Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 9

Nureke Yehova aguhoze

Nureke Yehova aguhoze

“Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe, ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje.”​—ZAB. 94:19.

URURIRIMBO RWA 44 Isengesho ry’umuntu mutoyi

INCAMAKE *

1. Ni ibiki vyoshobora gutuma duhagarika umutima, kandi ivyo vyotuma twiyumvira iki?

VYOBA bimaze gushika ukumva urengewe n’amaganya? * Ushobora kuba uhagaritse umutima kubera ivyo abandi bavuze canke bakoze vyakubabaje. Canke na ho, ushobora kuba uhagaritse umutima kubera ivyo wavuze canke ivyo wakoze. Nk’akarorero, ushobora kuba warakoze ikosa maze ukaba wiyumvira ko Yehova atazokwigera akubabarira. N’icoza kivyunyura, woshobora kwiyumvira ko kuba urengewe n’amaganya vyerekana ko udafise ukwizera, ko rero woba uri umuntu mubi. None ivyo vyoba ari vyo?

2. Ni uburorero ubuhe buvugwa muri Bibiliya bwerekana yuko kugira amaganya bidasobanura ko tudafise ukwizera?

2 Nimuze turimbure uburorero bukeyi bwo muri Bibiliya. Hana, uwahavuye yibaruka umuhanuzi Samweli, yari afise ukwizera gukomeye. Naho ari ukwo, yaragize amaganya menshi igihe umwe mu bo babana mu nzu yamufata nabi. (1 Sam. 1:7) Intumwa Paulo yari afise ukwizera gukomeye, mugabo yararengewe n’“amaganya ku bw’amashengero yose.” (2 Kor. 11:28) Umwami Dawidi yari afise ukwizera gukomeye ku buryo Yehova yamukunze bimwe bidasanzwe. (Ivyak. 13:22) Naho ari ukwo, yarakoze amakosa yatumye arengerwa n’amaganya. (Zab. 38:4) Abo bose Yehova yarabahumurije yongera arabahoza. Nimuze turabe ico twobigirako.

IVYO TWIGIRA KURI WA MWIZIGIRWA HANA

3. Ivyo abandi bavuga bishobora gute gutuma duhagarika umutima?

3 Iyo abandi batubwiye amajambo ababaza canke badukoreye ikintu kitaranga ubuntu, twoshobora guhagarika umutima. Ukwo ni ko bigenda na canecane igihe tubabajwe n’umugenzi somambike canke incuti. Twoshobora kwiyumvira ko tutakiri abagenzi. Rimwe na rimwe uwo muntu yoshobora kuvuga atiyumviriye, bikamera nk’aho adusogose inkota. (Imig. 12:18) Canke na ho vyoshika umuntu akatubwira amajambo azi neza ko atubabaza. Mushiki wacu umwe akiri muto yarashikiwe n’ikintu nk’ico. Avuga ati: “Mu myaka mikeyi iheze, hari umuntu niyumvira ko ari umugenzi somambike yamvuzeko ibinyoma abicishije ku buhinga bwa none. Narababaye cane nongera ndahagarika umutima. Sinatahura igituma umugenzi nari nizigiye yankoreye ibintu bibabaje ukuraho.” Nimba umaze kubabazwa n’incuti canke umugenzi somambike, woshobora kugira ivyo wigiye kuri Hana.

4. Ni ingorane izihe zikomeye zashikiye Hana?

4 Hana yarashikiwe n’ingorane zimwezimwe zikomeye. Yaramaze imyaka myinshi atavyara. (1 Sam. 1:2) Muri Isirayeli, umugore w’ingumba yabonwa ko ari ikivume. Ivyo vyatuma amaramara. (Ita. 30:1, 2) N’icavyunyura, umugabo wiwe yari afise uwundi mugore yitwa Penina, ariko we akaba yari yaramuvyariye abana. Penina yari afitiye ishari Hana kandi “yaramubabaza bimwe bikomeye kugira ngo amubuze amahoro.” (1 Sam. 1:6) Mu ntango, Hana vyaramubabaza cane. Yaratuntura “ku buryo yarira, ntarye.” Ivyo vyatumye ‘adundumirwa mu mutima.’ (1 Sam. 1:7, 10) None Hana yahumurijwe gute?

5. Isengesho ryafashije gute Hana?

5 Hana yarasenze Yehova amubwira ivyari bimuraje ishinga vyose. Ahejeje gusenga, yarasiguriye umuherezi mukuru Eli ingorane yari afise. Eli yaciye amubwira ati: “Genda amahoro, Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye.” None vyahavuye bigenda gute? Hana ‘yaragiye hanyuma ararya, kandi mu maso hiwe ntihasubiriye kuboneka amaganya.’ (1 Sam. 1:17, 18) Isengesho ryaratumye Hana atekana.

Nk’uko vyashikiye Hana, dushobora gute gusubira kugira amahoro yo mu mutima kandi tukayagumana? (Raba ingingo ya 6-10)

6. Ku bijanye n’isengesho, ni ivyigwa ibihe dukura kuri Hana be no mu Bafilipi 4:6, 7?

6 Gushishikara gusenga biratuma dusubira kugira amahoro. Hana yaramaze umwanya munini ariko arasenga Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru. (1 Sam. 1:12) Na twebwe twoshobora kumara umwanya munini turiko turabwira Yehova ibiduhagaritse umutima, ibidutera ubwoba be n’amakosa dukora. Si ngombwa ngo amasengesho yacu abe ayahinyanyuwe nk’ivyese canke ayatunganijwe mu buryo budasanzwe. Hari n’igihe vyoshika tukarira igihe turiko turamuserurira intuntu ikomeye dufise. No muri ico gihe nyene, Yehova ntazokwigera arambirwa no kutwumviriza. Uretse ukumubwira ingorane zacu, turakwiye kwibuka impanuro dusanga mu Bafilipi 4:6, 7. (Soma.) Paulo yaravuze adomako yuko dukwiye gutura amasengesho yo gukenguruka. Turafise ibintu vyinshi cane twoshimira Yehova. Nk’akarorero, twomushimira kubera yaduhaye ubuzima, ku bintu vyiza yaremye, ku rukundo rwiwe rudahemuka be no ku cizigiro ciza cane yaduhaye. Ni ikindi cigwa ikihe twokura kuri Hana?

7. Hana n’umugabo wiwe bama bakora iki?

7 Naho Hana yari afise ingorane, yama ajana n’umugabo wiwe i Shilo mu kibanza basengeramwo Yehova. (1 Sam. 1:1-5) Igihe Hana yari kw’itaberenakulo, ni ho umuherezi mukuru Eli yamuremesha, akamubwira ko yizigiye ko Yehova yokwishuye isengesho ryiwe.​—1 Sam. 1:9, 17.

8. Amakoraniro adufasha gute? Sigura.

8 Kuguma twitaba amakoraniro biratuma dusubira kugira amahoro. Mw’isengesho ry’intango, akenshi turasenga dusaba ko impwemu nyeranda y’Imana iba kumwe natwe. Amahoro ni kimwe mu bigize icamwa c’iyo mpwemu. (Gal. 5:22) Igihe rero twitavye amakoraniro naho twoba turi mu bintu bitesha umutwe, tuba duhaye Yehova be n’abavukanyi bacu akaryo ko kuturemesha no gutuma dusubira kugira amahoro yo mu mutima. Isengesho be n’amakoraniro ni ibintu bihambaye Yehova akoresha kugira aduhumurize. (Heb. 10:24, 25) Raba ikindi cigwa dukura ku vyashikiye Hana.

9. Ni igiki Hana yagumye yihanganira, ariko yabifashijwemwo n’iki?

9 Icatuma Hana agira amaganya nticaciye kivaho. Igihe Hana yataha avuye kw’itaberenakulo, yagumye abana na Penina. Kandi Bibiliya ntiyerekana yuko Penina yahinduye agatima yari afise. Hana rero yategerezwa kuguma yihanganira amajambo ababaza yabwirwa n’uwo mukeba wiwe. Naho vyari ukwo, Hana yagumanye amahoro yo mu mutima. Niwibuke yuko Hana amaze gushira ingorane yiwe mu maboko ya Yehova atasubiriye kwiganyira. Yararetse Yehova aramuhumuriza yongera aramuhoza. Mu nyuma, Yehova yarishuye isengesho rya Hana aramuronsa abana.​—1 Sam. 1:19, 20; 2:21.

10. Twigira iki ku karorero ka Hana?

10 Naho ikidutera amaganya kitaba caheze, turashobora gusubira kugira amahoro. Ingorane zimwezimwe zoshobora kugumaho naho twoba dusenga ubudahengeshanya kandi tukama twitaba amakoraniro. Mugabo akarorero ka Hana karatwereka yuko ata na kimwe gishobora kubuza Yehova guhoza umutima wacu udurumbanye. Ntazokwigera atwibagira, kandi bitebe bitebuke azoduha impera kubera tuzoba twagumye tumwizigiye.​—Heb. 11:6.

IVYO TWIGIRA KU NTUMWA PAULO

11. Ni ibiki vyatuma Paulo agira amaganya?

11 Paulo yari afise imvo nyinshi zatuma agira amaganya. Nk’akarorero, igihe abavukanyi biwe baba bari mu ngorane vyaramuhagarika umutima cane kubera yabakunda. (2 Kor. 2:4; 11:28) Mu gikorwa Paulo yarangura ari intumwa, abamurwanya baramukubise bongera baramuta mw’ibohero. Yarihanganiye kandi izindi ngorane zamutera amaganya, nko “kugira bike.” (Flp. 4:12) Vyongeye, kubera ko imeri yari yaramusabiyeko nk’incuro zitatu, birashoboka ko yahagarika umutima igihe yaba afashe ingendo mu bwato. (2 Kor. 11:23-27) None ni ibiki vyafasha Paulo igihe yaba arengewe n’amaganya?

12. Ni igiki catumye Paulo atiganyira birenze?

12 Paulo yarahagarika umutima igihe abavukanyi biwe baba bari mu ngorane, mugabo ntiyarondera kuzitorera umuti wenyene. Paulo yarifata ruto. Yarasavye abandi ngo bafashe mu bijanye no kwitwararika ishengero. Nk’akarorero, yarajeje amabanga abagabo b’abizigirwa nka Timoteyo na Tito. Nta gukeka yuko ico gikorwa abo bavukanyi bakora catumye Paulo atiganyira birenze.​—Flp. 2:19, 20; Tito 1:1, 4, 5.

Nka kumwe kw’intumwa Paulo, twokora iki kugira ntiturengerwe n’amaganya? (Raba ingingo ya 13-15)

13. Abakurambere bokwigana gute Paulo?

13 Nusabe abandi bagufashe. Cokimwe na Paulo, abakurambere benshi b’umutima mwiza barahagarika umutima igihe hari abo mw’ishengero bafise ingorane. Mugabo umukurambere ntiyoshobora gufasha abo mw’ishengero bose wenyene. Kwifata ruto kuzotuma afadikanya n’abandi bagabo bakwije ibisabwa yongere amenyereze abakiri bato kwitwararika ubusho bw’Imana.​—2 Tim. 2:2.

14. Ni igiki Paulo atatinya, kandi twokwigira iki ku karorero kiwe?

14 Niwemere ko ukeneye kuremeshwa. Kubera yuko Paulo yicisha bugufi, yararondereye indemesho ku bagenzi biwe kandi yarazironse. Kuba yariyemereye ko yaremeshejwe n’abandi, birerekana ko atatinya yuko hari abohava bamubona nk’umuntu agoyagoya. Igihe Paulo yandikira Filemoni yavuze ati: “Nagize akanyamuneza kenshi [numva ndahojejwe] cane bitewe n’urukundo rwawe.” (Flm. 7) Paulo yaravuze abandi bakozi bagenziwe batari bake bamuremesheje cane mu bihe vy’ingorane. (Kol. 4:7-11) Igihe twicishije bugufi tukemera ko dukeneye indemesho, abavukanyi na bashiki bacu barahimbarwa no kudushigikira.

15. Paulo yakoze iki igihe yari mu gihe kitoroshe?

15 Niwiheke kw’Ijambo ry’Imana. Paulo yari azi yuko Ivyanditswe vyomuhojeje. (Rom. 15:4) Vyomuhaye kandi ubukerebutsi kugira yihanganire ikigeragezo ico ari co cose. (2 Tim. 3:15, 16) Igihe yari apfungiwe i Roma ubugira kabiri, yarumva yuko yari yegereje gupfa. None yakoze iki muri ico gihe kitoroshe yarimwo? Yarasavye Timoteyo ngo aje iyo ari vuba amushiriye “imizingo y’ibitabu.” (2 Tim. 4:6, 7, 9, 13) Kubera iki? Kubera ko iyo mizingo ishobora kuba yari igizwe n’ibice vy’Ivyanditswe vy’igiheburayo Paulo yari gushobora gukoresha mu kwiyigisha Bibiliya. Igihe twiganye Paulo mu kwama twiga Ijambo ry’Imana, Yehova araduhoza akoresheje Ivyanditswe naho twoba turi mu bigeragezo bimeze gute.

IVYO TWIGIRA KU MWAMI DAWIDI

Nka kumwe kw’Umwami Dawidi, ni ibiki vyodufasha bishitse tugakora ikosa rikomeye? (Raba ingingo ya 16-19)

16. Dawidi yamerewe gute igihe yakora ikosa rikomeye?

16 Dawidi yarigeze gukora ikintu catumye ijwi ryiwe ryo mu mutima rimwagiriza. Yarasambanye na Batisheba, aricisha umugabo wiwe yongera aragerageza guhisha ibibi yari yarakoze. (2 Sam. 12:9) Mu ntango, Dawidi yarirengagije ijwi ryiwe ryo mu mutima. Ivyo vyatumye ubucuti yari afitaniye na Yehova bwononekara, aratuntura ku mutima no kurwara ararwara. (Zab. 32:3, 4) None ni igiki cafashije Dawidi muri ayo maganya yari yarikwegeye, kandi natwe ni igiki codufasha igihe dukoze ikosa rikomeye?

17. Amajambo dusanga muri Zaburi 51:1-4 yerekana gute ko Dawidi yigaye abikuye ku mutima?

17 Nusenge usaba imbabazi. Dawidi yahavuye yitura Yehova mw’isengesho. Yarigaye abikuye ku mutima maze aratura ibicumuro yari yakoze. (Soma Zaburi 51:1-4.) Ivyo vyatumye yumva aruhuriwe. (Zab. 32:1, 2, 4, 5) Bishitse ugakora igicumuro gikomeye, ntugerageze kugihisha. Ahubwo riho, nucaturire Yehova mw’isengesho. Ivyo bizotuma wumva ko amaganya aterwa n’ijwi ryo mu mutima rikwagiriza atanguye kugabanuka. Mugabo nimba wipfuza gusubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova, hariho n’ibindi wokora.

18. Igihe Dawidi yatozwa indero yavyakiriye gute?

18 Niwemere gutozwa indero. Igihe Yehova yarungika umuhanuzi Natani gushira ahabona igicumuro ca Dawidi, Dawidi ntiyagerageje kwisigura canke ngo agifatire mu rwara. Yaciye ubwo nyene yemanga ko atacumuye gusa ku mugabo wa Batisheba, ariko canecane ko yacumuye kuri Yehova. Dawidi yaremeye gutozwa indero na Yehova kandi Yehova yaramubabariye. (2 Sam. 12:10-14) Nimba twarakoze igicumuro gikomeye, turakwiye kwitura abo Yehova yagenye ngo baturagire. (Yak. 5:14, 15) Vyongeye, ntidukwiye kugerageza kwisigura. Uko tunyaruka kwemera no gushira mu ngiro indero iyo ari yo yose dutozwa, ni ko tunyaruka gusubira kugira amahoro n’umunezero.

19. Dukwiye kwiyemeza iki?

19 Niwiyemeze kudasubira kugwa mu makosa nk’ayo wakoze. Umwami Dawidi yari azi ko kugira yirinde gusubira kugwa mu makosa nk’ayo yakoze, yabwirizwa gufashwa na Yehova. (Zab. 51:7, 10, 12) Yehova amaze kumubabarira, Dawidi yariyemeje kwikuramwo ivyiyumviro bibi. Ivyo vyatumye asubira kugira amahoro yo mu mutima.

20. Twogaragaza gute yuko dukenguruka imbabazi za Yehova?

20 Iyo dusenze Yehova tumusaba imbabazi, tukemera indero adutoza kandi tukihata kugira twirinde gusubira kugwa mu makosa twakoze, tuba tugaragaje ko dukenguruka imbabazi ziwe. Ivyo tubikoze, turasubira kugira amahoro yo mu mutima. Umuvukanyi umwe yitwa James, akaba yarigeze gukora igicumuro gikomeye, yasanze ivyo ari ukuri. Avuga ati: “Igihe naturira abakurambere igicumuro nari nakoze, numvise umengo ni umuzigo uremereye umvuyeko. Naciye ntangura gusubira kugira amahoro mu mutima.” Ese ukuntu biremesha kumenya yuko “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”​—Zab. 34:18.

21. Dushobora gute kureka Yehova akaduhoza?

21 Kubera yuko iherezo ryegereje cane, birashoboka yuko ibidutera amaganya bizorushiriza kwongerekana. Igihe rero ufise ivyiyumviro biguhagarika umutima, ntutebe kwitura Yehova ngo agufashe. Niwiyigishe Bibiliya ubigiranye umwete. Nugire ivyo wigiye kuri Hana, Paulo na Dawidi. Nusabe Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru agufashe kumenya ikigutera amaganya. (Zab. 139:23) Numureke agufashe mu ngorane zawe, na canecane izo ubona ko zikurengeye. Ubigenjeje gutyo, woshobora kumera nk’uwu mwanditsi wa zaburi yaririmbiye Yehova ati: “Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe, ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje.”​—Zab. 94:19.

URURIRIMBO RWA 4 “Yehova ni we Mwungere wanje”

^ ing. 5 Twese birashika tugahagarika umutima bivuye ku ngorane zidushikira. Muri iki kiganiro, turaza kurimbura uburorero bw’abasavyi ba Yehova batatu bavugwa muri Bibiliya bigeze kugira amaganya. Kiranatwereka ukuntu Yehova yahumurije yongera arahoza umwe wese muri bo.

^ ing. 1 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Kugira amaganya ni uguhagarika umutima canke kugira ubwoba bw’ikintu kanaka. Ivyo bishobora guterwa n’ingorane z’ivy’ubutunzi, indwara, ingorane zo mu muryango canke izindi ngorane ducamwo. Twoshobora no kugira amaganya bivuye ku makosa twakoze kera canke ku ngorane twiyumvira ko zizodushikira.