Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 20

”Umwami wo mu buraruko” ni nde muri iki gihe?

”Umwami wo mu buraruko” ni nde muri iki gihe?

“Azoza gushika kw’iherezo ryiwe, kandi nta wuzomutabara.”​—DAN. 11:45.

URURIRIMBO RWA 95 Umuco urarushiriza gukayangana

INCAMAKE *

1-2. Muri iki kiganiro turimbura ibiki?

UBU kuruta ikindi gihe, hariho ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko tubayeho mu gihe gisozera imisi ya nyuma y’iyi si mbi. Vuba, Yehova na Yezu Kristu bazokuraho intwaro zose zirwanya Ubwami bw’Imana. Imbere y’uko ivyo biba, umwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko bazobandanya gushamirana no kurwanya abasavyi b’Imana.

2 Muri iki kiganiro, turaca irya n’ino ubuhanuzi buri muri Daniyeli 11:40–12:1. Turaza kumenya umwami wo mu buraruko uwo ari we muri iki gihe, tubone n’igituma tudakwiye guhagarika umutima ku bijanye n’ibigeragezo vyimirije.

HABONEKA UMWAMI WO MU BURARUKO MUSHASHA

3-4. Ni nde yahavuye aba umwami wo mu buraruko? Sigura.

3 Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zimaze gusambuka mu 1991, abasavyi b’Imana bo mu karere kanini iyo leta yatwara ‘baratabawe gatoyi,’ ni ukuvuga ko baronse umwidegemvyo w’igihe gito. (Dan. 11:34) Ivyo vyatumye bamamaza bidegemvya, kandi bidatevye abamamaji bo mu karere kahoze gatwarwa n’iyo nganji bariyongereye bashika mu bihumbi amajana. Buhobuhoro, Uburusiya n’ababushigikiye bahavuye bacika umwami wo mu buraruko. Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, kugira ngo intwaro kanaka yitwe umwami wo mu buraruko canke wo mu bumanuko, itegerezwa gushitsa ibi bintu bitatu: (1) kugira ico ikoze ku basavyi b’Imana, (2) kwerekana mu vyo ikora yuko yanka Yehova n’abasavyi biwe, (3) no kunyinyurana n’umwami badacana uwaka.

4 Raba imvo zotuma tuvuga ko Uburusiya n’ababushigikiye ari bo mwami wo mu buraruko muri iki gihe. (1) Baragize ico bakoze ku basavyi b’Imana, mu guhagarika igikorwa co kwamamaza no mu guhama abavukanyi na bashiki bacu ibihumbi amajana bo mu karere k’izo ntwaro. (2) Ivyo bintu bakoze birerekana ko banka Yehova n’abasavyi biwe. (3) Haraheze igihe banyinyurana n’umwami wo mu bumanuko, ni ukuvuga Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika. Nimuze turabe ingene Uburusiya n’ababushigikiye babaye umwami wo mu buraruko.

UMWAMI WO MU BURARUKO N’UMWAMI WO MU BUMANUKO BARABANDANYA GUSUNIKANA

5. Ibivugwa muri Daniyeli 11:40-43 vyerekeza ku gihe ikihe, kandi ni ibiki vyobaye muri ico gihe?

5 Soma Daniyeli 11:40-43. Iki gice c’ubuhanuzi kivuga ivyobaye mu gihe c’iherezo. Kirashira ahabona ingene umwami wo mu buraruko yoshamiranye n’umwami wo mu bumanuko. Nk’uko Daniyeli yabivuze, mu gihe c’iherezo, umwami wo mu bumanuko yogiye mu rugamba rwo “gusunikana” n’umwami wo mu buraruko, canke gusekanya amahembe.​—Dan. 11:40.

6. Ni ibiki vyerekana ko ba bami babiri bagiye barasunikana?

6 Umwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko baracabandanya kuniganira kuganza isi. Nk’akarorero, rimbura ivyabaye inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose, igihe Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti n’abazishigikiye biganzira igice kinini c’Uburaya. Ivyo vyatumye umwami wo mu bumanuko atanguza urunani mpuzamakungu rwa gisirikare rwitwa OTAN. Umwami wo mu buraruko aracabandanya guhiganwa n’umwami wo mu bumanuko mu gukoresha amahera menshi mw’ihingurwa ry’ibirwanisho. Umwami wo mu buraruko n’uwo mu bumanuko baranyinyuranye mu kwihisha inyuma y’intambara be n’imigumuko bibera muri Afrika, Aziya no muri Amerika y’Epfo. Muri iyi myaka ya vuba, Uburusiya n’ababushigikiye, baragize akosho gakomeye mu bihugu vyo hirya no hino kw’isi. Vyongeye, baranyinyuranye n’umwami wo mu bumanuko bakoresheje ubuhinga bwa none. Abo bami bagiye baragirizanya ko umwe wese muri bo agerageza gusenyura ubutunzi bw’uwundi n’intwaro yiwe biciye ku buhinga bwa orodinateri. Vyongeye, nk’uko Daniyeli yabivuze, umwami wo mu buraruko arabandanya kugaba ibitero ku basavyi b’Imana.​—Dan. 11:41.

UMWAMI WO MU BURARUKO YINJIRA MU “GIHUGU C’IKIREZI”

7. “Igihugu c’Ikirezi” ni iki?

7 Muri Daniyeli 11:41 havuga ko umwami wo mu buraruko yokwinjiye mu “gihugu c’Ikirezi.” None ico gihugu ni ikihe? Mu bihe vya kera, igihugu ca Isirayeli cabonwa ko ari “ikirezi mu bihugu vyose.” (Ezk. 20:6) Ariko icatuma ahanini ico gihugu kiba ikidasanzwe, ni uko ari ho habera ugusenga kw’ukuri. Mugabo kuva kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu, ico “gihugu c’Ikirezi” ntikigizwe n’akarere kanaka. Ivyo ntivyoshoboka, kuko ubu abasavyi ba Yehova bakwiragiye hirya no hino kw’isi. Muri iki gihe rero, ico “gihugu c’Ikirezi” kigereranya uburyo abasavyi ba Yehova babayeho. Aho harimwo ibikorwa barangura bijanye no gusenga Yehova biciye ku makoraniro no mu ndimiro.

8. Umwami wo mu buraruko yinjiye gute muri “ca gihugu c’Ikirezi”?

8 Mu misi y’iherezo, umwami wo mu buraruko yarinjiye kenshi muri ico “gihugu c’Ikirezi.” Nk’akarorero, igihe Ubudagi bwatwarwa n’Abanazi, ico gihe bukaba ari bwo bwari umwami wo mu buraruko, bwarinjiye muri ca “gihugu c’Ikirezi” mu gutoteza abasavyi b’Imana no mu kubica, canecane mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose. Inyuma y’iyo ntambara, Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zarabaye umwami wo mu buraruko. Uwo mwami yarinjiye mu “gihugu c’Ikirezi” mu guhama abasavyi b’Imana no mu kubangaza.

9. Muri iyi myaka ya vuba, Uburusiya n’ababushigikiye binjiye gute muri ca “gihugu c’Ikirezi”?

9 Muri iyi myaka ya vuba, Uburusiya n’ababushigikiye na bo nyene barinjiye muri ca “gihugu c’Ikirezi.” Uti gute? Mu 2017, uwo mwami wo mu buraruko yarahagaritse igikorwa c’Ivyabona vya Yehova yongera arapfunga bamwe mu bavukanyi na bashiki bacu. Yarahagaritse n’ibitabu vyacu, ushizemwo na Bibiliya y’isi nshasha. N’ikindi kandi, yarigaruriye ibiro vy’ishami vyo mu Burusiya n’Ingoro z’Ubwami hamwe n’Ingoro z’amateraniro. Inyuma y’ivyo, mu 2018 Inama Nyobozi yaramenyesheje ko Uburusiya n’ababushigikiye ari bo bagize umwami wo mu buraruko. Ariko naho abasavyi ba Yehova baba bariko barahamwa bikomeye, ntibagira uruhara mu gikorwa na kimwe co guhungabanya intwaro canke kuyisenyura. Ahubwo riho, barakurikiza impanuro ya Bibiliya ibasaba gusengera “abo bose bari mu kibanza co hejuru,” na canecane igihe bariko bafata ingingo zishobora kugira ingaruka ku mwidegemvyo wo gusenga.​—1 Tim. 2:1, 2.

UMWAMI WO MU BURARUKO YOBA AZOTSINDA UMWAMI WO MU BUMANUKO?

10. Umwami wo mu buraruko yoba azotsinda umwami wo mu bumanuko? Sigura.

10 Ubuhanuzi bwo muri Daniyeli 11:40-45 ahanini bushimika ku bikorwa vy’umwami wo mu buraruko. Ivyo none vyoba bisigura ko azotsinda umwami wo mu bumanuko? Habe namba. Umwami wo mu bumanuko azoba akiri ‘muzima’ igihe Yehova na Yezu bazosangangura intwaro zose z’abantu ku ntambara ya Harumagedoni. (Ivyah. 19:20) Ivyo tuvyemezwa n’iki? Reka turimbure ivyo ubuhanuzi bwo muri Daniyeli n’ubwo mu Vyahishuwe bubivugako.

Kuri Harumagedoni, Ubwami bw’Imana, ubugereranywa n’ibuye, buzokuraho intwaro zose z’abantu, izigereranya igishusho amahero (Raba ikiganiro c’ukwiga ca 20, ingingo ya 11)

11. Ubuhanuzi bwo muri Daniyeli 2:43-45 bwerekana iki? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

11 Soma Daniyeli 2:43-45. Umuhanuzi Daniyeli aradondora urukurikirane rw’intwaro z’abantu zagize ico zikoze ku basavyi b’Imana. Zigereranywa n’ibihimba bitandukanye vy’igishusho amahero c’ubutare. Intwaro ya nyuma yo muri urwo rukurikirane, igereranywa n’ibirenge vy’ico gishusho bigizwe n’uruvange rw’icuma n’ibumba. Ivyo birenge bigereranya intwaro y’Abongereza n’Abanyamerika. Ubwo buhanuzi burerekana ko iyo Ntwaro nganzasi izoba ikiganza igihe Ubwami bw’Imana buzosavya ico gishusho, maze bugakuraho intwaro z’abantu.

12. Umutwe ugira indwi wa ca gikoko ugereranya iki, kandi ni kubera iki bihambaye ko tubimenya?

12 Intumwa Yohani na we nyene aradondora urukurikirane rw’intwaro nganzasi zagize ico zikoze ku basavyi ba Yehova. Azigereranya n’igikoko gifise imitwe indwi. Umutwe ugira indwi w’ico gikoko ugereranya intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika. Kubimenya birahambaye, narirya ico gikoko ata yindi mitwe kimera. Uwo mutwe ugira indwi w’ico gikoko uzoba ukiganza igihe Kristu n’ingabo ziwe zo mw’ijuru bazoza kuwusangangurana n’ico gikoko. *​—Ivyah. 13:1, 2; 17:13, 14.

UMWAMI WO MU BURARUKO YIMIRIJE GUKORA IKI?

13-14. “Gogi wo mu gihugu ca Magogi” ni nde, kandi ni igiki gishobora kuzotuma agaba igitero ku basavyi b’Imana?

13 Ubuhanuzi bwo muri Ezekiyeli burerekana ibintu bishobora kuzoshika gatoyi imbere y’uko umwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko basangangurwa. Nimba ubuhanuzi bwo muri Ezekiyeli 38:10-23, muri Daniyeli 2:43-45 na 11:44–12:1 be no mu Vyahishuwe 16:13-16, 21 bwerekeza ku gihe kimwe no ku bintu bimwe, twoca twitega ko hazoba ibintu bikurikira.

14 Gatoyi inyuma ya ya makuba akomeye, “abami b’isi yose” bazogira urunani rw’amahanga. (Ivyah. 16:13, 14; 19:19) Urwo runani rw’amahanga Bibiliya irwita “Gogi wo mu gihugu ca Magogi.” (Ezk. 38:2) Urwo runani rw’amahanga ruzogaba igitero sindamusiga ku basavyi b’Imana. Ni igiki kizotuma rugaba ico gitero? Ku bijanye n’ico gihe, intumwa Yohani yarabonye urubura rw’iminana ruremereye cane rukoragurikira ku bansi b’Imana. Urwo rubura rushobora kuba rugereranya ubutumwa bukomeye bw’urubanza abasavyi b’Imana bazoshikiriza. Birashoboka ko ubwo butumwa buzotuma Gogi w’i Magogi agaba igitero ku basavyi b’Imana afise intumbero yo kubaherengeteza kw’isi.​—Ivyah. 16:21.

15-16. (a) Muri Daniyeli 11:44, 45 hashobora kuba herekeza ku ki? (b) Umwami wo mu buraruko be n’ayandi mahanga agize Gogi w’i Magogi bazoshikirwa n’iki?

15 Ubwo butumwa bukomeye be n’ico gitero ca nyuma abansi b’Imana bazogaba, bishobora kuba ari vyo bivugwa muri Daniyeli 11:44, 45. (Soma.) Ng’aho, Daniyeli avuga yuko ‘amakuru avuye i burasirazuba n’i buraruko’ azohagarika umutima umwami wo mu buraruko, agaca agira “ubushangashirwe bwinshi.” Uwo mwami wo mu buraruko azoba afise intumbero yo ‘gutikiza benshi.’ Abo “benshi” birashoboka ko ari abasavyi ba Yehova. Daniyeli ashobora kuba ariko avuga igitero sindamusiga kizogabwa ku basavyi b’Imana. *

16 Ico gitero umwami wo mu buraruko hamwe n’izindi ntwaro zose zo kw’isi bazogira, kizosomborotsa Mushoboravyose maze ace azana intambara ya Harumagedoni. (Ivyah. 16:14, 16) Ico gihe, umwami wo mu buraruko be n’ayandi mahanga agize Gogi w’i Magogi, azoba ashitse kw’iherezo ryiwe, kandi “nta wuzomutabara”.​—Dan. 11:45.

Ku ntambara ya Harumagedoni, Yezu Kristu n’ingabo ziwe zo mw’ijuru bazosangangura isi mbi ya Shetani maze barokore abasavyi b’Imana (Raba ingingo ya 17)

17. Mikaheli “wa muganwa ahambaye” avugwa muri Daniyeli 12:1 ni nde? Ariko akora iki ubu? Kandi vuba azokora iki?

17 Ibivugwa mu murongo ukurikira muri ubwo buhanuzi bwa Daniyeli, biraduha amakuru yiyongereye y’ingene umwami wo mu buraruko n’abamushigikiye bazoshika kw’iherezo ryabo be n’ingene tuzorokoka. (Soma Daniyeli 12:1.) None ibivugwa muri uwo murongo bisobanura iki? Mikaheli ni irindi zina ry’Umwami wacu Yezu Kristu. Kuva igihe yaba Umwami w’Ubwami bw’Imana mw’ijuru mu 1914, “ahagaze arwanira” abasavyi b’Imana. Vuba ‘azohaguruka,’ ni ukuvuga ko azokora ikintu gikomeye cane, kuri ya ntambara ya Harumagedoni. Iyo ntambara ni co kintu kizoba ubwa nyuma mu vyo Daniyeli yita “igihe c’amarushwa” akomeye atari bwigere abaho. Ubuhanuzi bwa Yohani buri mu Vyahishuwe buvuga ko ico gihe gishikana kuri iyo ntambara citwa “amakuba akomeye.”​—Ivyah. 6:2; 7:14.

IZINA RYAWE RYOBA ‘RIZOKWANDIKWA MU GITABU’?

18. Kubera iki tudakwiye guharika umutima ku bijanye n’ibizoshika muri kazoza?

18 Ntidukwiye guhagarika umutima ku bijanye n’ibizoshika muri kazoza, kuko Daniyeli na Yohani bemeza ko abakorera Yehova na Yezu bazorokoka ico gihe c’amarushwa akomeye cane. Daniyeli avuga yuko amazina y’abazorokoka ‘yandikwa mu gitabu.’ (Dan. 12:1) Twokora iki none ngo amazina yacu yandikwe muri ico gitabu? Dutegerezwa kugaragaza ko twizera Yezu, we Mwagazi w’intama w’Imana. (Yoh. 1:29) Turakwiye kwiyegurira Imana kandi tukabatizwa. (1 Pet. 3:21) Vyongeye, dutegerezwa gushigikira Ubwami bw’Imana mu gukora uko dushoboye kwose kugira dufashe abandi kumenya ivyerekeye Yehova.

19. Dukwiye gukora iki ubu, kandi kubera iki?

19 Ubu ni co gihe co kurushiriza kwizigira Yehova n’ishirahamwe ryiwe rigizwe n’abasavyi biwe b’intahemuka. Ubu ni co gihe co gushigikira Ubwami bw’Imana. Nitwabigenza gutyo, tuzorokoka igihe wa mwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko bazosangangurwa n’Ubwami bw’Imana.

URURIRIMBO RWA 149 Ururirimbo rw’intsinzi

^ ing. 5 Muri iki gihe, “umwami wo mu buraruko” ni nde, kandi iherezo ryiwe ni irihe? Kumenya inyishu z’ivyo bibazo birashobora gukomeza ukwizera kwacu, bikongera bikadufasha kwitegurira ibigeragezo vyimirije kudushikira.

^ ing. 12 Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye na Daniyeli 2:36-45 be n’ Ivyahishuwe 13:1, 2, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2012, rup. 7-19.