Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 27

Niwitegurire uruhamo ubu

Niwitegurire uruhamo ubu

“Abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana bifatanije na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa.”​—2 TIM. 3:12.

URURIRIMBO RWA 129 Tugume twihangana

INCAMAKE *

1. Kubera iki tubwirizwa kwitegurira uruhamo?

MW’IJORO ry’imbere y’uko Umukama wacu Yezu yicwa, yaravuze ko abahitamwo kuba abigishwa biwe bose bazokwankwa. (Yoh. 17:14) Gushika n’ubu, Ivyabona vya Yehova b’intahemuka baracahamwa n’abarwanya ugusenga kw’ukuri. (2 Tim. 3:12) Uko iherezo ry’ivy’iyi si ryegereza, turitega ko abansi bacu barushiriza kuturwanya.​—Mat. 24:9.

2-3. (a) Dukwiye kumenya iki ku bijanye n’ubwoba? (b) Turimbura iki muri iki kiganiro?

2 Twokora iki none ubu kugira twitegurire uruhamo? Si ngombwa ngo twiyumvire ibintu bibi vyose bishobora kudushikira. Hamwe twoguma twiyumvira ingorane zitarashika, vyoshobora gutuma ubwoba n’amaganya biturengera, tugaca dutana n’akabando n’imbere yuko ingorane nyezina zidushikira. (Imig. 12:25; 17:22) Ubwoba ni ikirwanisho gikomeye ‘umwansi wacu Shetani’ agerageza gukoresha kugira aturwanye. (1 Pet. 5:8, 9) None ni ibiki twokora ubu kugira twikomeze?

3 Muri iki kiganiro, turarimbura ingene twokomeza ubucuti dufitaniye na Yehova be n’igituma bihambaye cane ko tubigira ubu. Vyongeye, turihweza ico twokora kugira dutsimbataze umutima rugabo. Mu nyuma turaza kwihweza ico twokora baturwanije.

INGENE WOKOMEZA UBUCUTI UFITANIYE NA YEHOVA

4. Mu Baheburayo 13:5, 6 hatubwira iki, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye?

4 Nuhere amazinda ko Yehova agukunda be n’uko atazokwigera aguheba. (Soma Abaheburayo 13:5, 6.) Mu myaka myinshi iheze, Umunara w’Inderetsi wavuze uti: “Umuntu azi neza Imana ararushiriza kuyizigira mu gihe c’ibigeragezo.” Emwe, ukwo ni ukuri! Kugira twihanganire uruhamo, dutegerezwa gukunda Yehova kandi tukamwizigira duherejeko, ntitwigere dukekeranya ko adukunda.​—Mat. 22:36-38; Yak. 5:11.

5. Wokora iki kugira ubone ko Yehova agukunda?

5 Nusome Bibiliya buri musi ufise intumbero yo kwiyegereza Yehova. (Yak. 4:8) Igihe usoma Bibiliya, niwibande kuri kamere z’igikundiro za Yehova. Igihe usomye ibijanye n’ivyo yavuze be n’ivyo yakoze, nubone urukundo n’igishika agufitiye. (Kuv. 34:6) Hari abo vyoshobora kugora kwemera ko Imana ibakunda, kubera ko ata wigeze abagaragariza urukundo. Nimba nawe bikugora, nugerageze kwandika buri musi uburyo butandukanye Yehova aba yakugaragarije ubuntu n’imbabazi. (Zab. 78:38, 39; Rom. 8:32) Uko urimbura ibigushikira ukongera ukazirikana ku vyo usoma mw’Ijambo ry’Imana, ntuzobura kubona ibintu vyinshi Yehova agukorera. Niwarushiriza guha agaciro ivyo Yehova akora, uzoca urushiriza kumwiyegereza.​—Zab. 116:1, 2.

6. Nk’uko bivugwa muri Zaburi 94:17-19, isengesho rivuye ku mutima rishobora gute kugufasha?

6 Nusenge udahorereza. Zirikana sebibondo agumbiriye agahungu kiwe n’urukundo rwinshi. Gaca kumva ata co kinona ku buryo kamubwira katitinya ibibi n’ivyiza vyose vyagashikiye uwo musi. Hamwe wokwiyegereza Yehova buri musi mw’isengesho rivuye ku mutima, na wewe urashobora kwumva umerewe nk’ako gahungu. (Soma Zaburi 94:17-19.) Igihe usenga Yehova, “suka umutima wawe nk’amazi” maze ubwire Umuvyeyi wawe agukunda ibigutera ubwoba n’ibikuraje ishinga vyose. (Int. 2:19) None ivyo bizovamwo iki? Uzoca wironkera ico Bibiliya yita “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” (Flp. 4:6, 7) Uko urushiriza kubigenza gutyo igihe usenga, ni ko urushiriza kwumva ko wiyegereje Yehova.​—Rom. 8:38, 39.

Kwizigira Yehova n’Ubwami bwiwe duherejeko ni vyo bituma tugira umutima rugabo

Stanley Jones yarikomeje yisunze ivyo yari azi neza ku bijanye n’Ubwami bw’Imana (Raba ingingo ya 7)

7. Kubera iki ukwiye kwemera udakeka yuko ivyo Imana yasezeranye ku bijanye n’Ubwami bizoranguka?

7 Nuhere amazinda ko imihezagiro y’Ubwami bw’Imana izoshika ata kabuza. (Guh. 23:19) Nimba wizera buhoro ivyo Imana yasezeranye, Shetani n’abakozi biwe bizoborohera kugutera ubwoba. (Imig. 24:10; Heb. 2:15) None worushiriza gute kwizigira Ubwami bw’Imana muri iki gihe? Mu kwiyigisha kwawe, niwishingire umugambi wo gusuzuma ivyo Imana yasezeranye ku bijanye n’Ubwami bwayo be n’imvo zotuma wemera udakeka yuko bizoranguka. Ivyo bishobora gute kugufasha? Rimbura akarorero ka Stanley Jones, uwamaze imyaka indwi apfunzwe ahorwa ukwizera kwiwe. * Ni igiki camufashije kwumira kw’ibanga? Yavuze ati: “Kubera nakomejwe n’ivyo nari nzi ku bijanye n’Ubwami bw’Imana, nkavyemera ata mazinda sinigere na rimwe nkekeranya ku bijanye na vyo, nta washobora gutuma ndohoka.” Niwizera ushikamye ivyo Yehova yasezeranye, uzorushiriza kumwiyegereza kandi ntuzoreka ngo ubwoba butume ureka kumukorera.​—Imig. 3:25, 26.

8. Agatima dufise ku bijanye n’amakoraniro kerekana iki? Sigura.

8 Niwitabe amakoraniro udahorereza. Amakoraniro aradufasha kwiyegereza Yehova. Agatima dufise ku bijanye no kwitaba amakoraniro karerekana neza ingene tuzokwihanganira uruhamo muri kazoza. (Heb. 10:24, 25) Uti kubera iki? Nimba tureka utuntu dutoduto tukatubuza kwitaba amakoraniro ubu, bizogenda gute muri kazoza igihe tuzoba duhakwa no kuhasiga agatwe kugira dukoranire hamwe n’abo dusangiye ukwizera? Ku rundi ruhande, nimba twumirako tukitaba amakoraniro, ntituzosha coba igihe abaturwanya bazogerageza kutubuza gukoranira hamwe. Ubu ni co gihe co kurushiriza gukunda amakoraniro yacu. Kuyakunda bizotuma tubandanya kugamburukira Imana aho kugamburukira abantu, naho hoza uruhamo canke mbere abategetsi bakatubuza gukoranira hamwe.​—Ivyak. 5:29.

Gufata ku mutwe ivyanditswe n’indirimbo z’Ubwami birashobora kugufasha cane mu gihe c’uruhamo (Raba ingingo ya 9) *

9. Kubera iki gufata ku mutwe ivyanditswe ari uburyo bwiza bwo kwitegurira uruhamo?

9 Nufate ku mutwe ivyanditswe ukunda cane. (Mat. 13:52) Naho kwibuka vyoba bitakworohera, Yehova arashobora gukoresha impwemu yiwe y’ububasha kugira akwibutse ivyo vyanditswe. (Yoh. 14:26) Umuvukanyi umwe yari apfunzwe mu Budagi bwo mu buseruko, mu nyuma apfungirwa mu kumba ka wenyene. Yavuze ati: “Ese ukuntu nahimbawe cane kubona ico gihe nari nzi ku mutwe ivyanditswe amajana! Naho nari jenyene, nagumye mfatiriwe no kuzirikana ku vyiyumviro bitari bike vyo muri Bibiliya.” Ivyo vyanditswe vyarafashije uwo muvukanyi kuguma yiyegereje Yehova no kwumira kw’ibanga.

(Raba ingingo ya 10) *

10. Kubera iki dukwiye gufata ku mutwe indirimbo zacu?

10 Nufate ku mutwe indirimbo zishemeza Yehova wongere uziririmbe. Igihe Paulo na Silasi bari bapfungiwe i Filipi, bararirimvye indirimbo zishemeza Yehova bari barafashe ku mutwe. (Ivyak. 16:25) Igihe abavukanyi bo mu cahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti bari barangarijwe muri Siberiya, bobo bakoze iki kugira bikomeze? Mushiki wacu yitwa Mariya Fedun yigana ati: “Twararirimba indirimbo zose twibuka zo mu gitabu cacu.” Avuga ko izo ndirimbo zabaremesheje bose, zirabafasha no kwumva ko biyegereje Yehova. Woba nawe wumva uremye igihe uririmvye indirimbo z’Ubwami ukunda cane? Nuzifate ku mutwe rero udatebaganye.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Numpe umutima rugabo.”

INGENE WORUSHIRIZA KUGIRA UMUTIMA RUGABO

11-12. (a) Twisunze 1 Samweli 17:37, 45-47, ni kubera iki Dawidi yari afise umutima rugabo? (b) Ni icigwa gihambaye ikihe twigira ku nkuru ya Dawidi?

11 Kugira wihanganire uruhamo, urakeneye umutima rugabo. Nimba wumva ko ata wo ufise, wokora iki? Mu bisanzwe, umutima rugabo nyakuri ntuvana n’igihagararo, inguvu canke ubushobozi ufise. Ibuka nk’igihe ka gasore Dawidi kahangana na Goliyati. Umugereranije n’ico kigatanya, Dawidi yari umuswi, agoyagoya, kandi nta birwanisho nyavyo yari afise. Wanashima, nta n’inkota yari afise. Yamara yari afise umutima rugabo udasanzwe. Dawidi abigiranye ubutinyutsi, yarirutse kurwana n’ico kigatanya c’ubwibone.

12 Kubera iki Dawidi yari afise uwo mutima rugabo? Yarizera adakeka ko Yehova ari kumwe na we. (Soma 1 Samweli 17:37, 45-47.) Dawidi ntiyarajwe ishinga n’ingene Goliyati yamusumvya cane igihagararo. Yitwararitse nyabuna ingene Goliyati yari ubusa amugereranije na Yehova. None iyo nkuru itwigisha iki? Nitwizigira ko Yehova ari kumwe natwe kandi tukabona neza ko abaturwanya ari ubusa ubagereranije n’Imana Mushobora vyose, bizotuma tugira umutima rugabo. (2 Ngo. 20:15; Zab. 16:8) None twotsimbataza gute umutima rugabo ubu, n’ukuvuga uruhamo rutaraza?

13. Twotsimbataza gute umutima rugabo? Sigura.

13 Turatsimbataza umutima rugabo ubu mu kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Uti kubera iki? Kubera yuko kwamamaza bitwigisha kwizigira Yehova no kudatinya abantu. (Imig. 29:25) Kurya nyene imitsi yacu irushiriza gukomera igihe tuyikoresha, turarushiriza kugira umutima rugabo igihe twamamaza inzu ku nzu, ku mugaragaro, akaryo kizanye no mu bibanza vy’ubudandaji. Nitwagaragaza umutima rugabo muri iki gihe, tuzoba twiteguriye kubandanya twamamaza n’igihe igikorwa cacu kizoba kibujijwe.​—1 Tes. 2:1, 2.

Nancy Yuen yaranse guhagarika kwamamaza inkuru nziza (Ingingo ya 14)

14-15. Twigira iki kuri Nancy Yuen na Valentina Garnovskaya?

14 Turigira vyinshi ku karorero ka bashiki bacu babiri b’abizigirwa bagaragaje umutima rugabo udasanzwe. Umwe ni Nancy Yuen. Naho yari mugufi, nta wapfa kumutera ubwoba. * Yaranse guhagarika kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami, bica bituma amara imyaka 20 apfungiwe mu Bushinwa. Abategetsi bamusambishije bavuze ko mu gihugu cabo yari we “muntu w’intabarirwa kuruta izindi zose.”

Valentina Garnovskaya yaremera adakeka yuko Yehova ari kumwe na we (Raba ingingo ya 15)

15 Uwundi na we ni Valentina Garnovskaya. Yarapfunzwe incuro zitatu zose mu cahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, akaba rero yamaze imyaka igera ku 21 mu munyororo tuyifatiye hamwe. * None yazira iki? Yari yiyemeje cane kuguma yamamaza ku buryo abategetsi bamwise ngo ni “umubisha ateye akaga bidasanzwe.” None ni igiki catumye abo bashiki bacu babiri bagaragaza uwo mutima rugabo udasanzwe? Bari barajijutse ko Yehova yari kumwe na bo.

16. Akabanga ko kuronka umutima rugabo nyakuri ni akahe?

16 Nk’uko twabibonye, kugira turonke umutima rugabo ntidukwiye kwizigira inguvu zacu bwite. Ahubwo riho tubwirizwa kwizigira ko Yehova ari kumwe natwe be n’uko ari we aturwanira. (Gus. 1:29, 30; Zek. 4:6) Ako ni ko kabanga ko kuronka umutima rugabo nyakuri.

ICO WOKORA IGIHE ABANTU BAKWANSE

17-18. Nk’uko bivugwa muri Yohani 15:18-21, Yezu yatugabishije gute? Sigura.

17 Iyo abantu batwubashe, turabishima. Ariko ntidukwiye kwiyumvira yuko ata co tumaze igihe batatwerekwa. Yezu yavuze ati: “Muzoba muhiriwe igihe cose abantu bazoba babanse, n’igihe cose bazoba babaciye, bakabatuka kandi bakiyamiriza izina ryanyu ngo muri babi babahora Umwana w’umuntu.” (Luka 6:22) None ng’aho Yezu yashatse kuvuga iki?

18 Yezu ntiyashatse kuvuga ko abakirisu boryohewe babanse. Yashatse gusa kutuburira ku vyodushikiye. Ntituri ab’isi. Tubaho twisunga ivyo Yezu yigishije kandi tukamamaza ubutumwa yamamaje. Ivyo bituma isi itwanka. (Soma Yohani 15:18-21.) Twipfuza guhimbara Yehova. Nimba rero abantu batwanse kubera twikundira uwo Muvyeyi wacu, iyo ni ingorane yabo.

19. Dushobora gute kwigana intumwa?

19 Ntukigere ureka ikintu na kimwe abantu buntu bavuga canke bakora ngo gitume uterwa isoni no kuba uri Icabona ca Yehova. (Mika 4:5) Turiga kudatinya abantu igihe tuzirikanye ingene intumwa zavyifashemwo i Yeruzalemu, Yezu amaze kwicwa. Bari bazi ingene indongozi z’idini ry’abayuda zabanka urunuka. (Ivyak. 5:17, 18, 27, 28) Ariko buri musi babandanije kuja ku rusengero, bongera baragaragaza ko ari abigishwa ba Yezu mu kwamamaza. (Ivyak. 5:42) Baranse gusha coba. Na twebwe turashobora kwirinda gutinya abantu mu kwama twimenyekanisha ko turi Ivyabona vya Yehova, haba ku kazi, kw’ishure no mu kibano.​—Ivyak. 4:29; Rom. 1:16.

20. Kubera iki intumwa zari zihimbawe naho nyene bazanka?

20 Kubera iki intumwa zari zihimbawe? Bari bazi igituma bankwa kandi babona yuko ari agateka igihe babahoye ko bakora ukugomba kwa Yehova. (Luka 6:23; Ivyak. 5:41) Intumwa Petero yahavuye yandika ati: “Naho mwobabara muhorwa ubugororotsi, muba muhiriwe.” (1 Pet. 2:19-21; 3:14) Nitwatahura ko batwanka baduhora gukora ikibereye, ntituzokwigera tureka ngo urwo rwanko rutubuze gusukurira Yehova.

KWITEGURA BIZOGUFASHA

21-22. (a) Wiyemeje gukora iki kugira witegurire uruhamo? (b) Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

21 Ntituzi igihe uruhamo ruzotangura canke igihe abo mu ntwaro bazohagarika igikorwa cacu. Ico tuzi gusa ni uko dushobora kwitegura ubu mu gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova, mu gutsimbataza umutima rugabo no mu kwiga kwihangana igihe abantu batwanse. Kwitegura ubu bizodufasha kuguma dushikamye muri kazoza.

22 Bite ho bishitse abategetsi bakatubuza gusenga? Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ingingo ngenderwako zodufasha kubandanya dukorera Yehova mu bihe nk’ivyo.

URURIRIMBO RWA 118 “Twongereze ukwizera”

^ ing. 5 Nta n’umwe yoshima ko bamwanka. Ariko bitebe bitebuke, twese tuzobwirizwa guhamwa. Iki kiganiro kiratwereka ingene twotsimbataza umutima rugabo kugira twitegurire uruhamo.

^ ing. 7 Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ndamukiza 1966 rup. 212-224.

^ ing. 14 Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Gitugutu 1979, rup. 4-7. Raba no kuri televiziyo ya JW (mu gifaransa) ividewo ivuga ngo “ Le nom de Jéhovah sera connu.” Nuje ahavuga ngo INTERVIEWS ET TÉMOIGNAGES.

^ ing. 15 Raba Umunara w’Inderetsi, wo ku wa 15 Ndamukiza 2009, rup. 9-10 ing. 10-11 be n’Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 2008 (mu gifaransa), rup. 191-192.

^ ing. 67 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mu gusenga kwo mu muryango, abavyeyi bariko barakoresha udupapuro turiko ivyanditswe kugira bafashe abana babo kubifata ku mutwe.

^ ing. 70 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abagize umuryango umwe bariko barimenyereza kuririmba indirimbo z’Ubwami bari mu muduga igihe bariko baja kw’ikoraniro