Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 13

Mukundane cane

Mukundane cane

“Mukundane cane bivuye ku mutima.”​—1 PET. 1:22.

URURIRIMBO RWA 109 Dukundane cane bivuye ku mutima

INCAMAKE *

Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaranye n’intumwa ziwe, yarashimitse ku rukundo (Raba ingingo ya 1-2)

1. Ni itegeko ritomoye irihe Yezu yahaye abigishwa biwe? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

BUCA Yezu apfa, yarahaye abigishwa biwe itegeko ritomoye. Yababwiye ati: “Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana.” Yaciye yongerako ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”​—Yoh. 13:34, 35.

2. Kubera iki bihambaye ko tugaragarizanya urukundo?

2 Yezu yavuze ko abigishwa biwe bomenyekaniye ku kugaragaza urukundo nk’urwo yagaragaje. Ukwo ni ko vyari mu kinjana ca mbere, kandi n’ubu ni ko biri. Birahambaye rero ko turengera intambamyi iyo ari yo yose, tukaguma tugaragarizanya urukundo.

3. Turimbura iki muri iki kiganiro?

3 Kubera ko twese tudatunganye usanga bitugora gukundana cane. Naho ari ukwo, dutegerezwa kwigana Kristu. Muri iki kiganiro, turarimbura ingene urukundo rutuma tuba indemeshamahoro, tutagira nkunzi, tukaba n’abakiranyi. Uko wiga ibivugwa muri iki kiganiro, nuze uribaza uti: ‘Nokwigira iki ku bavukanyi na bashiki bacu barengeye intambamyi bakaguma bagaragariza abandi urukundo?’

NUBE INDEMESHAMAHORO

4. Twisunze Matayo 5:23, 24, ni kubera iki dukwiye kwikiranura n’umuvukanyi turi n’ico dupfa?

4 Yezu yaratwigishije igituma bihambaye ko twikiranura n’umuvukanyi turi n’ico dupfa. (Soma Matayo 5:23, 24.) Yarashimitse ko dukwiye kuguma dufitaniye ubucuti bwiza n’abandi nimba twipfuza guhimbara Imana. Iyo dukoze uko dushoboye kwose kugira tugiranire amahoro n’abavukanyi, Yehova arahimbarwa. Hamwe twobikira abandi inzika, tukanka no kugerageza gusubiza hamwe na bo, ntiyokwemera ugusenga kwacu.​—1 Yoh. 4:20.

5. Ni igiki catumye bitorohera umuvukanyi umwe kuremesha amahoro?

5 Kuremesha amahoro vyoshobora kutatworohera. Uti kubera iki? Rimbura ivyashikiye uwitwa Mark. * Igihe umuvukanyi umwe yamuvuga nabi ku bandi bagize ishengero, vyaramubabaje. None Mark yavyakiriye gute? Avuga ati: “Vyarangoye kwigumya nca ndatwarwa n’ishavu.” Ariko rero mu nyuma, Mark yaricujije ku kuntu yavyifashemwo maze aragerageza gusaba imbabazi uwo muvukanyi, arondera no gusubiza hamwe na we. Ariko uwo muvukanyi yaravyanse. Mu ntango, Mark yiyumviriye ati: “Kubera iki ari jewe noguma ndamwisemba kandi adashaka ko dusubiza hamwe?’ Ariko rero umucungezi w’umuzunguruko yararemesheje Mark ngo ntace aheba. None Mark yokoze iki?

6. (a) Mark yakurikiranye amahoro gute? (b) Mark yashize mu ngiro gute ibivugwa mu Bakolosayi 3:13, 14?

6 Igihe Mark yazirikana ukuntu yavyifashemwo, yasanze atagaragaje ukwicisha bugufi kandi ko yibona ubugororotsi. Yarabonye ko yari akwiye guhindura inyifato. (Kol. 3:8, 9, 12) Yarasubiriye kwegera wa muvukanyi abigiranye ukwicisha bugufi, aramusaba imbabazi ku kuntu yavyifashemwo. Mark yaramwandikiye n’amakete amusaba kumubabarira, amumenyesha n’uko yipfuza cane ko bosubira kuba abagenzi. Yaranahaye uwo muvukanyi utuntu tw’ingabirano dutandukanye yibaza ko twomushimisha. Ikibabaje ni uko wa muvukanyi ata co yahinduye. Naho ari ukwo, Mark yabandanije kugamburuka itegeko rya Yezu rimusaba gukunda mwenewabo no kumubabarira. (Soma Abakolosayi 3:13, 14.) Naho abandi batokwakira neza utwigoro tugira kugira ngo dusubize hamwe, urukundo dukunda abakirisu bagenzi bacu ruzotuma tubandanya kubababarira no gusenga dusaba ko ibintu vyosubira mu buryo.​—Mat. 18:21, 22; Gal. 6:9.

Hari aho vyokenerwa ko dukoresha uburyo butandukanye kugira dusubize hamwe n’uwo dufitaniye ingorane (Raba ingingo ya 7-8) *

7. (a) Yezu yaduhimirije gukora iki? (b) Mushiki wacu umwe yagize ingorane iyihe?

7 Yezu yaduhimirije kuguma dufata abandi nk’uko natwe twipfuza ko badufata. Yavuze kandi ko tudakwiye gukunda abadukunda gusa. (Luka 6:31-33) Tuvuge iki none nka hamwe vyoshika hakagira uwo mw’ishengero aza araguca kure, no kukuramutsa ntakuramutse? Ivyo nyene ni vyo vyashikiye uwitwa Lara. Avuga ati: “Hari umudada atandamutsa ariko simenye igituma. Vyarambabaza cane, ku buryo no kuja ku makoraniro bitari bikimpimbara.” Mu ntango, Lara yibwiye ati: ‘Je nta kosa namukoreye. Kanatsinda, n’abandi bo mw’ishengero baridogera ukuntu ameze.’

8. Lara yakoze iki kugira ngo asubize hamwe na mugenziwe, kandi ivyo bitwigisha iki?

8 Lara yaragize ivyo akoze kugira ngo basubize hamwe. Yarasenze Yehova yongera afata ingingo yo kuja kuvugana n’uwo mushiki wacu. Barayaze kuri iyo ngorane, baragwana mu nda, maze barasubiza hamwe. Ico gihe wamenga iyo ngorane iraheze. Ariko Lara avuga ati: “Mu nyuma, wa mudada yarongeye kugaragaza ka gatima nyene. Vyaranciye intege cane.” Mu ntango, Lara yabona ko yogira amahoro ari uko gusa uwo mushiki wacu ahinduye inyifato yiwe. Ariko Lara yahavuye abona ko ikintu ciza yokora ari ukubandanya akunda uwo mushiki wacu kandi “[akamubabarira] ata gahigihigi.” (Ef. 4:32–5:2) Lara yaributse ko urukundo ruranga abakirisu ‘rutaza ruraharura ikibi rukorewe, kandi ko rurenzako muri vyose, rukemera vyose, rukizigira vyose, rukihanganira vyose.’ (1 Kor. 13:5, 7) Lara yaciye asubira gutekana mu mutima. Mu nyuma, wa mushiki wacu yahavuye yemera ko basubiza hamwe. Nitwarondera kugiranira amahoro n’abavukanyi na bashiki bacu kandi tukaguma tubakunda, nta gukeka ko ya “Mana y’urukundo n’amahoro izobana na[twe].”​—2 Kor. 13:11.

NIWIRINDE KUGIRA NKUNZI

9. Twisunze Ivyakozwe 10:34, 35, kubera iki tudakwiye kugira nkunzi?

9 Yehova ntagira nkunzi. (Soma Ivyakozwe 10:34, 35.) Iyo rero tutagize nkunzi, tuba twerekanye ko turi abana biwe. Turagamburuka itegeko ridusaba gukunda bagenzi bacu nk’uko twikunda, kandi tukazigama amahoro dufitaniye n’abo dusangiye ukwemera.​—Rom. 12:9, 10; Yak. 2:8, 9.

10-11. Mushiki wacu umwe yikuyemwo gute urwanko yari afise?

10 Hari abo bigora kuguma batagira nkunzi. Rimbura nk’akarorero ivyashikiye mushiki wacu yitwa Ruth. Akiri umuyabaga, yaragiraniye ingorane n’umuntu yava mu kindi gihugu. None Ruth vyamugizeko ingaruka iyihe? Avuga ati: “Naciye numva nanse ikintu cose co muri ico gihugu. Nabona yuko abantu baho bose ari co kimwe, eka mbere n’abo dusangiye ukwemera.” None Ruth yikuyemwo gute urwo rwanko?

11 Ruth yaratahuye yuko yategerezwa kurwanya ico ciyumviro kibi. Yarasomye mu Gitabu c’umwaka ivyabonywe be n’amaraporo bivuga ibijanye n’ico gihugu. Avuga ati: “Narihatiye kwiyumvira neza abantu bo muri ico gihugu. Naratanguye kubona yuko abavukanyi baho bari bafitiye umwete igikorwa ca Yehova. Naciye mbona neza ko na bo nyene bari mu bagize umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.” Bukebuke, Ruth yarabonye yuko yari akeneye kugira n’ibindi. Avuga ati: “Igihe cose naba mpuye n’abavukanyi bo muri ico gihugu, narihatira cane kubagira abagenzi. Narabayagisha, bigatuma ndushiriza kubamenya.” None vyavuyemwo iki? Ruth avuga ati: “Haciye igihe, nasanze ntakibiyumvira nabi.”

Nimba ‘dukunda cane umuryango wose w’abavukanyi,’ tuzokwirinda kugira nkunzi (Raba ingingo ya 12-13) *

12. Mushiki wacu umwe yitwa Sarah yari afise ingorane iyihe?

12 Hari aboshobora kugira nkunzi batabiciye n’ikanda. Nk’akarorero, uwitwa Sarah yabona ko atagira nkunzi kubera atinuba abandi afatiye ku bwoko bwabo, ku butunzi bafise, canke ku mabanga bafise mw’ishirahamwe. Mugabo avuga ati: “Naratanguye kubona yuko mu vy’ukuri nagira nkunzi.” Uti gute? Sarah yava mu muryango w’abantu bize amashure menshi, akaba rero yashaka kwifatanya n’abize nka we. Yarigeze no kubwira umugenzi wiwe ati: “Jewe nifatanya n’abo dusangiye ukwemera bize amashure menshi. Abasigaye ntumbaze.” Biragaragara yuko Sarah yari akeneye guhindura agatima yari afise. Uti yari kubigenza gute?

13. Twigira iki ku kuntu Sarah yahinduye inyifato yiwe?

13 Umucungezi w’umuzunguruko yarafashije Sarah kwisuzuma. Sarah avuga ati: “Yarankeje ku gikorwa nkorera Yehova ntahemuka, ku nyishu nziza ntanga no ku kuba nzi Ivyanditswe. Yaciye rero ansigurira ko uko turushiriza kugira ubumenyi, ari ko dukeneye no gutsimbataza kamere ziranga abakirisu, nko kwicisha bugufi, kwifata ruto no kugira imbabazi.” Ivyo uwo mucungezi yamubwiye, yarabishize ku mutima. Sarah avuga ati: “Narabonye ko igihambaye kuruta ari ukuba umunyabuntu no gukunda abandi.” Ivyo vyaratumye atangura kubona neza abo dusangiye ukwemera. Avuga ati: “Nararondeye kumenya kamere bafise zituma Yehova abaha agaciro.” Tweho bite? Ese tutokwigera tubona ko turuta abandi kubera amashure twize. Nimba ‘dukunda cane umuryango wose w’abavukanyi,’ tuzokwirinda kugira nkunzi.​—1 Pet. 2:17.

NUBE UMWAKIRANYI

14. Twisunze Abaheburayo 13:16, Yehova avyakira gute iyo tugaragarije abandi ubwakiranyi?

14 Yehova araha agaciro cane ubwakiranyi. (Soma Abaheburayo 13:16.) Abona ko buri mu bigize ugusenga kwacu, na canecane iyo dufashije abari mu nkenero. (Yak. 1:27; 2:14-17) Ni co gituma Ivyanditswe bituremesha “[gukurikira] inzira y’ubwakiranyi.” (Rom. 12:13) Tubaye abakiranyi, turiyumvamwo abandi cane, tukabakunda kandi tukabagira abagenzi. N’iyo twoba dusangiye n’abandi udufungurwa, utunyobwa, canke tugakoresha umwanya wacu mu kubitwararika, Yehova arahimbarwa. (1 Pet. 4:8-10) Ariko rero, hariho ibintu vyoshobora gutuma kuba abakiranyi bitugora.

“Kera sinitaho kugaragaza ubwakiranyi, ariko aho mpinduriye ibintu narironkeye umunezero mwinshi cane” (Raba ingingo ya 16) *

15-16. (a) Kubera iki hari abatinya kugaragaza ubwakiranyi? (b) Edit yatsinze gute ubwoba bwo kugaragaza ubwakiranyi?

15 Twoshobora gutinya kugaragaza ubwakiranyi bivanye n’uko ivyacu vyifashe. Rimbura akarorero k’umupfakazi yitwa Edit. Imbere y’uko aba Icabona, ntiyakunda kwifatanya n’abandi. Edit yabona ko abandi ari bo bari bashoboye kugaragaza ubwakiranyi.

16 Amaze kuba Icabona, yarahinduye ivyiyumviro. Yarateye intambwe kugira abe umwakiranyi. Avuga ati: “Igihe Ingoro y’Ubwami yacu yariko irubakwa, umukurambere umwe yarambwiye ko hari umugabo n’umugore boje gufasha mu bwubatsi, aca ambaza nimba nobaha indaro y’indwi zibiri. Naciye nibuka ingene Yehova yahezagiye wa mupfakazi w’i Zarefati.” (1 Abm. 17:12-16) Edit yaremeye guha indaro uwo mugabo n’umugore. None hoba hari imihezagiro yaronse? Avuga ati: “Aho kumarana indwi zibiri twahavuye tumarana amezi abiri. Muri ico kiringo, twaragiraniye ubugenzi bukomeye.” Edit yarironkeye n’abagenzi somambike mw’ishengero. Ubu ni umutsimvyi, kandi arahimbarwa n’uguha ikaze muhira iwe abo baba bakoranye mu ndimiro kugira bagire utwo batamiye. Avuga ati: “Gutanga biratuma ngira umunezero. Vyongeye, bituma nironkera imihezagiro myinshi cane.”​—Heb. 13:1, 2.

17. Luke n’umukenyezi wiwe bahavuye babona iki?

17 Naho twoba dusanzwe tugaragaza ubwakiranyi, twoba twogira ivyo turyohoye? Nk’akarorero, Luke n’umukenyezi wiwe basanzwe ari abakiranyi. Basanzwe bakira abavyeyi babo, incuti, abagenzi somambike, be n’umucungezi w’umuzunguruko n’umukenyezi wiwe. Ariko rero, Luke avuga ati: “Twahavuye tubona ko twatumira abo twiyumvamwo gusa.” None Luke n’umukenyezi wiwe baryohoye ibintu gute?

18. Luke n’umukenyezi wiwe baryohoye ibintu gute mu bijanye n’ubwakiranyi?

18 Luke n’umukenyezi wiwe baragize ivyo bahinduye bamaze kuzirikana ku majambo ya Yezu agira ati: “Nimwakunda ababakunda, ni impembo nki muzoba mufise?” (Mat. 5:45-47) Barabonye ko bakwiye kwigana Yehova, Umwe aha bose atitangiriye itama. Baciye rero bagira umwiyemezo wo gutumira abavukanyi na bashiki bacu batari bwatumire. Luke avuga ati: “Ivyo bihe biratuma twese duhimbarwa cane. Umwe wese arumva ko aremeshejwe kandi akomejwe.”

19. Twerekana gute ko turi abigishwa ba Yezu, kandi wiyemeje gukora iki?

19 Twabonye ingene gukundana cane bishobora gutuma tuba indemeshamahoro, twirinda kugira nkuzi, kandi tukaba abakiranyi. Dutegerezwa kutishiramwo nabi abandi, maze tugakunda cane abavukanyi na bashiki bacu bivuye ku mutima. Tubigenjeje gutyo, tuzogira agahimbare kandi tuzoba twerekanye ko turi abigishwa ba Yezu vy’ukuri.​—Yoh. 13:17, 35.

URURIRIMBO RWA 88 Numenyeshe inzira zawe

^ ing. 5 Yezu yavuze ko urukundo ari rwo ruranga abakirisu b’ukuri. Urukundo dukunda abavukanyi bacu ruratuma tuba indemeshamahoro, twirinda kugira nkunzi, kandi tukaba abakiranyi. Ariko ivyo ntivyama vyoroshe. Iki kiganiro kiratanga ivyiyumviro kirumara vyodufasha kuguma dukundana cane bivuye ku mutima.

^ ing. 5 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Akigoro mushiki wacu agira mu ntango kugira atorere umuti ingorane nta co gashikako, yamara ntaca aheba. Utwigoro aguma agira mu kugaragaza urukundo, turahava tukavamwo ivyiza.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi yitereye mu myaka abona umengo abandi bo mw’ishengero ntibamunezwe.

^ ing. 61 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu yahora atinya kugaragaza ubwakiranyi arahindura ivyiyumviro, bigatuma yironkera umunezero mwinshi.