Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 8

Nukurikirane amahoro mu kurwanya ishari

Nukurikirane amahoro mu kurwanya ishari

“Dukurikirane ibiremesha amahoro be n’ivyubaka abandi.”​—ROM. 14:19.

URURIRIMBO RWA 113 Amahoro twifitiye

INCAMAKE *

1. Ishari ryakweze ingorane izihe mu muryango wa Yozefu?

YAKOBO yarakunda abahungu biwe bose, mugabo uwo yakunda kuruta abandi yari Yozefu umuhungu wiwe w’imyaka 17. None benewabo na Yozefu bavyakiriye gute? Baramugiriye ishari, mu nyuma baramwanka. Nta kintu na kimwe Yozefu yari yarakoze cari gutuma benewabo bamwanka. Naho ari ukwo, baramugurishije aja kuba umuja, bongera bahenda se wiwe ko igikoko cari cariye uwo muhungu yikundira. Ishari ryaratumye bahungabanya amahoro y’umuryango ryongera rituma bavuna umutima umuvyeyi wabo.​—Ita. 37:3, 4, 27-34.

2. Twisunze Abagalatiya 5:19-21, kubera iki ishari riteye akaga?

2 Muri Bibiliya, ishari * riri mu bigize “ibikorwa vy’umubiri” biteye akaga bishobora gutuma umuntu adatorana Ubwami bw’Imana. (Soma Abagalatiya 5:19-21.) Akenshi, ishari rirakwega inzankano, ugushihana be n’ishavu.

3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Ivyashikiye benewabo na Yozefu birerekana ko ishari rishobora guhungabanya ubucuti bwiza be n’amahoro birangwa mu muryango. Naho tutokwubahuka gukora nk’ivyo benewabo na Yozefu bakoze, twese dufise umutima wihenda kandi w’umuhemu. (Yer. 17:9) Ntibitangaje rero kubona vyoshika tukagira ishari. Reka tubanze turabe uburorero bumwebumwe bwo muri Bibiliya butwereka ibintu vyoshobora gutuma ishari rishinga imizi mu mutima wacu. Mu nyuma turihweza ivyo twokora kugira ngo turwanye ishari twongere turemeshe amahoro.

IVYOTUMA UMUNTU AGIRA ISHARI

4. Kubera iki Abafilisitiya bagiriye ishari Izahaki?

4 Ubutunzi. Izahaki yari umutunzi, kandi ivyo vyaratumye Abafilisitiya bamugirira ishari. (Ita. 26:12-14) Barahevye bazibira n’amariba Izahaki yakuramwo amazi y’ibitungwa vyiwe. (Ita. 26:15, 16, 27) Cokimwe n’abo Bafilisitiya, abantu bamwebamwe muri iki gihe baragirira ishari ababarusha ubutunzi. Ntibipfuza gusa ivyo abandi batunze, mugabo baripfuza n’uko ivyo bafise bobitakaza.

5. Kubera iki indongozi z’idini zagiriye ishari Yezu?

5 Gukundwa. Indongozi z’idini ry’Abayuda zaragiriye ishari Yezu kubera ko abantu batobato bamukunda cane. (Mat. 7:28, 29) Yezu yaserukira Imana, kandi yigisha ukuri. Naho ari ukwo, izo ndongozi z’idini zaramubeshera zikongera zikamwambika ibara kugira ngo zimucafuze. (Mrk. 15:10; Yoh. 11:47, 48; 12:12, 13, 19) None iyo nkuru itwigisha iki? Turakwiye kwirinda kugirira ishari abafise kamere zituma bakundwa n’abagize ishengero. Aho kubagirira ishari, turakwiye kwigana kamere nziza zabo.​—1 Kor. 11:1; 3 Yoh. 11.

6. Diyotirefe yagaragaje gute ko afise ishari?

6 Uduteka. Mu kinjana ca mbere, Diyotirefe yaragiriye ishari abaja imbere abandi mw’ishengero. Kubera ko yashaka “kugira ikibanza ca mbere” mw’ishengero, vyatumye akwiragiza ibinyoma kugira ngo acafuze intumwa Yohani be n’abandi bavukanyi bari bafise amabanga. (3 Yoh. 9, 10) Naho tutoshika ku rugero rwa Diyotirefe, vyoshika na twebwe tukagirira ishari umukirisu mugenzi wacu atewe agateka twahora twipfuza guterwa, canecane igihe twiyumvira ko natwe twari dushoboye kurangura neza iryo banga.

Umutima wacu ugereranywa n’ivu, kamere nziza na zo dufise zikagereranywa n’amashurwe meza cane. Ariko ishari rigereranywa n’icatsi kibi (Raba ingingo ya 7)

7. Ishari rishobora kutugirako ingaruka izihe?

7 Ishari rimeze nk’icatsi kibi. Iyo rishinze imizi mu mutima ntivyoroha kurirandura. Ishari rirasasira indava izindi ngeso mbi, nk’inzigo, ubwibone be n’ubwikunzi. Rirashobora no kunyoha kamere nziza umuntu afise, nk’urukundo, impuhwe be no kumera neza. Ni co gituma dukwiye kurirandurana n’imizi mu mutima wacu ritarashinga imizi. None tworirwanya gute?

NIWICISHE BUGUFI KANDI UBUMBWE N’IVYO UFISE

Tworwanya gute ishari, irigereranywa n’icatsi kibi? Tubifashijwemwo n’impwemu nyeranda y’Imana turashobora kurirandurana n’imizi, tukarisubiriza ukwicisha bugufi no kubumbwa n’ivyo dufise (Raba ingingo ya 8-9)

8. Ni kamere izihe zodufasha kurwanya ishari?

8 Kwicisha bugufi be no kubumbwa n’ivyo dufise biradufasha kurwanya ishari. Iyo dutsimbataje kamere nziza mu mutima wacu, ishari rica ribura aho rishinga imizi. Kwicisha bugufi biradufasha kutiyumvira ko turi agahambaye. Umuntu yicisha bugufi ntabona ko akwiye kuronka ibiruta ivy’abandi. (Gal. 6:3, 4) Umuntu abumbwa n’ivyo afise, arashima ivyo afise kandi ntiyigereranya n’abandi. (1 Tim. 6:7, 8) Umuntu yicisha bugufi kandi abumbwa n’ivyo afise, aranezerwa iyo abonye abandi baronse ivyiza.

9. Twisunze Abagalatiya 5:16 n’​Abafilipi 2:3, 4, impwemu nyeranda ishobora kudufasha gukora iki?

9 Turakeneye impwemu nyeranda y’Imana kugira ngo idufashe kurwanya ishari no gutsimbataza ukwicisha bugufi be no kubumbwa n’ivyo dufise. (Soma Abagalatiya 5:16; Abafilipi 2:3, 4.) Impwemu nyeranda ya Yehova irashobora kudufasha gusuzuma ivyiyumviro vy’ibwina mu mutima wacu be n’imvo zituma dukora ibintu. Tubifashijwemwo n’Imana, turashobora kwikuramwo ivyiyumviro bibi be n’ishari maze tukabisubiriza ivyiyumviro vyiza. (Zab. 26:2; 51:10) Rimbura akarorero ka Musa na Paulo, abashoboye kurwanya ishari bivuye inyuma.

Umusore w’Umwisirayeli abwiye Musa na Yosuwa ko hari abagabo babiri bo mw’ikambi bariko bifata nk’abahanuzi. Yosuwa aca asaba Musa ngo ababuze mugabo na we akanka. Aho kubabuza, Musa abwira Yosuwa ko ahimbawe no kuba Yehova yashize impwemu yiwe kuri abo bagabo babiri. (Raba ingingo ya 10)

10. Ni igiki cari kubera Musa ikigeragezo? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

10 Musa yari afise amabanga akomeye, ariko ntiyayigungirako. Nk’akarorero, igihe kimwe Yehova yarakuye kuri Musa impwemu nyeranda nkeya maze ayiha Abisirayeli b’inararibonye bari bahagaze hafi y’ihema ry’ihuriro. Gatoyi inyuma y’aho, Musa yagiye yumva ko abagabo babiri b’inararibonye batari baje kw’ihema ry’ihuriro, na bo nyene bari baronse impwemu nyeranda bagaca batangura gukora nk’abahanuzi. None Musa yavyakiriye gute igihe Yosuwa yamubwira ngo ababuze? Musa ntiyagiriye ishari abo bagabo babiri ngo ni uko Yehova abateye ako gateka. Ahubwo yaranezeranywe na bo ku bw’iryo teka bari batewe. (Guh. 11:24-29) None ni icigwa ikihe tumwigirako?

Abakurambere bokwigana gute ukwicisha bugufi kwa Musa? (Raba ingingo ya 11-12) *

11. Abakurambere bokwigana gute Musa?

11 Nimba uri umukurambere, vyoba birashika bakagusaba kumenyereza uwundi muvukanyi kugira ngo yitwararike ibanga wikundira usanzwe urangura mw’ishengero? Nk’akarorero, ushobora kuba ukunda agateka watewe ko kuyobora Umunara w’Inderetsi buri ndwi. Nimba wicisha bugufi nka Musa, ntuzovyakira nabi nibagusaba kumenyereza uwundi muvukanyi kugira ngo azorangure iryo banga muri kazoza. Ahubwo riho, uzomenyereza uwo muvukanyi uhimbawe.

12. Abavukanyi benshi bariko bagaragaza gute ukwicisha bugufi no kubumbwa n’ivyo bafise?

12 Rimbura ikindi kintu kiriko kirashikira abavukanyi benshi bitereye mu myaka. Barabaye abahuzabikorwa b’inama z’abakurambere mu myaka itari mike. Ariko bashikanye imyaka 80, baca bava muri iryo banga n’umutima ukunze. Iyo abacungezi b’imizunguruko na bo bashikanye imyaka 70, baca bava muri iryo banga, bakemera uwundi murimo wose bashingwa. Muri iyi myaka ya vuba na ho, abatari bake mu bahoze ari Abanyabeteli bararungitswe gukorera mu ndimiro. Abo bavukanyi na bashiki bacu ntibagirira inzigo ababasubiriye mu bikorwa bahoze bakora.

13. Kubera iki vyari gushobora gushika Paulo akagirira ishari za ntumwa 12?

13 Intumwa Paulo na we nyene yarakenguruka uko ivyiwe vyari vyifashe kandi akicisha bugufi. Paulo yaririnze kugira ishari. Naho yari umunyamwete mu ndimiro, yavuze yicishije bugufi ati: “Ndi uwo hanyuma y’izindi ntumwa, kandi simbereye no kwitwa intumwa.” (1 Kor. 15:9, 10) Za ntumwa 12 zarakoranye na Yezu igihe yari akiri ng’aha kw’isi, ariko Paulo wewe yabaye umukirisu inyuma y’izuka rya Yezu. Naho mu nyuma Paulo yagenywe kuba “intumwa ku mahanga,” ntiyigeze aterwa iteka ryo kuba umwe muri za ntumwa 12. (Rom. 11:13; Ivyak. 1:21-26) Aho kugirira ishari abo bagabo 12 be n’agateka binovoye ko kugendana na Yezu, Paulo yagumye abumbwa n’agateka yari yaratewe.

14. Nimba dushima agateka dufise kandi tukicisha bugufi, tuzokora iki?

14 Nimba dushima agateka twatewe kandi tukicisha bugufi, tuzokwigana Paulo mu kugaragariza icubahiro abo Yehova yahaye ubukuru. (Ivyak. 21:20-26) Yehova yatunganije ko abagabo bagenywe ari bo baja imbere abandi mw’ishengero. Naho badatunganye, Yehova abona ko ari “ingabirano z’abagabo.” (Ef. 4:8, 11) Iyo twubashe abo bagabo bagenywe tukongera tugakurikiza ubuyobozi baduha twicishije bugufi, tuguma dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova kandi tukabana amahoro n’abavukanyi bacu.

‘NUKURIKIRANE IBIREMESHA AMAHORO’

15. Ni ibiki dukwiye gukora?

15 Ahari ishari nta mahoro aharangwa. Turakwiye rero kurandurana n’imizi ishari mu mutima wacu, tukirinda no gutera mu bandi iyo mbuto mbi. Birahambaye ko dukora ivyo bintu nimba twipfuza kugamburuka itegeko rya Yehova ridusaba “[gukurikirana] ibiremesha amahoro be n’ivyubaka abandi.” (Rom. 14:19) None twofasha gute abandi kurwanya ishari, kandi tworemesha amahoro gute?

16. Twofasha abandi gute kurwanya ishari?

16 Agatima dufise be n’ivyo dukora birashobora kugira ingaruka zikomeye ku bandi. Iyi si yipfuza ko ‘duhaya’ ivyo dutunze. (1 Yoh. 2:16) Ariko rero ivyo bikwega ishari. Hamwe twokwirinda kuza turavuga ibintu dutunze n’ivyo dutegekanya kugura, vyotuma twirinda gutera agatima k’ishari mu bandi. Ubundi buryo twokwirinda gutera agatima k’ishari mu bandi, ni ukwifata ruto ku bijanye n’amabanga dufise mw’ishengero. Hamwe twoguma tuvuga ibijanye n’amabanga dufise, twoba turiko turasasira indava ishari. Ariko rero iyo twitwararitse abandi bimwe bivuye ku mutima kandi tugashima ivyiza bakora, tuba tubafashije gushima uko ivyabo vyifashe kandi tuba turiko turemesha ubumwe n’amahoro mw’ishengero.

17. Ni igiki benewabo na Yozefu bashoboye gukora, kandi kubera iki?

17 Turashobora kurwanya ishari kandi tukaritsinda. Reka tugaruke kuri ka karorero ka benewabo na Yozefu. Haciye imyaka myinshi bafashe nabi Yozefu, bahavuye bamusanga mu Misiri. Imbere y’uko Yozefu yihishurira benewabo, yarabagerageje kugira ngo arabe ko bari barahindutse. Yaratunganije inzimano y’ibifungurwa, ico gihe akaba yahaye mutoyi wiwe Benyamini ibifungurwa vyinshi kuruta benewabo bandi. (Ita. 43:33, 34) Naho ari ukwo, nta cerekana ko benewabo bagiriye ishari Benyamini. Ahubwo baramwitwararitse bimwe bivuye ku mutima bongera bitwararika na se wabo Yakobo. (Ita. 44:30-34) Kuba bari barikuyemwo agatima k’ishari vyatumye bashobora gusubizaho amahoro mu muryango. (Ita. 45:4, 15) Hamwe natwe twokwikuramwo agatima k’ishari, twoshobora gutuma mu muryango iwacu no mw’ishengero harangwa amahoro.

18. Twisunze Yakobo 3:17, 18, bizogenda gute nitwaremesha amahoro?

18 Yehova yipfuza ko turwanya ishari kandi tugakurikirana amahoro. Kugira ngo dushike kuri ivyo bintu bibiri, dutegerezwa kugira akigoro gakomeye. Nk’uko twabibonye muri iki kiganiro, vyoshika tukagira ishari. (Yak. 4:5) Vyongeye, tuba mw’isi iremesha agatima k’ishari. Ariko nitwicisha bugufi, tukabumbwa n’ivyo dufise, kandi tukaba abantu bakenguruka, ishari rizobura ikibanza mu mutima wacu. Aho kugira ishari, tuzoremesha amahoro maze aho turi hame icamwa c’ubugororotsi.​—Soma Yakobo 3:17, 18.

URURIRIMBO RWA 130 Tubabarire abandi

^ ing. 5 Ishirahamwe rya Yehova rirangwa amahoro. Ariko hamwe twogirira ishari abandi twoshobora kuyahungabanya. Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ivyotuma tugira ishari. Turaza no kurimbura ingene tworwanya ako gatima kabi, n’ingene tworemesha amahoro.

^ ing. 2 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Nk’uko Bibiliya ivyerekana, ishari ntirituma gusa umuntu yipfuza ivy’abandi, ariko riratuma yipfuza n’uko ivyo bafise bobitakaza.

^ ing. 61 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Inama y’abakurambere irasaba umuvukanyi yitereye mu myaka ayobora inyigisho y’Umunara w’Inderetsi ko yomenyereza muri iryo banga umukurambere akiri muto. Naho uwo muvukanyi akunda iryo banga, aragamburuka n’umutima ukunze ingingo abakurambere bafashe maze agaha uwo muvukanyi akiri muto ivyiyumviro vyomufasha kandi akamukeza.