Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 47

Ivyigwa dukura mu gitabu c’Abalewi

Ivyigwa dukura mu gitabu c’Abalewi

“Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro.”​—2 TIM. 3:16.

URURIRIMBO RWA 98 Ivyanditswe vyahumetswe n’Imana

INCAMAKE *

1-2. Kubera iki muri iki gihe abakirisu bakwiye gusuzuma ibivugwa mu gitabu c’Abalewi?

INTUMWA Paulo yaribukije umugenzi wiwe akiri muto Timoteyo yuko “icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi [ko ari] ngirakamaro.” (2 Tim. 3:16) Aho harimwo n’igitabu c’Abalewi. None ico gitabu ukibona gute? Hari abokibona nk’igitabu kirimwo amategeko yataye igihe, ariko abakirisu b’ukuri bobo si ko bakibona.

2 Naho haheze imyaka nka 3.500 igitabu c’Abalewi canditswe, Yehova yarakizigamye ‘kugira kitwigishe.’ (Rom. 15:4) Turakwiye gusuzuma ico gitabu tubishashaye kuko kidufasha gutahura ingene Yehova abona ibintu. Mu vy’ukuri, hariho ivyigwa bitari bike dushobora gukura muri ico gitabu cahumetswe. Reka turimbure bine muri vyo.

INGENE TWOSHIMWA NA YEHOVA

3. Kubera iki ku Musi w’impongano waba buri mwaka hatangwa ibimazi?

3 Icigwa ca mbere: Kugira ngo Yehova yemere ibimazi tumushikanira, dutegerezwa kuba dushimwa na we. Ku Musi w’impongano waba buri mwaka, ihanga rya Isirayeli ryarakoranira hamwe hagatangwa n’ibimazi vy’ibitungwa. Ivyo bimazi vyaributsa Abisirayeli ko bari bakeneye gukurwako icaha. Ariko imbere y’uko umuherezi mukuru yinjira Aheranda Rwose kuri uwo musi ajanye amaraso y’ikimazi, hariho ikindi kintu yabanza gukora, kikaba ari co cari gihambaye cane kuruta ukubabarirwa ivyaha kw’iryo hanga.

(Raba ingingo ya 4) *

4. Twisunze Abalewi 16:12, 13, umuherezi mukuru yakora iki ku Musi w’impongano igihe yaba yinjiye Aheranda Rwose ku ncuro ya mbere? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

4 Soma Abalewi 16:12, 13. Niwihe ishusho y’ukuntu ibintu vyagenda ku Musi w’impongano: Umuherezi mukuru arinjiye mw’itaberenakulo. Iyo ni incuro ya mbere mu ncuro zitatu ategerezwa kwinjira Aheranda Rwose kuri uwo musi. Mu kuboko kumwe afise ikintu kirimwo amashi abiri y’imibavu imota neza, mu kundi na ho akagira ikintu c’inzahabu kirimwo amakara yaka umuriro. Arahagaze imbere y’irido rikingiriye urwinjiriro rw’Aheranda Rwose. Arinjira Aheranda Rwose abigiranye icubahiro cinshi, agaca ahagarara imbere y’isandugu y’isezerano. Mu buryo bw’ikigereranyo, ahagaze imbere ya Yehova Imana ubwiwe. Uwo muherezi abigiranye ubwitonzi, aca asuka ya mibavu kuri ya makara yaka umuriro maze ico cumba cose kikuzura akamoto keza. * Mu nyuma ahava asubira kwinjira Aheranda Rwose ajanye amaraso y’ishikanwa ry’igicumuro. Urabona ko abanza guturira imibavu imbere yo gushikana amaraso y’ishikanwa ry’igicumuro.

5. Ni icigwa ikihe dukura ku mibavu yakoreshwa ku Musi w’impongano?

5 Ni icigwa ikihe dukura ku mibavu yakoreshwa ku Musi w’impongano? Amasengesho Yehova yakirira abasavyi biwe b’abizigirwa, Bibiliya iyagereranya n’imibavu. (Zab. 141:2; Ivyah. 5:8) Niwibuke ko umuherezi mukuru yajana imibavu imbere ya Yehova abigiranye icubahiro cinshi. Na twebwe, igihe dusenga Yehova tubigirana icubahiro cinshi. Turakenguruka cane kubona Umuremyi w’isi n’ijuru atwemerera kumwiyegereza, nk’uko umwana yegera se wiwe. (Yak. 4:8) Aremera ko tumubera abagenzi. (Zab. 25:14) Turaha agaciro cane ako gateka ku buryo tutokwipfuza gukora ikintu na kimwe comubabaza.

6. Kubona umuherezi mukuru yabanza guturira imibavu imbere yo gushikana ibimazi, bitwigisha iki ku vyerekeye Yezu?

6 Niwibuke yuko umuherezi mukuru yategerezwa kubanza guturira imibavu imbere yo gushikana ibimazi. Gutyo, yaba yizigiye ko yoshikanye ibimazi Imana imushima. None ivyo bitwigisha iki? Igihe Yezu yari kw’isi, hari ikintu gihambaye yategerezwa gukora imbere y’uko atanga ikimazi c’ubuzima bwiwe, kikaba mbere cari gihambaye kuruta gutuma abantu baronka ubukiriro. Ico na co ni igiki? Yategerezwa kubanza kugamburukira Yehova adahemuka ubuzima bwiwe bwose kugira ngo abone kwakira ikimazi ciwe. Gutyo, yobaye yerekanye ko gukora ivyo Yehova ashaka ari bwo buryo bwiza cane bwo kubaho. Yezu yokwemeje ko ubusegaba bwa Se, ni ukuvuga uburyo ategeka, ari bwo bubereye kandi bugororotse.

7. Mu kiringo cose Yezu yamaze ng’aha kw’isi, kubera iki yabayeho ahimbara Se wiwe?

7 Igihe cose Yezu yamaze kw’isi, yagumye yisunga ingingo ngenderwako zigororotse za Yehova ata gahaze. Vyaba ibigeragezo canke ingorane yaciyemwo, canke mbere urupfu rwahavuye rumushikira, nta na kimwe muri vyo cashoboye kumukura ku mwiyemezo wiwe wo gushigikira uburyo Se wiwe ategeka. (Flp. 2:8) Igihe Yezu yaba ari mu ngorane, yarasenga “hariko n’amaborogo akomeye be n’amosozi.” (Heb. 5:7) Amasengesho yaturana ubwira yarerekanye ko yari intahemuka ku Mana, kandi yarakomeje umwiyemezo wiwe wo kuguma agamburukira Imana. Kuri Yehova, ayo masengesho ya Yezu yari nk’akamoto k’imibavu imota neza. Mu kiringo cose Yezu yamaze ng’aha kw’isi, yarahimbaye cane Se wiwe yongera aremeza ko uburyo ategeka ari bwiza kuruta.

8. Twokwigana gute Yezu?

8 Turashobora kwigana Yezu mu kwihatira kubaho twisunga inzira za Yehova n’amategeko yiwe tudahemuka. Igihe turi mu ngorane, turasenga Yehova tubigiranye ubwira tumusaba ngo adufashe kuko twipfuza kumuhimbara. Gutyo, tuba twerekanye ko dushigikiye uburyo Yehova ategeka. Turatahura ko atokwakira amasengesho yacu hamwe twokwisuka mu ngeso mbi. Ariko tubayeho dukora ivyo agomba, turizigira ko amasengesho tumutura tubikuye ku mutima amubera nk’imibavu imota neza. Vyongeye, turizigira ko tugamburukiye Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru tudahemuka bimuhimbara.​—Imig. 27:11.

TUMUKORERA TUBITUMWE N’UGUKENGURUKA BE N’URUKUNDO

(Raba ingingo ya 9) *

9. Kubera iki Abisirayeli batanga ibimazi vy’ugusangira?

9 Icigwa ca kabiri: Dukorera Yehova kubera ko tumukengurukira. Kugira tubitahure, nimuze dusuzume uwundi muce wari uhambaye mu gusenga kw’Abisirayeli, na wo akaba ari amashikanwa y’ugusangira. * Igitabu c’Abalewi, kirerekana ko Umwisirayeli yashobora gutanga ikimazi c’ugusangira “agomba guserura ugukenguruka.” (Lew. 7:11-13, 16-18) Ntiyaba agitanze kubera ko yabisabwa n’itegeko, ahubwo kubera ko yaba avyipfuza. Ico kimazi ryaba ari ishikanwa atanze ku bushake abitumwe n’uko yakunda Imana yiwe Yehova. Uwaba atanze iryo shikanwa, umuryango wiwe, be n’abaherezi barasangira inyama z’ico gitungwa. Ariko rero hariho ibihimba vy’ico gitungwa vyari bigenewe Yehova gusa. None ivyo bihimba ni ibihe?

(Raba ingingo ya 10) *

10. Ibimazi vy’ugusangira bivugwa mu Balewi 3:6, 12, 14-16 bitwigisha iki ku bijanye n’imvo yatuma Yezu akora ivyo Se agomba?

10 Icigwa ca gatatu: Duha Yehova ivyiza kuruta ibindi vyose tubitumwe n’urukundo. Ikinure ni co gihimba Yehova yabona ko ari ciza cane ku gitungwa. Yaratomoye kandi ko amafyigo, n’igitigu vyari n’agaciro kadasanzwe. (Soma Abalewi 3:6, 12, 14-16.) Yehova rero yarahimbarwa canecane igihe Umwisirayeli yaba amushikaniye ivyo bihimba be n’ikinure avyishakiye. Uwaha Yehova ishikanwa nk’iryo, yaba yerekanye ko yipfuza cane kumuha ivyiza kuruta ibindi vyose afise. Yezu na we nyene abigiranye umutima ukunze, yarahaye Yehova ivyiza kuruta ibindi vyose mu kumukorera atiziganya abitumwe n’urwo yamukunda. (Yoh. 14:31) Yezu yarahimbarwa no gukora ivyo Imana igomba. Yarakunda cane itegeko ry’Imana. (Zab. 40:8) Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba yarahimbawe no kubona Yezu amukorera n’umutima ukunze ukuraho.

Urwo dukunda Yehova ruratuma tumuha ivyiza kuruta ibindi dufise (Raba ingingo ya 11-12) *

11. Ni mu buryo ki igikorwa turangurira Yehova kimeze nk’ibimazi vy’ugusangira, kandi kubera iki ivyo biduhumuriza?

11 Igikorwa turangurira Yehova na co nyene kimeze nk’ivyo bimazi vy’ugusangira, kuko cerekana ukuntu tumubona. Turamuha ivyiza kuruta ibindi vyose dufise, tukabigira tubitumwe n’uko tumukunda n’umutima wacu wose. Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba ahimbarwa no kubona abasavyi biwe amamiliyoni bitanga bakamukorera babitumwe n’urwo bamukunda be n’inzira ziwe. Iyo twibutse ko Yehova ataraba gusa ivyo tumukorera mugabo ko aha agaciro n’imvo ituma tubikora, biraduhumuriza cane. Nk’akarorero, nimba witereye mu myaka ukaba utagishobora gukora vyinshi nk’uko uvyipfuza, nureme kuko Yehova agutahura. Naho vyoshika ukabona ko ivyo umukorera ari bike cane, Yehova we arabona mu mutima wawe urwo umukunda rutuma ukora ivyo ushoboye. Arahimbarwa no kwakira ivyiza kuruta ibindi ushoboye kumuha.

12. Ukuntu Yehova yakira ibimazi vy’ugusangira bidukura amazinda gute?

12 Ni icigwa ikihe dukura ku bimazi vy’ugusangira? Igihe umuriro waba uriko uratongora vya bihimba vyizavyiza vy’igitungwa, umwotsi waraduga hejuru maze Yehova akanezerwa. Nuhere amazinda rero ko Yehova ahimbarwa n’igikorwa umurangurira ubikunze kandi n’umutima wawe wose. (Kol. 3:23) Iyumvire ingene bimukora ku mutima. Akigoro kose ugira mu gikorwa ciwe, kaba gato canke kanini, akabona nk’ikintu c’agaciro kadasanzwe atazokwigera yibagira gushika ibihe bidahera.​—Mat. 6:20; Heb. 6:10.

YEHOVA ARAHEZAGIRA ISHIRAHAMWE RYIWE

13. Twisunze Abalewi 9:23, 24, Yehova yerekanye gute ko ashimye abaherezi bari bahejeje kwatirwa?

13 Icigwa ca kane: Yehova ariko arahezagira igice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe. Rimbura ivyabaye mu 1512 imbere ya Kristu, igihe itaberenakulo yashingwa ku mucamo w’Umusozi Sinayi. (Kuv. 40:17) Musa ni we yahagarikiye ibirori vyo kwatira Aroni n’abahungu biwe mw’ibanga ry’ubuherezi. Ihanga rya Isirayeli ryarakoraniye hamwe kugira ryibonere ingene abo baherezi bashikiriza imbere ya Yehova ibimazi vyabo vy’ibitungwa ari bwo bwa mbere. (Lew. 9:1-5) None Yehova yerekanye gute ko ashimye abo baherezi bari bahejeje kwatirwa? Igihe Aroni na Musa bariko barahezagira abantu, Yehova yararekuye umuriro uyigiza ibimazi vyari ku gicaniro bitari bwashe ngo bihere.​—Soma Abalewi 9:23, 24.

14. Ubuherezi bwa Aroni n’abahungu biwe bwerekeza ku ki muri iki gihe?

14 Uwo muriro watibutse igihe umuherezi mukuru yatirwa werekanye iki? Werekanye ko Yehova yari ashigikiye aherejeko ubuherezi bwa Aroni n’abahungu biwe. Igihe Abisirayeli babona ico kimenyamenya cemeza ko Yehova ashigikiye abo baherezi, na bo nyene bari baronse imvo yo kubashigikira baherejeko. None ico kintu coba kitwerekeye? Cane nyene! Ubuherezi bwo muri Isirayeli bwari igitutu gusa c’ubundi buherezi buhambaye kuruta. Kristu wa Muherezi Mukuru ahambaye, arafise ubuherezi bwa cami bugizwe n’abantu 144.000 bazofadikanya na we kuganza mw’ijuru.​—Heb. 4:14; 8:3-5; 10:1.

Yehova ariko arayobora ishirahamwe ryiwe yongera arihezagira. Turarishigikira n’umutima wacu wose (Raba ingingo ya 15-17) *

15-16. Yehova yerekanye gute ko ashima wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge”?

15 Mu 1919, Yezu yaragenye umugwi mutoya w’abakirisu barobanuwe ngo babe “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” Uwo mushumba arahagarikira igikorwa co kwamamaza akongera agaha abayoboke ba Kristu ‘ibifungurwa ku gihe kibereye.’ (Mat. 24:45) Twoba tubona ibimenyamenya vyerekana ko Yehova ashima uwo mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?

16 Shetani n’isi yiwe nta co batakoze ngo baburabuze igikorwa c’uwo mushumba, gushika mbere n’aho abantu babona ko kidashoboka. Zaba za ntambara zibiri z’isi yose, uruhamo rudatezura, ingorane z’ivy’ubutunzi canke ugukubagurwa, nta na kimwe muri ivyo cabujije wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge kuguma aronsa ibifungurwa vy’impwemu abayoboke ba Kristu bari kw’isi. Iyumvire nawe: Muri iki gihe ivyo bifungurwa biboneka mu ndimi zirenga 900, kandi ku buntu! Nta woharira ko ico ari icemeza ko uwo mushumba ashigikiwe na Yehova. Ikindi kimenyamenya c’uko ashigikiwe na Yehova ni igikorwa co kwamamaza. Vy’ukuri, inkuru nziza y’Ubwami iriko iramamazwa “mw’isi yose.” (Mat. 24:14) Biragaragara neza ko muri iki gihe Yehova ariko arayobora ishirahamwe ryiwe yongera arihezagira cane.

17. Twokwerekana gute ko dushigikiye ishirahamwe Yehova ariko arakoresha?

17 Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba nkenguruka kuba ndi mu bagize igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova?’ Cokimwe na wa muriro Yehova yarungika mu gihe ca Musa na Aroni, Yehova yaraduhaye ibimenyamenya bitujijura ko ari we ariko arariyobora. Mu vy’ukuri, turafise vyinshi twomukengurukira. (1 Tes. 5:18, 19) None twokwerekana gute ko dushigikiye ishirahamwe Yehova ariko arakoresha? Ni mu gukurikiza ubuyobozi bushingiye kuri Bibiliya turonka biciye ku bitabu vyacu, ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro. Vyongeye, turashobora kwerekana ko turishigikiye mu kugira uruhara uko dushoboye kwose mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha.​—1 Kor. 15:58.

18. Wiyemeje gukora iki?

18 Nimuze twiyemeze gushira mu ngiro ivyigwa dukura mu gitabu c’Abalewi. Dushaka gukora ivyotuma Yehova adushima maze akemera ibimazi vyacu. Dushaka kumukorera kubera ko tumukengurukira. Dushaka kumuha ivyiza kuruta ibindi dufise kubera ko tumukunda n’umutima wacu wose. Vyongeye, dushaka gushigikira n’umutima wacu wose ishirahamwe ariko arakoresha muri iki gihe. Dukoze ivyo vyose, tuba tweretse Yehova ko duha agaciro agateka yaduteye ko kumubera Ivyabona.

URURIRIMBO RWA 96 Igitabu c’Imana ni ubutunzi

^ ing. 5 Igitabu c’Abalewi kirimwo amategeko Yehova yahaye Abisirayeli. Naho twebwe abakirisu tutagengwa n’ayo mategeko, turashobora kugira ico tuyigiyeko. Muri iki kiganiro, turihweza ivyigwa bihambaye dushobora gukura muri ico gitabu c’Abalewi.

^ ing. 4 Imibavu yaturirwa kw’itaberenakulo yafatwa ko ari myeranda, kandi muri Isirayeli ya kera yakoreshwa gusa mu bijanye no gusenga Yehova. (Kuv. 30:34-38) Nta na kimwe cerekana ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere baturira imibavu mu bijanye no gusenga.

^ ing. 9 Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’amashikanwa yo gusangira, raba igitabu Étude perspicace des Écritures, Igitabu ca 2, rup. 847-848.

^ ing. 54 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Ku Musi w’impongano, umuherezi mukuru wa Isirayeli yarinjira Aheranda Rwose ajanye imibavu be n’amakara yaka umuriro kugira yuzuze ico cumba cose akamoto keza. Mu nyuma, yarasubira kwinjira Aheranda Rwose ajanye amaraso y’ishikanwa ry’igicumuro.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umwisirayeli ashikirije umuherezi intama y’ikimazi c’ugusangira kugira ngo yerekane ingene umuryango wiwe ukengurukira Yehova.

^ ing. 58 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarerekanye ko yakunda cane Yehova mu gukurikiza amategeko yiwe no mu gufasha abayoboke biwe kuyakurikiza.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu yitereye mu myaka ariko araha Yehova ivyo ashoboye vyose mu kwamamaza akoresheje amakete, naho afise ingorane z’amagara.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Muri Ruhuhuma 2019, umuvukanyi Gerrit Lösch wo mu Nama Nyobozi yaratangaje ko hasohotse Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu kidagi, kandi abari ng’aho barakengurutse cane. Muri iki gihe, abamamaji bo mu Budagi barahimbarwa no gukoresha iyo Bibiliya nshasha mu ndimiro, nk’uko bibonekera kuri abo bashiki bacu babiri.