Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 5

Turajana

Turajana

“Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.”​—ZEK. 8:23.

URURIRIMBO RWA 26 Ni je mwabikoreye

INCAMAKE *

Abo mu zindi ntama (“abantu cumi”) baraterwa agateka ko gukorera Yehova bari kumwe n’abarobanuwe (“Umuyuda”) (Raba ingingo ya 1-2)

1. Yehova yavuze ko hobaye iki muri iki gihe cacu?

YEHOVA yamenyesheje ku bijanye n’igihe cacu ati: “Abantu cumi bo mu ndimi zose z’amahanga bazofata koko impuzu y’Umuyuda, bavuge bati: ‘Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.’” (Zek. 8:23) Uwo “Muyuda” avugwa ng’aha, agereranya abo Imana yarobanuje impwemu nyeranda. Bitwa kandi “Isirayeli y’Imana.” (Gal. 6:16) Abo “bantu cumi” bagereranya abafise icizigiro co kuzoba kw’isi ibihe bidahera. Barazi yuko Yehova yahezagiye uwo murwi w’abarobanuwe, akaba ari co gituma babona ko ari agateka kwifatanya na bo mu kumusenga.

2. Ba “bantu cumi” ‘bajana’ gute n’abarobanuwe?

2 Naho abafise icizigiro co kuba kw’isi badashobora kumenya izina ry’umwumwe wese mu barobanuwe bakiri kw’isi, * barashobora ‘kujana’ na bo. Uti gute? Bibiliya ivuga ko abo “bantu cumi” “[bofashe] koko impuzu y’Umuyuda [bakavuga] bati: ‘Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.’” Igice ca mbere c’uwo murongo kivuga Umuyuda umwe. Ariko igice ca kabiri, gica gikoresha imvugo iri mu bwinshi ngo “namwe.” Ivyo bisobanura ko uwo Muyuda atari umuntu umwe gusa ariko ko agereranya umurwi wose w’abarobanuwe. Abatarobanuwe barifadikanya n’abarobanuwe mu gukorera Yehova. Ariko rero, ntibafata abarobanuwe nk’indongozi zabo kuko bazi ko Indongozi yabo ari Yezu.​—Mat. 23:10.

3. Ni ibibazo ibihe turonkera inyishu muri iki kiganiro?

3 Kubera ko hariho abakirisu barobanuwe bakiri kw’isi, hari abokwibaza bati: (1) Abarobanuwe bakwiye kubona gute ibiberekeye? (2) Dukwiye kubona gute abihereza ku bimenyetso ku musi w’Icibutso? (3) Twoba dukwiye guhagarika umutima hamwe igitigiri c’abihereza ku bimenyetso cokwiyongera? Iki kiganiro kiraza kuturonsa inyishu z’ivyo bibazo.

ABAROBANUWE BAKWIYE KUBONA GUTE IBIBEREKEYE?

4. Ni ingabisho iyihe dusanga mu 1 Abakorinto 11:27-29 abarobanuwe bakwiye kuzirikanako ata gufyina, kandi kubera iki?

4 Abarobanuwe barakwiye kuzirikana ata gufyina ku ngabisho dusanga mu 1 Abakorinto 11:27-29. (Soma.) None ni mu buryo ki uwarobanuwe yofata ku bimenyetso “mu buryo butabereye?” Ni igihe yobifatako kandi abayeho mu buryo budahuje n’ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse. (Heb. 6:4-6; 10:26-29) Abarobanuwe baratahura yuko bategerezwa kuguma ari abizigirwa nimba bipfuza kuronka “agashimwe k’ihamagarwa ryo kuduga [b]ahamagawe n’Imana biciye kuri Kristu Yezu.”​—Flp. 3:13-16.

5. Abakirisu barobanuwe bakwiye kubona gute ibiberekeye?

5 Impwemu nyeranda ya Yehova ifasha abasavyi biwe kwicisha bugufi, aho kwishira hejuru. (Ef. 4:1-3; Kol. 3:10, 12) Ku bw’ivyo, abarobanuwe ntibabona ko baruta abandi. Barazi ko atari ngombwa ngo Yehova abahe impwemu nyeranda nyinshi kuruta iyo aha abandi basavyi biwe. Ntibabona ko batahura Bibiliya bimwe bigera kure kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. Vyongeye, ntibakwiye kwigera babwira uwundi muntu ko na we nyene yarobanuwe be n’uko akwiye gutangura gufata ku bimenyetso. Ahubwo, baremera bicishije bugufi ko Yehova wenyene ari we ahitamwo abazoja mw’ijuru.

6. Twisunze 1 Abakorinto 4:7, 8, abakirisu barobanuwe bakwiye kwigenza gute?

6 Naho abarobanuwe babona ko guhamagarirwa ijuru ari agateka, ntibitega ko abandi babafata mu buryo budasanzwe. (Flp. 2:2, 3) Vyongeye, barazi ko igihe Yehova yabarobanura ataciye abimenyesha abandi bose. Ku bw’ivyo, uwarobanuwe ntibikwiye kumutangaza hagize abadashoka bemera ko yarobanuwe. Aratahura ko Bibiliya ivuga yuko tudakwiye kwihutira kwemera uwuvuga ko Imana yamushinze ibanga ridasanzwe. (Ivyah. 2:2) Uwarobanuwe ntiyogenda arabibwira uwo bahuye wese kugira ngo yimenyekanishe. Vyongeye, ntiyoza arishima ku bandi ko yarobanuwe.​—Soma 1 Abakorinto 4:7, 8.

7. Abakirisu barobanuwe bakwiye kwirinda iki, kandi kubera iki?

7 Abakirisu barobanuwe ntibabona ko bakwiye kwifatanya gusa n’abandi barobanuwe, nk’aho umengo bagize umugwi bisangije. Ntibarondera abandi barobanuwe kugira ngo baganire ibijanye n’irobanurwa ryabo canke ngo bashinge imigwi yigenga yo kwigiramwo Bibiliya. (Gal. 1:15-17) Ivyo vyotuma mw’ishengero haba ukwicamwo ibice. Boba bariko barwanya impwemu nyeranda, yo ituma abasavyi b’Imana bagiranira ubumwe n’amahoro.​—Rom. 16:17, 18.

DUKWIYE GUFATA GUTE ABAROBANUWE?

Ntidukwiye gufata abarobanuwe canke abandi batuja imbere nk’abantu badasanzwe (Raba ingingo ya 8) *

8. Kubera iki dukwiye kwiyubara ku bijanye n’ukuntu dufata abihereza ku bimenyetso vy’Icibutso? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

8 Dukwiye gufata gute abavukanyi na bashiki bacu barobanuwe? Si vyiza guhayagiza umuntu birenze, naho yoba ari umuvukanyi wa Kristu yarobanuwe. (Mat. 23:8-12) Ku bijanye n’abakurambere, Bibiliya ituremesha ‘kwigana ukwizera kwabo,’ mugabo ntidusaba gufata umuntu n’umwe nk’indongozi yacu. (Heb. 13:7) Ego ni ko Bibiliya iravuga ko hari “ababereye iteka ririmwo abiri.” Ariko rero, ntibabereye iryo teka kubera ko barobanuwe, ahubwo baribereye kubera ko “bahagarikira neza” kandi “bakora cane mu kuvuga no mu kwigisha.” (1 Tim. 5:17) Hamwe twohayagiza birenze abarobanuwe kandi tukabafata mu buryo budasanzwe, vyoshobora kubatera ubuyega. * N’ikivyunyura, twoshobora gutuma bishira hejuru. (Rom. 12:3) Nta n’umwe muri twebwe yokwipfuza gukora ikintu cotuma umwe muri benewabo na Kristu barobanuwe akora ikosa rikomeye nk’iryo.​—Luka 17:2.

9. Twokwerekana gute ko twubaha abakirisu barobanuwe?

9 Twokwerekana gute ko twubaha abo Yehova yarobanuye? Ntidukwiye kubabaza ibibazo ku bijanye n’irobanurwa ryabo. Ico ni ikibazo kibega. Nta burenganzira dufise bwo kubimenya. (1 Tes. 4:11; 2 Tes. 3:11) Vyongeye, ntidukwiye kwiyumvira ko abo bubakanye, abavyeyi babo canke abandi bo mu miryango yabo, na bo nyene barobanuwe. Icizigiro c’ijuru si intoranwa y’umuryango, ahubwo gitangwa n’Imana. (1 Tes. 2:12) Turakwiye no kwirinda kubaza ibibazo vyobabaza abandi. Nk’akarorero, ntidukwiye kubaza umukenyezi w’uwarobanuwe ukuntu yiyumva kubona azoba kw’isi ibihe bidahera atari kumwe n’umugabo wiwe. Kanatsinda, turizigira tudakeka ko mw’isi nshasha Yehova “[azo]haza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.”​—Zab. 145:16.

10. Kwirinda ‘gutangarira abahambaye’ bidukingira gute?

10 Igihe twirinze kubona ko abarobanuwe bahambaye kuruta abandi, na twebwe tuba twikingiye. Uti gute? Bibiliya itubwira yuko vyoshika abarobanuwe bamwebamwe ntibagume ari intahemuka. (Mat. 25:10-12; 2 Pet. 2:20, 21) Mugabo nitwirinda ‘gutangarira abahambaye,’ ntituzokwigera dukurikira abantu, naho boba ari abarobanuwe canke abazwi cane, kibure abamaze igihe kirekire bakorera Yehova. (Yuda 16) Bishitse rero bagahemuka canke bakareka kwifatanya n’ishengero, ntitureka kwizigira Yehova canke ngo duhebe kumukorera.

TWOBA DUKWIYE GUHAGARIKWA UMUTIMA N’IGITIGIRI C’ABIHEREZA KU BIMENYETSO?

11. Igitigiri c’abihereza ku bimenyetso cagiye kirahinduka gute?

11 Igitigiri c’abihereza ku bimenyetso carigeze kumara imyaka itari mike kigenda kiragabanuka. Ariko muri iyi myaka ya vuba, ico gitigiri cagiye kiraduga buri mwaka. None ivyo vyoduhagarika umutima? Habe namba. Nimuze turimbure ibintu bimwebimwe vyotuma tudahagarika umutima.

12. Kubera iki igitigiri c’abihereza ku bimenyetso ku Cibutso kidakwiye kuduhagarika umutima?

12 “Yehova arazi abiwe.” (2 Tim. 2:19) Abavukanyi baharura abihereza ku bimenyetso ntibameze nka Yehova ngo bamenye uwarobanuwe vy’ukuri uwo ari we. Mu bafata ku bimenyetso rero harimwo abiyumvira ko barobanuwe kandi atari vyo. Nk’akarorero, hari abigeze kuba bavyihereza mu nyuma barahagarika. Abandi na bo bashobora kuba babifashe bivuye ku ngorane yo mu mutwe canke akabonge, bigatuma biyumvira ko bazofadikanya na Yezu kuganza mw’ijuru. Biragaragara rero ko tutazi igitigiri nyezina c’abarobanuwe bakiri kw’isi.

13. Bibiliya yoba ivuga igitigiri c’abarobanuwe bazoba bakiri kw’isi amakuba akomeye niyatangura?

13 Mu mihingo itandukanye y’isi, hazoba hakiriho abarobanuwe Yezu niyaza kubatora ngo abajane mw’ijuru. (Mat. 24:31) Bibiliya iravuga ko mu misi ya nyuma, kw’isi hazoba hasigaye abarobanuwe bakeya gusa. (Ivyah. 12:17) Ariko rero ntivuga igitigiri c’abazoba bakiri kw’isi amakuba akomeye niyatangura.

Dukwiye kuvyakira gute igihe hari uwufashe ku bimenyetso vy’Icibutso? (Raba ingingo ya 14)

14. Twisunze Abaroma 9:11, 16, dukwiye gutahura iki ku bijanye n’ukuntu abarobanuwe batorwa?

14 Yehova ni we ahitamwo igihe co kubarobanura. (Rom. 8:28-30) Yehova yatanguye guhitamwo abarobanuwe inyuma y’izuka rya Yezu. Biboneka ko mu kinjana ca mbere, abakirisu bose bari abarobanuwe. Ariko rero mu binjana vyakurikiye, abantu benshi bavuga ko bari abakirisu ntibari abayoboke ba Kristu b’ukuri. Naho ari ukwo, muri iyo myaka Yehova yagiye ararobanura abantu bakeya bari abakirisu b’ukuri. Bari bameze nka za ngano Yezu yavuga ko zokuranye n’icatsi kibi. (Mat. 13:24-30) Mu misi ya nyuma, Yehova yarabandanije gucagura abobaye muri bamwe 144.000. * Igihe rero Imana ihisemwo gucagura bamwebamwe muri abo imbere y’uko iherezo rishika, nta wukwiye gutora amahinyu ubukerebutsi bwayo. (Soma Abaroma 9:11, 16.) * Dutegerezwa kuba maso ntitumere nka ba bakozi Yezu yavuga mu kigereranyo kimwe yatanze. Baridogeye shebuja kubera ukuntu yafashe abaje gukora kw’isaha ya nyuma.​—Mat. 20:8-15.

15. Abakirisu barobanuwe bose boba bagize wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” avugwa muri Matayo 24:45-47? Sigura.

15 Si abafise icizigiro c’ijuru bose bari mu bagize wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Soma Matayo 24:45-47.) Nk’uko nyene vyari mu kinjana ca mbere, muri iki gihe Yehova na Yezu bariko barakoresha abavukanyi bakeya kugira bagaburire, canke bigishe, abantu benshi. Mu kinjana ca mbere, abakirisu barobanuwe bakeya gusa ni bo bakoreshejwe mu kwandika Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. No muri iki gihe, abakirisu barobanuwe bakeya ni bo bafise ibanga ryo kuronsa abasavyi b’Imana “ibifungurwa . . . ku gihe kibereye.”

16. Twize iki muri iki kiganiro?

16 None twize iki muri iki kiganiro? Yehova yarahisemwo guha abasavyi biwe benshi ubuzima budahera kw’isi, no guha ubuzima bwo mw’ijuru bakeya bazofadikanya na Yezu kuganza. Yehova rero araha impera abasavyi biwe bose, ni ukuvuga wa “Muyuda” cokimwe na ba “bantu cumi,” kandi abo muri iyo mirwi yompi abasaba kwisunga amategeko amwe no kuguma ari abizigirwa. Bose bategerezwa kuguma bicisha bugufi. Bose bategerezwa kumukorera bunze ubumwe. Vyongeye, bose bategerezwa gukora uko bashoboye kwose kugira baremeshe amahoro mw’ishengero. Uko turushiriza kwegereza iherezo, nimuze twese tugume dukorera Yehova kandi dukurikira Kristu tugize “ubusho bumwe.”​—Yoh. 10:16.

^ ing. 5 Muri uwu mwaka, tuzohimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu ku wa kabiri igenekerezo rya 7 Ndamukiza. Dukwiye kubona gute abazokwihereza ku bimenyetso kuri uwo mugoroba? Twoba dukwiye guhagarika umutima bishitse igitigiri c’abihereza ku bimenyetso kikabandanya kwiyongera? Turaza kuronka inyishu z’ivyo bibazo muri iki kiganiro gishingiye ku casohowe mu Munara wo muri Nzero 2016.

^ ing. 2 Twisunze Zaburi 87:5, 6, muri kazoza Imana yoshobora kuzohishura amazina y’abafadikanya na Yezu kuganza mw’ijuru.​—Rom. 8:19.

^ ing. 8 Raba uruzitiro ruvuga ngo “Urukundo ‘ntirwigenza ukutabereye’” mu Munara w’Inderetsi wo muri Nzero 2016, urupapuro rwa 27.

^ ing. 14 Naho mu Vyakozwe 2:33 herekana ko impwemu nyeranda isukwa biciye kuri Yezu, Yehova ni we acagura abantu bose.

^ ing. 14 Wipfuza kumenya n’ibindi, raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2007.

URURIRIMBO RWA 34 Tugendere mu gutungana

^ ing. 56 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Niwihe ishusho abantu isinzi bakikuje uwaserukiye icicaro gikuru be n’umukenyezi wiwe kugira babafate amafoto kw’ihwaniro. Emwe kwoba ari ukubura urupfasoni!