Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 18

Urukundo n’ubutungane mw’ishengero rya gikirisu

Urukundo n’ubutungane mw’ishengero rya gikirisu

“Mubandanye kwikoreranira imizigo, gutyo mushitse rya tegeko rya Kristu.”​—GAL. 6:2.

URURIRIMBO RWA 12 Mana ihambaye Yehova

INCAMAKE *

1. Ni ibintu bibiri ibihe twokwemera tudakeka?

YEHOVA IMANA arakunda abasavyi biwe. Yamye abakunda kandi azokwama abakunda. Vyongeye, arakunda ubutungane. (Zab. 33:5) Turashobora rero kwemera tudakeka ibi bintu bibiri: (1) Yehova arababara cane igihe abasavyi biwe barenganijwe. (2) Azokwitwararika ko ubutungane bushitswa. Mu kiganiro ca mbere c’uru rukurikirane, * twarabonye ko rya Tegeko Imana yaha Isirayeli biciye kuri Musa ryari rishingiye ku rukundo. Iryo Tegeko ryasaba ko abantu bose batunganirizwa, mbere n’abatagira gitabara. (Gus. 10:18) Riratwereka ko Yehova yitwararika cane abasavyi biwe.

2. Ni ibibazo ibihe tuza kwishura?

2 Rya Tegeko rya Musa ryahagaze mu 33, igihe ishengero rya gikirisu ryashingwa. None vyoba bisobanura ko abakirisu batobaye bafise itegeko rishingiye ku rukundo rikaremesha n’ubutungane? Habe namba! Abakirisu bari barahawe itegeko rishasha. Muri iki kiganiro, turabanza turabe iryo tegeko iryo ari ryo. Mu nyuma, turaza kwishura ibi bibazo: Kubera iki twovuga ko iryo tegeko rishingiye ku rukundo? Kubera iki twovuga ko riremesha ubutungane? Twisunze iryo tegeko, abantu bafise ubukuru bakwiye gufata gute abandi?

“ITEGEKO RYA KRISTU” NI IKI?

3. “Itegeko rya Kristu” rivugwa mu Bagalatiya 6:2 rigizwe n’iki?

3 Soma Abagalatiya 6:2. Abakirisu bagengwa n’“itegeko rya Kristu.” Naho Yezu atandikiye abayoboke biwe urutonde rw’amategeko, yarabahaye ubuyobozi, amabwirizwa be n’ingingo ngenderwako bokwisunga. “Itegeko rya Kristu” rigizwe n’ibintu vyose Yezu yigishije. Kugira dutahure neza iryo tegeko, reka turimbure ibintu bikurikira.

4-5. Yezu yigishije mu buryo butandukanye ubuhe, kandi yigishije ryari?

4 Yezu yigishije mu buryo butandukanye ubuhe? Yarigishije abantu biciye ku vyo yavuga. Amajambo yiwe yari afise ububasha kuko yaserura ukuri kwerekeye Imana, agashira ahabona intumbero nyakuri y’ubuzima akongera akerekana ko Ubwami bw’Imana ari wo muti w’ingorane zose abantu bafise. (Luka 24:19) Yezu yarigishije kandi biciye ku karorero yatanga, aba yeretse abayoboke biwe uko bakwiye kubaho.​—Yoh. 13:15.

5 Yezu yigishije ryari? Yarigishije mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi. (Mat. 4:23) Yarigishije kandi abayoboke biwe haciye igihe gito azutse. Nk’akarorero, yariyeretse umugwi w’abigishwa kumbure barenga 500, maze abategeka ‘guhindura abantu abigishwa.’ (Mat. 28:19, 20; 1 Kor. 15:6) Kubera ko Yezu ari umutwe w’ishengero, yarabandanije kwigisha abayoboke biwe inyuma y’aho asubiriye mw’ijuru. Nk’akarorero, amaja mu 96 yarasavye intumwa Yohani kuremesha no guhanura abakirisu barobanuwe.​—Kol. 1:18; Ivyah. 1:1.

6-7. (a) Inyigisho za Yezu zanditswe hehe? (b) Dukurikiza gute itegeko rya Kristu?

6 Inyigisho za Yezu zanditswe hehe? Muri za Njili zine ni ho dusanga ibintu vyinshi Yezu yavuze be n’ivyo yakoze igihe yari kw’isi. Ibindi bitabu vyo mu Vyanditswe vy’ikigiriki, ivyanditswe n’abagabo bahumekewe n’impwemu nyeranda kandi bari bafise “umuzirikanyi wa Kristu,” biradufasha kurushiriza gutahura ingene Yezu abona ibintu.​—1 Kor. 2:16.

7 Ivyigwa: Inyigisho za Yezu zirakora mu mice yose y’ubuzima. Turisunga rya tegeko rya Kristu rero mu vyo dukora muhira, ku kazi, kw’ishure be no mw’ishengero. Twiga iryo tegeko mu gusoma Ivyanditswe vy’ikigiriki no mu kubizirikanako. Dukurikiza iryo tegeko mu kwisunga ubuyobozi, amabwirizwa be n’ingingo ngenderwako dusanga muri ivyo bitabu vyahumetswe. Iyo tugamburutse itegeko rya Kristu, tuba tugamburukiye umuvyeyi wacu adukunda Yehova, we Soko ry’inyigisho zose za Yezu.​—Yoh. 8:28.

IRYO TEGEKO RISHINGIYE KU RUKUNDO

8. Itegeko rya Kristu rishingiye ku ki?

8 Inzu nziza yubatswe ku mushinge ukomeye iratuma abayibamwo bumva ko batekaniwe. Muri ubwo buryo nyene, itegeko ryiza rishingiye ku mushinge ukomeye riratuma abaryisunga bumva ko batekaniwe. Itegeko rya Kristu na ryo nyene rishingiye ku mushinge ukomeye kuruta iyindi yose, ni ukuvuga urukundo. Kubera iki twovuga gutyo?

Igihe tugaragarije abandi urukundo, tuba tugamburutse “itegeko rya Kristu” (Raba ingingo ya 9-14) *

9-10. Ni uburorero ubuhe bwerekana ko ivyo Yezu yakora yabitumwa n’urukundo, kandi twomwigana gute?

9 Ubwa mbere, ibintu vyose Yezu yakora yabitumwa n’urukundo. Impuhwe ziragaragaza ko umuntu afise urukundo. Yezu abitumwe n’izo mpuhwe, yarigishije amasinzi, arakiza abarwaye, aragaburira abashonje, arazura n’abapfuye. (Mat. 14:14; 15:32-38; Mrk. 6:34; Luka 7:11-15) Naho ivyo vyamusaba umwanya n’inguvu, yarashize imbere ivyo abandi bakeneye abigiranye umutima ukunze. N’ikiruta vyose, yaragaragaje urukundo rukomeye mu kwigura abandi.​—Yoh. 15:13.

10 Ivyigwa: Turakwiye kwigana Yezu mu gushira imbere ivyo abandi bakeneye. Turakwiye kandi kumwigana mu kwihatira kugaragariza impuhwe abantu bo mu cibare cacu. Igihe izo mpuhwe zitumye twamamaza kandi tukigisha inkuru nziza, tuba tugamburutse rya tegeko rya Kristu.

11-12. (a) Ni ibiki vyerekana ko Yehova atwitwararika cane? (b) Twokwigana gute urukundo rwa Yehova?

11 Ubwa kabiri, Yezu yarashize ahabona urukundo rwa Se. Mu gihe c’ubusuku bwiwe, yarerekanye mu buryo butandukanye ingene Yehova yitwararika cane abasavyi biwe. Nk’akarorero, yarigishije ko Data wa twese wo mw’ijuru aha agaciro umwe wese muri twebwe. (Mat. 10:31) Yehova arashashaye guha ikaze intama yazimiye igihe yigaye maze ikagaruka mw’ishengero. (Luka 15:7, 10) Yehova yarerekanye ko adukunda mu gutanga Umwana wiwe ngo aducungure.​—Yoh. 3:16.

12 Ivyigwa: Twokwigana gute urukundo rwa Yehova? (Ef. 5:1, 2) Tubigira mu kubona ko uwo dusangiye ukwemera wese afise agaciro no mu guha ikaze tubigiranye umunezero “intama yazimiye” igihe igarutse kuri Yehova. (Zab. 119:176) Vyongeye, turagaragaza ko dukunda abavukanyi na bashiki bacu mu kubitangira, nko mu kubafasha igihe bari n’ivyo bakeneye. (1 Yoh. 3:17) Iyo tugaragarije abandi urukundo, tuba tugamburutse rya tegeko rya Kristu.

13-14. (a) Nk’uko bivugwa muri Yohani 13:34, 35, Yezu yategetse abayoboke biwe kugaragaza iki, kandi ni kubera iki iryo bwirizwa ari rishasha? (b) Tugamburuka gute rya bwirizwa rishasha?

13 Ubwa gatatu, Yezu yategetse abayoboke biwe kugaragaza urukundo rwo kwitanga. (Soma Yohani 13:34, 35.) Iryo bwirizwa rya Yezu ni rishasha kubera ko risaba kugaragaza urukundo mu buryo butandukanye n’uko vyasabwa muri rya Tegeko Imana yari yahaye Isirayeli. Yezu yasavye abayoboke biwe gukundana nk’uko yabakunze. Ivyo bisaba kugaragaza urukundo rwo kwitanga. * Dukwiye gukunda abavukanyi na bashiki bacu kuruta mbere uko twikunda. Dutegerezwa kubakunda cane ku buryo twokwemera kubapfira nk’uko Yezu yadupfiriye.

14 Ivyigwa: Tugamburuka gute rya bwirizwa rishasha? Muri make, ni mu kwihebera abavukanyi bacu. Ntitubihebera mu gutanga ubuzima bwacu gusa, ariko turabihebera no mu bintu bitobito. Nk’akarorero, igihe twigora tukaja gutora uwugeze mu zabukuru kugira tumujane ku makoraniro, igihe twemera guheba ivyo twikundira kugira tunezereze uwo dusangiye ukwemera, canke igihe dusavye uruhusha ku kazi kugira tuje gufasha ahateye icago c’icaduka, tuba tugamburutse rya tegeko rya Kristu. Vyongeye, tuba tugize ico duterereye kugira ngo umwe wese mw’ishengero yumve atekanye.

IRYO TEGEKO RIREMESHA UBUTUNGANE

15-17. (a) Ivyo Yezu yakoze vyerekanye gute ko akunda ubutungane? (b) Twokwigana gute Yezu?

15 Muri Bibiliya, ijambo “ubutungane” ahanini risobanura gukora ivyo Imana ibona ko bigororotse kandi ukabigira ata kuraba nkunzi. Kubera iki none twovuga ko itegeko rya Kristu riremesha ubutungane?

Yezu yaragaragariza abakenyezi icubahiro n’umutima mwiza, harimwo n’abo abandi babona ko ata co bamaze (Raba ingingo ya 16) *

16 Ubwa mbere, rimbura ingene ivyo Yezu yakoze vyerekanye ko akunda ubutungane. Mu gihe ciwe, indongozi z’idini ry’Abayuda ntizerekwa abatari Abayuda, kandi zarasuzugura n’Abayuda basanzwe hamwe n’abagore. Yezu we nta we yarenganya kandi ntiyagira nkunzi. Ntiyinuba abatari Abayuda baba bagaragaje ko bamwizeye. (Mat. 8:5-10, 13) Yarabwira ubutumwa abantu bose ata we yinuvye, baba abatunzi canke abakene. (Mat. 11:5; Luka 19:2, 9) Ntiyigera ahambarira abakenyezi canke ngo abahahaze. Ahubwo riho, yarasonera abakenyezi kandi akabagaragariza umutima mwiza, harimwo n’abo abandi babona ko ata co bamaze.​—Luka 7:37-39, 44-50.

17 Ivyigwa: Turakwiye kwigana Yezu mu kutarenganya abandi no mu kubwira inkuru nziza abantu bose bemera kutwumviriza, tutaravye ikibanza bafise mu kibano canke idini barimwo. Abagabo bakirisu baramwigana mu gufatana icubahiro abakenyezi. Igihe dukoze ivyo bintu, tuba tugamburutse rya tegeko rya Kristu.

18-19. Ni ibiki Yezu yigishije ku bijanye n’ubutungane, kandi ni ivyigwa ibihe tuhakura?

18 Ubwa kabiri, rimbura ivyo Yezu yigishije ku bijanye n’ubutungane. Yarigishije ingingo ngenderwako zofashije abayoboke biwe kutarenganya abandi. Raba nk’akarorero rya Tegeko ry’agakura. (Mat. 7:12) Twese twipfuza ko abandi bataturenganya. Natwe rero ntidukwiye kurenganya abandi. Igihe tutabarenganya, birashobora gutuma na bo bataturenganya. Ariko tuvuge iki nimba hari uwaturenganije? Yezu kandi yarigishije abayoboke biwe kwizigira ko Yehova ‘azotuma ubutungane bushitswa ku bw’abasemerera bamutakambira umurango n’ijoro.’ (Luka 18:6, 7) Ni nk’aho yari adusezeraniye ati: Imana yanyu itunganye irazi ibigeragezo muriko muracamwo muri iyi misi ya nyuma kandi igihe nicagera, izotuma mutunganirizwa.​—2 Tes. 1:6.

19 Ivyigwa: Nitwisunga ingingo ngenderwako Yezu yigishije, ntituzorenganya abandi. Vyongeye, nimba twararenganijwe muri iyi si ya Shetani, turashobora guhumurizwa no kumenya ko Yehova azodukurako ako karenganyo.

ABAFISE UBUKURU BAKWIYE GUFATA GUTE ABANDI?

20-21. (a) Abafise ubukuru bakwiye gufata gute abandi? (b) Umugabo yogaragaza gute urukundo rwo kwitanga, kandi sebibondo akwiye gufata gute abana biwe?

20 Twisunze itegeko rya Kristu, abantu bafise ubukuru bakwiye gufata gute abandi? Kubera ko iryo tegeko rishingiye ku rukundo, abafise ubukuru bategerezwa gutera iteka abo bajejwe kandi bakabafatana urukundo. Bategerezwa kwibuka ko Kristu yipfuza ko tugaragaza urukundo mu vyo dukora vyose.

21 Mu muryango. Umugabo akwiye gukunda umugore wiwe “nk’uko na Kristu yakunze ishengero.” (Ef. 5:25, 28, 29) Umugabo ategerezwa kwigana urukundo rwo kwitanga Kristu yagaragaje, ivyo umugore wiwe akeneye be n’ineza yiwe akabishira imbere y’ivyiwe. Abagabo bamwebamwe vyoshobora kubagora kugaragaza urwo rukundo, kumbure kubera bakuriye ahantu harangwa akarenganyo no kutagaragariza abandi urukundo. Naho bitoba vyoroshe kwikubita agashi, bategerezwa kubigira kugira bagamburuke itegeko rya Kristu. Iyo umugabo agaragaza urukundo rwo kwitanga bituma umugore wiwe amwubaha. Sebibondo akunda abana biwe vy’ukuri, ntiyokwigera abahahaza mu majambo canke mu bikorwa. (Ef. 4:31) Ahubwo arabagaragariza urukundo kandi akabakeza, gutyo bakumva ko batekaniwe. Sebibondo nk’uwo usanga abana biwe bamukunda kandi bakamwizera.

22. Nk’uko bivugwa muri 1 Petero 5:1-3, “intama” ni iza nde, kandi zikwiye gufatwa gute?

22 Mw’ishengero. Abakurambere bategerezwa kwibuka ko “intama” atari rwabo. (Yoh. 10:16; soma 1 Petero 5:1-3.) Imvugo ngo “ubusho bw’Imana” be na “intoranwa y’Imana” ziributsa abakurambere ko intama ari iza Yehova. Yipfuza ko intama ziwe bazifatana urukundo n’ikibabarwe. (1 Tes. 2:7, 8) Yehova arashima abungere barangurana urukundo ibanga ryabo. Vyongeye, abo bakurambere usanga bakundwa kandi bakubahwa n’abo basangiye ukwemera.

23-24. (a) Abakurambere barangura uruhara uruhe mu kwitwararika ibijanye n’ibicumuro bikomeye? (b) Abakurambere bitwararika gute mwene ivyo bibazo?

23 Abakurambere barangura uruhara uruhe mu kwitwararika ibijanye n’ibicumuro bikomeye? Uruhara barangura si nka rumwe abacamanza n’abagabo b’inararibonye barangura mu gihe ca rya Tegeko Imana yaha Isirayeli. Mu gihe c’iryo Tegeko, abagabo bagenywe wasanga bitwararika ibibazo bijanye n’ugusenga Yehova hamwe n’imanza z’amatati be n’iz’ubukozi bw’ikibi. Kubera ko abakurambere bagengwa n’itegeko rya Kristu, bobo bitwararika gusa imice ijanye n’ubucuti uwo mucumuzi afitaniye n’Imana be n’ishengero. Baratahura ko abategetsi ari bo Imana yabaye irareka ngo bitwararike imanza z’amatati n’iz’ubukozi bw’ikibi, bagahana abantu nko mu kubaca amande canke kubapfunga.​—Rom. 13:1-4.

24 None abakurambere baba bafise ibanga irihe igihe hari uwakoze igicumuro gikomeye? Bararimbura ico kintu bisunze Ivyanditswe, maze bagafata ingingo. Baguma bibuka ko itegeko rya Kristu rishingiye ku rukundo. Urukundo rero ruratuma abakurambere bibaza bati: Hokorwa iki kugira dufashe uwo ari we wese mu bagize ishengero ico gicumuro coba caragizeko ingaruka? Ku bijanye n’uwakoze igicumuro, urukundo ruratuma abakurambere bibaza bati: Yoba yigaya? Twoba dushobora kumufasha gusubirana mu vy’impwemu?

25. Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

25 Ese ukuntu dukenguruka kuba tugengwa n’itegeko rya Kristu! Igihe twese twihatiye kurigamburuka, bituma abo turi kumwe bose mw’ishengero bumva ko bakundwa, ko bafise agaciro be n’uko batekaniwe. Ariko ntiwumve, muri iyi si tubayemwo “abantu b’ababisha” bagenda “barushiriza kuba babi.” (2 Tim. 3:13) Dukwiye rero kuguma turi maso. None ishengero rya gikirisu ryokwisunga gute ubutungane bw’Imana igihe ryicarira icaha co kwonona abana? Ikiganiro gikurikira kizokwishura ico kibazo.

URURIRIMBO RWA 15 Shemeza Imfura ya Yehova!

^ ing. 5 Iki kiganiro be n’ibindi bibiri bikurikira bigize urukurikirane rw’ibiganiro vyerekana igituma dushobora kwemera tudakeka ko Yehova ari Imana y’urukundo n’ubutungane. Yipfuza ko abasavyi biwe batarenganywa kandi arahumuriza abarenganywa muri iyi si mbi.

^ ing. 1 Raba ikiganiro kivuga ngo “Urukundo n’ubutungane muri Isirayeli ya kera,” mu Munara w’Inderetsi wo muri Ruhuhuma 2019.

^ ing. 13 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Urukundo rwo kwitanga rutuma dushira imbere ivyo abandi bakeneye be n’ineza yabo. Turiteguriye kugira ivyo duhevye kugira dufashe abandi.

^ ing. 61 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Yezu arabonye umupfakazi yabuze umuhungu wiwe w’ikinege. Abitumwe n’impuhwe, arazura uwo musore.

^ ing. 63 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Yezu ariko arafungura mu nzu y’Umufarizayo yitwa Simoni. Umugore umwe, kumbure akaba ari umumaraya, ahejeje kwoza ibirenge vya Yezu akoresheje amosozi yiwe, arabihanaguza imishatsi yiwe yongera abisukako amavuta. Simoni aranegura uwo mugore, ariko Yezu akamuburanira.