Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yezu yoba vy’ukuri yapfiriye jewe?

Yezu yoba vy’ukuri yapfiriye jewe?

BIBILIYA irimwo amajambo menshi y’inkoramutima yavuzwe n’abagabo “[b]iyumva nk’uko twiyumva.” (Yak. 5:17) Nk’akarorero, turashobora guca dutahura ivyo Paulo yiyemereye mu Baroma 7:21-24, ati: “Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje. . . . Ewe jewe ndagowe!” Igihe rero turiko turanyinyana n’udusembwa twacu, turaremeshwa no kumenya ko n’umwizigirwa nka Paulo yagize inyiyumvo nk’izo.

Paulo yaravuze n’ayandi majambo yagaragaza ingene yiyumva. Mu Bagalatiya 2:20, aravuga ko yari yarajijutse yuko Yezu ‘yamukunze akamwigura’ ku giti ciwe. Ukwo kwoba ari ko nawe wiyumva? Kumbure si imisi yose.

Nimba uciyumvamwo ko ata co umaze kubera ibicumuro wakoze kera, vyoshika bikakugora kwemera ko Yehova agukunda, ko yakubabariye be n’uko incungu ari ingabire yatanzwe ku bwawe. None Yezu yoba vy’ukuri ashaka ko tubona yuko incungu ari ingabire? Nimba ari vyo ashaka, ni igiki codufasha kuyibona muri ubwo buryo? Reka twihweze ivyo bibazo bibiri.

UKUNTU YEZU ABONA INCUNGU YATANZE

Yezu yipfuza ko ubona incungu nk’ingabire wahawe ku giti cawe. Ivyo tuvyemezwa n’iki? Nuse n’uwubona ibivugwa muri Luka 23:39-43. Umugabo umwe amanitswe ku giti co gusinzikarizwako iruhande ya Yezu. Ariyemerera yuko yakoze amabi muri kahise. Ayo mabi ategerezwa kuba akomeye kubera ko igihano giteye isoni ahawe kigenewe abakoze bene ayo mahano nyene. Naho ari muri uwo mubabaro ukomeye, aratakambira Yezu ati: “Urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe.”

None Yezu amwishura gute? Niwihe ishusho ahindukiye n’ububabare n’akantu akaraba uwo mugabo. Naho ari ku mpfiro, arinanata akamumwenyurira maze akamuhumuriza ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.” Yezu yari gushobora gusa kwibutsa uwo mugabo ko “Umwana w’umuntu yaje . . . kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Mat. 20:28) Ariko woba wabonye ingene Yezu abigiranye umutima mwiza, yashimitse ku co incungu izomarira uwo muntu ku giti ciwe? Yakoresheje imvugo ngo “uzoba uri kumwe nanje,” nk’aho yoba ariko abwira umugenzi. Vyongeye, yamubwiye ku giti ciwe yuko azoba mw’Iparadizo kw’isi.

Mu vy’ukuri Yezu yashaka ko uwo mugabo yemera ko incungu yagira atange yomugiriye akamaro ku giti ciwe. Nimba Yezu yabona gutyo inkozi y’ikibi itigeze ironka n’akaryo ko gukorera Imana, abwirizwa kuba abona gutyo nyene umukirisu ariko arayikorera. None ni igiki cogufasha kwemera vy’ukuri ko incungu ya Kristu izokugirira akamaro ku giti cawe, naho woba warakoze ibicumuro bikomeye muri kahise?

ICAFASHIJE PAULO

Ubusuku bwa Paulo bwaratumye atahura ko Yezu yapfuye ku bwiwe. Uti gute? Yavuze ati: “Ndashimira Kristu Yezu Umukama wacu, uwampaye ububasha, kuko yamfashe nk’umwizigirwa mu kunshinga ubusuku, naho kera nari umurogosi, uwuhamana, nkaba n’umuntu atisonera.” (1 Tim. 1:12-14) Igikorwa Paulo yaranguye caramukuye amazinda ko Yezu yamugiriye imbabazi, ko yamukunda kandi akamwizigira. Muri ubwo buryo nyene, Yezu yarashinze umwe wese muri twebwe igikorwa co kwamamaza. (Mat. 28:19, 20) None kwamamaza vyoba bidufasha gutahura ko na twebwe Yezu yadupfiriye?

Uwitwa Albert, akaba aherutse kugaruka kuri Yehova inyuma y’imyaka hafi 34 yaraciwe, avuga ati: “Ibicumuro vyanje vyama imbere yanje. Ariko iyo ndi mu ndimiro, mbona ko nahawe ubusuku na Yezu nka kumwe kw’intumwa Paulo. Birandemesha bigatuma mbona mu buryo bwiza ibinyerekeye, ubuzima bwanje hamwe na kazoza kanje.”​—Zab. 51:3.

Igihe wigisha abantu b’uburyo bwose, nubereke ko Yezu abakunda kandi ko abagirira imbabazi

Uwitwa Allan na we imbere yuko amenya ukuri, ubuzima bwiwe bwarangwa n’ubukozi bw’ikibi be n’ubukazi. Yiyemerera ati: “Nguma nibuka ibibi vyose nakoreye abantu. Hari aho bituma ngira intuntu nyinshi. Mugabo ndashimira Yehova kubona yemerera umucumuzi nkanje gushira abandi inkuru nziza. Iyo mbonye ukuntu abantu bayakira, biranyibutsa ingene Yehova ari mwiza be n’ingene akundana. Nca mbona ko ankoresha kugira mfashe abari mu buzima nk’ubwo naciyemwo.”

Iyo turi mu busuku, twihatira gukora no kwiyumvira ibintu vyiza gusa. Biratwibutsa ko Yezu yatubabariye, ko adukunda be n’uko atwizigira.

YEHOVA ARARUTA IMITIMA YACU

Magingo isi ya Shetani itarakurwaho, imitima yacu yoshobora kuguma itwagiriza kubera amakosa twakoze kera. None ni igiki kizodufasha kurwanya inyiyumvo nk’izo?

Uwitwa Jean kenshi ariyagiriza ko yagize ubuzima burimwo tubiri akiri muto. Avuga ati: “Ndashimishwa n’uko ‘Imana iruta imitima yacu.’” (1 Yoh. 3:19, 20) Na twebwe turashobora kuremeshwa no kumenya yuko Yehova na Yezu baturusha gutahura ko turi abanyabicumuro. Niwibuke ko batatanze incungu ku bw’abantu batunganye, mugabo ko bayitanze ku bw’abacumuzi bigaya.​—1 Tim. 1:15.

Iyo uzirikanye witonze ingene Yezu yafata abantu batagororotse ukongera ukihatira kurangura ubusuku yakujeje, uraheza ukajijuka yuko incungu ikugirira akamaro ku giti cawe. Niwabigira, uzovuga cokimwe na Paulo uti: ‘Yezu yarankunze aranyigura.’