Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 40

Nugume wituniye ku gikorwa muri iki gihe gisozera “imisi ya nyuma”

Nugume wituniye ku gikorwa muri iki gihe gisozera “imisi ya nyuma”

“Mube abashikamye, mutanyiganyiga, mwama mufise vyinshi mukora mu gikorwa c’Umukama.”​—1 KOR. 15:58.

URURIRIMBO RWA 58 Turondere abakunzi b’amahoro

INCAMAKE *

1. Twemezwa n’iki ko tubayeho “mu misi ya nyuma”?

NIMBA wavutse inyuma ya 1914, ubuzima bwawe bwose ubumaze uri mu kiringo c’“imisi ya nyuma” y’iyi si. (2 Tim. 3:1) Twese turamaze kwumva amakuru yerekeye ivyo Yezu yavuze ko vyoshitse muri iki gihe. Aho twovuga nk’intambara, amapfa, vya nyamugigima, ibiza, ukwongerekana kw’ubugarariji be n’uguhamwa kw’abasavyi ba Yehova. (Mat. 24:3, 7-9, 12; Luka 21:10-12) Turibonera kandi ko abantu bameze nk’uko intumwa Paulo yabadondoye. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ingene abantu bameze ubu.”) Twebwe abasavyi ba Yehova, turemera tudakeka ko tubayeho “mu kiringo ca nyuma c’imisi.”​—Mika 4:1.

2. Ni ibibazo ibihe dukeneye kuronkera inyishu?

2 Kubera ko haciye igihe kirekire kuva mu 1914, ubu dutegerezwa kuba turi ku nsozero y’“imisi ya nyuma.” Kubera ko iherezo ryegereje cane, turakeneye kumenya inyishu z’ibibazo bimwebimwe bihambaye nk’ibi: Ni ibintu ibihe bizoba kw’iherezo ry’“imisi ya nyuma”? Vyongeye, Yehova yiteze ko dukora iki mu kurindira ko ivyo bintu bishika?

NI IBIKI BIZOBA KW’IHEREZO RY’“IMISI YA NYUMA”?

3. Twisunze ubuhanuzi dusanga mu 1 Abatesalonika 5:1-3, ni itangazo irihe amahanga azosohora?

3 Soma 1 Abatesalonika 5:1-3. Paulo aravuga ivyerekeye “umusi wa Yehova.” Muri ico canditswe, uwo musi werekeza ku kiringo kizotangurana n’igitero kizogirwa kuri “Babiloni Akomeye” ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, kikazorangira kuri Harumagedoni. (Ivyah. 16:14, 16; 17:5) Gatoyi imbere y’uko uwo “musi” utangura, amahanga azosohora itangazo ryerekeye “Amahoro n’umutekano!” (Bibiliya zimwezimwe zihavuga ngo: “Hari amahoro nta nkomanzi.”) Rimwe na rimwe, abategetsi barakoresha imvugo zisa n’iyo igihe bavuga ibijanye no kuryohora imigenderanire hagati y’ibihugu. * Ariko rero itangazo Bibiliya ivuga ry’“amahoro n’umutekano” ryoryo rizoba rikomeye. Uti kubera iki? Kubera ko niryashikirizwa, abantu benshi bazokwibaza ko abategetsi baroraniwe mu gutuma isi iba ahantu harangwa iteka n’itekane. Ariko ikizwi coco, ni uko ya “makuba akomeye” azoca atangura, mu nyuma hakurikire “agatikizo ka bukwi na bukwi.”​—Mat. 24:21.

Ntituzohendwe n’itangazo ry’“amahoro n’umutekano” ry’uruhendo amahanga azotangaza (Raba ingingo ya 3-6) *

4. (a) Ni ibiki tutazi ku bijanye n’itangazo ry’“amahoro n’umutekano”? (b) Ni ibiki dusanzwe tuzi ku bijanye na ryo?

4 Hariho ivyo tuzi ku bijanye n’iryo tangazo ry’“amahoro n’umutekano.” Ariko rero hariho n’ivyo tutazi. Ntituzi ibizotuma iryo tangazo ritangwa be n’ingene rizotangwa. Ntituzi kandi ko rizoba ari itangazo rimwe gusa canke urukurikirane rw’amatangazo. Ukwo bizogenda kwose, ico tuzi ni iki: Ntidukwiye kuzohendwa ngo twiyumvire yuko indongozi z’isi zishobora vy’ukuri kuzana amahoro kw’isi. Ahubwo, rizoba ari rya tangazo Bibiliya yavuga ko twobako maso. Emwe, kizoba ari ikimenyetso c’uko “umusi wa Yehova” ugira utangure.

5. Mu 1 Abatesalonika 5:4-6 havuga ko twokwitegurira gute “umusi wa Yehova”?

5 Soma 1 Abatesalonika 5:4-6. Paulo aratwereka ivyo twokora ngo uwo “musi wa Yehova” uzosange twiteguye: Ntidukwiye ‘gusinzira nk’uko abandi bagira.’ Dukwiye ‘kuguma turikanuye.’ Nk’akarorero, turakwiye kuba maso ku bijanye no kwisuka mu bibazo vya politike y’iyi si, gutyo tugume ata ho duhengamiye. Hamwe twovyisukamwo, twoba tubaye “ab’isi.” (Yoh. 15:19) Turazi ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene buzosasagaza amahoro kw’isi yose.

6. Twipfuza gufasha abandi gukora iki, kandi kubera iki?

6 Uretse ko dukwiye kuba maso, turipfuza no gufasha abandi kuba maso ku bijanye n’ivyo Bibiliya yavuze ko vyobaye kw’isi. Nimuze twame twibuka ko ya makuba akomeye niyamara gutangura, bitazoba bigishoboka ko abantu biyegereza Yehova. Ni co gituma igikorwa cacu co kwamamaza cihuta cane. *

NIWAMAMAZE UDATEZURA

Igihe twamamaza, turereka abantu ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene bushobora gutuma isi itekanirwa vy’ukuri (Raba ingingo ya 7-9)

7. Yehova yiteze ko dukora iki ubu?

7 Mu gihe gitoya gisigaye kugira ngo “umusi” wa Yehova utangure, Yehova yiteze ko tuguma twitunira ku gikorwa co kwamamaza. Turakeneye kwiyemeza ko ‘turiko turakora vyinshi mu gikorwa c’Umukama.’ (1 Kor. 15:58) Yezu yaravuze ivyo twokoze. Igihe yavuga ibintu vyose bihambaye vyobaye mu misi ya nyuma, yavuze kandi ati: “Vyongeye, mu mahanga yose inkuru nziza itegerezwa kubanza kwamamazwa.” (Mrk. 13:4, 8, 10; Mat. 24:14) Zirikana gato: Igihe cose ugiye kwamamaza, uba uriko uragira uruhara mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi bwo muri Bibiliya.

8. Ni igiki cerekana ko igikorwa co kwamamaza Ubwami kiguma gitera imbere?

8 Tuvuge iki ku bijanye n’iterambere ry’igikorwa co kwamamaza Ubwami? Buri mwaka, ico gikorwa kiguma gitera imbere. Nk’akarorero, zirikana ingene hirya no hino kw’isi igitigiri c’abamamaji b’Ubwami cagumye kiduga muri iyi misi ya nyuma. Mu 1914, hari abamamaji 5.155 mu bihugu 43. Muri iki gihe, hari abashika imiliyoni umunani n’igice mu bihugu 240. Ariko ntiwumve, igikorwa cacu ntikirarangira. Dutegerezwa kuguma tubwira abantu ko Ubwami bw’Imana ari wo muti wonyene w’ingorane zose zihanze abantu.​—Zab. 145:11-13.

9. Kubera iki dukwiye kuguma twamamaza ubutumwa bw’Ubwami?

9 Igikorwa cacu co kwamamaza Ubwami kizorangira ari uko Yehova avuze ko gihagaze. None abantu basigaranye igihe kingana gute kugira ngo bamenye Yehova Imana na Yezu Kristu? (Yoh. 17:3) Nta vyo tuzi. Ico tuzi co ni uko abantu bose “bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera,” bashobora kubandanya bakira inkuru nziza gushika ya makuba akomeye atanguye. (Ivyak. 13:48) None twobafasha gute amazi atararenga inkombe?

10. Yehova adufasha gute kwigisha abantu ukuri?

10 Yehova abicishije kw’ishirahamwe ryiwe, ariko araturonsa ibikenewe vyose kugira twigishe abantu ukuri. Nk’akarorero, buri ndwi turamenyerezwa biciye kw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu. Iryo koraniro riratwereka ingene twoyagisha abantu tugihura be n’igihe dusubiye kubagendera. Riratwigisha n’ingene twoyobora inyigisho za Bibiliya. Ishirahamwe rya Yehova ryaraturonkeje kandi ibikoresho bidufasha kwigisha. Ivyo bikoresho biradufasha . . .

  • gutanguza ibiyago,

  • gutuma abantu bashimishwa,

  • gutuma barondera kumenya vyinshi,

  • kwigisha inyigisho za Bibiliya, be no

  • gusaba abavyipfuza ngo baje ku rubuga rwacu no mu Ngoro z’Ubwami zacu.

Kugira ivyo bikoresho ubwavyo ntibihagije. Dutegerezwa kubikoresha. * Nk’akarorero, igihe uyaze n’umuntu agashimishwa maze ugaca umusigira agapapuro k’inkuru nziza canke ikinyamakuru, azokwisomera n’ibindi mu kurindira ko usubira kumuraba. Buri kwezi, umwe wese muri twebwe arakwiye kwama yitunira ku gikorwa co kwamamaza Ubwami.

11. Ivyigwa vya Bibiliya vyo kuri internet vyateguwe kubera iki?

11 Yehova ariko arafasha kandi abantu kwiga ukuri biciye ku Vyigwa vya Bibiliya vyo kuri internet dusanga kuri jw.org®. Ivyo vyigwa none vyateguwe kubera iki? Buri kwezi, abantu ibihumbi n’ibihumbi hirya no hino kw’isi, bararonderera kuri internet ivyigwa bijanye na Bibiliya. Ivyo vyigwa vyo ku rubuga rwacu birashobora gutuma abantu batangura kwiga ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. N’ikindi kandi, hariho abantu tuganiriza mugabo ntibashoke bemera ko tubigisha Bibiliya. Abantu nk’abo, nubereke aho ivyo vyigwa * biri ku rubuga rwacu canke ubarungikire inzira bocako (lien) kugira babishikire.

12. Ni ibiki umuntu ashobora gusanga muri vya Vyigwa vya Bibiliya vyo kuri internet?

12 Ivyo vyigwa vyo kuri internet biraca irya n’ino ivyiyumviro bitandukanye nk’ibi: “Bibiliya n’uwo ikomokako,” “Abantu bavugwa cane muri Bibiliya,” be n’“Ubutumwa bwo muri Bibiliya butanga icizigiro.” Muri ivyo vyiyumviro haravugwamwo:

  • Ingene Bibiliya yofasha umuntu

  • Yehova, Yezu be n’abamarayika abo ari bo

  • Igituma Imana yaremye abantu

  • Igituma hariho imibabaro n’ububisha

Ivyo vyigwa biravuga kandi ingene Yehova . . .

  • azokuraho imibabaro n’urupfu,

  • azozura abapfuye, n’ingene

  • azokuraho intwaro z’abantu zananiwe, akazisubiriza Ubwami bwiwe.

13. Vya vyigwa vyo kuri internet, vyoba bisubirira ya ntunganyo yo kwigisha abantu Bibiliya? Sigura.

13 Ivyo vyigwa vyo kuri internet ntibisubirira ya ntunganyo yo kwigisha abantu Bibiliya. Yezu yaraduteye agateka ko guhindura abantu abigishwa. Turizigiye ko abavyipfuza bazokwiga ivyo vyigwa vyo kuri internet, bikabashimisha maze bigatuma bipfuza kumenya vyinshi. Nivyagenda gutyo, hari aho bazokwemera kwiga Bibiliya. Buri cigwa kirangiye, umuntu aca aremeshwa gusaba ko yoronswa uwomufasha kwiga Bibiliya. Biciye ku rubuga rwacu, buri musi turonka nk’abantu barenga 230 hirya no hino kw’isi basaba kwiga Bibiliya. Ukwiga Bibiliya umuntu ari kumwe n’uwumufasha birahambaye cane.

NUGUME UGERAGEZA GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA

14. Twisunze ivyo Yezu yavuze muri Matayo 28:19, 20, ni igiki twihatira gukora, kandi kubera iki?

14 Soma Matayo 28:19, 20. Igihe twigisha abantu Bibiliya, dukwiye kwihatira ‘guhindura abantu abigishwa, tubigisha kwubahiriza ibintu vyose Yezu yadutegetse.’ Dukwiye gufasha abantu gutahura igituma bihambaye ko baja ku ruhande rwa Yehova be n’Ubwami bwiwe. Ivyo bisigura ko tubaremesha kubaho bisunga ukuri, mu gushira mu ngiro ivyo biga, mu kwegurira ubuzima bwabo Yehova no mu kubatizwa. Aho ni ho gusa bazorokoka wa musi wa Yehova.​—1 Pet. 3:21.

15. Ni igiki tutoguma dukora, kandi kubera iki?

15 Nk’uko twamaze kubivuga, hasigaye igihe gito cane ngo iherezo ry’iyi si rishike. Ku bw’ivyo, ntitwoguma twigisha Bibiliya abantu biboneka ko ata ntumbero bafise yo gucika abigishwa ba Kristu. (1 Kor. 9:26) Igikorwa cacu kirihuta. Hariho abantu benshi cane bagikeneye kwumva inkuru nziza y’Ubwami igihe kitarabajana.

NUGUME WITANDUKANIJE N’IDINI RY’IKINYOMA MU MICE YOSE

16. Twisunze Ivyahishuwe 18:2, 4, 5, 8, twese dutegerezwa gukora iki? (Raba n’akajambo k’epfo.)

16 Soma Ivyahishuwe 18:2, 4, 5, 8Iyo mirongo irerekana ikindi kintu Yehova yiteze ku basavyi biwe. Abakirisu b’ukuri bose bategerezwa kuguma bitandukanije na Babiloni Akomeye. Imbere yo kwiga ukuri, umutohoji wa Bibiliya yoshobora kuba yahoze ari umunywanyi w’idini ry’ikinyoma. Ashobora kuba yaraja mu misa, akagira uruhara no mu bindi bikorwa vy’idini. Canke na ho, ashobora kuba yaraterera amahera iryo dini. Imbere y’uko umutohoji wa Bibiliya yemererwa kuba umwamamaji atarabatizwa, ategerezwa kubanza kuvavanura n’idini ry’ikinyoma. Arakwiye kwandikira ikete idini yahoramwo, canke umuhari canke ikigo yahoramwo vyegamiye idini ry’ikinyoma, abamenyesha ko atakiri umunywanyi wabo. *

17. Ni akazi nyabaki umukirisu ategerezwa kwirinda, kandi kubera iki?

17 Umukirisu w’ukuri ategerezwa kwiyemeza ko akazi akora ata sano na rimwe gafitaniye na Babiloni Akomeye. (2 Kor. 6:14-17) Nk’akarorero, ntakwiye gukorera idini kanaka. Vyongeye, umukirisu akorera umuntu canke ishirahamwe kanaka, yokwiyubara ntapfe kwemera igikorwa ico ari cose yosabwa gukorera ku nyubakwa ikoreshwa mu gusenga kw’ikinyoma. Nimba naho yikorera utwiwe, birumvikana ko atoshima kuronderera isoko mw’ishirahamwe na rimwe ryegukira Babiloni Akomeye canke ngo yemere akazi ryomuha. Kubera iki dufata iyo mpagararo ikomeye? Kubera ko tutipfuza kugira uruhara mu bikorwa no mu bicumuro vy’amadini ahumanye imbere y’Imana.​—Yes. 52:11. *

18. Umuvukanyi umwe yumiye gute ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya ku bijanye n’akazi?

18 Mu myaka iheze, hari umukoresha yasavye umukurambere umwe yikorera utwiwe kumukorera akazi gatoya kajanye n’igifundi, ku rusengero rumwe rwo mu karere iwabo. Uwo mukoresha yari asanzwe azi ko uwo muvukanyi yama avuga yuko atokora akazi ku rusengero. Ariko nya mukoresha yari yabuze uwundi mufundi yomufasha ako kazi. Naho ari ukwo, uwo muvukanyi yarumiye ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, aranka ako kazi. Mu ndwi yakurikiye, hari ikinyamakuru co mu karere iwabo cerekanye ifoto y’uwundi mufundi yariko aramanika umusaraba kuri rwa rusengero. Iyo uwo muvukanyi ahirahira akemera ako kazi, ifoto yiwe ni yo yari gusohoka muri ico kinyamakuru. Iyumvire ingene ivyo vyari gutuma yambara ibara mu bandi bavukanyi! Iyumvire kandi ingene Yehova yari kuvyakira.

TWIZE IBIKI?

19-20. (a) Gushika aha twize ibiki? (b) Ibindi bintu dukwiye kumenya ni ibihe?

19 Twisunze ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, ikintu gihambaye cimirije kuba kw’isi vuba, ni rya tangazo ry’“amahoro n’umutekano” amahanga azoshikiriza. Ariko twisunze ivyo Yehova yatwigishije, turazi ko amahanga adashobora gutuma kw’isi haba amahoro arama. Twokora iki none mu kurindira ko ico gihe gishika hagaca hakurikira agatikizo ka bukwi na bukwi? Yehova yiteze ko tuguma twituniye ku gikorwa co kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami, kandi tukagerageza guhindura abantu benshi bashoboka bakaba abigishwa. Turakwiye kandi kuba turiko turavavanura n’idini ry’ikinyoma mu mice yose. Ivyo birimwo kutaba umunywanyi w’idini iryo ari ryo ryose canke umuhari uwo ari wo wose, be n’ukutemera akazi gafitaniye isano na Babiloni Akomeye.

20 Muri iyi nsozero y’“imisi ya nyuma,” hariho ibindi bintu bizokurikira inyuma ya rya tangazo. Vyongeye, hari n’ibindi Yehova yiteze ko dukora. None ivyo bintu ni ibiki, kandi twokwitegurira gute ikintu cose cimirije gushika? Tuzobirimbura mu kiganiro gikurikira.

URURIRIMBO RWA 71 Turi ingabo za Yehova!

^ ing. 5 Vuba twiteze kuzokwumva abategetsi b’isi batangaza ko hari “amahoro n’umutekano!” Iryo tangazo rizoba ari ikimenyetso c’uko ya makuba akomeye agira atangure. None Yehova yiteze ko dukora iki mu kurindira ko ico gihe gishika? Iki kiganiro kirishura ico kibazo.

^ ing. 3 Nk’akarorero, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku rubuga rwaryo rivuga ko “ribungabunga amahoro n’umutekano kw’isi.”

^ ing. 6 Raba ikiganiro kiri muri uwu Munara kivuga ngo “Imanza z’Imana: Imana yoba yama iburira abantu bihagije?

^ ing. 10 Ushaka kumenya vyinshi ku kuntu wokoresha ivyo bikoresho bidufasha kwigisha, raba ikiganiro kivuga ngo “Niwigishe ukuri,” mu Munara w’Inderetsi wo muri Gitugutu 2018.

^ ing. 11 Ubu ivyo vyigwa biboneka mu congereza no mu giportigale, ariko bigiye kuboneka no mu zindi ndimi zitari nke.

^ ing. 16 Turakwiye kandi kwirinda imihari y’urwaruka canke ibigo vyo kwisamarizamwo bifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma. Naho imihari nk’iyo be n’ibigo nk’ivyo bigerageza kwerekana ko ibikorwa vyabo bidafitaniye isano n’idini, mu vy’ukuri usanga vyegamiye idini kandi bifise n’intumbero yo kurishigikira. Nk’akarorero, raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ndamukiza 1979.

^ ing. 17 Wipfuza kumenya vyinshi, raba ikiganiro c’“Ibibazo vy’abasomyi” caciye irya n’ino ingene Ivyanditswe bibona akazi gafitaniye isano n’ivy’idini, mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ndamukiza 1999.

^ ing. 83 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abakiriya bariko barafata agakawa barakwegerewe cane n’amakuru ashikirijwe kuri televiziyo yerekeye rya tangazo ry’“amahoro n’umutekano.” Umugabo n’umugore b’Ivyabona baharuhukiye bavuye mu ndimiro, bobo ntibahendwa n’iryo tangazo.