Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 44

Dukomeze ubugenzi dufitaniye imbere y’uko iherezo rishika

Dukomeze ubugenzi dufitaniye imbere y’uko iherezo rishika

“Umugenzi nyakuri akundana igihe cose.”​—IMIG. 17:17.

URURIRIMBO RWA 101 Dukorane mu bumwe

INCAMAKE *

Muri ya “makuba akomeye” tuzoba dukeneye abagenzi nyakuri (Raba ingingo ya 2) *

1-2. Twisunze 1 Petero 4:7, 8, ni igiki kizodufasha kwihangana mu bihe vy’ingorane?

UKO turushiriza kwegereza insozero y’“imisi ya nyuma,” twoshobora gushikirwa n’ingorane zikomeye. (2 Tim. 3:1) Nk’akarorero, inyuma y’amatora yabaye mu gihugu kimwe co mu burengero bwa Afrika, haradutse imigumuko n’intambara. Abavukanyi na bashiki bacu bo mu gace kari gakazemwo intambara, baramaze amezi arenga atandatu badacaruka. None bafashijwe n’iki kwihanganira ivyo bihe bigoye? Bamwe baciye bahungira ku bavukanyi baba mu karere gatekanye. Umuvukanyi umwe yavuze ati: “Muri ivyo bihe, narakengurutse cane kuba nari kumwe n’abagenzi. Twararemeshanya.”

2 Ya “makuba akomeye” niyatangura, kuba dufise abagenzi badukunda bizodufasha cane. (Ivyah. 7:14) Birihutirwa rero ko tugiranira ubugenzi bukomeye n’abandi ubu. (Soma 1 Petero 4:7, 8.) Turashobora gukura ivyigwa vyinshi ku vyashikiye Yeremiya, uwakijijwe n’abagenzi mu kiringo c’imbere y’uko Yeruzalemu isangangurwa. * None twomwigana gute?

NIWIGIRE KURI YEREMIYA

3. (a) Ni ibiki vyari gushobora gutuma Yeremiya yigunga? (b) Yeremiya yiganiye iki umunyamabanga wiwe Baruki, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

3 Yeremiya yaramaze n’imiburiburi imyaka 40 aba mu bantu b’ibihemu, muri bo hakaba harimwo ababanyi biwe, kumbure n’incuti ziwe zimwezimwe z’i Anatoti aho yavuka. (Yer. 11:21; 12:6) Ariko ivyo ntivyatumye yigunga. Yariganira umunyamabanga wiwe w’umwizigirwa Baruki ukuntu yumva amerewe, kandi na twebwe ubu turabizi. (Yer. 8:21; 9:1; 20:14-18; 45:1) Iyumvire ukuntu Baruki na Yeremiya barushirije gukundana no kwubahana, uko Baruki yandika ivyashikira Yeremiya.​—Yer. 20:1, 2; 26:7-11.

4. Yehova yasavye Yeremiya gukora iki, kandi ico gikorwa gishobora kuba cakomeje gute ubugenzi bwa Yeremiya na Baruki?

4 Yeremiya abigiranye ubutinyutsi, yaramaze imyaka itari mike amenyesha Abisirayeli ivyari bigiye gushikira Yeruzalemu. (Yer. 25:3) Kugira ngo Yehova abafashe kwigarura yarateye n’iyindi ntambwe. Yasavye Yeremiya kwandika ku muzingo imburi yari amaze igihe atanga. (Yer. 36:1-4) Uko Yeremiya na Baruki bakorana ico gikorwa bari bashinzwe n’Imana, igishobora kuba catwaye amezi atari make, nta nkeka ko bagiranira ibiyago bikomeza ukwizera.

5. Ni igiki cerekana ko Baruki yabereye Yeremiya umugenzi mwiza?

5 Bahejeje kwandika uwo muzingo, Yeremiya yaciye asaba umugenzi wiwe Baruki ngo abe ari we aja gusomera abantu ubwo butumwa. (Yer. 36:5, 6) Baruki abigiranye umutima rugabo, yarakoze ico gikorwa carimwo akaga. Iyumvire ingene Yeremiya yahimbawe igihe Baruki yaja mu kigo c’urusengero, agasomera abantu ubwo butumwa. (Yer. 36:8-10) Abaganwa ba Yuda bumvise ivyo Baruki yari yakoze, baciye bamutumako ngo abasomere uwo muzingo n’ijwi rirenga. (Yer. 36:14, 15) Baciye bafata ingingo yo kumenyesha Umwami Yehoyakimu ivyo Yeremiya yari yavuze. Bakebuye Baruki bati: “Genda wihishe, wewe na Yeremiya, kugira ngo ntihagire uwumenya aho muri.” (Yer. 36:16-19) Emwe, iyo mpanuro yari nziza cane.

6. Yeremiya na Baruki bakoze iki igihe bahamwa?

6 Umwami Yehoyakimu yumvise amajambo Yeremiya yanditse, yarashavuye cane aca araturira uwo muzingo yongera ategeka ko Yeremiya na Baruki bafatwa. Ariko rero Yeremiya ntiyahiye coba. Yaratoye uwundi muzingo awuha Baruki, akaza aramusubiriramwo bwa butumwa bwa Yehova, na we araheza yandika ya “majambo yose yo [muri wa muzingo] Yehoyakimu umwami wa Yuda yari yatuririye mu muriro.”​—Yer. 36:26-28, 32.

7. Yeremiya na Baruki bashobora kuba bungukiye gute ku kuba barakoranye?

7 Akenshi iyo abantu baciye mu ngorane bari kumwe, baraba abagenzi. Birashoboka rero ko igihe Yeremiya na Baruki bakorana mu gusubiriza wa muzingo Umwami Yehoyakimu yari yaturiye, umwe wese yarushirije gushima kamere z’uwundi. Ni ibiki none twigira kuri abo bagabo babiri b’intahemuka?

NUBAYAGIRE UTABAHISHA

8. Ni ibiki vyoshobora kutubuza kugiranira ubugenzi n’abandi, kandi kubera iki tudakwiye kureka kurondera abagenzi?

8 Vyoshobora kutatworohera kubwira abandi ibitwerekeye igihe hari uwigeze kutubabaza. (Imig. 18:19, 24) Canke na ho twoshobora kubona ko ivyo kugiranira ubugenzi n’abandi ata mwanya n’inguvu tubifitiye. Naho ari ukwo, ntidukwiye kureka kurondera abagenzi. Nimba twipfuza ko abavukanyi bacu bazoduserukako mu bihe vy’ingorane, turakwiye kuba turiga kubayagira ivyacu. Ico kintu ni ntahara mu bijanye no kugiranira ubugenzi nyakuri.​—1 Pet. 1:22.

9. (a) Yezu yerekanye gute ko yizigira abagenzi biwe? (b) Kuyagira abandi utabahisha bishobora gute gukomeza ubugenzi mufitaniye? Tanga akarorero.

9 Yezu yarerekanye ko yizigira abagenzi biwe mu kubayagira ata co abahisha. (Yoh. 15:15) Turashobora kumwigana mu kuyagira abandi ibidutera umunezero, ibitubabaje be n’ibituraje ishinga. Uteze yompi uwuriko arakuyagira, urashobora gusanga hari ivyiyumviro, imigambi be n’ibindi muhuriyeko. Rimbura akarorero ka mushiki wacu w’imyaka 29 yitwa Cindy. Yaragiraniye ubugenzi na mushiki wacu w’umutsimvyi w’imyaka 67 yitwa Marie-Louise. Buri musi wa kane mu gitondo barakorana indimiro, kandi barayaga ibintu bitandukanye ata guhishanya. Cindy avuga ati: “Ndakunda kuyaga n’abagenzi ibintu bihambaye, kuko bituma ndushiriza kubamenya no kubatahura.” Abagenzi barayaga. Nk’ukwo kwa Cindy, kuyagira abandi utabahisha birashoboka gutuma ubugenzi mufitaniye burushiriza gukomera.​—Imig. 27:9.

NUKORANE N’ABANDI

Abagenzi nyakuri barakorana mu ndimiro (Raba ingingo ya 10)

10. Twisunze Imigani 27:17, gukorana n’abo dusangiye ukwizera bishobora kuvamwo ivyiza ibihe?

10 Nka kumwe kwa Yeremiya na Baruki, igihe dukorana n’abo dusangiye ukwizera maze tukibonera kamere nziza bafise, turagira ivyo tubigiyeko kandi tukarushiriza kubakunda. (Soma Imigani 27:17.) Nk’akarorero, wiyumva gute iyo wumvise umugenzi mwajanye mu ndimiro ariko araburanira ukwizera kwiwe abigiranye ubutinyutsi, canke ariko avugana ubujijutsi ivyerekeye Yehova n’umugambi wiwe? Nta nkeka ko uca wumva urushirije kumukunda.

11-12. Tanga akarorero kerekana ingene gukorana n’abandi mu ndimiro bishobora gutuma ubugenzi dufitaniye bukomera.

11 Rimbura uburorero bubiri bwerekana ingene gukorana mu ndimiro bituma abantu barushiriza gukundana. Mushiki wacu yitwa Adeline w’imyaka 23 yarasavye umwe mu bagenzi biwe yitwa Candice ngo bajane kwamamaza mu cibare gikorerwamwo gake. Avuga ati: “Twaripfuza kurushiriza kugira umwete no guhimbarirwa igikorwa co kwamamaza. Umwe wese yari akeneye icomuremesha kurushiriza gukorera Yehova.” None gukorana vyabafashije gute? Adeline avuga ati: “Buri musi, dutashe twaraganira ivyadukoze ku mutima mu biyago twaba twagiranye n’abo twagendeye, tukaganira no ku bimenyamenya vyerekana ko Yehova yatuyoboye. Ibiyago nk’ivyo vyaraturyohera cane, kandi vyaratumye turushiriza kumenyana.”

12 Bashiki bacu babiri bo mu Bufaransa batarubaka izabo, ari bo Laïla na Marianne, baragiye kumara indwi zitanu bamamaza i Bangui ku murwa mukuru wa République centrafricaine. Laïla avuga ati: “Naho jewe na Marianne hari ivyo tutahurizako, ukuba twaraganira kandi tugakundana vy’ukuri vyaratumye ubugenzi bwacu burushiriza gukomera. Kwibonera ingene Marianne yari azi guhuza n’uko ibintu vyifashe, ingene yakunda abantu baho be n’umwete yari afise mu gikorwa, vyaratumye ndushiriza kumukunda.” Si ngombwa ngo urinde kwimukira mu kindi gihugu kugira ngo wironkere ivyiza nk’ivyo. Igihe cose ukoranye n’umuvukanyi canke mushiki wacu ng’aho iwanyu, uba uronse akaryo ko kurushiriza kumumenya no gukomeza ubugenzi mufitaniye.

NIWIBANDE KURI KAMERE NZIZA ZABO KANDI UBABABARIRE

13. Ni ikintu ikihe coshobora kutubera urugamba igihe dukorana n’abandi?

13 Igihe dukorana n’abagenzi, ntitumenya gusa kamere nziza bafise ahubwo turamenya n’utunenge twabo. Twoshobora gute none kurengera utunenge twabo? Reka tugaruke ku karorero ka Yeremiya. Ni ibiki vyamufashije kuguma abona iciza mu bandi no kwirengagiza utunenge twabo?

14. Yeremiya yamenye ibiki ku bijanye na Yehova, kandi vyamufashije gute?

14 Yeremiya ni we yanditse igitabu citirirwa izina ryiwe, bikaba bishoboka ko ari we yanditse n’igitabu ca mbere c’Abami be n’ica kabiri. Nta gukeka ko ico gikorwa catumye amenya canecane ingene Yehova agirira imbabazi abantu badatunganye. Nk’akarorero, Yeremiya yaramenye ko igihe Umwami Ahabu yigaya, Yehova yamukingiye kubona ivyago vyoshikiye umuryango wiwe. (1 Abm. 21:27-29) Yeremiya yaramenye kandi ko Manase wewe yakoze ibintu bibi kuruta Ahabu kugira ababaze Yehova. Naho ari ukwo, igihe Manase yigaya Yehova yaramubabariye. (2 Abm. 21:16, 17; 2 Ngo. 33:10-13) Izo nkuru zitegerezwa kuba zarafashije Yeremiya kwigana Imana mu kwihanganira abagenzi biwe no mu kubagirira imbabazi.​—Zab. 103:8, 9.

15. Igihe Baruki yatirimuka, Yeremiya yiganye gute Yehova mu bijanye n’ukwihangana?

15 Rimbura ingene Yeremiya yafashije Baruki igihe vyashika agatirimuka ku gikorwa yari yarashinzwe. Aho kwihutira guheba uwo mugenzi wiwe, Yeremiya yaramufashije mu kumumenyesha ubutumwa bw’Imana buranga ubuntu ariko kandi budaca ku ruhande. (Yer. 45:1-5) Ni ivyigwa ibihe none dukura muri iyo nkuru?

Abagenzi nyakuri barababarirana ata gahigihigi (Raba ingingo ya 16)

16. Twisunze Imigani 17:9, twokora iki kugira tuzigame ubugenzi dufitaniye n’abandi?

16 Mu vy’ukuri, ntitwokwitega ko abavukanyi bacu baba abatunganye. Tumaze rero kugiranira na bo ubugenzi bukomeye, turakwiye gukora uko dushoboye kwose kugira tubuzigame. Igihe abagenzi bacu bakoze ikosa, hari aho vyokenerwa ko tubaha impanuro iranga ubuntu ariko kandi idaca ku ruhande ishingiye kw’Ijambo ry’Imana. (Zab. 141:5) Igihe na ho batubabaje, turakwiye kubababarira. Tumaze kubababarira, turakwiye kwirinda agatima ko kuza turavyibukiriza. (Soma Imigani 17:9.) Ese ukuntu bihambaye ko muri ibi bihe bitoroshe twibanda kuri kamere nziza z’abavukanyi bacu aho kwibanda ku bugoyagoye bwabo. Ivyo birakomeza ubugenzi dufitaniye narirya muri ya makuba akomeye tuzoba dukeneye abagenzi somambike.

NUBAGARAGARIZE URUKUNDO RUDAHEMUKA

17. Yeremiya yerekanye gute ko yari umugenzi nyakuri mu bihe vy’amarushwa?

17 Yeremiya yarerekanye ko yari umugenzi nyakuri mu bihe vy’amarushwa. Nk’akarorero, inyuma y’aho Ebedimeleki umukozi wo ku kirimba arokoreye Yeremiya mu kumukuza mw’itangi ryarimwo urwondo, Ebedimeleki yaratinye ko abaganwa bomugiriye nabi. Igihe Yeremiya yabimenya, ntiyagumye mu gacerere yizigiye ko uwo mugenzi wiwe yokwirwanyeko. Naho Yeremiya yari mw’ibohero, yarakoze uko ashoboye kwose aramenyesha umugenzi wiwe Ebedimeleki umuhango uhumuriza Yehova yari yatanze.​—Yer. 38:7-13; 39:15-18.

Abagenzi nyakuri barafasha n’abavukanyi babo bari mu nkenero (Raba ingingo ya 18)

18. Twisunze Imigani 17:17, twokora iki igihe umugenzi ari mu ngorane?

18 Muri iki gihe, abavukanyi bacu barashikirwa n’ingorane zitandukanye. Nk’akarorero, benshi barashikirwa n’ivyago vy’ivyaduka canke ivyago biterwa n’abantu. Ivyo bishitse, bamwe muri twebwe twoshobora kubakira muhira iwacu. Abandi na bo boshobora kubafashisha amahera. Ariko twese turashobora gutakambira Yehova ngo abafashe. Igihe tumenye ko umuvukanyi canke mushiki wacu yihebuye, vyoshika tukabura ico tumubwira canke ntitubone ico twomukorera. Yamara rero, twese turashobora kugira ico dufashije. Nk’akarorero, twoshobora kumarana umwanya n’uwo mugenzi wacu. Twoshobora kumutega yompi tubigiranye impuhwe igihe atuyagira. Twoshobora no kumusomera icanditswe dukunda kiremesha. (Yes. 50:4) Igihambaye cane ni uko tumuba hafi igihe aba adukeneye.​—Soma Imigani 17:17.

19. Kugiranira ubugenzi bukomeye n’abavukanyi muri iki gihe bizodufasha gute muri kazoza?

19 Muri iki gihe, turakwiye kwiyemeza kugiranira ubugenzi bukomeye n’abavukanyi bacu kandi tukabuzigama. Uti kubera iki? Kubera ko abansi bacu bazogerageza kuducanishamwo bakoresheje ibinyoma. Bazogerageza kuduteranya. Ariko utwigoro twabo tuzoba impfagusa. Ntibazoshobora gusenyura urwo dukundana. Nta co bazokora kizohagarika ubugenzi dufitaniye. Ahubwo ubwo bugenzi buzoguma buhangamye, atari muri iki gihe c’iherezo gusa mugabo no gushika ibihe bidahera.

URURIRIMBO RWA 24 Nimuze ku musozi wa Yehova

^ ing. 5 Uko iherezo ryegereza, twese turakwiye kugiranira ubugenzi bukomeye n’abo dusangiye ukwizera. Muri iki kiganiro, turaza kubona ico twigira ku vyashikiye Yeremiya. Turaza no kurimbura ingene kugiranira ubugenzi bukomeye n’abavukanyi ubu, bizodufasha mu bihe vy’ingorane.

^ ing. 2 Ibivugwa mu gitabu ca Yeremiya ntibitondetswe nk’uko vyagiye birakurikirana.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Ishusho yerekana ibishobora kuzoba muri ya “makuba akomeye.” Abavukanyi na bashiki bacu binyegeje mu gisenge c’inzu. Muri ico gihe kigoye, bararemeshanya biciye ku bugenzi bafitaniye. Amashusho atatu akurikira yerekana ingene ba bavukanyi na bashiki bacu nyene bari barakomeje ubugenzi bafitaniye imbere y’uko ya makuba akomeye atangura.