Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 26

Nufashe abandi kwihanganira amaganya

Nufashe abandi kwihanganira amaganya

“Mwese muhuze umuzirikanyi, mugire impuhwe, mwiyumvemwo abavukanyi, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mwicishe bugufi mu muzirikanyi.”​—1 PET. 3:8.

URURIRIMBO RWA 107 Akarorero Imana yatanze k’urukundo

INCAMAKE *

1. Twokwigana gute Umuvyeyi wacu munyarukundo Yehova?

YEHOVA aradukunda cane. (Yoh. 3:16) Twipfuza kwigana uwo Muvyeyi wacu munyarukundo. Turihatira rero kugaragariza bose ‘impuhwe, tukiyumvamwo abavukanyi, tukagira n’impuhwe z’ikibabarwe,’ ariko tukabigaragariza canecane “incuti zacu mu kwizera.” (1 Pet. 3:8; Gal. 6:10) Igihe abo dusangiye ukwizera bari mu bihe bitesha umutwe, dukwiye kubafasha.

2. Muri iki kiganiro twihweza iki?

2 Abipfuza kuja mu muryango wa Yehova bose barashikirwa n’ingorane. (Mrk. 10:29, 30) Uko iherezo ry’iyi si ryegereza, birashoboka ko tuzohura n’ibigeragezo vyiyongereye. None dushobora gute gufashanya? Reka twihweze ico twigira ku nkuru zo muri Bibiliya zerekeye Loti, Yobu na Nawomi. Turaza kandi kubona ingorane zimwezimwe zishikira abo dusangiye ukwizera muri iki gihe n’ingene twobafasha kuzihanganira.

NIWIHANGANE

3. Twisunze 2 Petero 2:7, 8, Loti yafashe ingingo mbi iyihe, kandi vyamukwegeye iki?

3 Loti yarafashe ingingo mbi igihe yahitamwo kuja kubana n’abantu b’i Sodomu bari baramogoreye ubuhumbu. (Soma 2 Petero 2:7, 8.) Naho ako karere kari gatunze, kuba Loti yaragiye kubayo vyaramukwegeye akarambaraye. (Ita. 13:8-13; 14:12) Biboneka ko umugore wiwe yakunze cane ico gisagara canke abantu bamwebamwe baba muri co ku buryo yagambarariye Yehova. Yarahasize ubuzima igihe Imana yagwisha imvura y’umuriro n’amazuku muri ako karere. Bite ho ku bijanye n’abakobwa biwe babiri? Abagabo bari babareheje bapfiriye i Sodomu. Loti yaratakaje inzu yiwe n’amatungo yiwe. N’ikibabaje kuruta, yarabuze umugore wiwe. (Ita. 19:12-14, 17, 26) None Yehova yoba yararetse kwihanganira Loti muri ico kiringo c’ingorane? Habe namba.

Yehova abigiranye impuhwe, yararungitse ­abamarayika kurokora Loti n’umuryango wiwe (Raba ingingo ya 4)

4. Yehova yihanganiye Loti gute? (Raba ishusho iri ku gipfukisho.)

4 Naho Loti yahisemwo kuba i Sodomu, Yehova abigiranye impuhwe yararungitse abamarayika kugira bamurokore n’umuryango wiwe. Ariko aho guca agamburuka ubuyobozi abamarayika bamuhaye bwo kuva i Sodomu, ‘yagumye ahinahina.’ Abo bamarayika babwirijwe kumufata ukuboko maze baramufasha kuva muri ico gisagara n’umuryango wiwe. (Ita. 19:15, 16) Nya bamarayika baciye bamubwira ngo ahungire mu karere k’imisozi. Aho kugamburukira Yehova, Loti yasavye ko yokwigira mu gisagara cari hafi. (Ita. 19:17-20) Yehova yaramwumvirije yihanganye, aramwemerera kuja muri nya gisagara. Ariko mu nyuma, Loti yaratinye kubayo maze yimukira muri ka karere k’imisozi, kamwe nyene Yehova yari yabanje kumurangira. (Ita. 19:30) Emwe, Yehova yaragaragaje ukwihangana kudasanzwe. None twomwigana gute?

5-6. Twoshira mu ngiro gute 1 Abatesalonika 5:14 mu kwigana Imana?

5 Cokimwe na Loti, uwo dusangiye ukwizera yoshobora gufata ingingo itabereye, maze akikwegera ingorane zikomeye. None ivyo bishitse, twoca dukora iki? Twoshobora kwumva umengo twomubwira ko ariko yimbura ivyo yabivye, kandi ntitwoba tubeshe. (Gal. 6:7) Ariko rero, vyoba vyiza tumufashije nk’uko Yehova yafashije Loti. Uti gute?

6 Yehova yararungikiye Loti abamarayika kugira bamuburire bongere bamufashe guhunga akaga kagomba gushikira Sodomu. Na twebwe vyoba vyiza tuburiye umuvukanyi wacu igihe tubonye ko agiye kwita mu kaga. Ariko twoshobora no kumufasha. N’igihe adaciye yihutira gushira mu ngiro impanuro tumuhaye zishingiye kuri Bibiliya, turakwiye kwihangana. Dukwiye kuba nka ba bamarayika babiri. Aho guca duheba buhere uwo muvukanyi wacu, turakwiye kugira ico dukoze kugira tumufashe. (1 Yoh. 3:18) Vyoshobora kuba ngombwa ko tumufata ukuboko, ni ukuvuga tukamufasha gushira mu ngiro impanuro yahawe.​—Soma 1 Abatesalonika 5:14.

7. Twokwigana gute Yehova mu kuntu twihanganira abandi?

7 Yehova yari gushobora gushira umutima ku makosa ya Loti. Aho kubigenza gutyo, yahavuye ahumekera intumwa Petero kwandika ko Loti yari umugororotsi. Urazi ingene biduhimbara kubona Yehova atubabarira amakosa yacu! (Zab. 130:3) Twoba none dushobora kwihanganira abandi nk’uko Yehova yihanganiye Loti? Nitwashira umutima kuri kamere nziza abo dusangiye ukwizera bafise, tuzorushiriza kubihanganira. Tubigize, birashoboka rwose ko na bo nyene bazoca boroherwa no kwakira impanuro tubaha.

NUBE UMUNYEMPUHWE

8. Impuhwe zikwiye gutuma dukora iki?

8 Yobu na we nyene yarahuye n’ingorane, naho bitavuye ku ngingo mbi yafashe nk’uko vyagenze kuri Loti. Yarashikiwe n’ivyago bikomeye, arabura ivyo yari atunze, aratakaza icubahiro mu kibano yongera ararwara indwara ikomeye. N’ikibabaje kuruta, abana biwe bose barapfuye. Vyongeye, abagenzi biwe batatu baramwagirije ibinyoma. None kimwe mu vyatumye abo biruzi babi batagaragariza impuhwe Yobu ni igiki? Ntibarondeye gutahura ivyariko biramushikira vy’ukuri. Ivyo vyatumye biyumvira ibitari vyo maze batangura kumucira urubanza ata kagongwe. None wokwirinda gute ikosa nk’iryo? Numenye ko Yehova ari we gusa aba azi ibintu vyose vyerekeye ingorane umuntu arimwo. Nutege yompi ivyo uwo muntu avuga. Aho kumwumviriza gusa, nugerageze no kwishira mu kibanza ciwe. Aho gusa ni ho uzoshobora kugaragariza impuhwe nyakuri uwo musangiye ukwizera.

9. Impuhwe zituma twirinda iki, kandi kubera iki?

9 Impuhwe ziratuma twirinda gukwiragiza urusaku ku bijanye n’ingorane ziriko zirashikira abandi. Umunyarusaku ntiyubaka ishengero, ahubwo ararisambura. (Imig. 20:19; Rom. 14:19) Aho kuba umunyabuntu, avuga atiyumviriye kandi ivyo avuga birababaza uwuba asanzwe yibabariye. (Imig. 12:18; Ef. 4:31, 32) Birarushiriza rero kuba vyiza twibanze kuri kamere nziza umuntu afise maze tukarondera ingene twomufasha mu ngorane arimwo.

Igihe uwo musangiye ukwizera atanguye “guhoromboka,” numutege yompi wihanganye maze ku gihe kibereye umuremeshe (Raba ingingo ya 10-11) *

10. Ibivugwa muri Yobu 6:2, 3 bitwigisha iki?

10 Soma Yobu 6:2, 3Vyarashitse Yobu ‘arahoromboka.’ Ariko mu nyuma yarigaruye, ariyemerera ko yari yihenze. (Yobu 42:6) Cokimwe na Yobu, muri iki gihe umuntu ari mu ngorane zitesha umutwe yoshobora guhoromboka, akavuga ibintu bituma mu nyuma yicuza. None twoca dukora iki? Aho kumunegura, dukwiye kumwumvira impuhwe. Twokwibuka ko Yehova atari yarategekanije ko hagira n’umwe muri twebwe ahura n’ingorane ziduhanze muri iki gihe. Bishitse rero umusavyi wiwe w’umwizigirwa akavuga atiyumviriye igihe ari mu ngorane zikomeye, dukwiye kubitahura. Mbere naho yovuga ibitari vyo ku vyerekeye Yehova canke ku bikwerekeye, ntukwiye kwihutira kumushavurira canke kumucira urubanza kubera ivyo yavuze.​—Imig. 19:11.

11. Abakurambere bokwigana gute Elihu igihe bahanura umuntu?

11 N’igihe umuntu ari mu ngorane zitesha umutwe, rimwe na rimwe vyoshobora kuba ngombwa ko ahabwa impanuro. (Gal. 6:1) None abakurambere bobigenza gute? Vyoba vyiza biganye Elihu, uwateze yompi Yobu n’impuhwe nyinshi. (Yobu 33:6, 7) Elihu yagiye guhanura Yobu ari uko amaze gutahura ivyiyumviro vya Yobu. Abakurambere bigana Elihu baratega yompi umuntu, bakagerageza gutahura ingene ivyiwe vyifashe. Ivyo rero bituma bashobora kumukora ku mutima igihe bamuha impanuro.

NUKORESHE IMVUGO YIRURA

12. Kuba Nawomi yarabuze umugabo wiwe n’abahungu biwe babiri vyatumye amererwa gute?

12 Nawomi yari umugore w’intahemuka yakunda Yehova. Ariko aho amariye kubura umugabo wiwe n’abahungu biwe babiri, yaripfuje yuko aho kumwita Nawomi bomwita “Mara,” bikaba bisobanura ngo “Umururazi.” (Rusi 1:3, 5, 20, 21) Umukazana wiwe Rusi yaramwumiyeko mu bigeragezo. Yaramufashije mu vyo yari akeneye yongera aramubwira amajambo yirura. Rusi akoresheje amajambo asanzwe kandi avuye ku mutima, yareretse Nawomi ko amukunda be n’uko amushigikiye.​—Rusi 1:16, 17.

13. Kubera iki uwupfakaye aba akeneye ko tumufata mu mugongo?

13 Igihe uwo dusangiye ukwemera apfakaye, aba akeneye ko tumufata mu mugongo. Abubakanye baba bameze nk’ibiti bibiri vyakuriye hafi na hafi. Haheze imyaka, imizi yavyo iragera aho isobekerana. Iyo rero kimwe kiranduwe, ikindi na co nyene kiramererwa nabi rwose. Muri ubwo buryo nyene, igihe umuntu apfakaye yoshobora kumara igihe kinini atuntuye cane. Uwitwa Paula * yarabuze umugabo wiwe giturumbuka. Avuga ati: “Wamengo ijuru ringuyeko. Nasigaye umengo ndi agati kari mu ruzi. Narabuze umugenzi pfampfe. Umugabo wanje namuyagira vyose. Ndyohewe yararyoherwa, nagira ingorane akamfata mu mugongo. Yarantega yompi igihe cose naba ndiko ndamubwira ibimbabaje. Vy’ukuri, numvise umengo ncitsemwo kubiri.”

Twofasha gute abapfakaye? (Raba ingingo ya 14-15) *

14-15. Twokwirura gute uwapfakaye?

14 None twokwirura gute uwapfakaye? Ikintu ca mbere dukwiye gukora ni ukumuyagisha, naho nyene twokwumva umenga ntitugira ico twovuga. Umwe Paula twavuga agira ati: “Ndatahura yuko abantu babura ingene bovugisha uwabuze. Usanga batinya ko ivyo bavuga vyohava bimubabaza. Ariko rero, naho bibabaza igihe bakubwiye ikintu kitabereye, igihe bagumye binumiye hoho birababaza kuruta.” Uwabuze yoshobora kuba atiteze ko tuvuga ikintu kidasanzwe. Paula avuga ati: “Narabishima igihe abagenzi baba bambwiye gusa bati: ‘Pole, wigumye.’”

15 Uwitwa William aramaze imyaka itari mike abuze umugore. Yigana ati: “Ndaryoherwa iyo abandi bariko baravuga ibintu vyiza umugore wanje yahora akora. Biranyereka ko yakundwa kandi yubahwa. Ico kintu bagira mbona ko ari imfashanyo ikomeye. Nca numva bimpumurije cane kubera ko umugore wanje yambereye uw’agaciro kanini, kandi naramwiyumvamwo rwose.” Umupfakazi umwe yitwa Bianca avuga ati: “Birampumuriza igihe abandi basenze turi kumwe kandi bakansomera icanditswe kimwe canke bibiri. Biramfasha cane igihe bavuga ibijanye n’umugabo wanje be n’igihe bantega yompi nkabayagira ibimwerekeye.”

16. (a) Dukwiye kwitwararika gute ababuze ababo? (b) Twisunze Yakobo 1:27, dufise ibanga irihe?

16 Nk’uko nyene Rusi yumiye kuri wa mupfakazi Nawomi, turakwiye kubandanya gufata mu mugongo ababuze ababo. Umwe Paula agira ati: “Umugabo wanje agipfa, abantu baranshigikiye cane. Ariko haheze igihe, abantu baciye bisubirira mu buzima busanzwe. Yamara ubuzima bwanje bwobwo bwari bwahindutse rwose. Birafasha cane rero igihe abandi batahuye yuko uwabuze akeneye kuguma afashwa, naho hoba haciye amezi canke mbere imyaka abuze uwiwe.” Ariko ntiwumve, abantu ntibameze kumwe. Hariho abasa n’abamenyera ningoga ubwo buzima bushasha. Mugabo hari n’abandi baca basubira kugira intuntu igihe cose bakoze ikintu bigeze gukorana n’umuhisi. Abantu rero ntibatuntura kumwe. Ese twokwama twibuka yuko Yehova yaduteye iteka aratuzeza n’ibanga ryo kwitwararika abapfakaye.​—Soma Yakobo 1:27.

17. Kubera iki dukwiye gufata mu mugongo abatawe n’abo bari bubakanye?

17 Abubatse bamwebamwe babwirizwa kwihanganira intuntu n’umubabaro ukomeye biva ku kuba baratawe n’abo bari bubakanye. Uwitwa Joyce, umugabo wiwe akaba yaramutaye yironderera uwundi mugore, avuga ati: “Igihe twahukana n’umunega wanje, naragize umubabaro uruta uwo nari kugira iyo aza kuba yapfuye. Iyo yicwa n’isanganya canke indwara, nta ruhara yari kuba abifisemwo. Ariko ubu hoho, umugabo wanje ni we yahisemwo kunta. Nasigaye ndi ikimaramare.”

18. Twokora iki kugira dufashe abapfakaye n’abatawe n’abo bahoze bubakanye?

18 Igihe dukoreye ibintu bitobito biranga ubuntu abapfakaye be n’abatawe n’abo bahoze bubakanye, tuba tuberetse ko tubakunda. Kubera ko baba bafise irungu, baba bakeneye cane abagenzi beza. (Imig. 17:17) None wobereka gute ko uri umugenzi wabo? Woshobora kubatumira mugasangira udufungurwa. Woshobora kandi kumarana na bo umwanya mwiruhura canke muri mu ndimiro. Ikindi woshobora gukora ni ukubatumira rimwe na rimwe kugira mwifatanye mu gusenga kwo mu muryango. Niwabigira uzoba utumye Yehova anezerwa, kuko ari “hafi y’ab’umutima umenetse” akaba n’“umucamanza w’abapfakazi.”​—Zab. 34:18; 68:5.

19. Wisunze 1 Petero 3:8, wiyemeje gukora iki?

19 Vuba, igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza isi, “amarushwa ya kera azokwibagirwa” yose. Turarindiranye umushasharo ico gihe. Emwe, “ivya kera ntibizokwibukwa, eka mbere ntibizoza mu mutima.” (Yes. 65:16, 17) Mu kurindira, nimuze dushigikirane kandi twerekane mu mvugo no mu ngiro ko dukunda umuryango wose w’abavukanyi.​—Soma 1 Petero 3:8.

URURIRIMBO RWA 111 Imvo zituma tunezerwa

^ ing. 5 Naho Loti, Yobu na Nawomi bakoreye Yehova badahemuka, babwirijwe kwihanganira amaganya mu buzima bwabo. Muri iki kiganiro, turabona ico dushobora kwigira ku vyabashikiye. Turabona kandi igituma bihambaye ko twihangana, tukaba abanyempuhwe, tukongera tukayagisha abo dusangiye ukwemera n’ijwi ryirura igihe bari mu ngorane.

^ ing. 13 Muri iki kiganiro, si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi atuntuye cane ariko ‘arahoromboka,’ umukurambere akaba ariko aramwumviriza yihanganye. Mu nyuma wa muvukanyi amaze gutekana, nya mukurambere aramuhanura abigiranye umutima mwiza.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umugabo akiri muto n’umugore wiwe bateramanye n’umuvukanyi aheruka kubura umugore. Bariko baraganira ibintu vyiza bamwibukirako.