Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 28

Nugume usenga Yehova igihe igikorwa cacu kibujijwe

Nugume usenga Yehova igihe igikorwa cacu kibujijwe

“Ntidushobora kureka kuvuga ivyo twabonye kandi twumvise.”​—IVYAK. 4:19, 20.

URURIRIMBO RWA 122 Dushikame, ntitunyiganyige!

INCAMAKE *

1-2. (a) Kubera iki bitadutangaza igihe igikorwa cacu kibujijwe? (b) Muri iki kiganiro twihweza iki?

MU 2018, abamamaji barenga 223.000 baba mu bihugu wasanga igikorwa cacu kibujijwe canke kiburabuzwa cane. Ivyo ntibidutangaza. Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, abakirisu b’ukuri bama biteze ko bahamwa. (2 Tim. 3:12) Aho twoba tuba hose, bukwi na bukwi abategetsi boshobora kutubuza gukorera Imana yacu Yehova.

2 Bishitse leta yo mu gihugu ubamwo ikabuza igikorwa turangurira Yehova, woshobora kwibaza uti: ‘Uruhamo rwoba rwerekana ko tutagishimwa n’Imana? Twoba tuzohagarika gusenga Yehova kubera igikorwa cacu kibujijwe? Noba nkwiye kwimukira mu gihugu nshobora gusenga Yehova mu mwidegemvyo?’ Muri iki ikiganiro, turihweza ivyo bibazo. Vyongeye, turarimbura ingene twobandanya gusenga Yehova igihe igikorwa cacu kibujijwe be n’ivyo twokwirinda gukora.

URUHAMO RWOBA RWEREKANA KO TUTAGISHIMWA N’IMANA?

3. Twisunze 2 Abakorinto 11:23-27, intumwa Paulo yahamwe gute, kandi ivyamushikiye bitwigisha iki?

3 Bishitse leta ikabuza igikorwa cacu, twohakwa kwihenda tukavuga ko Imana yaduhevye. Ariko rero, guhamwa ntibisobanura ko Yehova atadushima. Rimbura nk’akarorero ivyashikiye intumwa Paulo. Imana yaramushima cane. Yaramuteye agateka ko kwandika amakete 14 ari mu bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki, kandi yarabaye intumwa ku mahanga. Naho ari ukwo, yarashikiwe n’uruhamo rukomeye. (Soma 2 Abakorinto 11:23-27.) Ivyashikiye intumwa Paulo biratwigisha ko Yehova ashobora kureka abasavyi biwe b’abizigirwa bagahamwa.

4. Kubera iki isi itwanka?

4 Yezu yaravuze igituma dukwiye kwitega ko baturwanya. Yavuze ko botwanse kubera tutari ab’isi. (Yoh. 15:18, 19) Igihe duhamwe, ntibiba vyerekana ko Yehova yadukuyeko amaboko. Ahubwo nyabuna, biba vyerekana ko turiko dukora ibigororotse.

IGIKORWA CACU KIBUJIJWE, TWOBA TUZOCA TUREKA GUSENGA YEHOVA?

5. Abantu buntu boba bashobora gutuma Yehova areka gusengwa? Sigura.

5 Abantu buntu ntibashobora gutuma Imana Mushobora vyose Yehova areka gusengwa. Benshi barabigerageje mugabo vyarabataye ku w’amazi. Rimbura ivyabaye mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose. Intwaro zo mu bihugu vyinshi zarahamye bimwe bikomeye abasavyi b’Imana. Igikorwa c’Ivyabona vya Yehova carabujijwe n’umugambwe w’Abanazi mu Budagi, kirabuzwa n’amaleta yo muri Ostraliya, Kanada no mu bindi bihugu. Yamara rero raba ingene vyahavuye bigenda. Igihe iyo ntambara yatangura mu 1939, kw’isi yose hari abamamaji 72.475. Ariko igihe yarangira mu 1945, amaraporo yerekanye ko Yehova yari yarahezagiye, maze abamamaji barashika ku 156.299. Bari basigaye basumba abahahora ubagwije na kabiri.

6. Igihe baturwanije, hashobora kuvamwo ivyiza ibihe? Tanga akarorero.

6 Aho kudutera ubwoba, abaturwanya baratuma twiyemeza kubandanya dukorera Yehova. Nk’akarorero, hari abubakanye baba mu gihugu igikorwa cacu kibujijwe. Aho gusha coba, baciye batangura ubutsimvyi naho bafise umwana mutoyi. Umugore mbere yarahevye akazi k’umushahara munini kugira akore ubutsimvyi. Umugabo yavuze ko urwo ruhamo rwatumye benshi bipfuza kumenya ibijanye n’Ivyabona vya Yehova. Ivyo vyatumye yoroherwa no gutanguza inyigisho za Bibiliya. Vyongeye, hari umukurambere muri ico gihugu nyene yavuze ko abenshi mu bari barahevye gukorera Yehova baciye batangura kwitaba amakoraniro maze barasubira kwamamaza n’umwete.

7. (a) Mu Balewi 26:36, 37 hatwigisha iki? (b) Uzokora iki nivyashika intwaro ikabuza igikorwa cacu?

7 Iyo abansi babujije igikorwa cacu, baba biyumvira ko duca dutinya gukorera Yehova. Vyongeye, boshobora gukwiragiza ibinyoma ku bitwerekeye, bakarungika abaza gusaka amazu yacu, bakadushengeza mu masentare, canke mbere bagata mu munyororo bamwebamwe muri twebwe. Biyumvira ko ivyo bica bituma tugira ubwoba. Ariko hamwe twotekerwa n’ubwoba, twoshobora no guheba gusenga Yehova. Ntitwokwipfuza kumera nk’abavugwa mu Balewi 26:36, 37. (Soma.) Ntituzoreka ngo ubwoba butume tugabanya umwete canke ngo duhagarike gukorera Yehova. Turizigira Yehova duherejeko bigatuma tudata umutwe. (Yes. 28:16) Tuzosaba Yehova aduhe ubuyobozi. Kubera ko adushigikiye, turazi ko ata ntwaro n’imwe y’abantu, naho yoba iyikomeye kuruta izindi zose, ishobora kutubuza kumukorera tudahemuka.​—Heb. 13:6.

NOBA NKWIYE KWIMUKIRA MU KINDI GIHUGU?

8-9. (a) Ni ingingo iyihe umukirisu wese akwiye kwifatira? (b) Ni ibiki vyofasha umuntu gufata ingingo nziza?

8 Bishitse leta ikabuza igikorwa cacu mu gihugu ubamwo, wokwibaza nimba ukwiye kwimukira mu kindi gihugu ushobora gukorera Yehova mu mwidegemvyo. Iyo ni ingingo ubwawe wifatira. Hari abosanga bibabereye vyiza kurimbura ico abakirisu bo mu kinjana ca mbere bakoze igihe bahamwa. Igihe abansi bicisha Sitefano amabuye, abigishwa bari i Yeruzalemu baciye bimukira hirya no hino mu ntara za Yudaya na Samariya, barashika mbere n’i Fenisiya, i Shipure n’i Antiyokiya. (Mat. 10:23; Ivyak. 8:1; 11:19) Ariko hari n’abandi bokwisunga ingingo Paulo yafashe igihe abakirisu bo mu kinjana ca mbere bahura n’urundi ruhamo rukaze. Yahisemwo kutimuka ngo ave mu turere igikorwa co kwamamaza cari kibujijwe. Yaremeye ivyomushikira vyose kugira abwire inkuru nziza abavukanyi bo mu bisagara vyariko birahamwa cane no kugira abakomeze.​—Ivyak. 14:19-23.

9 None izo nkuru zitwigisha iki? Uwuhagarikiye umuryango wese ni we yifatira ingingo ku bijanye no kwimuka. Imbere y’uko ayifata, akwiye gusenga kandi akarimbura yitonze ingene ivy’umuryango wiwe vyifashe, akaraba ivyiza n’ingaruka kwimuka vyogirira abawugize. Ng’aha rero, umukirisu wese abwirizwa ‘kwikorera umutwaro wiwe bwite.’ (Gal. 6:5) Ntawukwiye gucira abandi urubanza ku ngingo bafata.

TUZOKORERA GUTE YEHOVA IGIKORWA CACU KIBUJIJWE?

10. Ibiro vy’ishami n’abakurambere bazotanga ubuyobozi nyabaki?

10 Uzoshobora gute kuguma ukorera Yehova igikorwa cacu kibujijwe? Ibiro vy’ishami bizoha ubuyobozi abakurambere vyongere bibagire inama y’ukuntu mworonka ibifungurwa vy’impwemu, ingene mwogira amakoraniro be n’ingene mwokwamamaza. Nimba ibiro vy’ishami bidashobora guhana amakuru n’abakurambere, ni bo bazoca bagufasha be n’abandi bose mw’ishengero, kugira mubandanye gusenga Yehova. Bazotanga ubuyobozi bisunze ibivugwa muri Bibiliya no mu bitabu vyacu.​—Mat. 28:19, 20; Ivyak. 5:29; Heb. 10:24, 25.

11. Kubera iki wokwizigira ko uzoronka ibifungurwa vy’impwemu, kandi wokora iki kugira ukingire ibifungurwa ufise?

11 Yehova yarasezeranye ko abasavyi biwe bazogaburirwa neza mu vy’impwemu. (Yes. 65:13, 14; Luka 12:42-44) Urashobora rero guhera amazinda ko ishirahamwe ryiwe rizokora ibishoboka vyose kugira rituronse indemesho dukeneye zo mu vy’impwemu. None wokora iki? Bishitse igikorwa cacu kikabuzwa, urarondera ahantu unyegeza Bibiliya yawe n’ibindi bitabu woba ufise. Uriyubara ntuzokwigere ushira ivyo bikoresho vy’agaciro aho bobitora bitagoranye, vyaba ivyo mu buhinga bwa none canke ivyo mu mpapuro. Umwe wese muri twebwe ategerezwa gukora ibikenewe vyose kugira agume akomeye mu vy’impwemu.

Tubifashijwemwo na Yehova, turashobora kugira amakoraniro ata bwoba (Raba ingingo ya 12) *

12. Abakurambere bashobora gute gutunganya amakoraniro ku buryo abantu batamenya ibiriko biraba?

12 Tuvuge iki ku bijanye n’amakoraniro ya buri ndwi? Abakurambere bazotunganya amakoraniro ku buryo tuyitaba tutiriwe turakwegera amaso y’abaturwanya. Boshobora kudusaba kwikoranya mu migwi mitomito, bakaza barahindura kenshi amasaha n’ibibanza. Urashobora kugira ico uterereye ku mutekano w’abitavye amakoraniro mu kudashira ijwi hejuru igihe cose uje canke utashe. Vyongeye, vyoshobora kuba ngombwa ko wambara ku buryo udakwegera amaso y’abantu.

Naho abategetsi botubuza, ntituzoreka kwamamaza (Raba ingingo ya 13) *

13. Twigira iki ku bavukanyi bo mu cahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti?

13 Ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza, bizohindagurika bivanye n’akarere. Kubera ko dukunda Yehova kandi tugahimbarwa no kubwira abandi ibijanye n’Ubwami bwiwe, tuzomenya ingene twamamaza. (Luka 8:1; Ivyak. 4:29) Ku bijanye n’igikorwa Ivyabona vya Yehova baranguriye mu cahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, umuhinga mu vya kahise yitwa Emily Baran yavuze ati: “Igihe leta yabuza Ivyabona kwamamaza, baciye baza barabwira ubutumwa ababanyi babo, abo bakorana be n’abagenzi. Ivyo vyaratumye Ivyabona bashirwa mu mabohero y’ibikorwa vy’umuruho, mugabo baca bagerageza kwigisha abapfungwa bagenzi babo.” Naho rero igikorwa cacu cari kibujijwe, abo bavukanyi ntibaretse kwamamaza. Ese nawe wogira umwiyemezo nk’uwo, bishitse abategetsi bakabuza igikorwa cacu mu gihugu ubayemwo!

IVYO TUBWIRIZWA KWIYUBARAKO

Turakeneye kumenya igihe co kunuma (Raba ingingo ya 14) *

14. Ibivugwa muri Zaburi 39:1 bidufasha kwirinda iki?

14 Turakwiye kwiyubara ku makuru dutanga. Igihe igikorwa cacu kibujijwe, dutegerezwa kumenya neza “igihe co kunuma.” (Umus. 3:7) Dutegerezwa kuzigama amakuru y’ibanga, nk’akarorero amazina y’abavukanyi, ibibanza dukoraniramwo, ingene twamamaza be n’ingene turonka ibifungurwa vy’impwemu. Ntidukwiye kubibwira abategetsi, abagenzi canke incuti, baba abo mu gihugu cacu canke abo mu bindi bihugu. Hamwe twogwa muri uwo mutego, twoba dushize mu kaga abavukanyi bacu.​—Soma Zaburi 39:1.

15. Shetani agerageza gukora iki, kandi twokwirinda gute uwo mutego?

15 Ntitureke ngo utugorane ata co tuvuze tuducanishemwo. Shetani arazi ko inzu yiciyemwo ibice idashobora kurama. (Mrk. 3:24, 25) Azokwama rero agerageza kuducamwo imice. Igihe abigize, aba yizigiye ko duca tureka kumurwanya maze tugatangura kurwana hagati yacu.

16. Mushiki wacu Gertrud Poetzinger yadusigiye gute akarorero?

16 Abakirisu bahumuye na bo nyene barakwiye kuba maso ntibagwe muri uwo mutego. Rimbura akarorero ka bashiki bacu babiri bari bararobanuwe ari bo Gertrud Poetzinger na Elfriede Löhr. Bari bapfungiwe hamwe n’abandi bashiki bacu mw’ikambi y’itunatuniro. Gertrud yaragiriye ishari Elfriede kubera ko yari yatanze insiguro yaremesheje abandi bashiki bacu muri iyo kambi. Mu nyuma Gertrud yaramaramaye maze aratakambira Yehova ngo amufashe. Yanditse ati: “Dutegerezwa kwiga kuvyakira neza igihe abandi baturusha ububangukirwe canke uduteka.” None Gertrud yatsinze gute ishari yari afise? Yaribanze kuri kamere nziza za Elfriede be n’agatima keza kamuranga, maze arasubira kugiranira na we ubucuti bwiza. Bompi bahavuye barokoka muri iyo kambi, bongera barakorera Yehova badahemuka gushika barangije ubuzima bwabo bwo kw’isi. Nitwihatira gutorera umuti ivyo tudahurizako n’abandi, tuzokwirinda gucanamwo.​—Kol. 3:13, 14.

17. Kubera iki dukwiye kwama twisunga ubuyobozi?

17 Nitwame twisunga ubuyobozi. Nitwakurikiza ubuyobozi duhabwa n’abavukanyi batuja imbere, tuzokwirinda ingorane nyinshi. (1 Pet. 5:5) Nk’akarorero, mu gihugu kimwe igikorwa cacu cari kibujijwe, abavukanyi baja imbere abandi batanze ubuyobozi bw’uko abamamaji bokwamamaje akaryo kizanye mugabo bakirinda gutanga ibinyamakuru. Yamara rero, hari umuvukanyi w’umutsimvyi yabitanze kubera yabona ibintu mu bundi buryo. None vyahavuye bigenda gute? Gatoyi inyuma y’aho we n’abandi bamariye gushinga intahe, barafashwe n’igipolisi kirabasambisha. Biboneka ko abategetsi bari babakurikiye maze baraka nya binyamakuru abari bavyakiriye. None ivyo bitwigisha iki? Turakwiye gukurikiza ubuyobozi duhabwa, n’igihe nyene tubona ibintu mu bundi buryo. Yehova yama aduhezagira igihe dusenyeye ku mugozi umwe n’abavukanyi yagenye ngo batuje imbere.​—Heb. 13:7, 17.

18. Kubera iki twokwirinda gushinga amategeko adakenewe?

18 Nitwirinde gushinga amategeko adakenewe. Iyo abakurambere bashinze amategeko adakenewe, bica bibera abandi umuzigo. Umuvukanyi Juraj Kaminský arigana ivyashitse igihe igikorwa cacu cari kibujijwe mu cahoze ari Cekosolovakiya. Avuga ati: “Igihe abakurambere benshi bari bafashwe, bamwe mu bari basigaye baja imbere abandi mu mashengero no mu mizunguruko baciye batangura gushingira abamamaji amategeko ajanye n’inyifato, bakabagirira urutonde rw’ivyo bokora n’ivyo batokora.” Yehova nta burenganzira yaduhaye bwo gufatira abandi ingingo. Uwushingira abavukanyi amategeko adakenewe, ntaba ariko abaronderera ineza. Aba ariko agerageza kuganza ukwizera kwabo.​—2 Kor. 1:24.

NTUKIGERE UREKA GUSENGA YEHOVA

19. Naho Shetani yokora iki, mu 2 Ngoma 32:7, 8 haturemesha gute?

19 Umwansi wacu mukuru ari we Shetani, ntazokwigera areka guhama abasavyi ba Yehova b’intahemuka. (1 Pet. 5:8; Ivyah. 2:10) Shetani n’abamushigikiye bazoguma bagerageza kutubuza gusenga Yehova. Yamara, nta mvo n’imwe yotuma dusha coba ngo tubihebe. (Gus. 7:21) Yehova ari ku ruhande rwacu kandi azoguma adushigikiye n’igihe nyene abategetsi bohagarika igikorwa cacu.​—Soma 2 Ngoma 32:7, 8.

20. Wiyemeje gukora iki?

20 Ese twogira umwiyemezo nk’umwe abavukanyi bo mu kinjana ca mbere bari bafise. Babwiye abategetsi bo mu gihe cabo bati: “Nimba ari ibigororotse imbere y’Imana kubumviriza aho kwumviriza Imana, nimuruce namwe. Mugabo tweho, ntidushobora kureka kuvuga ivyo twabonye kandi twumvise.”​—Ivyak. 4:19, 20.

URURIRIMBO RWA 73 Nuduhe ubutinyutsi

^ ing. 5 Twokora iki bishitse leta ikatubuza gukorera Yehova? Iki kiganiro kiraduha ivyiyumviro ngirakamaro ku bijanye n’ivyo twokora be n’ivyo twokwirinda gukora kugira ngo ntitwigere duhagarika gusenga Imana yacu.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Amashusho yose arerekana Ivyabona bari mu bihugu igikorwa cacu kiburabuzwa. Umurwi w’abantu bakeyi bariko bagirira ikoraniro mu nzu y’umuvukanyi, mu cumba c’ububiko.

^ ing. 61 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mushiki wacu (i bubamfu) ariko aganira n’uwundi mugore bisanzwe, mugabo ntagisha akaryo ko kumubwira ivyerekeye Yehova.

^ ing. 63 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi ariko asambishwa n’abapolisi aranse kubabwira amakuru yerekeye ishengero arimwo.