Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nuhitemwo gushigikira Ubwami bw’Imana ubu

Nuhitemwo gushigikira Ubwami bw’Imana ubu

Dufate yuko mu karere ubamwo hagira hatere igihuhusi gikomeye. Inzego za leta ziriko ziratanga imburi igira iti: “NIMUVEYO! RABE IYO MUHUNGIRA!” Woca ukora iki? Nta nkeka, ko woca uhungira ahatagira akaga.

Twese ni nk’aho tuba mu karere kazocamwo igihuhusi gikomeye, ico Yezu yise “amakuba akomeye.” (Matayo 24:21) Naho ata ho twohungira ayo makuba, turashobora kugira ico dukoze kugira ngo ntaze aduhitane. None twokora iki?

Mu Nsiguro Yezu Kristu yashikirije ari ku Musozi, yatanze impanuro igira iti: “Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana.” (Matayo 6:33) None ivyo wobigira gute?

Nubanze kurondera Ubwami bw’Imana. Ivyo bisobanura ko ivyerekeye Ubwami bw’Imana ari vyo dukwiye gushira imbere y’ibindi bintu vyose. (Matayo 6:25, 32, 33) Uti kubera iki? Kubera ko abantu badashobora gutorera umuti ingorane ziduhanze. Ubwami bw’Imana ni bwo bwonyene bushoboye gukora ico kintu kitoroshe.

Nurondere ubugororotsi bwayo. Turakwiye kwihatira kubaho twisunga amategeko y’Imana agororotse n’ingingo ngenderwako zayo. Kubera iki? Kubera ko kwishingira iciza n’ikibi vyodukwegera akarambaraye. (Imigani 16:25) Ariko tubayeho twisunga ingingo ngenderwako z’Imana, bituma tuyihimbara bikanatugirira akamaro.​—Yesaya 48:17, 18.

Nugume ubanza kurondera Ubwami bw’Imana n’ubugororotsi bwayo. Yezu yaratugabishije ko hari abashobora gusamara, bakiyumvira ko kwirundaniriza amahera vyotuma babaho ata nkomanzi. Abandi na bo boretse amaganya y’ubuzima akabatwara, ku buryo bataronka akanya ko kurondera Ubwami bw’Imana.​—Matayo 6:19-21, 25-32.

Ariko rero Yezu yasezeranye ko abashigikira Ubwami bw’Imana bazoronka ivyo bakenera muri iki gihe, muri kazoza na ho bakazokwironkera ivyiza vyamaho.​—Matayo 6:33.

Naho mu kinjana ca mbere abigishwa ba Yezu babanza kurondera Ubwami be n’ubugororotsi bwayo, ingorane zose bari bafise mu buzima ntizaciye zihera. Yamara rero barakingiwe. Uti gute?

Kuba babaho bisunga ingingo ngenderwako zigororotse z’Imana, vyarabakingiye ingorane zashikiye abadakurikiza ivyo Imana yavuze. Ukuba bari barajijutse ko Ubwami bwoje, vyarabafashije guhangana n’ingorane zikomeye cane. Kandi Imana yarabahaye “ububasha burengeye ubusanzwe” kugira bashobore kwihangana.​—2 Abakorinto 4:7-9.

WOBA UZOBANZA KURONDERA UBWAMI?

Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baragamburutse impanuro ya Yezu yabasaba kubanza kurondera Ubwami. Baratangaje inkuru nziza y’Ubwami mu karere kose k’isi babamwo. (Abakolosayi 1:23) None muri iki gihe hoba hari abandi bariko barabigira?

Ego cane! Ivyabona vya Yehova baratahura ko hasigaye igihe gito kugira ngo Ubwami bw’Imana bukureho iyi si mbi. Ni co gituma bihatira gukurikiza aya majambo Yezu yavuze, agira ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”​—Matayo 24:14.

Woba uzokwumvira iyo nkuru nziza? Tukuremesheje kwigana abantu bo mu kinjana ca mbere baba mu gisagara ca Beroya mu ntara ya Makedoniya. Igihe intumwa Paulo yababwira inkuru nziza yerekeye Ubwami, barayemeye “babishashaye cane gusumba.” Baciye batangura ‘gusuzuma Ivyanditswe bavyitondeye’ kugira ngo barabe ko ivyo bari barumvise ari ukuri, maze baca barabikurikiza.​—Ivyakozwe 17:11, 12.

Na wewe urashobora kubigana. Niwabanza kurondera Ubwami bw’Imana be n’ubugororotsi bwayo, uzoronka ubuhungiro muri iki gihe, muri kazoza na ho uze winovore amahoro n’umutekano birama.