Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 11

Hoba hageze ko ubatizwa?

Hoba hageze ko ubatizwa?

‘Ibatisimu na yo nyene ubu iriko irabakiza.’​—1 PET. 3:21.

URURIRIMBO RWA 28 Ni nde aba umugenzi wa Yehova?

INCAMAKE *

1. Umuntu akwiye gukora iki imbere y’uko atangura kwubaka inzu?

DUFATE ko hari umuntu afashe ingingo yo kwubaka inzu. Iyo nzu ashaka kwubaka arazi ingene imeze. None yoba akwiye guca agura ibikoresho ubwo nyene, agaca atangura kwubaka? Oya nawe nu. Imbere y’uko atangura hari ikintu gihambaye ategerezwa kubanza gukora, na co kikaba ari uguharura amahera bizomutwara. Kubera iki? Kubera ko akeneye kubanza kumenya nimba ayo afise azorangiza iyo nzu. Aharuye yitonze imbere y’igihe ayo bizomutwara, arashobora kuzorangiza kwubaka iyo nzu.

2. Twisunze Luka 14:27-30, ukwiye kuzirikana iki witonze imbere y’uko ubatizwa?

2 Urukundo ukunda Yehova be n’umutima wo kumukengurukira, vyoba bituma wiyumvira ibijanye no kubatizwa? Nimba ari ko biri, uhanganye no gufata ingingo isa n’iya wa muntu yipfuza kwubaka inzu. Kubera iki? Zirikana ku majambo Yezu yavuze dusanga muri Luka 14:27-30. (Soma.) Yezu yariko aravuga ico bisaba kuba umwigishwa wiwe. Kugira tube abigishwa biwe, dutegerezwa kuba twiteguriye kwemera “ivyosohoka,” ni ukuvuga ingorane zodushikira be no kugira ivyo duhevye. (Luka 9:23-26; 12:51-53) Imbere yo kubatizwa rero, urakeneye kuzirikana witonze ico bisaba. Ivyo bizotuma ushobora kuguma ukorera Imana udahemuka niwamara kubatizwa.

3. Muri iki kiganiro turimbura iki?

3 None kwemera guca mu ngorane no kugira ivyo uhevye kugira gusa ube umwigishwa wa Kristu, vyoba hari ico bimaze? Cane nyene! Kubatizwa bituma umuntu yironkera ivyiza vyinshi muri iki gihe, eka mbere no muri kazoza. Ubu na ho nimuze turimbure ibibazo bimwebimwe bihambaye bijanye n’ibatisimu. Ivyo biraza gutuma ushobora kwishura iki kibazo: “Hoba hageze ko mbatizwa?”

IVYO UKWIYE KUMENYA KU BIJANYE NO KWIYEGURA BE NO KUBATIZWA

4. (a) Kwiyegura bisobanura iki? (b) ‘Ukwiyanka’ kuvugwa muri Matayo 16:24 gusobanura iki?

4 Kwiyegura bisobanura iki? Imbere y’uko ubatizwa utegerezwa kubanza kwiyegura. Kwiyegura ni ugutura Yehova isengesho rivuye ku mutima, umubwira ko uzomukorera ibihe vyose. Iyo wiyeguriye Yehova, ‘uriyanka.’ (Soma Matayo 16:24.) Kuva ico gihe uba ubaye uwa Yehova, ako kakaba ari agateka kadasanzwe. (Rom. 14:8) Muri iryo sengesho, uramubwira ko kumukorera ari vyo ugiye gushira imbere aho gushira imbere ibiguhimbara. Kwiyegurira Yehova ni ukugira indagano, ni ukuvuga kugira ikintu gihambaye umusezeraniye. Yehova ntaduhata ngo tugire iyo ndagano. Ariko iyo tuyigize, aba yiteze ko tuzoyishitsa.​—Zab. 116:12, 14.

5. Kwiyegura bitandukaniye he no kubatizwa?

5 Kwiyegura bitandukaniye he no kubatizwa? Kwiyegura ni ikintu ugira ku giti cawe kandi mu mwiherero. Biraba wewe na Yehova gusa. Ibatisimu yoyo igirwa ku mugaragaro, akenshi akaba ari kw’iteraniro canke kw’ihwaniro. Ubatijwe, uba weretse abandi yuko wamaze kwiyegurira Yehova. * Ibatisimu yawe rero yereka abandi ko ukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’umuzirikanyi wawe wose, n’inkomezi zawe zose, kandi ko wiyemeje kumukorera ibihe vyose.​—Mrk. 12:30.

6-7. Twisunze 1 Petero 3:18-22, ni imvo zibiri izihe zerekana ko ibatisimu ikenewe?

6 Ibatisimu yoba ikenewe vy’ukuri? Rimbura ibivugwa muri 1 Petero 3:18-22. (Soma.) Nka kurya nyene ubwato cari ikimenyamenya kiboneka c’ukwizera kwa Nowa, ni ko n’ibatisimu ari ikimenyamenya kiboneka c’uko wiyeguriye Yehova. None ibatisimu yoba vy’ukuri ikenewe? Ego cane. Petero yaratanze imvo. Iya mbere, ni uko ibatisimu ‘idukiza.’ Ibatisimu irashobora kudukiza nimba twarateye intambwe zisabwa zigaragaza ko twizera Yezu, be n’uko twemera ko yadupfiriye akazuka kandi ko ubu ari “iburyo bw’Imana.”

7 Iya kabiri, ni uko ibatisimu ituma tugira “ijwi ryo mu mutima ryiza.” Iyo twiyeguriye Imana maze tukabatizwa, tuba dutanguye kugiranira na yo ubucuti budasanzwe. Kubera ko tuba twarigaye bivuye ku mutima kandi tukizera incungu, Imana iratubabarira ivyaha vyacu. Gutyo, turashobora kugira ijwi ryo mu mutima ryiza imbere yayo.

8. Ni igiki gikwiye gutuma ufata ingingo yo kubatizwa?

8 Ni igiki gikwiye gutuma ufata ingingo yo kubatizwa? Kubera ko wize Bibiliya uvyitondeye, waramenye vyinshi ku vyerekeye Yehova, ni ukuvuga kamere ziwe be n’inzira ziwe. Ivyo wize ku bimwerekeye, vyaragukoze ku mutima bituma umukunda cane. Urukundo ukunda Yehova ni rwo ahanini rukwiye gutuma ufata ingingo yo kubatizwa.

9. Kubatizwa mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda bivugwa muri Matayo 28:19, 20, bisobanura iki?

9 Ikindi kintu gituma ufata ingingo yo kubatizwa ni ukuri wize muri Bibiliya. Rimbura ivyo Yezu yavuze igihe yatanga itegeko ryo guhindura abantu abigishwa. (Soma Matayo 28:19, 20.) Yavuze ko abantu bakwiye kubatizwa “mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda.” None ivyo bisigura iki? Bisigura ko utegerezwa kwemera n’umutima wawe wose ukuri Bibiliya yigisha ku vyerekeye Yehova, Umwana wiwe Yezu n’impwemu nyeranda. Ukwo kuri kurafise ububasha bukomeye kandi kurashobora kugukora ku mutima. (Heb. 4:12) Reka twiyibutse ibintu bimwebimwe bigize ukwo kuri.

10-11. Ni ibintu ibihe wize ku bijanye na Data?

10 Zirikana ibi bintu wize ku bijanye na Data. Waramenye ko yitwa “Yehova,” ko ari “Musumbavyose kw’isi yose,” be n’uko ari we ‘Mana y’ukuri’ wenyene. (Zab. 83:18; Yes. 37:16) Ni we Muremyi wacu, kandi ‘ni we dukesha ubukiriro.’ (Zab. 3:8; 36:9) Yarashizeho intunganyo yo kudukiza icaha n’urupfu, yongera araduha icizigiro co kubaho ibihe bidahera. (Yoh. 17:3) Wiyeguye ukabatizwa uba werekanye ko uri Icabona ca Yehova. (Yes. 43:10-12) Uca uba mu bagize umuryango w’abasenga Yehova ukwiye kw’isi yose, bahimbarwa no kwitirirwa izina ryiwe no kurimenyesha abandi.​—Zab. 86:12.

11 Ese ukuntu ari agateka gutahura ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye na Data! Iyo wemeye ukwo kuri kw’agaciro, uca wipfuza kwiyegurira Yehova no kubatizwa.

12-13. Ni ibintu ibihe wize ku bijanye na Yezu?

12 Wiyumvise gute igihe wiga ibi bintu bikurikira vyerekeye Yezu? Warize ko Yezu ari we muntu agira kabiri ahambaye kw’isi no mw’ijuru. Ni Umucunguzi wacu, kuko yemeye gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu. Iyo dukoze ivyerekana ko twizera iyo ncungu, turababarirwa ivyaha vyacu, tukagiranira ubucuti bwiza n’Imana, kandi tukazoronka n’ubuzima budahera. (Yoh. 3:16) Yezu ni Umuherezi Mukuru wacu. Yipfuza kudufasha kwungukira ku ncungu yiwe hamwe no kugiranira ubucuti somambike n’Imana. (Heb. 4:15; 7:24, 25) Kubera ko ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, ni we Yehova azokoresha mu kweza izina ryiwe, mu gukuraho ubukozi bw’ikibi no mu kuzana imihezagiro y’ibihe bidahera mw’Iparadizo igiye kuza. (Mat. 6:9, 10; Ivyah. 11:15) Yezu ni we Karorero kacu. (1 Pet. 2:21) Yaradusigiye akarorero mu bijanye no kubaho dukora ivyo Imana igomba.​—Yoh. 4:34.

13 Igihe wemeye ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye na Yezu, bica bituma ukunda uwo Mwana w’Imana. Urwo rukundo ruratuma umwigana mu kubaho ukora ivyo Imana igomba. Ivyo bica bituma wipfuza kwiyegurira Yehova no kubatizwa.

14-15. Ni ibintu ibihe wize ku bijanye n’impwemu nyeranda?

14 Wavyakiriye gute igihe wamenya ibi bintu bikurikira ku bijanye n’impwemu nyeranda? Waramenye ko atari umuntu, ahubwo ko ari inguvu Imana ikoresha. Yehova yarakoresheje iyo mpwemu nyeranda mu kuyobora abanditse Bibiliya, kandi iyo mpwemu nyene iradufasha gutahura ivyo dusoma muri Bibiliya no kubishira mu ngiro. (Yoh. 14:26; 2 Pet. 1:21) Yehova arakoresha iyo mpwemu kugira aduhe “ububasha burengeye ubusanzwe.” (2 Kor. 4:7) Impwemu nyeranda iradushoboza kwamamaza inkuru nziza, kurwanya inyosha mbi, kwihanganira ugucika intege no gutsinda ibigeragezo. Iradufasha kugaragaza kamere nziza zigize “icamwa c’impwemu.” (Gal. 5:22) Abizigira Yehova bose kandi bakamusaba iyo mpwemu babikuye ku mutima, arayibaha atitangiriye itama.​—Luka 11:13.

15 Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko impwemu nyeranda ishobora gufasha abasavyi ba Yehova mu murimo bamurangurira! Iyo wize ukwo kuri ku bijanye n’impwemu nyeranda kandi ukakwemera, uca wipfuza kwiyegurira Yehova no kubatizwa.

16. Gushika aha, ni ibiki tumaze kwiga?

16 Uhisemwo kwiyegurira Yehova no kubatizwa uba ufashe ingingo ihambaye. Nk’uko twabibonye, utegerezwa kuba witeguriye kwemera ico bizogusaba, ni ukuvuga ingorane zogushikira be no kugira ivyo uhevye. Ariko imihezagiro uzokwironkera iraruta kure n’iyo ivyo woheba. Ibatisimu irashobora kugukiza kandi igatuma ugira ijwi ryo mu mutima ryiza imbere y’Imana. Urukundo ukunda Yehova Imana ni rwo ahanini rukwiye gutuma ufata ingingo yo kubatizwa. Utegerezwa kandi kwemera n’umutima wawe wose ukuri wize ku bijanye na Data, n’Umwana n’Impwemu nyeranda. Uzirikanye kuri ivyo bintu vyose duhejeje kurimbura, wokwishura gute ca kibazo cabaza ngo: “Hoba hageze ko mbatizwa?”

IVYO UKWIYE GUKORA IMBERE Y’UKO UBATIZWA

17. Ni intambwe izihe umuntu atera imbere yo kubatizwa?

17 Nimba ubona ko hageze ko ubatizwa, nta nkeka ko hari intambwe zitari nke umaze gutera kugira ngo ugiranire na Yehova ubucuti bwiza. * Kubera ko wama wiga Bibiliya, uramaze kumenya vyinshi ku bijanye na Yehova na Yezu. Usigaye ufise ukwizera. (Heb. 11:6) Urizera uherejeko imihango Yehova yatanze muri Bibiliya, kandi warajijutse ko kuba wizera incungu ya Yezu bishobora kugukiza icaha n’urupfu. Warigaye ibicumuro vyawe, ni ukuvuga ko wicujije ku bibi wakoze wongera urasaba Yehova ngo akubabarire. Warahindukiye, uraheba burundu ingendo yawe mbi maze utangura kubaho mu buryo buhimbara Imana. (Ivyak. 3:19) Urashashaye kubwira abandi ivyo wemera. Warakwije ibisabwa uraba umwamamaji atarabatizwa, wongera utangura kwamamaza wifatanije n’ishengero. (Mat. 24:14) Yehova arahimbarwa no kuba warateye izo ntambwe zose. Waranezereje cane umutima wiwe.​—Imig. 27:11.

18. Ni ibindi bintu ibihe ukwiye gukora imbere y’uko ubatizwa?

18 Imbere y’uko ubatizwa hariho ibindi bintu ukwiye gukora. Nk’uko twabibonye, utegerezwa kwiyegurira Yehova. Uramutura isengesho rivuye ku mutima uri wenyene, ukamusezeranira ko uzobaho ukora ivyo agomba. (1 Pet. 4:2) Inyuma y’aho, uca umenyesha umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere ko wipfuza kubatizwa. Aca atunganya ivy’uko hagira abakurambere mubonana. Uwo mubonano ntukwiye kuguhagarika umutima, kuko abo bakurambere baba basanzwe bakuzi kandi bagukunda. Muca murimburira hamwe inyigisho z’ishimikiro wize muri Bibiliya. Baba bipfuza kwiyemeza ko utahura izo nyigisho be n’uko utahura ko kwiyegura no kubatizwa ari intambwe zihambaye. Basanze ukwije ibisabwa, baca bakumenyesha ko uzobatizwa kw’iteraniro canke kw’ihwaniro ryimirije.

IVYO UKWIYE GUKORA UMAZE KUBATIZWA

19-20. Ni igiki ukwiye gukora umaze kubatizwa, kandi wogikora gute?

19 Ni igiki ukwiye gukora umaze kubatizwa? * Niwibuke ko kwiyegura ari ukugira indagano, kandi ko Yehova yiteze ko uyishitsa. Umaze kubatizwa rero, ukwiye kubaho uhuza n’ukwiyegura kwawe. None wobigira gute?

20 Uraguma wiyegereje ishengero. Umaze kubatizwa, uba winjiye mu ‘muryango w’abavukanyi.’ (1 Pet. 2:17) Abavukanyi na bashiki bacu muri kumwe mw’ishengero ni umuryango wawe wo mu vy’impwemu. Kuguma witaba amakoraniro, bizotuma ubucuti ufitaniye na bo burushiriza gukomera. Uraguma usoma Ijambo ry’Imana buri musi kandi urizirikanako. (Zab. 1:1, 2) Uhejeje gusoma agace kanaka muri Bibiliya, urafata akanya ko kuzirikana ku vyo uhejeje gusoma. Ivyo bizotuma Ijambo ry’Imana rigukora ku mutima. ‘Uraguma usenga.’ (Mat. 26:41) Gutura Yehova amasengesho avuye ku mutima bizotuma urushiriza kumwiyegereza. ‘Uraguma ubanza kurondera Ubwami.’ (Mat. 6:33) Ivyo uzobigira mu kwama ushira imbere mu buzima bwawe igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Kwama ugira uruhara muri ico gikorwa bizotuma ukwizera kwawe gukomera, vyongere bitume ufasha abandi kugira icizigiro co kubaho ibihe bidahera.​—1 Tim. 4:16.

21. Ibatisimu ituma wironkera ivyiza ibihe?

21 Kwiyegurira Yehova ukabatizwa ni yo ngingo ihambaye kuruta izindi zose wofata. Ego ni ko utegerezwa kugira ivyo uhevye. Ariko none hoba hari ivyiza bizovamwo? Cane nyene! Amakuba ayo ari yo yose yogushikira muri iyi si ishaje, ni “ay’akanya gato kandi a[ra]hwahutse.” (2 Kor. 4:17) Ariko ibatisimu yoyo ituma wiberaho uhimbawe ubu, muri kazoza na ho ukazokwironkera “ubuzima nyakuri.” (1 Tim. 6:19) Nuzirikane rero witonze wongere usenge ku bijanye n’inyishu wotanga kuri ca kibazo cabaza giti: “Hoba hageze ko mbatizwa?”

URURIRIMBO RWA 50 Isengesho ryanje ry’ukwiyegura

^ ing. 5 Woba uriko uriyumvira ibijanye no kubatizwa? Nimba ari ukwo biri, iki kiganiro ahanini categuriwe wewe. Turaza kurimbura ibibazo nyamukuru bijanye n’iyo ntambwe ihambaye mu buzima. Inyishu uza gutanga kuri ivyo bibazo ni zo zikwereka nimba hoba hageze ko ubatizwa.

^ ing. 19 Nimba utararangiza igitabu Bibiliya itwigisha iki? be n’igitabu Nugume mu rukundo rw’Imana, ukwiye kuzobandanya uvyiga uri kumwe n’uwukwigisha Bibiliya gushika ubirangije.