakoze arafatwa agahanwa, ikindi gihe na ho kakaba akamizwe n’ingoma. Yamara n’igihe iyo nkozi y’ikibi yoba yahanywe, uwakorewe ayo mabi yoshobora kugumana intuntu n’agahinda gushika no mu busaza.

3. Nk’uko bivugwa mu 2 Abakorinto 1:3, 4, Yehova yipfuza iki, kandi twihweza ibibazo ibihe?

3 None nimba hari umukirisu yakorewe amabi mu bwana akaba agifise inkovu ku mutima amaze gukura, ni igiki comuhumuriza? (Soma 2 Abakorinto 1:3, 4.) Biragaragara ko Yehova yipfuza yuko intama ziwe zironka urukundo n’uruhoza zikeneye. Nimuze rero twihweze ibi bibazo bitatu: (1) Kubera iki abakorewe amabi mu bwana bokenera guhumurizwa? (2) Ni bande bobahumuriza? (3) Twobahumuriza gute mu buryo ngirakamaro?

KUBERA IKI BAKENEYE GUHUMURIZWA?

4-5. (a) Kubera iki bihambaye ko dutahura yuko abana batandukanye n’abakuze? (b) Gukorera amabi umwana bishobora gutuma abona gute abandi?

4 Abantu bamwebamwe bakorewe amabi mu bwana boshobora kuba bagikeneye guhumurizwa, naho nyene hoba haheze imyaka myinshi bibaye. Uti kubera iki? Kimwe coco, twomenya ko abana batandukanye cane n’abakuze. Akenshi iyo umwana afashwe nabi biramugirako ingaruka zikomeye kuruta uko bigenda ku wukuze. Raba imvo zimwezimwe.

5 Abana barakenera kwiyumvamwo no kwizigira ababarera n’ababitwararika. Ivyo bituma abana bumva batekanye kandi birabigisha kwizigira ababakunda. (Zab. 22:9) Ikibabaje ni uko akenshi abakorera amabi abana ari barya babana, incuti zabo canke abagenzi b’incuti zabo. Igihe rero umwana ahemukiwe n’umuntu yari yizigiye nk’uyo, birashobora gutuma atoroherwa no kwizigira abandi, mbere n’inyuma y’imyaka myinshi.

6. Kubera iki kwonona abana bibagirira nabi cane?

6 Abana ntibashobora kwirwanira. Kubonona rero birabagirira nabi cane. Guhumbisha abana kandi hagisigaye imyaka myinshi ngo bakure mu bwenge no ku mubiri birashobora kubagirira nabi cane. Ayo mabi arashobora gutuma basigara babona nabi ibijanye n’igitsina, bakikengera kandi bakabona nabi abandi.

7. (a) Kubera iki vyorohera umuntu w’igipfamutima guhenda umwana, kandi ashobora kubigenza gute? (b) Ivyo binyoma bishobora kugira ingaruka izihe ku mwana?

7 Abana ntibaba baragera aho bamenya gutandukanya icatsi n’ururo canke kwirinda akaga. (1 Kor. 13:11) Bica rero vyorohera abantu b’ibipfamutima kubahenda. Abahumbisha abana usanga babahenda cane, nko mu kubabwira ko batohirahira ngo babivuge, ko baramutse babivuze bazobaga bifasha kuko ata wuzobumviriza, canke ko iyo uwukuze asambanye n’umwana ari ikintu gisanzwe cane cerekana ko bikundanira. Uwo mwana yoshobora guca amara imyaka n’imyaka ataramenya ko ivyo ari ibinyoma. Yoshobora gukura abona ko atakivayo, ko yahumanye be n’uko atabereye gukundwa canke guhumurizwa.

8. Kubera iki twokwemera ata mazinda ko Yehova ashobora guhoza abakorewe amabi?

8 Ntibitangaje rero kubona kwonona abana bigira ingaruka z’igihe kirekire. Ese ukuntu ari akabi kabishe! Ako karanda ni ikimenyamenya c’uko turi mu misi ya nyuma, aho benshi “batiyumvamwo ababo,” aho kandi “abantu b’ababisha be n’abahumvyi bazogenda barushiriza kuba babi.” (2 Tim. 3:1-5, 13) Amayeri ya Shetani ni ay’ububisha gusa, kandi birababaza kubona abantu bakora ibinezereza uwo mubisha. Ariko Yehova arakomeye gusumba Shetani n’abamukorera. Arabona ivyo Shetani yigira vyose. Turashobora rero kwemera ata mazinda ko Yehova abona umubabaro turimwo be n’uko ashobora kuturonsa uruhoza dukeneye. Ni agateka kuba dukorera iyo “Mana y’uruhoza rwose, iyiduhoza mu makuba yacu yose, kugira ngo natwe dushobore guhoza abari mu makuba y’ubwoko bwose, biciye ku ruhoza Imana iduhoresha.” (2 Kor. 1:3, 4) Ariko none, ni bande Yehova akoresha mu gutanga uruhoza?

NI BANDE BOBAHUMURIZA?

9. Twisunze amajambo y’Umwami Dawidi dusanga muri Zaburi 27:10, Yehova akorera iki abatawe n’ababo?

9 Abatakingiwe n’abavyeyi babo canke abononywe n’abobakingiye ni bo canecane woshobora gusanga bakeneye guhumurizwa. Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yari azi ko twokwizigira yuko Yehova azokwama aduhoza. (Soma Zaburi 27:10.) Yaremera ko Yehova yitorera abatawe n’ababo. None Yehova abigira gute? Akoresha abantu bamukorera badahemuka. Abo dusangiye ukwizera ni umuryango wacu wo mu vy’impwemu. Nk’akarorero, Yezu yavuze ko abari bamukurikiye kugira basenge Yehova ari bo bene wabo, bashiki we be na nyina.​—Mat. 12:48-50.

10. Intumwa Paulo yadondoye gute igikorwa ciwe c’ubukurambere?

10 Rimbura akarorero kerekana ingene ishengero rya gikirisu rimeze nk’umuryango. Intumwa Paulo yari umukurambere w’umunyamwete kandi w’umwizigirwa. Yari akarorero keza, akaba mbere yahimirije abandi ahumekewe n’Imana ngo bamwigane nk’uko yigana Kristu. (1 Kor. 11:1) Paulo yarigeze kudondora igikorwa ciwe c’ubukurambere ati: “Twabaye abengenga muri mwebwe, nk’igihe umuvyeyi yonsa abungabunga abana biwe.” (1 Tes. 2:7) Abakurambere b’intahemuka muri iki gihe na bo nyene barakoresha amajambo y’ikibabarwe n’ukwengenga igihe bifashisha Ivyanditswe mu guhumuriza ababikeneye.

Akenshi, bashiki bacu bahumuye barashobora kuremesha cane abandi (Raba ingingo ya 11) *

11. Ni igiki cerekana ko abakurambere atari bo gusa bashobora guhoza abandi?

11 None abakurambere boba ari bo gusa bashobora guhoza abakorewe amabi? Eka data. Twese turafise ibanga ryo ‘kuguma duhozanya.’ (1 Tes. 4:18) Bashiki bacu bahumuye mu vy’impwemu barashobora cane kuremesha bashiki bacu bakeneye uruhoza. Birabereye kubona Yehova Imana avuga ko ameze nka inabibondo ahoza umwana wiwe. (Yes. 66:13) Bibiliya irimwo uburorero bw’abakenyezi bahumurije abari batuntuye. (Yobu 42:11) No muri iki gihe, Yehova aranezerwa cane iyo abonye ingene abakenyezi bahumuriza bagenzi babo bariko baranyinyana n’ibikomere vyo ku mutima. Rimwe na rimwe, abakurambere barashobora gusaba mw’ibanga mushiki wacu ahumuye ngo ahumurize uwundi mushiki wacu atuntuye. *

TWOBAHUMURIZA GUTE?

12. Ni igiki tubwirizwa kwirinda?

12 Mu bisanzwe, tubwirizwa kwirinda gusokoroza umukirisu mugenzi wacu ibintu ashima kugira ibanga. (1 Tes. 4:11) Ariko none twokwitwararika gute abakeneye gufashwa no guhozwa? Nimuze twihweze ibintu bitanu twogira bishingiye ku Vyanditswe.

13. Nk’uko bivugwa mu 1 Abami 19:5-8, umumarayika wa Yehova yakoreye iki Eliya, kandi twomwigana gute?

13 Nubakorere ikintu kiboneka. Igihe umuhanuzi Eliya yariko aranyaga amagara, yaracitse intege cane ku buryo yipfuza gupfa. Yehova yaciye arungika umumarayika w’inkomezi aja kuraba uwo mugabo yari yihebuye. Nya mumarayika yarafashije Eliya mu buryo buboneka. Yaramuhaye ibifungurwa yongera aramuremesha ngo afungure. (Soma 1 Abami 19:5-8.) Iyo nkuru iratwigisha uku kuri guhambaye: Ikintu gisanzwe dukoreye umuntu kirashobora kumufasha cane. Umuvukanyi canke mushiki wacu yacitse intege arashobora kurema igihe tumuhaye udufungurwa, akantu gasanzwe, canke agakete kerekana ko twamuzirikanye kuko bimukura amazinda ko tumukunda kandi ko tumwitwararika. Nimba rero twumva bitotworohera kuyaga na we ikintu c’ibanga canke camubabaje, hari aho vyotworohera kumuha ikintu ngirakamaro mwene ico.

14. Ni icigwa ikihe dukura ku nkuru ya Eliya?

14 Nutume bumva ko bisanze kandi ko batekaniwe. Hari ikindi cigwa dukura ku nkuru ya Eliya. Yehova yaramuhaye ku gitangaro imfashanyo yari akeneye kugira agende urugendo rurerure rwamushikanye ku Musozi Horebu. Eliya ashitse muri ako karere ka kure, ashobora kuba yarumvise atekanye kubera ari ho Yehova yari amaze ibinjana bitari bike agiraniye isezerano n’abasavyi biwe. Ashobora kuba yaciye yumva ko agiye yashika kure y’abansi bariko barondera kumugirira nabi. None tuhigira iki? Kugira dushobore guhumuriza abakorewe amabi, vyoba vyiza tubanje gutuma bumva ko batekaniwe. Nk’akarorero, abakurambere bokwibuka ko mushiki wacu atuntuye yoshobora kwumva atekaniwe bayagiye muhira hako bayagira mu cumba ca kabiri co ku Ngoro y’Ubwami. Ariko rero hari uwundi yokwumva atekaniwe bayagiye ku Ngoro.

Turashobora guhumuriza abandi mu kubatega yompi twihanganye, mu gusengana ubwira no mu guhitamwo amajambo aremesha (Raba ingingo ya 15-20) *

15-16. Gutega yompi bisobanura iki?

15 Nubatege yompi. Bibiliya iduhanura itomora iti: “Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga.” (Yak. 1:19) Twoba none tuzi gutega yompi? Hari aho twokwiyumvira ko gutega yompi ari ukwicara ng’aho gusa, ukaguma uraba nya muntu mu maso udakurako umunwa. Ariko gutega yompi birimwo n’ibindi uretse ivyo. Nk’akarorero, Eliya yahavuye asukira Yehova ivyari bimubabaje, kandi Yehova yaramuteze yompi vy’ukuri. Yehova yaratahuye ko Eliya yari afise ubwoba, ko yumva ari nk’agati kari mu ruzi be n’uko yabona ko ivyo yakoze vyose vyabaye impfagusa. Yehova abigiranye urukundo yaritwararitse kimwekimwe mu bibazo Eliya yari afise. Yarerekanye ko yari yamwumvirije vy’ukuri.​—1 Abm. 19:9-11, 15-18.

16 None igihe dutega amatwi abandi, dushobora gute kubagaragariza impuhwe n’ikibabarwe, ari na vyo vyerekana ko tubakunda? Rimwe na rimwe, amajambo makeyi gusa arimwo ukwiyubara n’ubwitwararitsi yoshobora guserura ingene twiyumva. Woshobora kuvuga uti: “Sha, ndababajwe n’ivyagushikiye. Nta mwana yari akwiye kugirirwa nk’ivyo.” Kumbure womubaza akabazo kamwe canke tubiri kugira wiyemeze ko watahuye ivyo akubwiye. Woshobora kumubaza uti: “Nimba nagutahuye, woba washatse kuvuga . . . ?” Amajambo nk’ayo aranga urukundo yoshobora gusubiriza umutima mu nda uwo muntu ko uriko uramwumviriza, urondera kumutahura.​—1 Kor. 13:4, 7.

17. Kubera iki dukwiye kwihangana kandi ‘tugateba kuvuga’?

17 Yamara rero, uraba maso “[u]tebe kuvuga.” Niwirinde kumuciramwo urondera kumuhanura canke kumukosora. Niwihangane. Igihe Eliya yahava agasukira Yehova ivyari ku mutima, yakoresheje amajambo akomeye kandi aserura akababaro. Mu nyuma, Yehova ahejeje gukomeza ukwizera kwa Eliya, uwo muhanuzi yaciye asubira gusuka ibiri ku mutima akoresheje ya majambo nyene. (1 Abm. 19:9, 10, 13, 14) None tuhigira iki? Rimwe na rimwe, abatuntuye usanga bakenera gusuka ibiri ku mutima incuro nyinshi. Cokimwe na Yehova rero, dukwiye kubatega yompi twihanganye. Aho kugerageza kubabwira ico bokora, twobagaragariza impuhwe n’ikibabarwe.​—1 Pet. 3:8.

18. Amasengesho yacu ashobora gute guhumuriza abishwe n’intuntu?

18 Nusengane ubwira uri kumwe n’uwutuntuye. Abishwe n’intuntu vyoshobora kubagora gusenga. Birashika mbere umuntu akumva umengo ntabereye kwiyegereza Yehova. Kugira duhumurize umuntu nk’uyo, twotura isengesho turi kumwe na we, tukamuvuga mw’izina. Twobwira Yehova ingene twebwe be n’ishengero dukunda cane uwo muntu yavunitse umutima. Twosaba Yehova ngo ahoze iyo ntama yiwe y’agaciro yongere ayihumurize. Amasengesho mwene ayo arashobora kuremesha cane uwo muntu.​—Yak. 5:16.

19. Twokora iki imbere yo kuremesha umuntu?

19 Nuhitemwo amajambo aremesha. Nuzirikane imbere yo kuvuga. Amajambo uvuze utiyumviriye arababaza, ariko amajambo aranga ubuntu aravura. (Imig. 12:18) Nusabe Yehova rero agufashe kuronka amajambo meza, aremesha kandi ahumuriza. Uribuka ko ata majambo ariho afise ububasha kuruta amajambo ya Yehova ubwiwe dusanga muri Bibiliya.​—Heb. 4:12.

20. Uwakorewe amabi ashobora gusigara yibona gute, kandi ni igiki dukwiye kumwibutsa?

20 Uwakorewe amabi yoshobora gusigara abona ko yanduye, ko ata co amaze canke adakundwa, mbere ko adashobora gukundwa. Mbega ukuntu ari ukwibesha! Nukoreshe rero Ivyanditswe kugira umwibutse ko ari n’agaciro mu nyonga za Yehova. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Uruhoza dukura mu Vyanditswe.”) Niwibuke ingene umumarayika yakomeje umuhanuzi Daniyeli abigiranye ubuntu igihe Daniyeli yari yadendebukiwe kandi yihebuye. Yehova yashaka ko Daniyeli amenya yuko ari uw’agaciro. (Dan. 10:2, 11, 19) Abavukanyi na bashiki bacu batuntuye na bo nyene bari n’agaciro kuri Yehova.

21. Abacumuzi batigaya bizobagendera gute, ariko ni igiki twese twokwiyemeza gukora mu kurindira?

21 Igihe duhumurije abandi, tuba tubibukije ko Yehova abakunda. Vyongeye, ntidukwiye kwigera twibagira ko Yehova ari Imana y’ubutungane. Arazi abantu bose bakorewe amabi. Yehova aratubona twese, kandi azohana abacumuzi bose batigaya. (Guh. 14:18) Mu kurindira, nimuze twese dukore ivyo dushoboye vyose kugira tugaragarize urukundo abakorewe amabi. Ese kandi ukuntu bihumuriza kumenya ko Yehova azokiza rimwe rizima abo bose bakorewe amabi na Shetani be n’isi yiwe! Vuba, ivyo bintu bibabaje ntibizokwigera bisubira kwibukwa canke kuza mu mutima.​—Yes. 65:17.

URURIRIMBO RWA 109 Dukundane cane bivuye ku mutima

^ ing. 5 Abakorewe amabi mu vy’igitsina bakiri abana boshobora kuguma banyinyana n’ingorane, mbere n’inyuma y’imyaka myinshi. Iki kiganiro kiradufasha gutahura ikibituma. Turaza kubona kandi aboba bashoboye guhumuriza mwene abo bantu. Mu nyuma, turarimbura uburyo ngirakamaro bumwebumwe twoshobora kubahumuriza.

^ ing. 11 Uwakorewe amabi ni we yifatira ingingo yo kurondera gufashwa n’umuganga yabinonosoye.

^ ing. 76 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mushiki wacu ahumuye ariko arahumuriza mushiki wacu atuntuye.

^ ing. 78 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abakurambere babiri bagendeye umwe mushiki wacu atuntuye. Yaciye atumira umwe mushiki wacu ahumuye.