Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwiheke kuri Yehova igihe bagutoteje

Niwiheke kuri Yehova igihe bagutoteje

Gutotezwa birashobora kutugirira nabi ku mubiri no ku mutima. Birashobora no gutuma ubucuti dufitaniye na Yehova bwononekara igihe tugize ubwoba abandi barwanije ugusenga kwacu. Wokwikingira gute agatotezo?

Benshi mu Vyabona vya Yehova barihanganiye agatotezo mu kwiheka kuri Yehova. (Zb 18:17) Nk’akarorero, Esiteri yaravuze kugira ahishure imigambi ya Hamani umuntu mubi yatoteza abandi. (Est 7:​1-6) Imbere yo kubigira, yarerekanye ko yiheka kuri Yehova mu kwisonzesha. (Est 4:​14-16) Yehova yarahezagiye ivyo yakoze yongera aramukingira hamwe n’ihanga ryiwe.

Yemwe bakiri bato, nimba hari umuntu ariko arabatoteza, nimusabe Yehova abafashe mwongere mubwire ingorane mufise umuntu ahumuye, nk’akarorero abavyeyi banyu. Murashobora kwemera mudakeka ko Yehova azobafasha nk’uko yafashije Esiteri. Ni ikindi kintu ikihe mwokora kugira mwihanganire agatotezo?

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO UBUYABAGA BWANJE—NOKWIHANGANIRA GUTE AGATOTEZO? MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Abakiri bato bokwigira iki kuri Charlie na Ferin?

  • Abavyeyi bokwigira iki ku vyo Charlie na Ferin bavuze ku bijanye n’ukuntu bofasha abana babo kwihanganira agatotezo?