Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 29

‘Nimugende muhindure abantu abigishwa’

‘Nimugende muhindure abantu abigishwa’

“Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.”​—MAT. 28:19.

URURIRIMBO RWA 60 Boshobora kurokoka

INCAMAKE *

1-2. (a) Twisunze itegeko Yezu yatanze muri Matayo 28:18-20, ishengero rya gikirisu rijejwe igikorwa nyamukuru ikihe? (b) Muri iki kiganiro, turimbura ibibazo ibihe?

YEZU amaze kuzuka, yari yabwiye intumwa ziwe ngo baze bahurire ku musozi umwe i Galilaya. Igihe rero bahurira muri ico kibanza, bategerezwa kuba bari barindiranye igishika ico ari bubabwire. (Mat. 28:16) Hashobora kuba ari ca gihe “yiyeretse bene wacu barenga amajana atanu icarimwe.” (1 Kor. 15:6) None ni kubera iki Yezu yari yatumiye abigishwa biwe kuri iryo koraniro? Yashaka kubashinga igikorwa gihambaye. Yababwiye ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.”​—Soma Matayo 28:18-20.

2 Abigishwa bumvise ayo majambo ya Yezu bahavuye baba mu bagize ishengero rya gikirisu ryo mu ntango. Igikorwa nyamukuru iryo shengero ryoranguye kwari uguhindura abandi benshi ngo babe abigishwa ba Kristu. * Ubu hirya no hino kw’isi hari amashengero menshi y’abakirisu b’ukuri, kandi igikorwa nyamukuru bajejwe ni ca kindi nyene. Muri iki kiganiro, turarimbura ibibazo bine: Kubera iki guhindura abantu abigishwa bihambaye cane? Bisaba iki? Buri mukirisu yoba afise uruhara mu guhindura abantu abigishwa? Kubera iki ico gikorwa gisaba ukwihangana?

KUBERA IKI GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA BIHAMBAYE CANE?

3. Twisunze Yohani 14:6 na 17:3, ni kubera iki igikorwa co guhindura abantu abigishwa gihambaye cane?

3 Kubera iki igikorwa co guhindura abantu abigishwa gihambaye cane? Ni kubera ko abigishwa ba Kristu ari bo gusa bashobora kuba abagenzi b’Imana. Vyongeye, abakurikira Kristu baragira ubuzima bwiza muri iki gihe, bakagira n’icizigiro c’ubuzima budahera muri kazoza. (Soma Yohani 14:6; 17:3.) Ego ni ko Yezu yaradushinze ibanga ritoroshe, mugabo ico gikorwa ntitukirangura twenyene. Intumwa Paulo yaranditse ku bimwerekeye hamwe na bamwebamwe mu bo bari bafatanije igikorwa ati: “Turi abakozi bakorana n’Imana.” (1 Kor. 3:9) Umve yemwe ako gateka Yehova na Yezu bateye abantu badatunganye!

4. Twigira iki ku vyo Ivan na Matilde biboneye?

4 Guhindura abantu abigishwa birazana umunezero mwinshi. Raba nk’ivyashikiye Ivan n’umukenyezi wiwe Matilde bo muri Kolombiya. Barabwiye ubutumwa umusore yitwa Davier, aca ababwira ati: “Ndipfuza guhinduka, mugabo ntibikunda.” Davier yakina inkino zo kurwana, akanywa ibiyayuramutwe, akaborerwa kandi akabana n’umukobwa yitwa Erika batanditswe. Ivan avuga ati: “Twaratanguye kumugendera mu kigwati cari kure cane, bigasaba ko tugenda n’amakinga amasaha menshi mu mabarabara y’ivyondo. Erika amaze kubona ko Davier ariko arahinduka, na we nyene yaratanguye kwiga Bibiliya.” Davier yahavuye aheba ibiyayuramutwe, akaborerwe no gukubitana ibipfunsi yongera arubakana na Erika mu mategeko. Matilde avuga ati: “Igihe Davier na Erika babatizwa mu 2016, twaributse ingene Davier yahoze avuga ngo ‘Ndipfuza guhinduka, mugabo ntibikunda.’ Twaranezerewe ku buryo dukorora amosozi.” Vy’ukuri, turanezerwa cane iyo dufashije abantu gucika abigishwa ba Kristu.

GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA BISABA IKI?

5. Intambwe ya mbere dutera mu guhindura abantu abigishwa ni iyihe?

5 Intambwe ya mbere dutera mu guhindura abantu abigishwa ni ‘ukurondera’ abafise agatima kabereye. (Mat. 10:11) Iyo tugize akigoro tukabwira inkuru nziza abantu bose bo mu cibare cacu kandi tukagamburuka itegeko rya Kristu ridusaba kwamamaza, tuba twerekanye yuko vy’ukuri turi Ivyabona vya Yehova be n’uko turi abakirisu b’ukuri.

6. Twokora iki kugira turoranirwe mu busuku?

6 Naho hari abo usanga bashashaye kwiga ukuri kwo muri Bibiliya, abo duhura benshi boshobora gusa n’abatabinezwe mu ntango. Biraba ngombwa rero ko tubavyurira ugushimishwa. Kugira turoranirwe mu busuku, turakwiye kuba twiteguye neza. Nuhitemwo witonze ivyiyumviro bishobora gushimisha abo muhura. Nuce utegura ingene uza gutanguza ikiyago kuri buri ciyumviro.

7. Ushobora gute gutanguza ikiyago, kandi ni kubera iki bihambaye ko utega yompi abo muyaga ukongera ukabubahiriza?

7 Nk’akarorero, woshobora kubaza umunyamuhana uti: “Woshima ko ndakwibariza ico wiyumvira ku kintu kimwe? Ingorane nyinshi ziduhanze muri iki gihe zirashikira n’abandi hirya no hino kw’isi. Woba wibaza ko dukeneye intwaro iganza isi yose yotorera umuti izi ngorane?” Mwoshobora guca muyaga kuri Daniyeli 2:44. Canke wobaza umubanyi uti: “Wibaza ko uburyo bwo guha abana indero nziza ari ubuhe? Noshima kumenya ico uvyiyumvirako.” Nimuce muyaga ku bivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7. Iciyumviro wohitamwo caba ikihe, nuzirikane abantu muza kuyaga. Niwiyumvire ingene baza kwungukira ku vyo Bibiliya yigisha. Igihe muyaga, birahambaye ko ubatega yompi kandi ukubahiriza ivyiyumviro vyabo. Gutyo uzotahura iryo bagona, kumbure na bo barushirize kugutega yompi.

8. Kubera iki dukwiye gusubira kugendera abantu kenshi?

8 Imbere y’uko umuntu yemera kwiga Bibiliya, vyoshobora kuba ngombwa ko usubira kumugendera kenshi. Uti kubera iki? Kubera hari igihe umugendera ntumuronke. Vyongeye, hari aho vyosaba ko umugendera incuro n’izindi imbere y’uko akwemerera kwiga Bibiliya. Niwibuke ko igiterwa kirushiriza gukura neza igihe kiguma kivomerwa. Muri ubwo buryo nyene, uwashimishijwe yorushiriza gukunda Yehova na Kristu igihe muguma muyaga kw’Ijambo ry’Imana.

BURI MUKIRISU YOBA AFISE URUHARA MU GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA?

Ivyabona bo kw’isi yose barafise uruhara mu kurondera ababereye (Raba ingingo ya 9-10) *

9-10. Kubera iki twovuga ko umukirisu wese yamamaza aba yaragize uruhara kugira ab’umutima nziraburyarya baboneke?

9 Buri mukirisu yamamaza aragira uruhara kugira ab’umutima nziraburyarya baboneke. Ico gikorwa twokigereranya no kurondera umwana yatakaye. Uti gute? Rimbura akarorero k’ikintu cabaye koko: Hari agahungu k’imyaka itatu kazimiye. Abantu bashika 500 baragize uruhara mu kukarondera. Inyuma y’amasaha nka 20, umwe muri bo yahavuye agatora mu murima w’ibigori. Uwo muntu yaranse ko bamuhayagiza ngo ni we yatoye nya gahungu. Yavuze ati: “Kugira kaboneke, abantu amajana babigizemwo uruhara.”

10 Abantu benshi bameze nk’ako gahungu. Barazimiye. Naho ata cizigiro bafise, barakeneye uwobafasha. (Ef. 2:12) Abarenga imiliyoni umunani muri twebwe bariko basenyera ku mugozi umwe mu kurondera abo bantu. Hari aho woba utararonka uwemera kwiga Bibiliya. Yamara rero, abandi bamamaza muri ico cibare nyene boshobora kuba bamaze kuronka abavyipfuza. Igihe umwamamaji ahuye n’umuntu akaba umwigishwa wa Kristu, uwagize uruhara wese muri ico gikorwa co kurondera aba afise imvo yumvikana yo kunezerwa.

11. Naho utoba ufise inyigisho, ni mu bundi buryo ubuhe ushobora kugira ico uterereye mu guhindura abantu abigishwa?

11 Naho ubu utoba ufise inyigisho ya Bibiliya, urashobora kugira ico uterereye mu bundi buryo mu guhindura abantu abigishwa. Nk’akarorero, urashobora kwakirana igishika abashasha baza ku Ngoro y’Ubwami. Gutyo, uba ubafashije kwibonera ko twebwe abakirisu b’ukuri urukundo ari rwo ruturanga. (Yoh. 13:34, 35) Vyongeye, inyishu utanga mu makoraniro naho ziba ari ngufi, zirigisha abashasha ukuntu boserura ukwizera kwabo babikuye ku mutima kandi babigiranye icubahiro. N’ikindi kandi, urashobora kujana mu busuku n’umwamamaji mushasha, ukamufasha gukoresha Ivyanditswe mu kwigisha abantu. Muri ubwo buryo, uba uriko uramwigisha kwigana Kristu.​—Luka 10:25-28.

12. Twoba dukeneye ubuhinga budasanzwe kugira duhindure abantu abigishwa? Sigura.

12 Nta n’umwe muri twebwe akwiye kwiyumvira ko akeneye ubuhinga budasanzwe kugira ahindure abandi abigishwa ba Yezu. Uti kubera iki? Zirikana akarorero k’uwitwa Faustina aba muri Boliviya. Igihe yatangura kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova, ntiyari azi gusoma. Mu nyuma yaramenye gusoma bibayabaye. Ubu yarabatijwe kandi arakunda kwigisha abandi. Buri ndwi ayobora inyigisho za Bibiliya zitanu. Naho adashobora gusoma neza nk’abo yigisha Bibiliya, yarafashije batandatu gushika barabatizwa.​—Luka 10:21.

13. Naho twoba dufatirwa cane, ni ivyiza bimwebimwe ibihe twironkera mu guhindura abantu abigishwa?

13 Abakirisu benshi barafatirwa cane kuko bafise vyinshi bitwararika. Yamara bararondera umwanya wo kuyobora inyigisho za Bibiliya, bakironkera umunezero mwinshi. Raba nk’ivyashikiye uwitwa Melanie wo muri Alaska. Yari yireranye agakobwa k’imyaka umunani, akagira akazi kamufatira cane, akanafasha mu kwitwararika umuvyeyi wiwe yari arwaye kanseri. Melanie ni we gusa yari Icabona mu gasagara yabamwo. Akenshi yarasenga ngo aronke inguvu zo kwihanganira imbeho agiye kwamamaza, kubera yipfuza cane kuronka inyigisho. Yahavuye ahura n’uwitwa Sara, uwahimbawe no kumenya ko Imana ifise izina ry’uruharo. Haheze igihe, yaremeye kwiga Bibiliya. Melanie avuga ati: “Naho buri wa gatanu ku mugoroba naba ndushe cane, jewe n’agakobwa kanje twarahungukira cane tugiye kuyobora iyo nyigisho. Twarahimbarwa no kurondera inyishu z’ibibazo vya Sara kandi twararyohewe rwose no kumubona acitse umugenzi wa Yehova.” Sara yarihanganiye uruhamo abigiranye umutima rugabo, araheba idini yarimwo maze arabatizwa.

IGITUMA GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA BISABA UKWIHANGANA

14. (a) Abahindura abantu abigishwa bahuriye ku ki n’abarovyi? (b) Amajambo ya Paulo dusanga muri 2 Timoteyo 4:1, 2 akuremesha gukora iki?

14 Naho woba utararonka uwipfuza kuba umwigishwa, nugume urondera. Niwibuke ko igikorwa co guhindura abantu abigishwa Yezu yakigereranije no kuroba. Abarovyi barashobora kumara amasaha menshi ata n’ifi n’imwe bararonka. Akenshi barakora ijoro ryitereye canke mu gaturuturu, rimwe na rimwe bakabwirizwa kugenda ibilometero vyinshi mu mazi. (Luka 5:5) Mu buryo busa n’ubwo, hari abahindura abantu abigishwa bamara amasaha menshi bariko bararoba mu buryo bw’ikigereranyo mu biringo no mu bibanza bitandukanye, babigiranye ukwihangana. Uti kubera iki? Kugira baronke uturyo twiyongereye two guhura n’abantu benshi. Akenshi abagira utwo twigoro barironkera abashimishwa n’ubutumwa twamamaza. Ubona gute ugerageje kwamamaza mu mwanya canke mu kibanza ushobora kuronka abantu benshi bashoboka?​—Soma 2 Timoteyo 4:1, 2.

Nufashe wihanganye abo wigisha Bibiliya batere imbere mu vy’impwemu (Raba ingingo ya 15-16) *

15. Kubera iki kuyobora inyigisho za Bibiliya bisaba ukwihangana?

15 Kubera iki kuyobora inyigisho za Bibiliya bisaba ukwihangana? Kimwe coco ni uko hari n’ibindi dukeneye gukora, uretse gufasha umutohoji kumenya no gukunda inyigisho zo muri Bibiliya. Tubwirizwa gufasha umutohoji kumenya no gukunda Uwo Bibiliya ikomokako ari we Yehova. Vyongeye, hambavu yo kumwigisha ivyo Yezu asaba abigishwa biwe, tubwirizwa kumufasha kumenya ingene yokwigenza nk’umukirisu w’ukuri. Dutegerezwa kumufasha twihanganye igihe ariko yihatira gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Naho hari abahindura ivyiyumviro n’ingeso mu mezi makeyi gusa, abandi birabasaba igihe kirekire.

16. Akarorero ka Raúl kakwigishije iki?

16 Umumisiyonari umwe yakoreye muri Peru yariboneye ivyiza biva ku kwihangana. Yavuze ati: “Nari narigishije ibitabu bibiri umutohoji yitwa Raúl. Mugabo yagumye afise intambamyi zikomeye mu buzima. Urugo rwiwe rwamamwo induru, akama avuga ibijambo bibi, ivyo bigatuma abana biwe batamwubaha namba. Kubera ko yaguma aza ku makoraniro, narabandanije kumugendera kugira ndamufashe hamwe n’umuryango wiwe. Inyuma y’imyaka irenga itatu dutanguye kuyaga, yarakwije ibisabwa arabatizwa.”

17. Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

17 Yezu yadutegetse ati: “Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.” Kugira turangure ico gikorwa, akenshi dutegerezwa kuyaga n’abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye cane n’ivyacu, harimwo n’abatagira idini canke abatemera ko Imana ibaho. Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ingene twoshikiriza inkuru nziza abantu mwene abo.

URURIRIMBO RWA 68 Tubibe imbuto z’Ubwami

^ ing. 5 Igikorwa nyamukuru ishengero rya gikirisu rijejwe ni ugufasha abantu kuba abigishwa ba Kristu. Iki kiganiro kiratanga ivyiyumviro ngirakamaro vyodufasha kurangura ico gikorwa cacu.

^ ing. 2 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Abigishwa ba Kristu barakora n’ibindi uretse kumenya ivyo Yezu yigishije. Barashira mu ngiro ivyo biga. Barihatira gukurikira uko bishoboka kwose intambuko za Yezu, ni ukuvuga akarorero kiwe.​—1 Pet. 2:21.

^ ing. 52 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umugabo agiye mu kiruhuko arakiriye agapapuro k’inkuru nziza ahawe n’Ivyabona ku kibuga c’indege. Mu nyuma akiri muri ico kiruhuko, arabona ibindi Vyabona bariko bamamaza ku mugaragaro. Amaze kugaruka i muhira, agiye abona abamamaji bamugendera.

^ ing. 54 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Wa mugabo nyene aremera kwiga Bibiliya. Amaherezo, arakwiza ibisabwa akabatizwa.