Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Abapolisi b’Abayuda bo ku rusengero bari bande? Bari bajejwe iki?

Kimwe mu bikorwa abo mu muryango wa Lewi batari abaherezi bashingwa, kwari ugukora nk’abapolisi. Abo bapolisi bategekwa n’umukuru w’abarinzi b’urusengero. Mu kudondora ibikorwa abo bapolisi barangura, umwanditsi w’Umuyuda yitwa Filo avuga ati: “Bamwe muri abo [Balewi] barinda imiryango y’ubwinjiriro, abandi na bo bakaja [mu kigo c’urusengero] imbere y’aheranda kugira ntihagire umuntu n’umwe atabirekuriwe ahinjira, yaba abigize nkana canke yihenze. Abandi na bo baguma bagendura ikigo c’urusengero, bakaza barakurakuranwa ijoro n’umurango.”

Inama Nkuru yarakoresha abo bapolisi. Ni bo Bayuda bonyene Abaroma bemerera kwitwaza ibirwanisho.

Nk’uko bivugwa n’umuhinga umwe yitwa Joachim Jeremias, “nimba abo bapolisi ari bo baje gufata Yezu, ivyo yababwiye igihe bamufata, yuko imisi yose yama yicaye mu rusengero yigisha yamara ntibamufate (Mat. 26:55), bica birushiriza kwumvikana.” Uwo mwanditsi nyene yiyumvira yuko abarungitswe gufata Yezu imbere y’aho, na bo nyene bari abapolisi bo ku rusengero. (Yoh. 7:32, 45, 46) Mu nyuma, abo bapolisi be n’umukuru wabo bararungitswe gufata abigishwa ba Yezu ngo babazane imbere y’Inama Nkuru, kandi birashoboka ko bari mu baburutiye intumwa Paulo inyuma y’urusengero.​—Ivyak. 4:1-3; 5:17-27; 21:27-30.