Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

“Turi hano! Dutume”

“Turi hano! Dutume”

WOBA wipfuza kwagura umurimo wawe mu kwimukira ahari inkenero kuruta, kumbure mu kindi gihugu? Nimba uvyipfuza, inkuru y’umuvukanyi Jack Bergame n’umukenyezi wiwe irashobora kugufasha.

Jack Bergame na Marie-Line bari mu murimo w’igihe cose kuva mu 1988. Kubera ko bamenyera akarere gashasha ningoga, baremeye gushingwa ibikorwa bitandukanye muri Gwadelupe no muri Guyane. Muri ivyo bihugu bibiri, igikorwa gihagarikiwe n’ishami ry’Ubufaransa. Reka tubibarize utubazo dukeyi.

Ni igiki catumye muja mu murimo w’igihe cose?

Marie-Line: Nakuriye muri Gwadelupe. Nkiri umwana, narakunda kwirirwana na mawe mu ndimiro, akaba yari Icabona w’umunyamwete. Kubera ko nkunda abantu, igihe naheza ishure mu 1985 naciye ntangura ubutsimvyi.

Jack: Nkiri muto, nama ndi kumwe n’abari mu murimo w’igihe cose bakunda kwamamaza. Mu buruhuko, narakora ubutsimvyi bwo gufasha. Rimwe na rimwe mu mpera z’imishamvu, twarafata bisi tukaja gufasha abatsimvyi kwamamaza mu turere bakoreramwo. Ku mugoroba dutashe, twaca tuja kwisamaza ku kiyaga. Ivyo biringo vyarandyohera cane.

Haheze igihe gito twubakanye na Marie-Line mu 1988, naribajije nti: ‛Ko ata bidufatiriye, ubwo ntitwokwagura umurimo?’ Nanje naciye ntangura gukora ubutsimvyi nka Marie-Line. Haciye umwaka umwe tuvuye mw’ishure ry’abatsimvyi, twaragenywe kuba abatsimvyi badasanzwe. Twaratewe uduteka tw’umurimo dutandukanye muri Gwadelupe imbere y’uko turungikwa gukorera muri Guyane.

Uko imyaka yagiye irarengana mwagiye murahindurirwa igikorwa. Ni igiki cabafashije guhuza n’uko ibintu vyaba vyifashe?

Marie-Line: Abavukanyi bo kuri Beteli ya Guyane bari bazi ko icanditswe dukunda cane ari Yesaya 6:8. Igihe rero baba baduterefonye, barakunda kutubaza bitwengera bati: “Mwoba mwibuka ca canditswe mukunda?” Aho twaca tumenya ko tugira duhindurirwe igikorwa. Natwe twaca tubishura duti: “Turi hano! Dutume.”

Turirinda kugereranya igikorwa tuba dushinzwe be n’ico twahorana kuko vyotuma ico gikorwa gishasha tutagiha agaciro. Turagira n’akigoro ko kumenyana n’abavukanyi.

Jack: Muri kahise, hari abagenzi bagerageje kutujijura ngo ntitwimuke kuko bashaka yuko tuguma hafi yabo. Ariko igihe twava muri Gwadelupe, umuvukanyi umwe yaratwibukije ivyo Yezu yavuze muri Matayo 13:38, ati: “Itongo ni isi.” Igihe rero duhinduriwe icibare, tuguma twibuka ko aho ari ho hose tworungikwa, itongo dukoreramwo riguma ari rya rindi nyene. Nakare igihambaye ni icibare be n’abantu baho.

Iyo dushitse mu cibare gishasha dusanga n’abandi bahabaye kandi banezerewe. Duca rero tugerageza kubaho nk’uko na bo babayeho. Hari aho dusanga ibifungurwa vyaho bitandukanye n’ivyo tumenyereye, ariko ivyo dusanze bafungura ni vyo dufungura, ivyo dusanze banywa akaba ari vyo tunywa, tukirinda gusa ivyohava bituma turwara. Turihatira kuvuga neza icibare ico ari co cose dukoreramwo.

Marie-Line: N’ikindi kandi, turigira vyinshi ku bavukanyi baho. Ndibuka ikintu cabaye igihe twashika muri Guyane ari bwo bwa mbere. Imvura yari nyinshi, tukaba rero twabona ko tworindira igahita kugira tuje mu ndimiro. Ariko uwo twari kumwe yaciye ambwira ati: “Tugende?” Namwishuye ntangaye nti: “Tugende gute?” Aca yishura ati: “Tora umutaka wawe tugende n’amakinga.” Ivyo vyatumye niga gutwara ikinga nipfutse umutaka. Iyo ntavyiga, sinari kwigera nshobora kwamamaza mu gihe c’imvura!

Mwarimutse incuro nka 15. Hoba hari ivyiyumviro mwoterera abandi mu bijanye n’ukwimuka?

Marie-Line: Kwimuka ntivyoroshe. Ariko naho bigoye, birahambaye ko uronka ahantu heza uruhukira uvuye mu ndimiro.

Jack: Akenshi ndasiga irangi mu nzu tuba turonse yo gupanga. Iyo abavukanyi bo ku biro vy’ishami babonye ko tuzohamara igihe gito, hari igihe baca bambwira bati: “Jack, ubu ntiwirirwe urigora usiga inzu!”

Marie-Line ni umuhinga mu vyo gutekera ibintu. Arapanga ibintu mu makarato, agaca yandikako ngo “ubwogero,” “icumba,” “igikoni,” gutyo gutyo. Dushitse rero iyo tuba tugiye, biratworohera kumenya aho dushira buri karato. Aragira kandi urutonde rw’ibirimwo kugira ntibitugore kuronka ikintu tuba dukeneye.

Marie-Line: Kubera ko tuba twarize gupanga ibintu neza, ntiduteba gutangura kuja mu ndimiro.

None mukoresha gute umwanya wanyu kugira ‘murangure ubusuku bwanyu bimwe bishitse’?​—2 Tim. 4:5.

Marie-Line: Buri wa mbere, turaruhuka tukongera tugategura amakoraniro. Kuva ku wa kabiri na ho, duca dutangura kuja mu ndimiro.

Jack: Naho hari amasaha dusabwa gukwiza buri kwezi, ico si co twibandako. Ahubwo dushira umutima cane ku gikorwa co kwamamaza. Kuva tukiva imuhira gushika dutashe, turagerageza kubwira ubutumwa abantu bose duhura.

Marie-Line: Nk’akarorero igihe tugiye kwisamaza, nama nitwaza udupapuro tw’inkuru nziza. Abantu bamwebamwe baratwegera bakadusaba ibitabu, naho mbere tutaba twababwiye ko turi Ivyabona vya Yehova. Ivyo rero biratuma twiyubara ku buryo twambara n’ukuntu twigenza. Ivyo abantu barabibona.

Jack: Turashinga intahe kandi mu kuba ababanyi beza. Ndatoragura ibipapuro vyakorokeye hirya no hino, ngasohora ubucafu bw’abo tubana, ngatunganya n’amashurwe yo mu rupangu hose. Ababanyi barabibona, kandi birashika bakatubaza bati: “Nta Bibiliya mwondonsa?”

Mwarakoreye no mu vyibare vya kure. Mu ngendo mwagize, hoba hari ikintu kidasanzwe mwibuka coba carabaye?

Jack: Muri Guyane, ivyibare bimwebimwe biri ahantu hagoye gushika. Akenshi twategerezwa kugira urugendo rw’ibilometero 600 buri ndwi mu mabarabara agoye cane. Urugendo twagize mu karere ka St. Élie, kari mw’ishamba rya Amazone ntituzorwibagira. Vyadusavye amasaha atari make kugira dushikeyo dukoresheje imodoka y’insimbabisaka be n’ubwato bw’imoteri. Benshi mu bahaba bacukura inzahabu. Iyo rero tubahaye ibitabu, mu kudukengurukira hari abaca batanga intererano y’udupande tw’inzahabu. Ku mugoroba, twarerekana imwe mu mavidewo asohorwa n’ishirahamwe ryacu. Benshi mu bantu baho, baraza kuyirorera.

Marie-Line: Mu misi iheze, Jack baramusavye ngo aje gushikiriza insiguro y’Icibutso i Camopi. Kugira dushikeyo, twamaze amasaha ane n’ubwato bw’imoteri, duca mu Ruzi Oyapock. Vyari bishimishije.

Jack: Ubwato bugeze ahari amazi make, vyaba biteye akaga kuko ubwato bwashobora guseka ibitandara. Ariko ico nokubwira coco, twegereje kuhashika wasanga biryoheye ijisho kwihweza ingene amazi yisuka ku bitandara. Kuhacisha ubwabo bisaba ubuhanga. Ariko urwo rugendo rwari ruryoshe. Naho twasanzeyo Ivyabona 6 gusa, abitavye Icibutso babaye nka 50, aho hakaba harimwo n’abasangwabutaka bo muri Amerika.

Marie-Line: Abakiri bato bipfuza gukora vyinshi mu murimo wa Yehova, barashobora kwironkera imihezagiro nk’iyo. Mu bihe nk’ivyo, bisaba ko wizigira Yehova kandi ivyo birakomeza ukwizera kwawe. Akenshi turibonera ingene Yehova adufasha.

Mwarize indimi zitari nke. Ubwo ntimufise ingabire mu vy’indimi?

Jack: Habe namba. Nazize kugira namamaze nongere mfashe mw’ishengero. Nayoboye inyigisho y’Umunara w’Inderetsi mu rurimi rw’igisranantongo * ntaranahabwa no gusoma igisomwa ca Bibiliya. Hari umuvukanyi nabajije uko vyagenze, na we anyishura ati: “Hari amajambo amwamwe tutatahura, mugabo vyari vyiza cane.” Abana barambereye kirumara. Igihe naba mvuze amakosa bo baragira ico bavuze, mugabo abakuze bobo ntivyari ukwo. Narigiye vyinshi ku bana.

Marie-Line: Mu karere kamwe, nari mfiseyo abantu nigisha Bibiliya mu gifaransa, mu giportigale no mu gisranantongo. Hari umudada yangiriye inama yo kuza ndatangurira ku wukoresha ururimi rw’igiportigale kuko ari rwo rwangora, ngahereza ku wukoresha ururimi runyorohera. Sinatevye kwibonera ivyiza vy’iyo mpanuro yampaye.

Umusi umwe, nari nateguye kuyobora inyigisho ya mbere mu gisranantongo, iya kabiri na yo mu giportigale. Igihe natangura kuyobora iya kabiri, nagiye numva umudada twari kumwe ambwira ati: “Marie-Line, erega ntiyumva ivyo uriko uravuga!” Burya rero, nasanze nariko nkoresha igisranantongo mu kwigisha Umunyabrezilekazi aho gukoresha igiportigale.

Abavukanyi b’aho mwagiye murakorera barabakunda cane. Ni ibiki vyatumye mwiyumvanamwo gutyo?

Jack: Mu Migani 11:25 hagira hati: “Uwutanga cane azodoheshwa.” Turitangira abandi tutiziganya. Ku bijanye n’ibikorwa vyo gusanura Ingoro y’Ubwami, hari abambwiye bati: “Ivyo birekere abamamaji.” Nabishuye nti: “Erega na je ndi we. Iyo rero hari ibikenewe gukorwa, nipfuza kubigiramwo uruhara.” Naho twese dukenera akanya ko gukora ivyacu, akenshi tuguma twibuka ko ivyo bidakwiye kutubuza gukorera abandi iciza.

Marie-Line: Turakora uko dushoboye kwose kugira twereke abavukanyi bacu ko tubitwararika. Ivyo bituma tumenya nk’uwuba akeneye uwumusigaranira abana canke uwoja kubatora kw’ishure. Duca dutunganya ivyacu kugira dufashe. Ivyo biratuma tugiranira ubugenzi bukomeye, tukama twiteguriye kubafasha igihe cose bikenewe.

Gukorera ahari inkenero kuruta vyabaronkeje imihezagiro iyihe?

Jack: Umurimo w’igihe cose waratumye tugira ubuzima buhimbaye. Twararonse uturyo tutari duke two kuratira ijisho ibintu bitandukanye Yehova yaremye. Naho twagiye turashikirwa n’ibintu bitoroshe, ntiduhagarika umutima kuko tuzi ko aho twoba turi hose abasavyi b’Imana badushigikira.

Nkiri muto, narapfungiwe muri Guyane kubera nanse kuja mu gisoda. Sinigeze niyumvira ko umusi umwe nosubiyeyo ndi umumisiyonari, nkemererwa no kuja kwigisha mu mabohero. Emwe, imihezagiro Yehova atanga ntigira uko ingana.

Marie-Line: Nta kintera umunezero nko kwitangira abandi. Turahimbawe cane no kuba turi mu murimo wa Yehova. Ivyo vyaranatumye twe n’umugabo wanje turushiriza kwunga ubumwe. Hari igihe Jack ambaza nimba twotumira abubakanye bakeneye indemesho kugira dusangire udufungurwa. Akenshi ndamwishura nti: “Urazi ko na je nariko ndavyiyumvira!” Turakunda gusanga twiyumviriye kumwe.

Jack: Baheruka kuntora kanseri ya prostate. Naho umukenyezi wanje Marie-Line adashaka no kuvyumva, naramubwiye nti: “Mwiza wanje, sinari bwasaze, mugabo naho vyoshika ngapfa ejo, noba mpfuye mpimbawe no kuba narakoreye Yehova, ngakoresha ubuzima bwanje ibintu vy’ingirakamaro.”​—Ita. 25:8.

Marie-Line: Yehova yaraduteye uduteka tutari twiteze, aradushoboza no gukora ivyo tutigeze twiyumvira. Twarinovoye ivyiza vyinshi mu buzima. Kubera ko twizigiye Yehova duherejeko, aho ishirahamwe ryiwe rizoturungika hose ni ho tuzoja.

^ ing. 32 Ururimi rw’igisranantongo ni uruvange rw’icongereza, ikidagi, igiportigale be n’indimi zo muri Afrika, rukaba rwatangujwe n’abashumba.