Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 6

Umuvyeyi wacu Yehova aradukunda cane

Umuvyeyi wacu Yehova aradukunda cane

“Nuko rero musenge mutya: ‘Dawe wa twese uri mw’ijuru.’”​—MAT. 6:9.

URURIRIMBO RWA 135 ‘Ca ubwenge mwananje’

INCAMAKE *

1. Kwegera umwami w’Ubuperesi vyasaba iki?

DUSUBIRE inyuma nk’imyaka 2.500. Dufate ko uba mu Buperesi, ukaba ufise ikintu wipfuza kubwira umwami waho. Uciye ufata urugendo werekeza ku kirimba Shushani. Ariko rero, ntushobora guhirahira ngo winjire aho umwami ari atabanje kuguha uruhusha. Ubirenzeko wohasiga ubuzima.​—Est. 4:11.

2. Yehova yipfuza ko twiyumva gute ku bijanye no kumwiyegereza?

2 Turakenguruka cane kubona Yehova atameze nk’uwo mwami w’Ubuperesi. Naho Yehova arengeye kure n’iyo umutware wese, turashobora kumwitura umwanya uwo ari wo wese. Yipfuza ko tumwiyegereza tutitinya. Nk’akarorero, naho Yehova afise amazina y’icubahiro cinshi, nk’Umuremyi Ahambaye, Mushoboravyose, Umukama Segaba, aripfuza ko tumwita “Dawe” igihe tumwitura. (Mat. 6:9) Ese ukuntu bikora ku mutima kuba Yehova yipfuza ko tumwiyegereza muri ubwo buryo!

3. Kubera iki bibereye ko Yehova tumwita “Dawe,” kandi muri iki kiganiro turimbura ibiki?

3 Birabereye ko Yehova tumwita “Dawe” kubera ko ari we Soko ry’ubuzima bwacu. (Zab. 36:9) Dutegerezwa rero kumugamburukira kubera ko ari Umuvyeyi wacu. Nitwakora ivyo adusaba, tuzokwironkera ivyiza ntangere. (Heb. 12:9) Muri ivyo vyiza harimwo ubuzima budahera, haba mw’ijuru canke kw’isi. Ariko no muri iki gihe hariho ivyiza twironkera. Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ingene muri iki gihe Yehova atwitwararika nk’Umuvyeyi adukunda, be n’igituma twokwizigira ko muri kazoza atazokwigera aduheba. Reka tubanze turabe igituma twokwizigira ko uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda cane kandi ko atwitwararika.

YEHOVA NI UMUVYEYI ADUKUNDA KANDI ATWITWARARIKA

Yehova yipfuza kutwiyegereza nka kurya nyene umuvyeyi yipfuza kwiyegereza abana biwe (Raba ingingo ya 4)

4. Kubera iki hari abo bigora kubona Yehova nk’Umuvyeyi wabo?

4 Vyoba bikugora kubona ko Imana ari Umuvyeyi wawe? Hari abobona ko ata co bavuze bigereranije na Yehova. Barakekeranya ko Imana Mushoboravyose yoba ibitwararika umwe wese ku giti ciwe. Yamara rero, uwo Muvyeyi wacu adukunda ntiyipfuza ko tubona ibintu muri ubwo buryo. Yaraduhaye ubuzima kandi yipfuza ko tugiranira ubucuti na we. Intumwa Paulo ahejeje kuvuga iciyumviro nk’ico, yaciye asigurira ab’i Atene bariko baramwumviriza yuko Yehova “[a]tari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyak. 17:24-29) Yehova yipfuza ko umwe wese muri twebwe amwitura nka kurya nyene umwana yama yitura umuvyeyi wiwe amukunda kandi amwitwararika.

5. Ivyashikiye mushiki wacu umwe bitwigisha iki?

5 Abandi na bo vyoshobora kubagora kubona ko Yehova ari Umuvyeyi bitumwe n’uko abavyeyi babo batabagaragarije urukundo n’igishika. Rimbura ivyo mushiki wacu umwe yavuze. Yavuze ati: “Dawe yarandya umutima. Igihe natangura kwiga Bibiliya vyarangora kwumva ko mfitaniye ubucuti n’Umuvyeyi wanje wo mw’ijuru. Ariko maze kumenya Yehova, vyose vyarahindutse.” Nawe ivyawe vyoba vyifashe gutyo? Nimba ari ukwo, nuhere amazinda ko na wewe ushobora kwibonera ko Yehova ari Umuvyeyi mwiza kuruta abandi bose.

6. Twisunze Matayo 11:27, ni igiki Yehova yakoze kugira adufashe kumubona nk’Umuvyeyi adukunda?

6 Kimwe mu vyo Yehova yakoze kugira adufashe kumubona nk’Umuvyeyi adukunda, ni uko yandikishije muri Bibiliya ivyo Yezu yavuze be n’ivyo yakoze. (Soma Matayo 11:27.) Yezu yaragaragaje ata gahaze kamere za Se, ku buryo yavuze ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.” (Yoh. 14:9) Yezu yarakunda kuvuga ko Yehova ari Data. Muri za Njili zine gusa, yise Yehova ngo “Data” nk’incuro 165. Kubera iki none Yezu yakunda kuvuga cane Yehova? Kimwe mu vyatumye abigira, ni ukugira ngo abantu bajijuke ko Yehova ari Umuvyeyi adukunda.​—Yoh. 17:25, 26.

7. Ukuntu Yehova yafashe Umwana wiwe bitwigisha iki ku bimwerekeye?

7 Rimbura ivyo twiga ku vyerekeye Yehova turavye ukuntu yafashe Umwana wiwe Yezu. Yehova yamye yumva amasengesho ya Yezu. Ntiyayumviriza gusa, ariko kandi yarayishura. (Yoh. 11:41, 42) Naho Yezu yaca mu bigeragezo bimeze gute, yaguma abona ko Se amukunda kandi amushigikira.​—Luka 22:42, 43.

8. Ni mu buryo ubuhe Yehova yaronsa Yezu ivyo yakenera?

8 Yezu yaravuze ko Se ari we Soko ry’ubuzima bwiwe akaba ari na we abubungabunga, igihe yavuga ati: “Ndiho kubera Data.” (Yoh. 6:57) Yezu yarizigira Se wiwe aherejeko kandi Yehova yaramuronsa ivyo yakenera ku mubiri. N’igihambaye kuruta, Yehova yaramufasha kuguma ari umwizigirwa kuri we.​—Mat. 4:4.

9. Yehova yeretse gute Yezu ko ari Umuvyeyi amukunda kandi amwitwararika?

9 Kubera ko Yehova ari Umuvyeyi akundana, yaritwararitse ko Yezu amenya yuko uwo Muvyeyi wiwe amushigikiye. (Mat. 26:53; Yoh. 8:16) Naho Yehova atakingiye Yezu ibintu vyose vyari kumugirira nabi, yaramufashije kwihanganira ibigeragezo. Yezu yari azi neza ko ikigeragezo cose comushikiye comaze igihe gito. (Heb. 12:2) Yehova yareretse Yezu ko amwitwararika mu kumwumviriza, mu kumuronsa ivyo akenera, mu kumumenyereza be no mu kumushigikira. (Yoh. 5:20; 8:28) Nimuze ubu na ho turabe ingene uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru atwitwararika muri ubwo buryo nyene.

INGENE UMUVYEYI WACU MUNYARUKUNDO ATWITWARARIKA

Umuvyeyi akunda abana biwe (1) arabumviriza, (2) arabaronsa ivyo bakeneye, (3) arabamenyereza, kandi (4) arabakingira. N’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru atwitwararika muri ubwo buryo nyene (Raba ingingo ya 10-15) *

10. Muri Zaburi 66:19, 20, herekana gute ko Yehova adukunda?

10 Yehova arumviriza amasengesho tumutura. (Soma Zaburi 66:19, 20.) Ntadushingira akarimbi ku masengesho tumutura, ahubwo riho adutera akamo ngo tumusenge ubudahengeshanya. (1 Tes. 5:17) Turashobora gusenga Yehova Imana yacu ku gihe ico ari co cose, aho twoba turi hose. Ntiyigera afatirwa ku buryo atatwumviriza. Ahubwo riho, yama yiteguriye kwumviriza amasengesho tumutura. Iyo twiboneye ko yishura amasengesho yacu, duca turushiriza kumwiyegereza. Umwanditsi umwe w’amazaburi yavuze ati: “Nduzura urukundo, kuko Yehova yumva ijwi ryanje.”​—Zab. 116:1.

11. Yehova yishura gute amasengesho tumutura?

11 Uwo Muvyeyi wacu ntiyumviriza gusa amasengesho tumutura ariko kandi arayishura. Intumwa Yohani adukura amazinda yuko ‘ico dusaba Imana cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.’ (1 Yoh. 5:14, 15) Ariko rero, Yehova yoshobora kutishura amasengesho yacu nk’uko twari tuvyiteze. Arazi icotubera ciza, akaba ari co gituma rimwe na rimwe ataduha ivyo twamusavye canke na ho akaturindiriza.​—2 Kor. 12:7-9.

12-13. Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru aturonsa ivyo dukeneye mu buryo butandukanye ubuhe?

12 Yehova araturonsa ivyo dukeneye. Akora nk’ivyo asaba abavyeyi bose gukora. (1 Tim. 5:8) Araronsa abana biwe ivyo bakenera ku mubiri. Ntashaka ko duhagarikwa umutima n’ivyo dufungura, ivyo twambara canke uburaro. (Mat. 6:32, 33; 7:11) Kubera ko Yehova ari Umuvyeyi adukunda, yaranategekanije ivyo tuzokenera vyose muri kazoza.

13 N’igihambaye kuruta, Yehova araturonsa ivyo dukenera mu buryo bw’impwemu. Mw’Ijambo ryiwe, yaraduhishuriye ukuri ku bimwerekeye, umugambi wiwe, igituma yaturemye be n’ivyerekeye kazoza. Igihe twatangura kwiga ukuri, yarerekanye ko yitwararika umwe wese muri twebwe, mu gukoresha abavyeyi bacu canke uwundi muntu kugira badufashe kumumenya. Vyongeye, arabandanya kudufasha akoresheje abakurambere barangwa urukundo be n’abandi bakirisu bahumuye. N’ikindi kandi, Yehova aratwigisha biciye ku makoraniro y’ishengero, aho twigishwa turi kumwe n’abo mu muryango wacu wo mu vy’impwemu. Ubwo ni bumwe mu buryo Yehova atugaragariza urukundo rwa kivyeyi.​—Zab. 32:8.

14. Kubera iki Yehova adutoza indero, kandi abigira gute?

14 Yehova aratumenyereza. Twebwe ntitumeze nka Yezu kuko tudatunganye. Mu kutumenyereza rero, uwo Muvyeyi wacu adukunda arashiramwo no kudutoza indero igihe bikenewe. Ijambo ryiwe ritubwira riti: “Uwo Yehova akunda a[ra]mutoza indero.” (Heb. 12:6, 7) Yehova adutoza indero mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, twoshobora gukosorwa n’ivyo dusomye mw’Ijambo ryiwe canke ivyo twumvise mu makoraniro. Canke na ho, yoshobora kudukosora biciye ku bakurambere. Uburyo ubwo ari bwo bwose Yehova yokoresha mu kudutoza indero, yama abigira abitumwe n’urukundo.​—Yer. 30:11.

15. Yehova adufasha mu buryo butandukanye ubuhe?

15 Yehova aradufasha kwihanganira ibigeragezo. Nka kurya kw’umuvyeyi yitwararika abana biwe iyo bari mu bihe bigoye, ni ko n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adufasha igihe turi mu bigeragezo. Arakoresha impwemu yiwe nyeranda kugira adukingire ivyokwonona ubucuti dufitaniye na we. (Luka 11:13) Yehova aradufasha kandi igihe twihebuye. Nk’akarorero, araduha icizigiro ciza igitangaza. Ico cizigiro ca kazoza kiratuma twihanganira ingorane. Zirikana iki kintu: Naho twoshikirwa n’ibintu bitubabaza gute, uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru azodukiza umubabaro wose biduteza. Ibigeragezo vyose ducamwo ni ivy’igihe gito gusa, ariko imihezagiro Yehova atanga izokwamaho ibihe vyose.​—2 Kor. 4:16-18.

UMUVYEYI WACU NTAZOKWIGERA ADUHEBA

16. Igihe Adamu yagambararira Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru vyaciye bigenda gute?

16 Urukundo Yehova adukunda turarubonera mu kuntu yavyifashemwo igihe ingorane zaduka mu muryango wiwe wo kw’isi. Igihe Adamu yagambararira Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru, yaratumye we n’abomukomotseko batakaza ikibanza bari bafise mu muryango wa Yehova uhimbawe. (Rom. 5:12; 7:14) Ariko rero Yehova yaciye agira ico akoze kugira ngo abafashe.

17. Adamu akimara kugarariza, Yehova yaciye akora iki?

17 Naho Yehova yahanye Adamu, yarahaye icizigiro abomukomotseko. Adamu akimara gucumura, Yehova yaciye asezerana ko abantu bagamburuka bosubiye mu muryango wiwe. (Ita. 3:15; Rom. 8:20, 21) Kugira ivyo bishoboke, Yehova yaratanze Umwana wiwe akunda cane Yezu Kristu ngo aducungure. Kuba Yehova yaratanze Umwana wiwe ku bwacu, vyarerekanye ingene adukunda cane.​—Yoh. 3:16.

Nimba twaracumuye kuri Yehova ariko ubu tukaba twigaya, twokwizigira ko uwo Muvyeyi wacu adukunda yiteguriye kutwakira tumugarutseko (Raba ingingo ya 18)

18. Kubera iki twohera amazinda ko Yehova yipfuza yuko tuba abana biwe naho vyoba vyarashitse tugahuba?

18 Naho tudatunganye, Yehova yipfuza ko tuba mu bagize umuryango wiwe, kandi ntiyigera atubona nk’umuzigo. Vyoshika tukamubabaza canke tugahuba, ariko ntaca aduheba. Muri ya nkuru y’umwana w’icangazi, Yezu yarerekanye ingene Yehova akunda cane abana biwe. (Luka 15:11-32) Umuvyeyi avugwa muri ico kigereranyo ntiyigeze areka kwizigira ko umwana wiwe yogarutse. Igihe uwo muhungu yagaruka, se wiwe yaramwakiranye igishika. Nimba twaracumuye kuri Yehova ariko tukaba twigaya, twoshobora kwizigira ko uwo Muvyeyi wacu adukunda yiteguriye kutwakira nitwamugarukako.

19. Yehova azotunganya gute ingorane Adamu yakweze?

19 Umuvyeyi wacu azokuraho ingorane zose Adamu yakweze. Inyuma y’ubugarariji bwa Adamu, Yehova yarafashe ingingo yo gucagura abantu 144.000 abakuye mw’isi kugira bazofadikanye n’Umwana wiwe kuganza mw’ijuru ari abami n’abaherezi. Mw’isi nshasha, Yezu be n’abo barobanuwe bazofasha abantu bagamburuka kuba abatunganye. Abo bantu nibaguma ari intahemuka muri ca kigeragezo ca nyuma, Imana izoca ibaha ubuzima budahera. Uwo Muvyeyi wacu rero azohimbarwa niyabona isi yuzuyemwo abana biwe batunganye. Ese ingene ico gihe ibintu bizoba bihimbaye.

20. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yerekanye ko adukunda cane, kandi mu kiganiro gikurikira tuzorimbura iki?

20 Yehova yarerekanye ko adukunda cane. Nta Muvyeyi yoza asa na we. Arumviriza amasengesho tumutura akongera akaturonsa ivyo dukeneye, haba ku mubiri canke mu vy’impwemu. Aratwigisha akongera akadufasha. Muri kazoza na ho azoturonsa ibintu vyiza igitangaza. Ese ukuntu bikora ku mutima kubona twifitiye Umuvyeyi adukunda ukuraho kandi atwitwararika. Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura ingene natwe abana biwe twokwerekana ko tumukunda.

URURIRIMBO RWA 108 Urukundo rudahemuka rw’Imana

^ ing. 5 Akenshi tubona ko Yehova ari Umuremyi wacu akaba na Segaba w’ijuru n’isi. Ariko rero, turi n’imvo nyinshi zotuma tubona ko ari Umuvyeyi adukunda kandi atwitwararika. Muri iki kiganiro turaza kubona izo mvo izo ari zo. Turaza kubona kandi igituma twokwizigira ko Yehova atazokwigera aduheba.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Imwimwe muri ayo mafoto ane yerekana sebibondo ari kumwe n’umwana wiwe: sebibondo ariko aratega yompi agahungu kiwe; sebibondo ariko araronsa agakobwa kiwe ivyo gakeneye; sebibondo ariko aramenyereza agahungu kiwe; sebibondo ariko arahoza agahungu kiwe. Ishusho y’ikiganza ca Yehova iri inyuma y’ayo mafoto itwibutsa yuko Yehova atwitwararika muri ubwo buryo nyene.