Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nukoreshe igice c’intango ca JW.ORG mu ndimiro

Nukoreshe igice c’intango ca JW.ORG mu ndimiro

Igice c’intango c’urubuga rwacu kiriko ibiganiro n’amavidewo bigenewe gushimisha abantu bafise agatima kabereye batari Ivyabona. (Ivk 13:48) Akenshi ico gice kijako ivyiyumviro vyo mu makuru canke ivyo abantu baba bariko bariyumvira canke baba bariko baravuga.

Wokoresha gute igice c’intango ca jw.org mu ndimiro?

  • Niwame usuzuma ibiri kuri urwo rubuga. Nurabe ibiheruka gushirwa ahavuga ngo «Ibi ntibigucike!» wongere urabe ukuntu woshobora kubikoresha mu gufasha umuntu yashimishijwe. (Kugira uronke ibindi biganiro biheruka gushirwa kuri ico gice, nufyonde ahavuga ngo «Raba n’ibindi.») Kuguma uraba ibiri kuri urwo rubuga bizogufasha kuronka ivyiyumviro bishasha wokoresha mu ndimiro.

  • Nukoreshe ibiganiro n’amavidewo biri mu gice c’intango mu gutanguza ibiyago. Ayo mayagwa arashobora kuduha ivyiyumviro abantu bo mu cibare boshobora kuba bariko bariyumvira.

  • Niwereke abantu igice c’intango. Niwereke uwo muntu ibiganiro kanaka, wongere umwereke ukuntu yokoresha urwo rubuga.

  • Numuhe inzira imushikana kuri urwo rubuga. Abantu bamwebamwe baragonanwa kuganira natwe amaso mu yandi, ariko bagashima kuja ku rubuga rwacu. Ntiwitinye rero kurungikira abashimishijwe inzira ibashikana ku gice c’intango canke ku biganiro n’amavidewo kanaka biriko.