Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 22

Niwerekane ko uha agaciro amatunga ataboneka

Niwerekane ko uha agaciro amatunga ataboneka

‘Gumiza amaso yawe ku bitaboneka. Kuko ibiboneka ari ivy’igihe gito, mugabo ibitaboneka bikaba ivy’ibihe bidahera.’​—2 KOR. 4:18.

URURIRIMBO RWA 45 Ivyo umutima wanje uzirikana

INCAMAKE *

1. Yezu yavuze iki ku bijanye n’amatunga yo mw’ijuru?

HARIHO amatunga tudashobora kubonesha amaso. Nkako, amatunga y’agaciro kanini cane usanga ataboneka. Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yaravuze amatunga yo mw’ijuru aruta kure n’iyo amatunga y’umubiri. Yaciye yongerako ati: “Aho itunga ryawe riri, ni ho n’umutima wawe uzoba.” (Mat. 6:19-21) Igihe tubona ko ibintu ari ivy’agaciro, duca tugira akigoro ko kubishirako umutima. Iyo turondeye kugira izina ryiza ku Mana, ari kwo gushimwa na yo, tuba turiko turirundaniriza “amatunga mw’ijuru.” Yezu yavuze ko amatunga mwene ayo adashobora kwigera yononekara canke yibwa.

2. (a) Twisunze 2 Abakorinto 4:17, 18, intumwa Paulo aturemesha kugumiza amaso ku biki? (b) Muri iki kiganiro tuza kurimbura ibiki?

2 Intumwa Paulo aturemesha ‘kugumiza amaso yacu ku bitaboneka.’ (Soma 2 Abakorinto 4:17, 18.) Ivyo bintu bitaboneka ni amatunga atandukanye, ayarimwo n’imihezagiro tuzokwinovora mw’isi nshasha y’Imana. Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura amatunga ane ataboneka twungukirako no muri kino gihe. Ayo na yo ni ubucuti dufitaniye n’Imana, isengesho, imfashanyo y’impwemu nyeranda y’Imana, hamwe no gukorana na Yehova na Yezu be n’abamarayika mu gikorwa co mu ndimiro. Turarimbura n’ingene twokwerekana ko dukenguruka ayo matunga ataboneka.

UBUCUTI DUFITANIYE N’IMANA

3. Itunga ritaboneka rihambaye kuruta ayandi yose ni irihe, kandi ni igiki gituma bishoboka ko turironka?

3 Itunga ritaboneka rihambaye kuruta ayandi yose ni ubucuti dufitaniye na Yehova Imana. (Zab. 25:14) None bishoboka gute ko Imana igiranira ubucuti n’abantu b’abacumuzi mugabo ikaguma ari nyeranda? Ivyo bishoboka kubera incungu ya Yezu ‘ikuraho igicumuro c’ababa kw’isi.’ (Yoh. 1:29) Yehova yari azi imbere y’igihe yuko umugambi wiwe ujanye no gucungura abantu worangutse ata kabuza. Ni co gituma yagiraniye ubugenzi n’abantu babayeho imbere y’uko Kristu apfa.​—Rom. 3:25.

4. Tanga akarorero k’abantu babayeho imbere ya Kristu bagiraniye ubugenzi n’Imana.

4 Rimbura abantu bamwebamwe babayeho imbere ya Kristu bagiraniye ubugenzi n’Imana. Aburahamu yaragaragaje ukwizera kudasanzwe. Haciye imyaka irenga 1.000 apfuye, Yehova yamwise ngo “umugenzi wanje.” (Yes. 41:8) Ivyo birerekana ko mbere n’urupfu rudashobora gutandukanya Yehova n’abagenzi biwe. Kuri Yehova, Aburahamu ni nk’aho akiri muzima. (Luka 20:37, 38) Uwundi ni Yobu. Imbere y’isinzi ry’abamarayika bari bakoraniye mw’ijuru, Yehova yaravuze ko yari yizigiye Yobu. Yehova yamwise “umuntu atagirako umugayo kandi agororotse, atinya Imana kandi agaca kure ikibi.” (Yobu 1:6-8) Tuvuge iki ku kuntu Yehova yabona Daniyeli, uwamaze imyaka nka 80 amukorera naho yaba mu bapagani? Igihe Daniyeli yari ageze mu zabukuru, abamarayika baramuhumurije incuro zitatu zose yuko yari “umuntu ahimbaye cane” ku Mana. (Dan. 9:23; 10:11, 19) Nta nkeka yuko Yehova arindiranye igishika umusi azozura abagenzi biwe bapfuye.​—Yobu 14:15.

Ni mu buryo butandukanye ubuhe twerekana ko duha agaciro amatungo ataboneka? (Raba ingingo ya 5) *

5. Hasabwa iki kugira ngo tugiranire ubugenzi somambike na Yehova?

5 None muri iki gihe, abantu badatunganye bafitaniye ubucuti somambike na Yehova bangana iki? Ni amamiliyoni. Ivyo tuvyemezwa n’uko hirya no hino kw’isi abagabo, abagore n’abana benshi cane bariko barerekana biciye ku nyifato yabo, ko bipfuza kuba abagenzi b’Imana. “Kugirana ubugenzi somambike na [Yehova] ni ivy’abagororotse.” (Imig. 3:32) Kwizera incungu ya Yezu ni vyo bituma abo bantu bagiranira ubugenzi n’Imana. Biciye kuri iyo ncungu, Yehova aratwemerera n’umutima ukunze ko tumwiyegurira maze tukabatizwa. Iyo duteye izo ntambwe zihambaye, duca tuja mu gitigiri c’abo bantu amamiliyoni biyeguriye Imana bakabatizwa, maze bakagiranira “ubugenzi somambike” na Segaba w’ibiriho vyose.

6. Twokwerekana gute yuko duha agaciro ubugenzi dufitaniye n’Imana?

6 Twerekana gute yuko duha agaciro ubugenzi dufitaniye n’Imana? Kurya nyene Aburahamu na Yobu bamaze imyaka irenga ijana ari intahemuka ku Mana, na twebwe dutegerezwa kuguma turi intahemuka, naho twoba tumaze imyaka ingana iki dukorera Yehova muri iyi si ya Shetani. Nka kumwe kwa Daniyeli, dutegerezwa guha agaciro ubugenzi dufitaniye n’Imana kuruta ubuzima bwacu. (Dan. 6:7, 10, 16, 22) Tubifashijwemwo na Yehova, turashobora kwihanganira ibigeragezo vyose vyodushikira maze tukaguma dufitaniye na we ubucuti somambike.​—Flp. 4:13.

ISENGESHO

7. (a) Twisunze Imigani 15:8, Yehova abona gute amasengesho tumutura? (b) Yehova yishura gute amasengesho tumutura?

7 Irindi tunga ritaboneka ni isengesho. Abagenzi somambike baraseruriranira akari ku mutima. Vyoba ari ko bimeze no ku bugenzi dufitaniye na Yehova? Cane nyene! Yehova aratuyagira biciye kw’Ijambo ryiwe, kandi muri ryo araduhishurira uko abona ibintu. Natwe tumuyagira biciye mw’isengesho, tukamubwira ivyo twiyumvira n’ibituraje ishinga. Yehova arahimbarwa no kwumviriza amasengesho tumutura. (Soma Imigani 15:8.) Kubera ko Yehova ari Umugenzi adukunda, arumviriza amasengesho yacu kandi akayishura. Rimwe na rimwe arihutira kuyishura. Mu bindi bihe na ho, twoshobora kuguma dusenga ku bijanye n’ikintu kanaka. Naho ari ukwo, turashobora kwizigira ko azotwishura ku gihe kibereye kandi mu buryo bwiza kuruta. Ariko rero, Imana yoshobora kuduha inyishu itandukanye n’iyo tuba twiteze. Nk’akarorero, aho gukuraho ikigeragezo, yoshobora kuduha ubukerebutsi n’inkomezi zo “kucihanganira.”​—1 Kor. 10:13.

(Raba ingingo ya 8) *

8. Twokwerekana gute ko duha agaciro isengesho?

8 Dushobora gute kwerekana ko duha agaciro iyo ngabire nziza cane Imana yaduhaye y’isengesho? Twerekana ko tuyiha agaciro mu gukurikiza impanuro Imana iduha yo “[gusenga] ubudahengeshanya.” (1 Tes. 5:17) Yehova ntaduhata ngo tumusenge. Ahubwo riho, arubahiriza uburenganzira dufise bwo kwihitiramwo, akaturemesha ko ‘twoshishikara gusenga.’ (Rom. 12:12) Twerekana rero ko duha agaciro isengesho mu gusenga kenshi buri musi. Ariko rero mu masengesho dutura, turakwiye gushiramwo amajambo yo gukengurukira Yehova no kumushemeza.​—Zab. 145:2, 3.

9. Umuvukanyi umwe abona gute isengesho? Weho uribona gute?

9 Uko tumara igihe kinini dukorera Yehova maze tukibonera ingene yishura amasengesho yacu, ni ko dukwiye kurushiriza guha agaciro isengesho. Dufate akarorero k’umuvukanyi yitwa Chris, akaba amaze imyaka 47 ari mu murimo w’igihe cose. Avuga ati: “Ese ukuntu bihimbaye kuvyuka mu gatondo ukamara umwanya usenga Yehova. Ntiworaba ingene biryoshe kuyagira Yehova imishwarara y’izuba itanguye kurasira ku rume! Bica bituma ndamushimira ku ngabire nziza zose aturonsa, harimwo n’agateka adutera ko kumusenga. Ku mugoroba na ho, iyo mpejeje gutura isengesho, birampimbara kuja kuryama numva ko mfise ijwi ryo mu mutima ryiza.”

IMPWEMU NYERANDA

10. Kubera iki dukwiye guha agaciro impwemu nyeranda y’Imana?

10 Impwemu nyeranda y’Imana ni iyindi ngabire itaboneka dukwiye guha agaciro. Yezu yaduhimirije kuguma dusenga dusaba impwemu nyeranda. (Luka 11:9, 13) Yehova abicishije ku mpwemu yiwe araduha ububasha, mbere “ububasha burengeye ubusanzwe.” (2 Kor. 4:7; Ivyak. 1:8) Tubifashijwemwo n’impwemu y’Imana, turashobora kwihanganira ikigeragezo cose codushikira.

(Raba ingingo ya 11) *

11. Impwemu nyeranda ishobora kudufasha mu biki?

11 Impwemu nyeranda iradufasha kurangura amabanga dushingwa mu murimo w’Imana. Irashobora kudufasha kuryohora ubuhanga dufise. Mu vy’ukuri, aho kwiyumvira ko ivyo dushikako biva ku twigoro twacu, dukwiye kubona ko tubishobozwa n’impwemu y’Imana.

12. Twisunze Zaburi 139:23, 24, twosenga dusaba ko impwemu nyeranda yodufasha gukora iki?

12 Uburyo bumwe twerekana ko duha agaciro impwemu nyeranda y’Imana, ni mu gusenga dusaba ko yodufasha kumenya ivyiyumviro canke ivyipfuzo bibi biri mu mutima wacu. (Soma Zaburi 139:23, 24.) Tubigenjeje gutyo, Yehova abicishije ku mpwemu yiwe arashobora gutuma tumenya ivyiyumviro canke ivyipfuzo bibi dufise. Tumaze kumenya ivyiyumviro canke ivyipfuzo bibi dufise, dukwiye guca dusenga dusaba impwemu y’Imana ngo iduhe inkomezi zo kubinanira. Gutyo, tuba twerekanye yuko twiyemeje kwirinda gukora ikintu cose cotuma Yehova ataduha impwemu yiwe ngo idufashe.​—Ef. 4:30.

13. Dushobora gute kurushiriza guha agaciro impwemu nyeranda?

13 Turashobora kurushiriza guha agaciro impwemu nyeranda mu kuzirikana ivyo iriko irarangura muri iki gihe. Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yabwiye abigishwa biwe ati: “Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona . . . gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8) Ayo majambo ariko araranguka mu buryo butangaje. Babifashijwemwo n’impwemu nyeranda, abantu nk’imiliyoni umunani n’igice bo hirya no hino kw’isi barabaye Ivyabona vya Yehova. N’ikindi kandi, turi mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu kubera ko impwemu y’Imana idufasha kugira kamere nziza, nk’urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, be n’ukwigumya. Izo kamere ni na zo zigize “icamwa c’impwemu.” (Gal. 5:22, 23) Emwe, impwemu nyeranda ni ingabire y’agaciro!

GUSHIGIKIRWA NA YEHOVA NA YEZU BE N’ABAMARAYIKA MU NDIMIRO

14. Igihe turi mu ndimiro, ni bande badufasha naho tutababona?

14 Irindi tunga ritaboneka dufise ni ‘ugukorana’ na Yehova na Yezu be n’abamarayika. (2 Kor. 6:1) Dukorana na bo igihe cose tugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Ku bimwerekeye no ku bandi bakora ico gikorwa, Paulo yavuze ati: “Turi abakozi bakorana n’Imana.” (1 Kor. 3:9) Iyo turi mu gikorwa co kwamamaza, tuba kandi turiko turakorana na Yezu. Niwibuke yuko Yezu amaze gutegeka abigishwa biwe “[guhindura] abantu bo mu mahanga yose abigishwa,” yavuze ati: “Ndi kumwe namwe.” (Mat. 28:19, 20) Tuvuge iki ku bamarayika? Emwe, ni agateka kadasanzwe kuyoborwa n’abamarayika igihe dutangaza “inkuru nziza y’ibihe bidahera . . . ku baba kw’isi”!​—Ivyah. 14:6.

15. Tanga akarorero ko muri Bibiliya kerekana ingene Yehova adufasha mu gikorwa co mu ndimiro.

15 None kuba dushigikirwa n’abo mw’ijuru bituma turangura iki? Igihe tubiba imbuto z’Ubwami, zimwe zigwa ku mitima imeze nk’ivu ryiza maze zigakura. (Mat. 13:18, 23) Ni nde none atuma izo mbuto z’ukuri zikura maze zikama? Yezu avuga yuko ata muntu ashobora gucika umwigishwa wiwe ‘Se atamukwegereye.’ (Yoh. 6:44) Bibiliya iratanga akarorero kavyerekana. Niwibuke igihe Paulo yabwira inkuru nziza abagore bari inyuma y’igisagara ca Filipi. Raba ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’umwe muri bo, uwitwa Lidiya. Ivuga iti: “Yehova yugurura cane umutima wiwe ngo yiteho ibivugwa na Paulo.” (Ivyak. 16:13-15) Cokimwe na Lidiya, Yehova yarakwegereye abandi bantu amamiliyoni.

16. Ni nde dukwiye kwitirira ibintu vyose dushikako mu gikorwa co mu ndimiro?

16 Ni nde vy’ukuri atuma turoranirwa mu gikorwa co mu ndimiro? Paulo yarishuye ico kibazo igihe yandika aya majambo ku bijanye n’ishengero ry’i Korinto, ati: “Jewe narateye, Apolo aravomera, mugabo Imana yaguma ikuza; ku buryo yaba uwutera canke uwuvomera ata co ari, kiretse Imana yo ikuza.” (1 Kor. 3:6, 7) Nk’ukwo kwa Paulo, ivyo dushikako vyose mu ndimiro dukwiye kwama tuvyitirira Yehova.

17. Twokwerekana gute ko duha agaciro agateka dufise ko ‘gukorana’ n’Imana na Kristu be n’abamarayika?

17 Twokwerekana gute ko duha agaciro agateka dufise ko ‘gukorana’ n’Imana na Kristu be n’abamarayika? Twobigira mu kugira umwete wo kurondera uturyo two kubwira abandi inkuru nziza. Hariho uburyo bwinshi bwo kubikora, nko gushinga intahe “ku mugaragaro be n’inzu ku nzu.” (Ivyak. 20:20) Abenshi kandi barashinga intahe akaryo kizanye. Iyo bahuye n’umuntu, baramuramutsa kigenzi bagaca barondera ingene botanguza ikiyago. Igihe uwo muntu avyakiriye neza, baca bamubwira inkuru nziza babigiranye ukwiyubara.

(Raba ingingo ya 18) *

18-19. (a) Tuvomera gute imbuto z’ukuri? (b) Tanga akarorero kerekana ingene Yehova yafashije umuntu umwe yariko ariga Bibiliya.

18 Kubera ko turi “abakozi bakorana n’Imana,” ntidukwiye gusa gutera imbuto z’ukuri, turakwiye no kuzivomera. Igihe hari uwushimishijwe, turagira uko dushoboye kwose kugira tumukurikirane canke tugatunganya ivy’uko uwundi muntu yomukurikirana, mu ntumbero yo gutangura kumwigisha Bibiliya. Uko tubona ingene atera imbere, turahimbarwa no kubona ukuntu Yehova aba ariko aragira ico akoze ku mutima n’umuzirikanyi vy’uwo muntu.

19 Rimbura akarorero k’uwitwa Raphalalani wo muri Afrika y’Epfo, akaba yahoze ari umupfumu. Yarakunda ivyo yiga muri Bibiliya. Ariko icamubereye urugamba ni ivyo yasomye muri Bibiliya ku bijanye no kuvugana n’imizimu ya ba sekuruza. (Gus. 18:10-12) Buhorobuhoro, yaremeye ko Imana ibogora ivyiyumviro vyiwe. Haciye igihe, yarahevye ubupfumu naho ari bwo bwari bumubeshejeho. Raphalalani, ubu akaba afise imyaka 60, avuga ati: “Ndakengurukira cane Ivyabona vya Yehova kubera ko bamfashije mu buryo butandukanye, nko mu bijanye no kuronka akazi. N’ikiruta vyose, ndakengurukira Yehova kuba yaramfashije guhindura ubuzima bwanje, ubu nkaba nsigaye ndi Icabona agira uruhara mu gikorwa co kwamamaza.”

20. Wiyemeje gukora iki?

20 Muri iki kiganiro, twarimbuye amatunga ane ataboneka. Irihambaye kuruta yose ni agateka dufise ko kugiranira ubugenzi somambike na Yehova. Ivyo bica bituma twironkera ayandi matunga ataboneka, nko kumwiyegereza mw’isengesho, gufashwa n’impwemu yiwe nyeranda, hamwe no gushigikirwa na Yehova na Yezu be n’abamarayika mu gikorwa co mu ndimiro. Nimuze twiyemeze kurushiriza guha agaciro ayo matunga ataboneka. Nimuze kandi ntitwigere tureka gukengurukira Yehova kubona atubera Umugenzi mwiza ukuraho.

URURIRIMBO RWA 145 Imana yarasezeranye Iparadizo

^ ing. 5 Mu kiganiro giheruka, twararimbuye amatunga aboneka Imana yaduhaye. Iki kiganiro kiza guca irya n’ino amatunga tudashobora kubonesha amaso be n’ingene twokwerekana ko tuyaha agaciro. Kiraza no gutuma turushiriza gukengurukira Uwo ayo matunga akomokako, ari we Yehova Imana.

^ ing. 58 INSOBANURO Y’ISHUSHO: (1) Mushiki wacu ariko aratamarira ivyo Yehova yaremye, agaca azirikana ku bugenzi afitaniye na we.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: (2) Uwo mushiki wacu nyene ariko arasaba Yehova ngo amufashe kugira ashobore gushinga intahe.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’ISHUSHO: (3) Impwemu nyeranda irafasha uwo mushiki wacu kugira umutima rugabo wo gushinga intahe akaryo kizanye.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’ISHUSHO: (4) Umwe mushiki wacu ariko arigisha Bibiliya wa muntu yabwira inkuru nziza akaryo kizanye. Umwe mushiki wacu ariko arangura igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa afashijwe n’abamarayika.