Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Yehova arakiza abadendebukiwe mu mutima

Yehova arakiza abadendebukiwe mu mutima

Twese birashika tukagira umubabaro. Kwumva umubabaro ntivyerekana ko umuntu agoyagoya mu vy’impwemu. Nkako, mbere na Yehova yarerekanye ko bishika akababara. (It 6:​5, 6) Ariko tuvuge iki hamwe vyoba bishika kenshi tukarengerwa n’umubabaro canke mbere akaba ari ko twama?

Nusabe Yehova agufashe. Yehova aritaho cane ukuntu twiyumva ku mubiri no ku mutima. Arabimenya iyo duhimbawe n’iyo tubabaye. Aratahura igituma twiyumvira canke twiyumva ukunaka. (Zb 7:9b) N’igihambaye kuruta, Yehova aratwitwararika kandi arashobora kudufasha kwihanganira umubabaro canke akabonge.—Zb 34:18.

Nukingire umuzirikanyi wawe. Iyo ducitse intege biradutwara umunezero bikagira n’ico bikoze ku bucuti dufitaniye na Yehova. Ku bw’ivyo rero, ni vyiza ko dukingira umutima wacu, ni ukuvuga ico turi imbere muri twebwe.—Img 4:23.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO INGENE ABAVUKANYI BAGUMANA AMAHORO NAHO BABA BAFISE AKABONGE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni ibintu ibihe vy’ingirakamaro Nikki yakoze kugira bimufashe kwihanganira akabonge?

  • Ni kubera iki Nikki yabonye ko akeneye kwitura umuganga?—Mt 9:12

  • Ni mu buryo ubuhe Nikki yihetse kuri Yehova ngo amufashe?