Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 23

‘Mwiyubare ntihagire uwubigarurira nk’isahu ryiwe’

‘Mwiyubare ntihagire uwubigarurira nk’isahu ryiwe’

“Mwiyubare: hari aho hogira uwubigarurira nk’isahu ryiwe biciye kuri filozofiya no ku ruhendo rugaragara bishingiye ku migenzo y’abantu.”​—KOL. 2:8.

URURIRIMBO RWA 96 Igitabu c’Imana ni ubutunzi

INCAMAKE *

1. Twisunze Abakolosayi 2:4, 8, Shetani yosha gute ivyiyumviro vyacu kugira avyigarurire?

SHETANI ashaka kudukura kuri Yehova. Kugira abishikeko, aragerageza kwosha ivyiyumviro vyacu ngo avyigarurire, gutyo abe ari we tugamburukira. Aragerageza kutujijura ngo tumukurikire akoresheje ibintu bidukwegakwega.​—Soma Abakolosayi 2:4, 8.

2-3. (a) Kubera iki dukwiye kwitwararika ingabisho iri mu Bakolosayi 2:8? (b) Ni ibiki turimbura muri iki kiganiro?

2 Twoba natwe dushobora vy’ukuri guhendwa na Shetani? Cane nyene. Niwibuke ko ingabisho ya Paulo iri mu Bakolosayi 2:8 atayandikiye abatemera. Yayandikiye abakirisu bari bararobanujwe impwemu nyeranda. (Kol. 1:2, 5) Ico gihe abo bakirisu bari mu kaga, nk’uko na twebwe turi mu kaga muri kino gihe. (1 Kor. 10:12) Uti kubera iki? Shetani yarakororewe kw’isi, akaba ariko yiva inyuma mu guhenda abasavyi b’Imana b’intahemuka. (Ivyah. 12:9, 12, 17) Vyongeye, tubayeho mu gihe abantu b’ababisha be n’abahumvyi bagenda “barushiriza kuba babi.”​—2 Tim. 3:1, 13.

3 Muri iki kiganiro, turabona ingene Shetani akoresha “uruhendo rugaragara” kugira ngo agerageze kwosha ivyiyumviro vyacu. Turaza kwihweza atatu mu “mayeri” akoresha. (Ef. 6:11) Mu kiganiro gikurikira na ho, tuzokwihweza ingene twokwikuramwo ivyiyumviro bibi Shetani ashobora kuba yaradushizemwo. Ariko rero, reka tubanze turimbure ico twigira ku kuntu Shetani yahenze Abisirayeli bamaze kwinjira muri ca Gihugu c’isezerano.

BAROHEJWE GUSENGA IBIGIRWAMANA

4-6. Twisunze Gusubira mu vyagezwe 11:10-15, ni uburyo bushasha bwo kurima ubuhe Abisirayeli babwirijwe kwiga igihe binjira mu Gihugu c’isezerano?

4 Shetani abigiranye uruyeri, yaroheje Abisirayeli gusenga ibigirwamana. None yabigenjeje gute? Yabafatiye ku bifungurwa kubera yari azi ko babikeneye. Igihe Abisirayeli binjira mu Gihugu c’isezerano, bategerezwa guhindura uburyo bwo kurima. Bakiri mu Misiri, bavomera imirima yabo bakoresheje amazi yo mu Ruzi Nili. Mu Gihugu c’isezerano hoho nta ruzi nk’urwo rwariyo. Imirima yavomerwa n’ikime be n’imvura yagwa mu biringo bimwebimwe vy’umwaka. (Soma Gusubira mu vyagezwe 11:10-15; Yes. 18:4, 5) Abisirayeli rero bategerezwa kwiga uburyo bushasha bwo kurima. Ivyo ntivyari vyoroshe kubera ko benshi mu bari bazi ubuhinga bwo kurima bari bapfiriye mu bugaragwa.

Shetani yahinduye gute ivyiyumviro vy’abarimyi b’Abisirayeli? (Raba ingingo ya 4-6) *

5 Yehova yarabasiguriye ko ibintu vyari vyahindutse. Yaciye abaha n’ingabisho, ukiyumva ukaba wokwibaza ko itari ijanye n’ivy’uburimyi. Yababwiye ati: “Mwiyubare, umutima wanyu ntuhave ukwegakwegwa, mugakevya, mugasenga izindi mana, mukazunamira.” (Gus. 11:16, 17) None ni kubera iki Yehova yabagabishije ngo ntibasenge imana z’ikinyoma kandi yariko avuga ibijanye n’ubuhinga bushasha bwo kurima?

6 Yehova yari azi yuko Abisirayeli borondeye ko ababanyi babo b’abapagani babigisha ubuhinga bumwebumwe bwo kurima. Ego ni ko, abo bapagani bari bazi ubuhinga bwo kurima kuruta Abisirayeli, kandi abo basavyi b’Imana bobigiyeko ubuhinga bumwebumwe ngirakamaro. Mugabo ivyo vyarimwo akaga. Abo barimyi b’Abanyakanani bagendera ku vyiyumviro vya gipagani kubera ko basenga Bayali. Bemera yuko Bayali ari we aganza ikirere be n’uko ari we atanga imvura. Yehova rero ntiyashaka ko abasavyi biwe bahendwa n’inyigisho nk’izo z’ikinyoma. Yamara kenshi Abisirayeli bahisemwo gusenga Bayali. (Guh. 25:3, 5; Abac. 2:13; 1 Abm. 18:18) Reka ubu na ho turabe ingene Shetani yabigenjeje kugira abigarurire.

IBINTU BITATU SHETANI YAKORESHEJE KUGIRA YIGARURIRE ABISIRAYELI

7. Ni ikigeragezo ikihe cashikiye Abisirayeli igihe binjira mu Gihugu c’isezerano?

7 Ikintu ca mbere Shetani yakoresheje cari icipfuzo gisanzwe c’uko igihugu covomerwa n’imvura. Buri mwaka, mu Gihugu c’isezerano imvura yagwa gake cane kuva mu mpera za Ndamukiza gushika muri Nyakanga. Kuva muri Gitugutu ni ho imvura yagwa neza, bagaca bimbura vyinshi bakamererwa neza. Shetani yarahenze Abisirayeli baremera ko kugira batunganirwe, babwirizwa gukurikiza imigenzo y’Abanyakanani. Abo Banyakanani babona ko hari imigirwa bategerezwa gukurikiza kugira ngo imana zabo zigwishe imvura. Abatizigira Yehova babona ko ubwo ari bwo buryo bwonyene bwo gutuma imvura idateba kugwa. Baca rero bakurikiza imigenzo ya gipagani igenewe gutera iteka imana y’ikinyoma Bayali.

8. Ni ikintu kigira kabiri ikihe Shetani yakoresheje mu guhenda Abisirayeli? Sigura.

8 Ikintu kigira kabiri Shetani yakoresheje mu guhenda Abisirayeli ni ivyipfuzo vy’ubuhumbu. Amahanga y’abapagani yasenga imana zabo mu gukora ibintu biteye ishishi vy’ubuhumbu. Muri ukwo gusenga kw’ubuhumbu, harimwo abagore n’abagabo bakora ubumaraya ku rusengero. Ukuryamana kw’abasangiye igitsina be n’ubundi bwoko bw’ubuhumbu vyari vyemewe kandi vyabonwa nk’ibisanzwe. (Gus. 23:17, 18; 1 Abm. 14:24) Abo bapagani babona ko imana zabo zaca zituma igihugu cimbuka kubera imigirwa bagira. Abisirayeli benshi barakwegerewe n’iyo migirwa ya gipagani maze baragwa mu mutego wo gusenga imana z’ikinyoma. Emwe, Shetani yari yabigaruriye.

9. Twisunze Hoseya 2:16, 17, ni gute Shetani yatumye Abisirayeli bibagira Yehova uwo ari we?

9 Shetani yarakoresheje ikintu kigira gatatu: Yaratumye Abisirayeli bibagira Yehova uwo ari we. Mu gihe c’umuhanuzi Yeremiya, Yehova yaravuze yuko abahanuzi b’ikinyoma batumye abasavyi biwe bibagira izina ryiwe “biciye kuri Bayali.” (Yer. 23:27) Biboneka ko abasavyi b’Imana bamaze igihe bararetse gukoresha izina rya Yehova maze barisubiriza n’izina Bayali, irisobanura ngo “Nyenevyo” canke “Databuja.” Ivyo vyatumye Abisirayeli badashobora gutandukanya Yehova na Bayali, baca baravanga ugusenga Bayali n’ugusenga Yehova bitagoranye.​—Soma Hoseya 2:16, 17.

AMAYERI YA SHETANI MURI IKI GIHE

10. Shetani akoresha amayeri ayahe muri iki gihe?

10 No muri iki gihe, Shetani akoresha ayo mayeri nyene. Arigarurira abantu akoresheje ivyipfuzo bisanzwe, agakoresha ivyipfuzo vy’ubuhumbu akongera agatuma abantu bibagira Yehova uwo ari we. Reka tubanze turabe ico ca nyuma.

11. Ni gute Shetani yatumye abantu bibagira Yehova uwo ari we?

11 Shetani aratuma abantu bibagira Yehova uwo ari we. Intumwa za Yezu zimaze gupfa, hari abiyita abakirisu batanguye gukwiragiza inyigisho z’ikinyoma. (Ivyak. 20:29, 30; 2 Tes. 2:3) Abo bahuni baratanguye gutuma abantu batamenya Imana yonyene y’ukuri iyo ari yo. Nk’akarorero, bararetse gukoresha izina ry’Imana muri Bibiliya zabo maze barisubiriza izina “Umukama” canke ayandi mazina y’icubahiro. Ivyo vyatumye bigora abantu kubona itandukaniro riri hagati ya Yehova n’abandi “bakama” bavugwa mu Vyanditswe. (1 Kor. 8:5) Kuba bakoresheje izina “Umukama” kuri Yehova no kuri Yezu vyatumye bigora abantu gutahura ko Yehova n’Umwana wiwe batandukanye. (Yoh. 17:3) Ukwo kubitiranya vyatumye haduka inyigisho y’Ubutatu, akaba ata na hamwe iboneka mw’Ijambo ry’Imana. Ku bw’ivyo, abantu benshi babona yuko Imana ari amayobera, ko rero tudashobora kuyimenya. Mbega ikinyoma cambaye ubusa!​—Ivyak. 17:27.

Shetani yakoresheje gute idini ry’ikinyoma mu kuremesha ivyipfuzo vy’ubuhumbu? (Raba ingingo ya 12) *

12. Ni ibiki idini ry’ikinyoma ryasasiye indava, kandi vyavuyemwo iki nk’uko bivugwa mu Baroma 1:28-31?

12 Shetani arafatira ku vyipfuzo vy’ubuhumbu. Muri Isirayeli ya kera, Shetani yarakoresheje idini ry’ikinyoma kugira ngo aremeshe ubuhumbu. No muri iki gihe ni ko abigenza. Idini ry’ikinyoma rirasasira indava ivy’ubuhumbu, rigatuma biboneka nk’ibisanzwe. Ku bw’ivyo, abantu benshi bavuga ko bakorera Imana usanga birengagiza ingingo ngenderwako zayo zigenga inyifato runtu. Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaroma, aravuga ingaruka zavyo. (Soma Abaroma 1:28-31.) Mu bintu “bitabereye” Paulo avuga harimwo ubuhumbu bw’ubwoko bwose, ushizemwo n’ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina. (Rom. 1:24-27, 32; Ivyah. 2:20) Ese ukuntu bihambaye ko tuguma twisunga inyigisho zitomoye zo muri Bibiliya!

13. Ni ayandi mayeri ayahe Shetani akoresha?

13 Shetani arakoresha ivyipfuzo bisanzwe. Ni ibisanzwe yuko twipfuza kwiga ubuhanga bwodufasha kwitunga no gutunga imiryango yacu. (1 Tim. 5:8) Akenshi ubwo buhanga tuburonkera kw’ishure kandi bisaba ko twiga n’umwete. Ariko rero, dutegerezwa kwiyubara. Mu bihugu vyinshi, amashure arigisha ubuhanga ngirakamaro mugabo agaca yigisha n’uruhendo rw’iyi si. Abanyeshure baremeshwa gukekeranya ko Imana ibaho no kudaha agaciro Bibiliya. Bigishwa yuko abantu baciye ubwenge bose bemera ko ibiriho vyabayeho biciye kw’ihindagurika. (Rom. 1:21-23) Inyigisho nk’izo zirateye kubiri n’“ubukerebutsi bw’Imana.”​—1 Kor. 1:19-21; 3:18-20.

14. Ubwenge bw’iyi si buremesha iki?

14 Ubwenge bw’iyi si burateye kubiri n’ingingo ngenderwako zigororotse za Yehova. Aho kuremesha abantu gutsimbataza icamwa c’impwemu y’Imana, butuma nyabuna batsimbataza “ibikorwa vy’umubiri.” (Gal. 5:19-23) Buremesha abantu kuba abanyabwibone, bigatuma baba “abikunda.” (2 Tim. 3:2-4) Ako gatima karatandukanye n’ugutekereza be n’ukwicisha bugufi abasavyi b’Imana basabwa kugaragaza. (2 Sam. 22:28) Abakirisu bamwebamwe bize za kaminuza na bo nyene bahavuye batangura kwisunga ivyiyumviro vy’iyi si aho kwisunga ivy’Imana. Reka turabe akarorero kamwe gusa k’ikintu gishobora gushika.

Ivyiyumviro vyacu bishobora gute kwononwa n’ubwenge bw’iyi si? (Raba ingingo ya 14-16) *

15-16. Ivyashikiye mushiki wacu umwe bikwigisha iki?

15 Mushiki wacu umwe amaze imyaka irenga 15 mu gikorwa c’igihe cose avuga ati: “Kubera ko nari Icabona yabatijwe, narasoma nkongera nkumva ibijanye n’akaga ko kwiga kaminuza, mugabo nkirengagiza izo ngabisho. Nabona umengo izo mpanuro ntizinyerekeye.” None ni ingorane izihe yahavuye agira? Avuga ati: “Ivyigwa vyarantwara umwanya munini n’utwigoro twinshi cane ku buryo ntaronka umwanya ukwiye wo gusenga Yehova nk’uko nahora, nkaruha cane ku buryo ntashobora kubwira abandi ivyerekeye Bibiliya canke gutegura neza amakoraniro. Igishimishije ni uko igihe natahura ko ayo mashure yariko aratuma ubucuti mfitaniye na Yehova bwononekara, naciye mbona ko nkwiye kuyahagarika, kandi ni vyo nakoze.”

16 None ayo mashure ahanitse yagize ingaruka izihe ku vyiyumviro vy’uwo mushiki wacu? Avuga ati: “Birantera isoni kuvuga ko ayo mashure yanyigishije gutora amahinyu abandi, kubitegako ibirenze no kwitandukanya na bo, canecane abo dusangiye ukwemera. Emwe, vyarantwaye umwanya munini kugira nikuremwo ivyo vyiyumviro. Ivyanshikiye vyaranyeretse akaga kari mu kwirengagiza ingabisho duhabwa n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru biciye kw’ishirahamwe ryiwe. Bwa bundi Yehova yari anzi neza kuruta uko nari niyizi. Ese iyo ndamwumvira!”

17. (a) Umwiyemezo wacu ukwiye kuba uwuhe? (b) Mu kiganiro gikurikira tuzorimbura iki?

17 Niwiyemeze kutigera wigarurirwa n’isi ya Shetani “biciye kuri filozofiya no ku ruhendo rugaragara.” Nugume uri maso ku mayeri ya Shetani. (1 Kor. 3:18; 2 Kor. 2:11) Ntiwigere umureka ngo atume wibagira Yehova uwo ari we. Nubeho wisunga ingingo ngenderwako za Yehova ziri hejuru zigenga inyifato runtu. Vyongeye, ntureke ngo Shetani atume wirengagiza impanuro za Yehova. Bite ho nimba ubonye ko wamaze kwandukirwa n’ivyiyumviro vy’iyi si? Ikiganiro gikurikira kizotwereka ingene Ijambo ry’Imana ridufasha gutembagaza mbere n’ingeso be n’ivyiyumviro “bihamangiye.”​—2 Kor. 10:4, 5.

URURIRIMBO RWA 49 Tunezereze umutima wa Yehova

^ ing. 5 Shetani ni karuhariwe mu guhenda abantu. Yarahenze abantu benshi mu gutuma biyumvira ko bidegemvya, mugabo ku bwa ngingo yarabagize imbohe. Iki kiganiro kiraca irya n’ino amayeri atandukanye Shetani akoresha mu guhenda abantu.

^ ing. 48 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abanyakanani bariko barosha Abisirayeli gusenga Bayali no kwisuka mu buhumbu.

^ ing. 51 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Icapa c’idini n’amabara ari kuri co vyerekana ko rishigikira ukuryamana kw’abasangiye igitsina.

^ ing. 53 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mushiki wacu ari kuri kaminuza. We n’abo bigana barashigikiye ivyo umwigisha wabo avuga vy’uko siyansi n’ubuhinga bishobora gutorera umuti ingorane zose zihanze abantu. Mu nyuma mu Ngoro y’Ubwami, yashishwe kandi ariko aratora amahinyu ibivugwa.