Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wokwirinda umwe mu mitego ya Shetani

Ingene wokwirinda umwe mu mitego ya Shetani

IGIHE Abisirayeli bariko bitegurira kujabuka Uruzi Yorodani ngo binjire mu gihugu Imana yari yarabasezeraniye, bagiye babona abantu baje kubagendera. Bari abagore b’abanyamahangakazi baje gutumira abagabo b’Abisirayeli ku musi mukuru. Abo bagabo bashobora kuba babonye ko ari akaryo k’imbonekarimwe. Hari aho boba bakwegerewe cane no kuronka abagenzi bashasha, gutamba no gufungura ibifungurwa biryoshe. Naho imigenzo n’inyifato y’abo bagore bitari bihuye n’Itegeko Imana yahaye Abisirayeli, abagabo bamwebamwe bashobora kuba baribwiye bati: ‘Nta ngorane. Turamenya ingene tubigenza.’

None vyahavuye bigenda gute? Bibiliya igira iti: “Nuko abantu batangura gushurashura n’abakobwa ba Mowabu.” Mu bisanzwe, abo bagore bashaka ko abo Bisirayeli basenga imana z’ikinyoma, kandi barazisenze koko. Ntibitangaje rero kubona “ishavu rya Yehova [ryaciye] ritangura kururumbira Isirayeli.”​—Guh. 25:1-3.

Abo Bisirayeli bararenze kw’Itegeko ry’Imana mu buryo bubiri: Barunamiye ibigirwamana barakora n’ubuhumbu. Abisirayeli ibihumbi barapfuye kubera bagambaraye. (Kuv. 20:4, 5, 14; Gus. 13:6-9) Ni igiki catumye ico kintu bakoze kiba ikibabaje kuruta? Ni igihe cari gisigaye. Iyo batarenga kw’Itegeko ry’Imana, bari kujabuka Yorodani bidatevye bakinjira mu Gihugu c’isezerano.​—Guh. 25:5, 9.

Ku bijanye n’ivyo bintu vyabaye, intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyo bintu . . . vyababako nk’uburorero, kandi vyanditswe ngo bitubere imburi twebwe abashitsweko n’amaherezo y’ibihe.” (1 Kor. 10:7-11) Nta gukeka ko Shetani yahimbawe no kuba bamwe muri abo Bisirayeli barakoze igicumuro gikomeye maze bigatuma batinjira mu Gihugu c’isezerano. Ese ukuntu biranga ubukerebutsi tugumije ku muzirikanyi iyo mburi, narirya tuzi ko Shetani yotamba agatarika hamwe yotuma tutinjira mw’isi nshasha.

UMUTEGO UTEYE AKAGA

Shetani aratega abakirisu akoresheje amayeri azi neza kandi yakoresheje kuri benshi akaroranirwa. Nk’uko twabibonye ku bijanye n’Abisirayeli, yarakoresheje ubuhumbu. No muri iki gihe, ubuhumbu buracari umutego uteye akaga. Kimwe mu bintu bikomeye biduta muri uwo mutego ni amasanamu y’ibiterasoni.

Ubu umuntu arashobora kuraba amasanamu y’ibiterasoni ntihagire uwubimenya. Kera kugira umuntu arabe ayo masanamu, yarinda kuja mu bibanza barabiramwo amasinema canke akaja kugura ibitabu bivuga ivy’ubushegabo. Benshi wasanga batinya kuja muri ivyo bibanza kugira abandi ntibababone. Ariko ubu, uwufise internet arashobora kuraba ayo masanamu yibereye ku kazi canke mu muduga. Mu bihugu vyinshi, umuntu arashobora kuraba ayo masanamu atiriwe arava muhira.

Si ivyo gusa. Utwuma ngendanwa twaratumye vyoroha cane kuraba amasanamu y’ibiterasoni. Abantu barashobora kuraba amashusho y’ubuhumbu mu twuma twabo bariko bitambukira mw’ibarabara, bibereye muri bisi canke mw’igariyamoshi.

Kubera ko ubu vyarushirije kworoha ko umuntu araba ayo masanamu ntihagire uwubimenya, aronona abantu benshi kuruta uko yabigira kera. Abantu benshi bayaraba barasambura ingo zabo, bakitesha agaciro kandi bakonona ijwi ryabo ryo mu mutima. N’ikibabaje kuruta, vyoshobora gutuma ubucuti bafitaniye n’Imana bwononekara. Si ivy’imbeshere, amasanamu y’ibiterasoni aronona abayaraba. Akenshi arabagirako ingaruka mbi cane kandi izo ngaruka zoshobora kumara igihe kirekire, mbere rimwe na rimwe ntizihere.

Ariko twomenya ko Yehova adukingira uwo mutego wa Shetani. Kugira adukingire, dutegerezwa ‘kumugamburukira vy’ukuri,’ ivyo bikaba ari vyo vyananiye ba bagabo b’Abisirayeli. (Kuv. 19:5) Turakwiye kwibuka ko Imana yanka urunuka amashusho y’ibiterasoni. Uti kubera iki?

NUYANKE NK’UKO YEHOVA AYANKA

Zirikana kuri iki kintu: Amategeko Imana yahaye ihanga rya Isirayeli yari atandukanye n’amategeko y’ayandi mahanga ya kera. Yari ameze nk’uruhome rutandukanya Abisirayeli n’amahanga yari abakikuje hamwe n’ibikorwa vyayo bibi. (Gus. 4:6-8) Ayo mategeko yarashira ahabona uku kuri guhambaye: Yehova aranka ubuhumbu.

Yehova yaradondoye ibikorwa vy’ubuhumbu amahanga yari akikuje Isirayeli yakora, aca abwira abo basavyi biwe ati: “Ntimuze mukore nk’uko igihugu ca Kanani gikora, ico ndiko ndabazanamwo. . . . Igihugu [kira]humanye, kandi nzogihanira ikosa ryaco.” Iyo Mana nyeranda y’Abisirayeli yabona ko ingeso z’Abanyakanani zishisha cane ku buryo yafata ko n’ico gihugu cari gihumanye.​—Lew. 18:3, 25.

Naho Yehova yahanye Abanyakanani, ntivyabujije ko abandi bantu babandanya gukora ubuhumbu. Inyuma y’imyaka irenga 1.500, Paulo yavuze ko abantu bo mu mahanga abakirisu babamwo bari “ba[ra]baye ibiti.” Nkako, bari “bihereje ubushirasoni kugira ngo bakore n’umunoho n’akantu ubuhumane bw’ubwoko bwose.” (Ef. 4:17-19) No muri iki gihe, abantu benshi ni ibihumbu kandi ntibibatera isoni. Abakirisu b’ukuri bategerezwa kwirinda uko bishoboka kwose kuraba amasanamu y’ibiterasoni.

Kuraba amasanamu y’ibiterasoni ni agatukisha ku Mana. Yaremye abantu mw’ishusho yayo, ibaremana ubushobozi bwo kumenya gutandukanya ikibereye n’ikitabereye. Imana yaragaragaje ubukerebutsi mu gushiraho amategeko agenga ivyo guhuza ibitsina. Yategekanije ko abubakanye ari bo gusa bahuza ibitsina mu buryo buteye iteka. (Ita. 1:26-28; Imig. 5:18, 19) None abakora amasanamu y’ibiterasoni canke abayakwiragiza baba berekanye iki? Baba berekanye ko basuzuguye bimwe vyeruye ingingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato runtu. Emwe, abantu bakwiragiza amasanamu y’ibiterasoni barasiga iceyi Yehova. Yehova azohana abirengagiza ingingo ngenderwako ziwe mu gutunganya amasanamu y’ibiterasoni canke mu kuyakwiragiza.​—Rom. 1:24-27.

Bite ho ku bantu baraba n’ibigirankana amasanamu y’ibiterasoni canke bagasoma ibitabu bivuga ivy’ubushegabo? Hari abokwiyumvira ko ari ukwinezereza ata co gutwaye. Ariko baba bashigikiye abasuzugura ingingo ngenderwako za Yehova. Naho yoshobora kuba atari yo ntumbero baba bafise mu gutangura kuyaraba, Bibiliya iratomora ko abasavyi b’Imana y’ukuri bakwiye kwanka urunuka amasanamu y’ibiterasoni. Iduhimiriza iti: “Yemwe abakunda Yehova, nimwanke ikibi.”​—Zab. 97:10.

Mbere n’abagerageza kwirinda kuraba amashusho y’ibiterasoni vyoshobora kutaborohera. Kubera tudatunganye, turarwana urugamba kugira tunanire inambu y’umubiri itabereye. Vyongeye, umutima wacu udatunganye urashobora gutuma twibwira ko kuraba amashusho y’ibiterasoni ata co bitwaye. (Yer. 17:9) Ariko abakirisu benshi baratsinze urwo rugamba, kandi ivyo birashobora kukuremesha nimba nawe uriko urarurwana. Raba ingene Ijambo ry’Imana ryogufasha kwirinda uwo mutego wa Shetani.

NUREKE KUGUMA WIYUMVIRA IVY’UBUHUMBU

Nk’uko twamaze kubivuga, Abisirayeli benshi bararetse ivyipfuzo bibi birabakwegera akarambaraye. Na twebwe ivyo vyodushikira. Umwigishwa Yakobo yarerekanye akaga karimwo, ati: “Umwe wese [arakwegakwegwa] kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite. Maze nya cipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro.” (Yak. 1:14, 15) Iyo umuntu aretse ivyipfuzo bibi bigashinga imizi muri we, amaherezo arashobora gucumura. Dutegerezwa rero kwikuramwo ivyiyumviro vy’ubuhumbu, ntitubigumize mu bwenge.

Nimba uguma wiyumvira ivy’ubuhumbu, nugire ico ukoze udatebaganye. Yezu yavuze ati: “Nimba rero ikiganza cawe canke ikirenge cawe kigutsitaza, gice ugite kure yawe. . . . Vyongeye, nimba ijisho ryawe rigutsitaza, rinogore urite kure yawe.” (Mat. 18:8, 9) Yezu ntiyashaka kuvuga ko dukwiye kwigirira nabi ku mubiri. Yakoresheje ico kigereranyo kugira atwereke ko dukwiye kwikurako tudatebaganye ikintu cose codutsitaza. None twoshira mu ngiro gute iyo mpanuro ku bijanye n’amasanamu y’ibiterasoni?

Bishitse ukagwa ku masanamu y’ibiterasoni, ntiwibwire ngo ‘nta ngorane.’ Nuce uraba hirya ubwo nyene. Nuzimye televiziyo, orodinateri canke akuma ngendanwa ata gutebagana. Hindura ivyiyumviro, uzirikane ikintu kidahumanye. Ivyo birashobora kugufasha kuganza ivyiyumviro vyawe aho kureka ngo uganzwe n’ivyipfuzo bibi.

BITE HO NIMBA TUGUMA TWIBUKA IVYO TWARAVYE KERA?

Wokora iki nimba warahagaritse kuraba amasanamu y’ibiterasoni, ariko bikaba biza birashika ukibuka ivyo wabonye? Amasanamu y’ibiterasoni canke ivyiyumviro vy’ubuhumbu birashobora kumara igihe kirekire mu bwenge. Birashobora no kukugarukamwo umwanya n’umwanya. Woshobora guca wumva umengo wokora ikintu gihumanye, nko kwimara inambu y’umubiri uri wenyene. Numenye rero ko ivyo vyiyumviro bishobora kukuzamwo bukwi na bukwi maze wame witeguriye kubirwanya.

Niwiyemeze kwama wiyumvira ivyo Imana igomba kandi ubikore. Nube nk’intumwa Paulo, uwavuze ati: “Umubiri wanje ndawukubitagura ibipfunsi nkawujana nk’umuja.” (1 Kor. 9:27) Ntureke ngo ivyipfuzo bihumanye bikuganze. Bibiliya iduhanura iti: “Muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha, kugira mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.” (Rom. 12:2) Niwibuke iki kintu: Agahimbare ntikazanwa no gutwarwa n’ivyipfuzo bibi, ahubwo kazanwa no kwiyumvira ivyo Imana igomba no kubikora.

Agahimbare ntikazanwa no gutwarwa n’ivyipfuzo bibi, ahubwo kazanwa no kwiyumvira ivyo Imana igomba no kubikora

Nugerageze gufata ku mutwe ivyanditswe bimwebimwe. Igihe rero ivyiyumviro bibi bije mu bwenge, nuce wihatira kuzirikana kuri ivyo vyanditswe. Ivyanditswe nka Zaburi 119:37; Yesaya 52:11; Matayo 5:28; Abanyefeso 5:3; Abakolosayi 3:5 na 1 Abatesalonika 4:4-8 bizogufasha kwanka amasanamu y’ibiterasoni nk’uko Yehova ayanka wongere utahure ico ashaka ko wokora.

Wokora iki bishitse ukumva umengo biranse ko wirinda kuraba canke kwiyumvira ivy’ubuhumbu? Niwigane witonze Yezu, we Karorero kacu. (1 Pet. 2:21) Yezu amaze kubatizwa, Shetani yaramugerageje kenshi. None Yezu yakoze iki? Akoresheje ivyanditswe, yagumye ananira Shetani. Yaramubwiye ati: “Ja hiyo, Shetani!” kandi Shetani yaciye amureka. Yezu ntiyigeze areka kurwanya Shetani, kandi na wewe ntukwiye kureka. (Mat. 4:1-11) Shetani n’isi yiwe bazoguma bagerageza kwuzuza mu bwenge bwawe ivyiyumviro vy’ubuhumbu, mugabo ntute hasi muri urwo rugamba. Urashobora kurutsinda. Ubifashijwemwo na Yehova, urashobora kunesha umwansi wawe.

NUSENGE YEHOVA KANDI UMUGAMBURUKIRE

Niwiture Yehova mw’isengesho, umutakambire agufashe. Paulo yavuze ati: “Ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” (Flp. 4:6, 7) Amahoro y’Imana aratuma woroherwa mu rugamba rwo kurwanya ikibi. Niwiyegereza Yehova, ‘na we azokwiyegereza.’​—Yak. 4:8.

Uburyo bwiza bwo kwikingira imitego ya Shetani ni ukuguma dufitaniye na Segaba w’ibiriho vyose ubucuti bukomeye. Yezu yavuze ati: “[Shetani] umutware w’isi ariko araza. Kandi nta bubasha amfiseko.” (Yoh. 14:30) Kubera iki Yezu yari afise ukwo kwizigira? Yarigeze kuvuga ati: “Uwandungitse ari kumwe nanje; ntiyantaye jenyene, kuko nama nkora ibimuhimbara.” (Yoh. 8:29) Na wewe wihatiye guhimbara Yehova mu vyo ukora vyose, wohera amazinda ko atazokwigera aguheba. Niwirinde umutego wo kuraba ibiterasoni canke kubisoma, gutyo Shetani ntazoshobora kukwigarurira.