Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 34

Ingene wovyifatamwo neza umurimo wawe uhindutse

Ingene wovyifatamwo neza umurimo wawe uhindutse

“Imana [si] iyitagororotse ngo yibagire igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ko mufitiye izina ryayo.”​—HEB. 6:10.

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

INCAMAKE *

1-3. Ni ibintu ibihe vyotuma abari mu murimo w’igihe cose bahindura umurimo barangura?

ROBERT n’umukenyezi wiwe Mary Jo bavuga bati: “Igihe twari tumaze imyaka 21 duhimbawe mu gikorwa c’ubumisiyonari, abavyeyi bacu bose uko ari bane barakitswe cane n’amagara. Naho twahimbawe no kuja kubitwararika, twarababaye tuvuye mu cibare twikundira cane.”

2 William na Terrie na bo bavuga bati: “Igihe twamenya ko amagara yacu atodukundiye ko tubandanya igikorwa, twarakoroye amosozi. Icipfuzo twari dufise co gukorera Yehova mu kindi gihugu cari gikamanganye.”

3 “Uwitwa Aleksey na we avuga ati: “Naho twari tuzi ko abaturwanya bashaka kwugara ibiro vy’ishami vy’aho twakorera, nticabujije ko tuvunika umutima igihe bavyugara tugaca tuva kuri Beteli.”

4. Ni ibibazo ibihe turimbura muri iki kiganiro?

4 Hari n’abandi bavukanyi na bashiki bacu ibihumbi bahoze mu muryango wa Beteli canke mu wundi murimo bahinduriwe igikorwa. * Abo bavukanyi na bashiki bacu b’abizigirwa bishobora kuba bitaboroheye kuva muri uwo murimo bikundira cane. None ni ibiki vyobafasha kuvyifatamwo neza? Wewe wobafasha gute? Inyishu z’ivyo bibazo zodufasha twese kuvyifatamwo neza mu mahinduka adushikira mu buzima.

INGENE WOVYIFATAMWO NEZA IBINTU BIHINDUTSE

Kubera iki abavuye mu murimo w’igihe cose boshobora gushikirwa n’ingorane? (Raba ingingo ya 5) *

5. Igihe umurimo wacu uhindutse, bishobora kutugirako ingaruka izihe?

5 Twaba dukorera mu ndimiro canke kuri Beteli, turashobora kwiyumvamwo cane abantu baho, canke mbere akarere dukoreramwo. Rero bishitse tukavayo, turababara cane. Turakumbura abo twahorana, tugahagarika umutima ku bwabo, na canecane iyo tuvuyeyo kubera uruhamo. (Mat. 10:23; 2 Kor. 11:28, 29) N’ikindi kandi, guhindurirwa igikorwa akenshi usanga bitoroshe kuko bisaba ko umuntu ahindura imico. Ni na ko bishobora kugenda igihe umuntu asubiye i muhira. Umwe Robert na Mary Jo twavuga bagira bati: “Igihe twagaruka twasanze twaribagiye imico kama yacu, mbere no kwamamaza mu rurimi rwacu kavukire vyari urugamba. Twumva umengo turi ba kavamahanga.” Bamwe mu bashikirwa n’amahinduka, boshobora kugira ingorane z’ivy’ubutunzi batari bavyiteze. Boshobora kwiganyira, bagahagarika umutima, mbere bakanacika intege. None ni ibiki vyobafasha?

Birahambaye ko twiyegereza Yehova kandi tukamwizigira (Raba ingingo ya 6-7) *

6. Dushobora gute kuguma twiyegereje Yehova?

6 Nugume wiyegereje Yehova. (Yak. 4:8) Ivyo twobigira gute? Twobigira mu kumwizigira kubera ko “[y]umva amasengesho.” (Zab. 65:2) Muri Zaburi 62:8 hagira hati: “Imbere yayo nimusuke umutima wanyu.” Yehova arashobora “gukora ibirengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira.” (Ef. 3:20) Ntadukorera gusa ivyo twamusavye mw’isengesho tudomako. Arashobora gutorera umuti ingorane zacu mu buryo tutari twiteze, mbere akadukorera ibirengeye ivyo twiyumvira.

7. (a) Ni igiki kizodufasha kuguma twiyegereje Yehova? (b) Twisunze Abaheburayo 6:10-12, bizogenda gute nitwaguma dukorera Yehova tudahemuka?

7 Kugira ngo ugume wiyegereje Yehova, nusome Bibiliya buri musi wongere uyizirikaneko. Hari uwahoze ari umumisiyonari yavuze ati: “Nugumane urutonde rudahorereza rwo gusenga kwo mu muryango no gutegura amakoraniro, nk’uko wahora ubigira mu murimo wahoramwo.” Nugume kandi ugira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza mw’ishengero urimwo. Yehova ntiyibagira abaguma bamukorera badahemuka, naho boba batagikora nk’ivyo bahoze bakora vyose.​—Soma Abaheburayo 6:10-12.

8. Ibivugwa muri 1 Yohani 2:15-17, vyogufasha gute kuguma woroheje ubuzima?

8 Nugume woroheje ubuzima. Ntureke ngo amaganya y’ivy’iki gihe ‘akunyohe’ mu vy’impwemu. (Mat. 13:22) Ntuhe ugutwi abantu b’iyi si canke incuti n’abagenzi bibaza ko bakwipfuriza ineza, bokuremesha kwiruka inyuma y’ubutunzi muri iyi si ya Shetani kugira ngo utekanirwe. (Soma 1 Yohani 2:15-17.) Niwizigire Yehova, uwudusezeranira kuturonsa “ku gihe nyaco” ivyo dukenera vyose mu vy’impwemu, ku mubiri no ku mutima.​—Heb. 4:16; 13:5, 6.

9. Twisunze Imigani 22:3, 7, kubera iki bihambaye ko twirinda amadeni adakenewe? Ni igiki codufasha gufata ingingo nziza?

9 Niwirinde amadeni adakenewe. (Soma Imigani 22:3, 7.) Kwimuka birashobora kugusaba uburyo bwinshi, ku buryo vyoroshe ko urya amadeni. Kugira nturye amadeni menshi, niwirinde kugurana ayo kugura ibintu udakeneye vy’ukuri. Mu bihe bitesha umutwe, nk’igihe uwacu arwaye, vyoshobora kutugora kumenya ideni twofata uko ringana. Mu bihe nk’ivyo, niwibuke ko ‘gusenga no gutakamba’ bishobora kugufasha gufata ingingo nziza. Yehova arashobora kwishura amasengesho yawe mu kukuronsa amahoro ‘arinda umutima wawe n’ububasha bwawe bwo kwiyumvira,’ gutyo ugaturura maze ugafata ingingo ibereye.​—Flp. 4:6, 7; 1 Pet. 5:7.

10. Tworondera gute abagenzi bashasha?

10 Nugume wiyegereje abagenzi beza. Niwiganire abagenzi bawe bashika ukuntu wiyumva be n’ingorane uriko uracamwo, na canecane abashobora kuba baraciye mu bihe nk’ivyo. Ivyo birashobora gutuma utekana mu mutima. (Umus. 4:9, 10) Abagenzi waronse ukiri mu murimo wahozemwo bazoguma ari abagenzi bawe. Ariko rero, urakwiye kurondera abandi bagenzi aho uri ubu. Niwibuke ko kugira ngo abandi bakubere abagenzi, nawe ukwiye kubabera umugenzi. None worondera gute abagenzi bashasha? Nuyagire abandi ibintu vyiza Yehova yagukoreye, ku buryo utuma bibonera umunezero wakuye mu gikorwa ca Yehova. Naho vyoshika bamwe mu bagize ishengero ntibatahure igituma uhayagiza umurimo w’igihe cose, hari abandi bokorwa ku mutima n’akarorero kawe maze bakakubera abagenzi. Ariko rero, urakwiye kwiyubara ntugume ushimika ku vyo waranguye, canke ku ngorane ziriko ziragushikira.

11. Ushobora gute gutuma umubano wanyu uguma urangwamwo agahimbare?

11 Nimba mwavuye mu murimo kubera uwo mwubakanye yakitswe n’amagara, ntumuteko umwikomo. Canke nimba ari wewe wakitswe n’amagara, ntiwiyagirize, ngo wiyumvire ko wahemukiye uwo mwubakanye. Niwibuke ko muri “umubiri umwe,” be n’uko mwasezeranye imbere ya Yehova kuzofashanya mu mahirwe no mu marushwa. (Mat. 19:5, 6) Nimba mwatashe kubera kwibungenga mutabishaka, muritwararika ko umwana wanyu abona ko ahambaye kuruta agateka k’umurimo mwahorana. Nimumukure amazinda ko ari ingabire mwahawe n’Imana. (Zab. 127:3-5) Vyongeye, nimumwiganire ibintu vyiza mwiboneye mu murimo mwahozemwo. Ivyo birashobora gutuma umwana wanyu abigana mu gukora umurimo w’igihe cose uteye umunezero.

INGENE ABANDI BOFASHA

12. (a) Twofasha gute abari mu murimo w’igihe cose kubandanya gukorera Yehova? (b) Twobafasha gute kumenyera ubuzima bushasha?

12 Birashimishije kubona amashengero menshi be n’abavukanyi ku giti cabo bakora uko bashoboye kwose kugira bafashe abari mu murimo w’igihe cose baba bahinduriwe igikorwa. Ivyo babigira mu kubaremesha ngo babandanye gukorera Yehova, mu kubaronsa ivyo bakeneye mu vy’umubiri canke mu kubafasha kwitwararika abo mu muryango basize muhira iwabo. (Gal. 6:2) Nihagira abari mu murimo w’igihe cose barungikwa mw’ishengero iwanyu, ntuze wiyumvire ko igikorwa cabananiye canke ko hari ikosa bakoze. * Ahubwo riho, nubafashe kumenyera ubuzima bushasha. Nubahe ikaze n’igishika cinshi wongere ubakeze ku gikorwa baranguye, mbere n’igihe amagara yoba atakibakundira gukora nk’ivyo bakora kera. Nugerageze kumenyana na bo. Nurondere kwungukira ku bumenyi bafise, ku kumenyerezwa baronse no ku tuntu n’utundi bazi.

13. Twofasha gute abahinduriwe igikorwa?

13 Mu ntango, abahinduriwe igikorwa boshobora gukenera ko tubafasha mu bijanye n’uburaro, ukwiyunguruza, akazi be n’ibindi vya nkenerwa. Boshobora kandi gukenera kumenya amakuru agezweho ku bijanye n’ibintu vyo mu buzima bwa misi yose, nko kuriha amakori be no kwivuza. Ariko ico bakeneye kuruta ibindi ni ukubatahura, si ukubagaragariza impuhwe gusa. Boshobora kuba bifitiye ingorane z’amagara canke hari uwo mu muryango wabo arwaye. Boshobora kuba batuntujwe no kubura uwabo. * Vyongeye, naho batobiserura mu majambo, boshobora kuba bababajwe no kuba baratandukanye n’abagenzi bahorana. Kugira ngo ivyo bintu vyose bitesha umutwe bibavemwo, bifata igihe.

14. Abamamaji bo mu karere kamwe bafashije gute mushiki wacu kumenyera icibare gishasha?

14 Ukuntu ubashigikira be n’akarorero utanga, na vyo nyene birashobora kubafasha kumenyera. Mushiki wacu umwe yamaze imyaka myinshi akorera mu kindi gihugu avuga ati: “Mu cibare nahozemwo, nayobora inyigisho za Bibiliya ku musi ku musi. Ariko mu cibare gishasha, vyari bigoye no kuronka akaryo ko gusomera umuntu icanditswe mu ndimiro canke kumwereka ividewo. Ariko abamamaji baho barantumira tukajana gusubira kugendera abo baganiriye be no kuyobora inyigisho za Bibiliya. Kwibonera ingene abo bamamaji b’abanyamwete kandi b’umutima rugabo bayobora inyigisho za Bibiliya zitera imbere, vyaratumye ndushiriza kubona neza ico cibare gishasha. Narize gutanguza ibiyago muri ico cibare gishasha. Ivyo vyose vyaratumye nsubira kugira umunezero.”

NUGUME WIHATA

Nurondere uturyo two kwagura umurimo mu cibare urimwo (Raba ingingo ya 15-16) *

15. Wokora iki kugira uroranirwe mu gikorwa gishasha?

15 Urashobora kuroranirwa mu gikorwa cawe gishasha. Ntiwiyumvire ko wahinduriwe igikorwa kubera ko cakunaniye canke ko ata co umaze. Nuzirikane ukuntu Yehova ariko araguhezagira mu buryo butandukanye maze ubandanye kwamamaza. Niwigane abakirisu b’abizigirwa bo mu kinjana ca mbere. Aho baja hose, “baca mu gihugu bamenyesha inkuru nziza y’ijambo ry’Imana.” (Ivyak. 8:1, 4) Utwigoro ugira mu kuguma wamamaza, twoshobora kuvamwo ivyiza. Nk’akarorero, hari abatsimvyi birukanywe mu gihugu kimwe baca bimukira mu gihugu kibanyi, na ho nyene hakaba hari inkenero mu rurimi bavuga. Mu mezi makeyi, hari hamaze gushingwa imigwi ikoresha urwo rurimi.

16. Woronka gute akanyamuneza mu murimo urangura ubu?

16 ‘Akanyamuneza ka Yehova ni igihome gikomeye cawe.’ (Neh. 8:10) Ikintu ahanini gikwiye kudutera umunezero ni ubucuti dufitaniye na Yehova, si agateka k’umurimo turangura naho twoba tugakunda gute. Ku bw’ivyo rero, nubandanye kugendana na Yehova, umwihekeko kugira akuronse ubukerebutsi, akuyobore yongere agushigikire. Niwibuke ko icatumye ukunda umurimo wahozemwo ari uko wakoze uko ushoboye kwose kugira ufashe abantu baho. Nukore rero uko ushoboye kwose mu murimo urangura ubu, uheze wibonere ukuntu Yehova agufasha kuwiyumvamwo na wo nyene.​—Umus. 7:10.

17. Dukwiye kwibuka iki ku bijanye n’agateka k’umurimo dufise ubu?

17 Dukwiye kwibuka ko umurimo turangurira Yehova ari uw’ibihe bidahera, mugabo ko agateka k’umurimo dufise ubu ari ak’igihe gito. Mw’isi nshasha, twese twoshobora kuzohindurirwa igikorwa. Umwe Aleksey twavuga mu ntango, avuga ko kuba yarahinduriwe igikorwa bimutegura ku bw’amahinduka yo muri kazoza. Avuga ati: “Namye nzi neza ko Yehova be n’isi nshasha atari umugani, mugabo nabona umengo biri kure yanje. Ubu mbona ko Yehova ari hafi yanje be n’uko isi nshasha yegereje cane.” (Ivyak. 2:25) Twaba rero turangura umurimo uwuhe, nimuze tugume tugendana na Yehova. Ntazokwigera aduta, ahubwo riho azotuma turonka umunezero nitwakora uko dushoboye kwose mu murimo wiwe, aho twoba turi hose.​—Yes. 41:13.

URURIRIMBO RWA 90 Turemeshanye

^ ing. 5 Birashika abavukanyi na bashiki bacu bari mu murimo w’igihe cose bagahagarika igikorwa canke bagahindurirwa umurimo. Iki kiganiro kiraca irya n’ino ingorane zibashikira be n’icobafasha kuvyifatamwo neza mu gihe c’ayo mahinduka. Kiravuga n’ivyo abandi bokora kugira babaremeshe bongere babashigikire, kikavuga n’impanuro zo muri Bibiliya zodufasha twese igihe ivyacu bihindutse.

^ ing. 4 Muri ubwo buryo nyene, igihe abavukanyi batari bake bari bajejwe amabanga bashikana imyaka kanaka, baciye bayashikiriza abakiri bato. Raba ikiganiro kivuga ngo “Bakirisu mwitereye mu myaka Yehova arashima ukudahemuka kwanyu,” mu Munara w’Inderetsi wo muri Nyakanga 2018, be n’ikivuga ngo “Nugumane amahoro yo mu mutima igihe ivyawe bihindutse,” mu Munara w’Inderetsi wo muri Gitugutu 2018.

^ ing. 12 Abakurambere bo mw’ishengero bahozemwo, bakwiye guca barungika ikete ribaherekeza badatevye. Ivyo bizotuma badateba kubandanya ibanga ryabo ryo kuba abatsimvyi, abakurambere canke abakozi b’ishengero.

^ ing. 13 Raba urukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Ivyofasha abatuntuye,” muri Be maso! No. 3 yo mu 2018.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abubakanye bavuye mu gikorwa c’ubumisiyonari barangurira mu kindi gihugu, bakaba bariko basezera ishengero bababaye.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Bamaze gushika mu gihugu c’amavukiro, barasenga Yehova babigiranye ubwira ngo abafashe kwihanganira ingorane barimwo.

^ ing. 61 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Yehova yarabafashije maze barasubira mu murimo w’igihe cose. Bariko barakoresha ururimi bize bakiri abamisiyonari mu kubwira inkuru nziza abimukira baba mu cibare c’ishengero barimwo.