Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nufashe abatagira idini kumenya Umuremyi wabo

Nufashe abatagira idini kumenya Umuremyi wabo

Vyoba bimaze kukugora kubwira inkuru nziza abantu batagira idini, wiyumvira ko batovyakira neza? Nimba ari ukwo, niwibuke ko hari abatagira idini benshi, harimwo n’abatemera Imana, bacitse Ivyabona vya Yehova. Akenshi, ico baba bakeneye ni ukubafasha gusa gusuzuma ibimenyamenya vyerekana ko Imana ibaho.—Rm 1:20; 10:14.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIBUKE KO N’ABATAGIRA UKWIZERA BASHOBORA KUKURONKA—ABANTU BATAGIRA IDINI, MUCE MWISHURA IKI KIBAZO:

Ivyashikiye Tommaso bigufasha gute kubona mu buryo bubereye ibijanye no kubwira inkuru nziza abadafise idini?