Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 17

“Nabise abagenzi”

“Nabise abagenzi”

“Nabise abagenzi, kuko ibintu vyose numvise kuri Dawe nabibamenyesheje.”​—YOH. 15:15.

URURIRIMBO RWA 13 Kristu, Karorero kacu

INCAMAKE *

1. Ubigenza gute kugira ugiranire ubugenzi somambike n’umuntu?

KUGIRA utangure kugiranira ubugenzi somambike n’umuntu, utegerezwa kumarana umwanya na we. Uko muza murayaga mwongera museruranira akari ku mutima, ni ko muba abagenzi. Ariko rero mu bijanye no kugiranira ubugenzi somambike na Yezu, hariho intambamyi tugira. None zimwezimwe muri zo ni izihe?

2. Intambamyi ya mbere tugira ni iyihe?

2 Intambamyi ya mbere ni uko tutigeze tubona Yezu amaso mu yandi. Abakirisu benshi bo mu kinjana ca mbere baragize intambamyi nk’iyo. Naho ari ukwo, intumwa Petero yavuze ati: “Naho mutigeze mumubona, muramukunda. Naho mutamubona muri iki gihe, ntikibuza yuko mumwizera.” (1 Pet. 1:8) Birashoboka rero ko tugiranira ubugenzi somambike na Yezu naho tutamubona amaso mu yandi.

3. Intambamyi igira kabiri tugira ni iyihe?

3 Intambamyi igira kabiri ni uko tudashobora kuganira na Yezu. Igihe dusenga, ivyo tuvuga tubibwira Yehova. Ego ni ko dusenga mw’izina rya Yezu, ariko ivyo tuvuga si we tubibwira. Nakare, Yezu ntiyipfuza ko tumusenga. Uti kubera iki? Kubera ko isengesho ari umuce ugize ugusenga kwacu, kandi Yehova akaba ari we akwiye gusengwa wenyene. (Mat. 4:10) Naho ari ukwo, turashobora kwerekana ko dukunda Yezu.

4. Intambamyi igira gatatu ni iyihe, kandi turimbura ibiki muri iki kiganiro?

4 Intambamyi igira gatatu ni uko Yezu aba mw’ijuru, tukaba rero tudashobora kumarana umwanya na we amaso mu yandi. Ariko turashobora kumenya vyinshi ku bimwerekeye naho tutari kumwe mu buryo bw’umubiri. Tugiye kurimbura ibintu bine twokora kugira dukomeze ubucuti dufitaniye na we. Ariko rero, nimuze tubanze turimbure igituma bihambaye ko tugiranira ubugenzi somambike na Kristu.

KUBERA IKI DUKWIYE KUBA ABAGENZI BA YEZU?

5. Kubera iki dukwiye kuba abagenzi ba Yezu? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Kuba abagenzi ba Yezu bituma tuba abagenzi ba Yehova” be n’uruvuga ngo “ Nitubone Yezu mu buryo bubereye.”)

5 Dutegerezwa kuba abagenzi ba Yezu nimba twipfuza kugiranira ubugenzi somambike na Yehova. Kubera iki? Rimbura imvo zibiri gusa. Iya mbere, ni uko Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Data ubwiwe abiyumvamwo, kubera ko mwanyiyumvisemwo.” (Yoh. 16:27) Yavuze kandi ati: “Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yoh. 14:6) Kugerageza kuba umugenzi wa Yehova udafitaniye ubugenzi somambike na Yezu, ni nko kugerageza kwinjira mu nzu udaciye mu muryango. Yezu yakoresheje ikigereranyo gisa n’ico igihe yavuga ko ari we “muryango w’intama.” (Yoh. 10:7) Imvo igira kabiri, ni uko Yezu yagaragaje kamere za Se ata gahaze. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.” (Yoh. 14:9) Uburyo rero buhambaye bwo kumenya Yehova ni ukwiga ivyerekeye ubuzima bwa Yezu. Uko twiga ivyerekeye Yezu, ni ko turushiriza kumukunda. N’ikindi kandi uko ubugenzi dufitaniye na Yezu bukomera ni ko turushiriza gukunda Se.

6. Ni iyindi mvo iyihe ikwiye gutuma tugiriranira ubucuti na Yezu? Sigura.

6 Dutegerezwa kugiranira ubucuti na Yezu kugira amasengesho yacu yishurwe. Ivyo bisaba gukora n’ibindi uretse kwama tuvuga gusa ngo “mw’izina rya Yezu” mu gusozera isengesho. Dutegerezwa gutahura ingene Yehova akoresha Yezu mu kwishura amasengesho yacu. Yezu yabwiye intumwa ziwe ati: “Ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora.” (Yoh. 14:13) Naho Yehova ari we wenyene yumviriza akongera akishura amasengesho yacu, yarahaye Yezu ububasha bwo gushira mu ngiro ingingo afata. (Mat. 28:18) Ku bw’ivyo, imbere y’uko Imana yishura amasengesho yacu, iraraba nimba tubanza gushira mu ngiro impanuro Yezu yatanze. Nk’akarorero, Yezu yavuze ati: “Nimwababarira abantu amakosa yabo, na So wo mw’ijuru azobababarira; ariko nimutababarira abantu amakosa yabo, na So ntazobababarira amakosa yanyu.” (Mat. 6:14, 15) Ese rero ingene bihambaye ko dufata abandi nk’uko Yehova na Yezu badufata!

7. Ni bande bungukira ku ncungu ya Yezu?

7 Abagiranira ubucuti somambike na Yezu ni bo bonyene bazokwungukira ku ncungu yiwe. Ivyo tubimenyeshwa n’iki? Yezu yavuze yuko ‘yokwiguze abagenzi biwe.’ (Yoh. 15:13) Abantu b’intahemuka babayeho imbere y’uko Yezu aza kw’isi, bazotegerezwa kwiga ibimwerekeye kugira bamukunde. Abagabo n’abagore b’abagororotsi nka Aburahamu, Sara, Musa be na Rahabu bazozuka. Ariko na bo nyene bazotegerezwa kugiranira ubucuti na Yezu kugira baronke ubuzima budahera.​—Yoh. 17:3; Ivyak. 24:15; Heb. 11:8-12, 24-26, 31.

8-9. Nk’uko muri Yohani 15:4, 5 havyerekana, ubucuti dufitaniye na Yezu budushoboza iki? Kubera iki dutegerezwa kuguma twunze ubumwe na Yezu?

8 Turahimbarwa no gukorana na Yezu mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha inkuru nziza y’Ubwami. Igihe Yezu yari kw’isi, yari umwigisha. Vyongeye, kuva Yezu asubiye mw’ijuru, yarabandanije kuyobora igikorwa co kwamamaza no kwigisha kubera ko ari we mutwe w’ishengero. Arabona akongera agakenguruka utwigoro ugira two gufasha abantu benshi bashoboka kugira bamumenye bongere bamenye Se wiwe. Nkako, ntidushobora kurangura ico gikorwa tutabifashijwemwo na Yehova na Yezu.​—Soma Yohani 15:4, 5.

9 Ijambo ry’Imana rirerekana neza yuko dutegerezwa kuguma dukunda Yezu kugira duhimbare Yehova. Nimuze rero turimbure ibintu bine twokora kugira dukomeze ubugenzi dufitaniye na Yezu.

INGENE TWOGIRANIRA UBUGENZI NA YEZU

Urashobora kuba umugenzi wa Yezu (1) mu kumumenya neza, (2) mu kwigana ingene yiyumvira n’ingene yakora ibintu, (3) mu gushigikira benewabo na Kristu, (4) no mu gushigikira intunganyo z’ishirahamwe rya Yehova (Raba ingingo ya 10-14) *

10. Ikintu ca mbere twokora kugira tugiranire ubugenzi na Yezu ni ikihe?

10 (1Numenye Yezu. Ivyo twobigira mu gusoma igitabu ca Matayo, ica Mariko, ica Luka be n’ica Yohani. Uko tuzirikana ku nkuru zerekeye ubuzima bwa Yezu zivugwa muri Bibiliya, ni ko tumukunda tukongera tukamwubaha kubera ukuntu yafata abantu mu buryo buranga ubuntu. Nk’akarorero, naho yari Shebuja w’abigishwa biwe, ntiyabafata nk’abashumba. Ahubwo riho yarababwira ibimuraje ishinga be n’ingene yabona ibintu. (Yoh. 15:15) Yezu yarababarana na bo akongera akarirana na bo. (Yoh. 11:32-36) N’abansi biwe bari bazi ko abumviriza ubutumwa yashikiriza baca baba abagenzi biwe. (Mat. 11:19) Iyo twiganye ingene Yezu yafata abigishwa biwe, ubugenzi dufitaniye n’abandi burakomera, tukagira agahimbare, tukongera tukarushiriza kumukunda no kumwubaha.

11. Ikintu kigira kabiri twokora kugira turushirize kuba abagenzi ba Yezu ni ikihe, kandi kubera iki ico kintu gihambaye?

11 (2Niwigane ingene Yezu yiyumvira n’ingene yakora ibintu. Uko turushiriza kumenya ingene Yezu yiyumvira tukongera tukamwigana, ni ko turushiriza kugiranira na we ubugenzi somambike. (1 Kor. 2:16) None twomwigana gute? Rimbura akarorero kamwe gusa. Yezu yashira imbere ivyo gufasha abandi kuruta kwishimisha ubwiwe. (Mat. 20:28; Rom. 15:1-3) Uwo mutima waratuma yitangira abandi akongera akabababarira. Ntiyihutira kubabazwa n’ivyo abandi bamuvugako. (Yoh. 1:46, 47) Vyongeye, Yezu ntiyiyumvira umuntu nabi afatiye ku makosa yakoze muri kahise. (1 Tim. 1:12-14) Birahambaye ko tubona abandi nk’uko Yezu yababona, kuko yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yoh. 13:35) Niwibaze rero uti: “Noba ndiko ndigana Yezu mu gukora uko nshoboye kwose kugira ngume mfitaniye amahoro n’abavukanyi banje?”

12. Ikintu kigira gatatu twokora kugira turushirize kuba abagenzi ba Yezu ni ikihe, kandi twogishikako gute?

12 (3Nushigikire benewabo na Kristu. Yezu abona ko ivyo dukorera benewabo barobanuwe, ari nk’aho ari we tuba tubikoreye. (Mat. 25:34-40) Uburyo nyamukuru dushigikira abarobanuwe, ni mu kugira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, nk’uko Yezu yabidutegetse. (Mat. 28:19, 20; Ivyak. 10:42) Benewabo na Kristu ntiboshobora kurangura igikorwa amahero co kwamamaza kiriko kiraba hirya no hino kw’isi badafashijwe n’abo mu “zindi ntama.” (Yoh. 10:16) Nimba uri uwo mu zindi ntama, igihe cose ugize uruhara muri ico gikorwa, uba werekanye ko ukunda abarobanuwe hamwe na Yezu ubwiwe.

13. Twoshira mu ngiro gute impanuro ya Yezu iri muri Luka 16:9?

13 Turagiranira kandi ubugenzi na Yehova be na Yezu mu gukoresha ivyo dutunze kugira dushigikire igikorwa bariko barayobora. (Soma Luka 16:9.) Nk’akarorero, turashobora gutanga intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Ivyo birimwo gutanga intererano zo gushigikira igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami mu turere twa kure, kwubaka no kubungabunga inyubakwa zishigikira ugusenga kw’ukuri, be no gufasha abashikiwe n’ivyago. Turashobora kandi gushigikira mu buryo bw’amahera ishengero turimwo tukongera tugafasha abo tuzi ko bari n’ivyo bakeneye. (Imig. 19:17) Ukwo ni ko dushobora gushigikira benewabo na Kristu.

14. Nk’uko mu Banyefeso 4:15, 16 havyerekana, ni ikintu kigira kane ikihe twokora kugira turushirize kuba abagenzi ba Yezu?

14 (4Nushigikire intunganyo z’ishirahamwe rya Yehova. Iyo dusenyeye ku mugozi umwe n’abagenywe ngo batwitwararike, tuba dukomeje ubugenzi dufitaniye na Yezu, we mutwe w’ishengero. (Soma Abanyefeso 4:15, 16.) Nk’akarorero, ubu turiko turagerageza kwitwararika yuko Ingoro z’Ubwami zose zikoreshwa neza uko bishoboka kwose. Ni co gituma hari amashengero yashizwe hamwe, be n’imbibe z’uturere zasubiwemwo. Iyo ntunganyo yatumye haziganywa intererano zitari nke. Ariko rero, ivyo vyasavye yuko abamamaji bamwebamwe bamenyera ayo mahinduka. Abo bamamaji b’abizigirwa boshobora kuba bari bamaze imyaka myinshi bari mw’ishengero kanaka kandi barabaye abagenzi somambike n’abavukanyi bahorana, mugabo bakaba barungitswe kwifatanya n’irindi shengero. Emwe, Yezu ategerezwa kuba ahimbarwa no kubona abo bigishwa b’abizigirwa bashigikira iyo ntunganyo.

KUBA ABAGENZI BA YEZU IBIHE BIDAHERA

15. Ni mu buryo ki tuzorushiriza kugiranira ubugenzi na Yezu muri kazoza?

15 Abarobanujwe impwemu nyeranda bazofadikanya na Yezu kuganza mu Bwami bw’Imana. Barafise icizigiro co kuzoba kumwe na Yezu, bakamubona, bakavugana na we, kandi bakazokwamana na we ibihe bidahera. (Yoh. 14:2, 3) Abafise icizigiro co kuba kw’isi na bo nyene bazokwibonera ko Yezu abakunda kandi abitwararika. Naho batazobona Yezu imbonankubone, urukundo bamukunda ruzorushiriza gukomera uko bazohimbarirwa ubuzima Yehova na Yezu bazobaronsa.​—Yes. 9:6, 7.

16. Kuba abagenzi ba Yezu bituronsa imihezagiro iyihe?

16 Iyo twemeye akamo Yezu adutera ko kuba abagenzi biwe, turironkera imihezagiro myinshi. Nk’akarorero, turibonera ingene adukunda be n’ingene adushigikira muri iki gihe. Biraturonsa n’akaryo ko kuzobaho ibihe bidahera. N’ikiruta vyose, kugiranira ubugenzi na Yezu biraturonsa ikintu c’agaciro kuruta ibindi vyose, na co kikaba ari ukugiranira ubugenzi somambike na Se wiwe Yehova. Ese ukuntu kwitwa abagenzi ba Yezu ari agateka ntangere!

URURIRIMBO RWA 17 “Ndabishaka”

^ ing. 5 Intumwa zaramaze imyaka nk’ingahe ziganira na Yezu zongera zikorana na we, kandi barabaye abagenzi somambike. Yezu yipfuza ko na twebwe tuba abagenzi biwe. Ariko rero, turafise intambamyi intumwa zitari zifise. Muri iki kiganiro, turarimbura zimwezimwe muri zo twongere tubone ivyiyumviro vyodufasha kugiranira ubugenzi somambike na Yezu be n’ingene twobuzigama.

^ ing. 55 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: (1) Mu gusenga kwo mu muryango, turashobora kwiga ivyerekeye ubuzima bwa Yezu n’igikorwa yaranguriye ng’aha kw’isi. (2) Mw’ishengero, turihatira kugiranira amahoro n’abavukanyi bacu. (3) Tugize uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co mu ndimiro, tuba dushigikiye benewabo na Kristu. (4) Igihe amashengero ashizwe hamwe, turakurikiza ingingo abakurambere baba bafashe.