Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nurondere kumenya ukuri

Nurondere kumenya ukuri

Kumenya ukuri birashobora kudukiza. Nk’akarorero, raba ingene inyishu y’ikibazo gikurikira yagize ico ikoze ku magara yacu: Indwara zandukira zikwiragira gute?

Imyaka ibihumbi n’ibihumbi yaraheze ata n’umwe aramenya inyishu y’ico kibazo. Ico gihe abantu amamiliyoni barahitanywe n’indwara z’ibiza. Amaherezo, abashakashatsi barubuye ingene izo ndwara zikwiragira. Basanze akenshi ziterwa n’imikorobe, nk’akarorero imigera canke amabagiteri. Ukwo kuri bubuye kwarafashije mu bijanye no kwirinda indwara nyinshi be no kuzivura, ivyo bikaba vyatumye abantu amamiliyaridi barushiriza kuramba no kugira amagara meza.

Bite ho ku bijanye n’ibindi bibazo bihambaye? Kumenya inyishu z’ibibazo bikurikira, wibaza ko vyokumarira iki?

  • Imana ni nde?

  • Yezu Kristu ni nde?

  • Ubwami bw’Imana ni iki?

  • Kazoza katubikiye iki?

Abantu amamiliyoni bararonse inyishu z’ivyo bibazo, bica bituma baryohora ubuzima bwabo. Na wewe zirashobora kukugirira akamaro.

WOBA USHOBORA KUMENYA UKURI?

Woshobora kwibaza uti: ‘Vyoba bishoboka ko umuntu amenya ukuri ku kintu kanaka?’ Kanatsinda, mu mice myinshi usanga kumenya ukuri ku kintu bisa n’ibirushiriza kugora. Kubera iki?

Abantu benshi usanga batizera ko ubutegetsi, abadandaza canke ibimenyeshamakuru bibabwiza ukuri. Birabagora kumenya nimba amakuru babwirwa ari ay’ukuri canke ari ivyiyumviro gusa bishikirizwa, ko ari amakuru adakwiye canke ari ikinyoma ceruye. Kubera ko abantu batizerana kandi amakuru menshi akaba ari ay’ikinyoma, ico bamwe babona ko ari ukuri usanga abandi atari ko bakibona.

Naho ibintu vyifashe gutyo, birashoboka ko turonka inyishu z’ukuri ku bibazo nkoramutima mu buzima. Uti gute? Mu kubigenza nk’uko wama ubigira mu buzima bwa misi yose.

NURONDERE KUMENYA UKURI

Buri musi, twama turondera kumenya ukuri. Rimbura akarorero ka Jessica. Avuga ati: “Umukobwa wanje arazirana cane n’ivyema, ku buryo n’utwema duke cane twoshobora kumuhitana.” Jessica aritwararika kumenya ko ibifungurwa asuma bitagirira nabi umukobwa wiwe. Avuga ati: “Ikintu ca mbere nkora ni ugusoma nitonze amakuru yerekana ibigize ibifungurwa. Nca ngira ubushakashatsi bwiyongereye, bishobotse ngaterefona mw’ihinguriro ryabiteguye kugira niyemeze ko ata twema na dukeya turimwo. Ndaronderera amakuru n’ahandi hantu ho kwizigirwa kugira menye nimba iryo hinguriro rizwi ko rihingura neza ibifungurwa.”

Ibibazo wama uronderera inyishu buri musi, bishobora kuba bidahambaye cane nk’ivyo vya Jessica. Naho ari ukwo, na wewe urashobora kumwigana mu gukoresha ubu buryo bukurikira kugira uronke inyishu z’ibibazo wibaza:

  • Nubanze utohoze.

  • Nugire ubushakashatsi bwiyongereye.

  • Nuronderere amakuru ahantu ho kwizigirwa.

Ukwo nyene ni ko wobigenza mu kurondera inyishu z’ukuri ku bibazo nkoramutima mu buzima. Uti gute?

IGITABU NTANGERE MU KUVUGA UKURI

Igihe Jessica yariko ararondera kumenya ukuri Bibiliya yigisha, yakoresheje uburyo busa na bumwe akoresha mu kurondera ibifungurwa bitogirira nabi umukobwa wiwe. Avuga ati: “Gusoma Bibiliya nitonze no kugira ubushakashatsi ndabigiranye umwete vyaratumye menya ukuri.” Cokimwe na Jessica, abantu amamiliyoni baramenye inyishu Bibiliya itanga kuri ibi bibazo:

  • Kubera iki turiho?

  • Bitugendera gute iyo dupfuye?

  • Kubera iki dushikirwa n’imibabaro?

  • Imana izokuraho gute imibabaro yose?

  • Tworonka gute agahimbare mu rugo?

Ivyo bibazo hamwe n’ibindi vyose wibaza, urashobora kubironkera inyishu z’ukuri mu gusoma Bibiliya no mu kugira ubushakashatsi ku rubugawww.pr418.com.