Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akabumbano kariko izina Belushazari

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Ivyacukuwe vyemeza gute ko Belushazari w’i Babiloni yabayeho be n’uko yabaye umwami?

INCABWENGE zirondera gutora amahinyu Bibiliya, zaramaze imyaka myinshi zihakana ko Umwami Belushazari avugwa mu gitabu ca Daniyeli yabayeho. (Dan. 5:1) Ivyo vyavuye ku kuba ata kimenyamenya na kimwe abacukuzi bari bwubure cerekana ko yabayeho vy’ukuri. Ariko rero, mu 1854 ibintu vyarahindutse. Uti kubera iki?

Muri uwo mwaka, hari umuhinga w’Umwongereza yitwa J. G. Taylor yasuzumye ibisigarira bimwebimwe vyo mu gisagara ca kera ca Uri, ubu hakaba ari mu bumanuko bwa Iraki. Uwo muhinga yasanze mu munara munini utubumbano tutari duke tumeze nk’utugunguru. Kamwekamwe muri utwo tubumbano gafise santimetero nka cumi, kakaba kanditseko indome z’inyandiko ya kera yitwa cunéiforme. Kamwe muri utwo tubumbano kariko igisabisho gisabira kuramba Umwami Nabonide w’i Babiloni n’umuhungu wiwe w’imfura Belushazari. Ico kintu caratumye na za ncabwenge zirondera guhinyuza Bibiliya zijijuka. Ico ni icemeza ko Belushazari yabayeho koko.

Bibiliya yoyo ntivuga gusa ko Belushazari yabayeho, ahubwo iranavuga ko yari umwami. N’ico nyene, abo bahinga ntibacemeye. Nk’akarorero, umuhinga w’Umwongereza wo mu kinjana ca 19 yitwa William Talbot, yanditse ko hari abavuga ko “Bel-sar-ussur [Belushazari] yatwaye mu gihe kimwe na se wiwe Nabonide. Ariko ivyo nta kimenyamenya na gitoyi kivyemeza.”

Ariko rero izo mpari zararangiye igihe ku kandi kabumbano basanga kanditseko yuko se wa Belushazari, ari we Mwami Nabonide, yigeze kumara imyaka itari mike atari i Babiloni. None ni nde yasigaranye ubwami? Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopaedia Britannica) kivuga ko “igihe Nabonide atari ahari yasigiye ingoma Belushazari, amuha n’igice kinini c’ingabo ziwe.” Mu vy’ukuri rero, muri ico gihe Belushazari yarafadikanije na se kuganza. Ni co gituma umuhinga mu vy’ubucukuzi akaba n’umuhinga mu vy’indimi yitwa Alan Millard yavuze ko bibereye kubona “Igitabu ca Daniyeli cita Belushazari ‘umwami.’”

Ariko ntiwumve, kuri twebwe abasavyi b’Imana, ikimenyamenya nyamukuru cerekana ko igitabu ca Daniyeli ari ico kwizigirwa kandi ko cahumetswe n’Imana, ni ivyo Bibiliya ubwayo ivuga.​—2 Tim. 3:16.