Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Abungere bakora ku neza y’abasavyi ba Yehova

Abungere bakora ku neza y’abasavyi ba Yehova

Abantu benshi babona nabi abafise ubukuru. Turatahura igituma. Abantu baramaze igihe kirekire bakoresha nabi ubukuru bafise ku bw’inyungu zabo bwite. (Mk 7:3) Mbega ukuntu dukenguruka kubona abakurambere b’ishengero baramenyerejwe gukoresha ubukuru bafise ku neza y’abasavyi b’Imana!—Est 10:3; Mt 20:​25, 26.

Abakurambere baratandukanye n’abafise ubukuru muri iyi si. Barangura iryo banga ryo guhagarikira babitumwe n’urukundo bakunda Yehova n’abasavyi biwe. (Yoh 21:16; 1Pt 5:​1-3) Bayobowe na Yezu, abo bungere barafasha umwamamaji uwo ari we wese kwumva yisanze mu muryango w’abasenga Yehova no kuguma yiyegereje Yehova. Barihutira kuremesha intama za Yehova no gufasha igihe hadutse ikibazo cihuta kijanye n’ubuvuzi canke igihe hateye ivyago vy’ivyaduka. Nimba ukeneye imfashanyo, ubona gute wibwirije ukarondera umukurambere wo mw’ishengero urimwo?—Yak 5:14.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ABUNGERE BITWARARIKA INTAMA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Mariana yungukiye gute ku mfashanyo yahawe n’abakurambere?

  • Elias yungukiye gute ku mfashanyo yahawe n’abakurambere?

  • Iyo videwo yatumye ubona gute igikorwa abakurambere barangura?